Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2

‘Nimuhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ube musha’

‘Nimuhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ube musha’

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​—ROM. 12:2.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

INCAMAKE a

1-2. Dukwiye kubandