Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5

Nukoreshe neza umwanya wawe

Nukoreshe neza umwanya wawe

“Nuko . . . mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.”​—EF. 5:15, 16.

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu

INCAMAKE *

1. Dushobora gute kumarana umwanya na Yehova?

KUMARANA umwanya n’abantu twikundira biraturyohera. Abubakanye barahimbarwa cane no kumara umwanya bari kumwe. Abakiri bato na bo nyene barakunda kumara umwanya bari kumwe n’abagenzi babo somambike. Vyongeye, twese turaha agaciro umwanya tumarana n’abavukanyi bacu. Ariko ikiruta vyose, turahimbarwa no kumarana umwanya n’Imana. Ivyo tubigira mu gusenga, mu gusoma Ijambo ryayo no mu kuzirikana ku mugambi wayo na kamere nziza zayo. Umwanya tumara twiyegereza Yehova ni uw’agaciro cane.​—Zab. 139:17.

2. Ni ibiki bishobora gutuma bitugora kuronka umwanya wo gukora ibikorwa bijanye no gusenga Yehova?

2 Naho gusenga no kwiga Bibiliya bituryohera ntivyama vyoroshe. Kuba dufise vyinshi vyo gukora birashobora gutuma bitugora kugira urutonde rwo gukora ibikorwa bijanye no gusenga Yehova. Akazi, amabanga yo mu rugo n’ibindi bikorwa dutegerezwa kwitwararika birashobora kudutwara umwanya ku buryo tubona umengo nta mwanya dusigaranye wo gusenga, kwiyigisha no kuzirikana.

3. Ni ikindi kintu ikihe coshobora kudutwara umwanya wacu?

3 Hari ikindi kintu gishobora kudutwara umwanya wacu. Tutabaye maso, turashobora kumara umwanya dukora ibintu ubwavyo atari bibi yamara bidutwara umwanya twari kumara twiyegereza Yehova. Nk’akarorero, rimbura umwanya tumara twinezereza. Mu bisanzwe ni vyiza yuko twese tugira umwanya wo kwinezereza. Ariko naho twoba twahisemwo uburyo bwiza bwo kwinezereza, burashobora kudutwara umwanya munini ku buryo dusigarana akanya gato ko gukora ibikorwa bijanye no gusenga. Turakeneye kwibuka yuko kwinezereza atari vyo bihambaye cane.​—Imig. 25:27; 1 Tim. 4:8.

4. Turimbura iki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura igituma dukeneye guhitamwo ibihambaye kuruta ibindi mu buzima bwacu. Turaza kandi kubona ukuntu twokoresha neza umwanya tumara twiyegereza Yehova n’ingene ivyo bitugirira akamaro.

NUFATE INGINGO NZIZA; NUSHIRE IMBERE IBIHAMBAYE KURUTA

5. Kurimbura impanuro ivugwa mu Banyefeso 5:15-17, vyofasha gute uwukiri muto guhitamwo ingene yokoresha neza ubuzima bwiwe?

5 Nukoreshe neza ubuzima bwawe. Akenshi abakiri bato bararazwa ishinga n’ingene bazokoresha ubuzima bwabo. Ku ruhande rumwe, abigisha n’abo mu muryango badasenga Yehova barashobora kuremesha abakiri bato kwiga amashure ahanitse kugira bazoronke akazi keza n’amahera menshi. Ayo mashure yoshobora kubatwara umwanya munini. Ku rundi ruhande, abavyeyi n’abagenzi bo mw’ishengero boshobora kuremesha abakiri bato gukoresha ubuzima bwabo mu gikorwa ca Yehova. Ni ibiki none vyofasha uwukiri muto akunda Yehova gufata ingingo nziza? Vyoba vyiza asomye akongera akazirikana ibivugwa mu Banyefeso 5:15-17. (Soma.) Uwukiri muto ahejeje gusoma iyo mirongo yoshobora kwibaza ati: ‘None “ukugomba kwa Yehova” ni ukuhe? Ni ingingo iyihe izomunezereza? Ni ingingo iyihe yomfasha gukoresha neza umwanya wanje?’ Niwibuke ko “imisi ari mibi” be n’uko isi ya Shetani igiye kuvaho. Vyoba vyiza dukoresheje ubuzima mu buryo butuma tunezereza Yehova.

6. Mariya yahisemwo iki, kandi ni kubera iki yari ingingo nziza?

6 Nushire imbere ibihambaye kuruta. Twoshobora kuba dufise ibintu bibiri dushaka gukora kandi ubwavyo atari bibi. Ku bw’ivyo, kugira dukoreshe neza umwanya wacu hari igihe biba ngombwa ko duhitamwo gukora kimwe muri ivyo. Ivyo turashobora kubibona mu kurimbura ivyabaye igihe Yezu yatemberera Mariya na Marita. Nta gukeka ko Marita yari aryohewe cane no kwakira Yezu. Rero kubera yari umwakiranyi, yaciye atangura kumutegurira inzimano idasanzwe. Ariko mwenewabo Mariya yahisemwo kwicara iruhande ya Yezu kugira yumvirize ivyo yigisha. Naho ivyo Marita yakoze bitari bibi, Yezu yavuze ko Mariya “yahisemwo umugabane mwiza.” (Luka 10:38-42) Haciye igihe, Mariya ashobora kuba yaribagiye ibifungurwa yafunguye uwo musi, ariko turashobora kwemera tudakeka yuko atibagiye ivyo Yezu yigishije. Nk’uko Mariya yahaye agaciro umwanya yamaranye na Yezu, ni na ko natwe duha agaciro umwanya tumarana na Yehova. None ni gute twokoresha neza uwo mwanya?

NUKORESHE NEZA UMWANYA UMARA URIKO WIYEGEREZA YEHOVA

7. Kubera iki gusenga, kwiyigisha no kuzirikana bihambaye cane?

7 Numenye neza yuko gusenga, kwiyigisha no kuzirikana biri mu bigize ugusenga kwacu. Igihe dusenga, tuba turiko turayaga n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda cane. (Zab. 5:7) Igihe twiyigisha Bibiliya, turaronka “ukumenya Imana,” yo Soko ry’ubukerebutsi bwose. (Imig. 2:1-5) Igihe tuzirikana ku vyo tuba twize, turatahura kamere nziza Yehova afise hamwe n’umugambi mwiza igitangaza adufitiye. Ubwo ni bwo buryo bwiza cane bwo gukoresha neza umwanya wawe. Ariko none ni igiki cogufasha kubigira?

Ubona worondera ahantu hatekanye kugira wiyigishe? (Raba ingingo ya 8-9)

8. Twigira iki ku kuntu Yezu yakoresheje umwanya wiwe ari mu gahinga?

8 Nimba bishoboka, nuhitemwo ahantu hatekanye. Rimbura akarorero Yezu yadusigiye. Imbere y’uko atangura igikorwa ciwe co ng’aha kw’isi, yamaze imisi 40 mu gahinga. (Luka 4:1, 2) Kubera ko aho hantu hari hatekanye, Yezu yarashobora gusenga no kuzirikana ku vyo Se wiwe agomba. Nta gukeka ko ivyo vyamuteguye ku bw’ibigeragezo vyari biraririye kumushikira. Twokwigira iki kuri ako karorero Yezu yadusigiye? Nimba mubana muri benshi mu muryango, bishobora kuba bitama bikworohera kuronka ahantu hatekanye muhira. Nimba ari ukwo vyifashe, urashobora kurondera ahandi hantu hatekanye. Ukwo ni ko uwitwa Julie abigenza igihe yipfuza kumara umwanya ariko arasenga Yehova. We n’umugabo wiwe baba mu Bufaransa, mu nyubakwa ntoyi ibamwo abantu benshi kandi ntivyoroshe kuronka ahantu hatekanye hatari ivyobasamaza. Julie avuga ati: “Buri musi, ndagenda mu kibanza co kwiruhuriramwo, aho mba ndi jenyene kandi ntekanye, gutyo nkayagira Yehova nisanzuye.”

9. Naho Yezu yari afise ibintu vyinshi akora, yerekanye gute yuko aha agaciro ubucuti afitaniye na Yehova?

9 Yezu yari afise ibintu vyinshi akora. Igihe yaba ariko aramamaza, abantu benshi baramukurikira aho agiye hose kandi bagashaka kuguma bari kumwe na we. Igihe kimwe, “igisagara cose [carakoraniye] neza na neza imbere y’umuryango,” kugira kimubone. Naho ari ukwo, Yezu yararondera akanya ko kwitwararika ubucuti afitaniye na Yehova. Mu gatondo ka kare yaraja mu “gahinga” aho yashobora kumara umwanya ariko arasenga Se wiwe ari wenyene.​—Mrk. 1:32-35.

10-11. Twisunze Matayo 26:40, 41, ni impanuro ihambaye iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe mw’itongo ry’i Getsemani, ariko ni ibiki vyabaye?

10 Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, igihe yariko arasozera igikorwa ciwe, yarasubiye kurondera ikibanza gitekanye kugira azirikane yongere asenge. Ico kibanza yakironse mw’itongo ry’i Getsemani. (Mat. 26:36) Ico gihe, Yezu yarahaye abigishwa biwe impanuro ihambaye ijanye n’isengesho.

11 Rimbura ivyabaye. Igihe bashika mw’itongo ry’i Getsemani bwari bwije cane, kumbure sasita z’ijoro zirenga. Yezu yasavye intumwa ziwe ‘kuguma bari maso,’ aca yigirwa hirya arasenga. (Mat. 26:37-39) Ariko igihe yariko arasenga baciye batwarwa n’agatiro. Igihe Yezu yasanga basinziriye, yarongeye kubabwira ati: “Gume muri maso kandi mugume musenga.” (Soma Matayo 26:40, 41.) Yaratahuye ko bari bagize imyitwarariko myinshi be n’uko bari barushe. Kubera impuhwe ziwe, yaratahuye kandi yuko “umubiri [ari] goyigoyi.” Igihe yaja gusenga izindi ncuro zibiri zose, yagaruka asanga abigishwa biwe basinziriye aho gusenga.​—Mat. 26:42-45.

Ubona worondera umwanya mwiza nk’igihe utaba urushe cane kugira usenge? (Raba ingingo ya 12)

12. Twokora iki igihe twumva tudatekanye canke turushe cane ku buryo twumva umengo ntitwosenga?

12 Nuhitemwo umwanya ubereye. Hari igihe twumva tudatekanye canke turushe cane ku buryo twumva umengo ntitwosenga. Nimba bimaze kugushikira nturi wenyene. None wokora iki? Hari abantu bamwebamwe bafise akamenyero ko gusenga ku mugoroba basanze ari vyiza kuruta igihe basenga batararuha cane nk’igihe buba butarira. Abandi na bo basanze ukuntu bifata mw’isengesho bibafasha kutangaza umuzirikanyi. Bite ho igihe wumva umengo ntiwosenga kubera wacitse intege canke ufise amaganya? Nubwire Yehova ukuntu wiyumva. Urashobora kwemera udakeka ko Yehova Umuvyeyi wacu w’imbabazi azogutahura.​—Zab. 139:4.

Ubona wokwirinda kwishura amamesaje uri mu makoraniro? (Raba ingingo ya 13-14)

13. Utwuma two mu buhinga bwa none dushobora gute kudusamaza igihe twiyegereza Yehova?

13 Niwirinde ivyogusamaza igihe wiyigisha. Isengesho si bwo buryo bwonyene bwo gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Kwiyigisha Ijambo ry’Imana no kwitaba amakoraniro na vyo nyene birashobora kudufasha kwiyegereza Imana. Hoba hari ico wokora kugira wungukire ku mwanya uba uriko uriyigisha canke uri mu makoraniro? Niwibaze uti: ‘Ni ibiki bihora binsamaza ndi mw’ikoraniro canke ndiko ndiyigisha?’ Boba ari abantu baguterefona canke bakwandikira amamesaje ku kuma kawe ngendanwa? Muri iki gihe abantu benshi barafise utwo twuma ngendanwa. Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko igihe tugerageza kwitunira ku kintu dufise terefone hafi yacu bishobora kudusamaza. Umwigisha umwe mu vy’inyifato z’abantu avuga ko ‘muri ico gihe tudashobora kwitunira ku kintu tuba turiko turakora kubera ko ubwenge bwacu buba buri ahandi hantu.’ Ku materaniro n’amahwaniro, akenshi baratubwira kuregera utwuma twacu kugira ntidusamaze abandi. Twoba twobigenza ukwo nyene kugira natwe ntidusamazwe n’utwuma twacu two mu buhinga bwa none mu kanya dufata ko kwiyegereza Yehova turi twenyene?

14. Twisunze Abafilipi 4:6, 7, Yehova azodufasha gute kutangaza umuzirikanyi?

14 Nusabe Yehova agufashe ntiwangaze umuzirikanyi. Igihe ubona ko uriko urasamara mu mwanya wo kwiyigisha canke mu makoraniro, nusabe Yehova agufashe. Birashobora kutatworohera kwitunira kw’Ijambo ry’Imana igihe duhagaritse umutima canke dufise amaganya, ariko birahambaye cane ko tubikora. Nusabe Imana iguhe amahoro azorinda umutima wawe n’“ububasha [bwawe] bwo kwiyumvira.”​—Soma Abafilipi 4:6, 7.

GUSENGA, KWIYIGISHA NO KWITABA AMAKORANIRO BIRATUGIRIRA AKAMARO

15. Kumarana umwanya na Yehova bitugirira akamaro akahe?

15 Niwafata akanya ko kuyagira Yehova, ukamwumviriza kandi ukazirikana ibimwerekeye bizokugirira akamaro cane. Uti gute? Ubwa mbere, uzofata ingingo nziza. Bibiliya itubwira yuko “uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” (Imig. 13:20) Uko umarana umwanya na Yehova we Soko ry’ubukerebutsi uzocika inkerebutsi. Uzotahura neza ingene womuhimbara n’ukuntu wokwirinda gufata ingingo zomubabaza.

16. Ni gute gufata akanya ko kuganira na Yehova bituma tuba abigisha beza?

16 Ubwa kabiri, uzoba umwigisha mwiza. Igihe tuba turiko turigisha umuntu Bibiliya, intumbero nyamukuru tuba dufise ni ukumufasha kwiyegereza Yehova. Uko tuganira n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ni ko turushiriza kumukunda kandi biratuma birushiriza kutworohera gufasha abandi kumukunda. Rimbura akarorero ka Yezu. Igihe yavuga ivyerekeye Se wiwe, Yezu yakoresheje amajambo akwegera kandi aranga urukundo ku buryo vyatumye abigishwa biwe barushiriza gukunda Yehova.​—Yoh. 17:25, 26.

17. Kubera iki gusenga no kwiyigisha bikomeza ukwizera kwacu?

17 Ubwa gatatu, ukwizera kwawe kuzokomera. Rimbura ibishika igihe usenze Imana ngo ikuronse ubuyobozi wari ukeneye canke imfashanyo kanaka. Igihe cose Yehova yishuye ayo masengesho, ukwizera kwawe kurarushiriza gukomera. (1 Yoh. 5:15) Ni ikindi kintu ikihe cotuma ukwizera kwawe gukomera? Ni ukwiyigisha. Niwibuke ko “ukwizera . . . kuva ku co umuntu yumvise.” (Rom. 10:17) Ariko rero kugira ukwizera kwacu gukomere ubumenyi ntibuhagije. None ni ikindi kintu ikihe dukwiye gukora?

18. Tanga akarorero kerekana igituma dukeneye kuzirikana.

18 Turakwiye kuzirikana ku vyo twiga. Rimbura akarorero k’uwanditse Zaburi ya 77. Yari ahagaritse umutima kubera yiyumvira ko we n’Abisirayeli bagenziwe Yehova atakibashima. Ntiyari agitora agatiro kubera ko vyari bimuraje ishinga. (Umurongo wa 2-8) None yakoze iki? Yabwiye Yehova ati: “Nzozirikana igikorwa cawe cose kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika.” (Umurongo wa 12) Ni ivy’ukuri yuko uwo mwanditsi yari azi neza ivyo Yehova yari yarakoreye abasavyi biwe muri kahise, yamara yibajije ati: “Mbega Imana yaribagiye kugira ubutoni, canke yoba yarugaye imbabazi zayo kubera ishavu?” (Umurongo wa 9) Yarazirikanye ibikorwa vya Yehova be no ku kuba muri kahise Imana yaragaragarije abasavyi bayo impuhwe n’imbabazi. (Umurongo wa 11) None vyamufashije gute? Vyaratumye ajijuka yuko Yehova atokwigeze aheba abasavyi biwe. (Umurongo wa 15) Muri ubwo buryo nyene, niwazirikana ku vyo Yehova yakoreye abasavyi biwe muri kahise be n’ivyo amaze kugukorera wewe ubwawe, ukwizera kwawe kuzorushiriza gukomera.

19. Ni mu bundi buryo ubuhe gufata umwanya wo kwiyegereza Yehova bitugirira akamaro?

19 Ubwa kane, uzorushiriza gukunda Yehova. Ni na co gihambaye kuruta ibindi. Urukundo ni kamere iruta izindi zose. Ruzotuma ugamburukira Yehova, ugire ivyo uhevye kugira umunezereze wongere wihanganire ibigeragezo ivyo ari vyo vyose. (Mat. 22:37-39; 1 Kor. 13:4, 7; 1 Yoh. 5:3) Nta coza kiruta kugiranira ubugenzi somambike na Yehova.​—Zab. 63:1-8.

20. Uzokora iki kugira uronke akanya ko gusenga, kwiyigisha no kuzirikana?

20 Niwibuke ko gusenga, kwiyigisha no kuzirikana biri mu bigize ugusenga kwacu. Cokimwe na Yezu nurondere ikibanza gitekanye be n’umwanya mwiza wo kibigira. Niwigize kure ibintu bidakenewe bishobora kugusamaza. Nusabe Yehova agufashe kutangaza umuzirikanyi igihe uriko urakora ibikorwa vy’impwemu. Niwakoresha neza umwanya wawe ubu, Yehova azoguhezagira cane, akuronse ubuzima budahera mw’isi nshasha.​—Mrk. 4:24.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

^ ing. 5 Yehova ni umugenzi wacu somambike. Turaha agaciro ubugenzi dufitaniye na we kandi twipfuza kurushiriza kumumenya. Kugira tumenye umuntu neza birafata umwanya. Ni ko biri n’igihe twipfuza gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Naho dufise ibintu vyinshi vyo gukora, tworondera gute umwanya wo kwiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, kandi vyotugirira akamaro akahe?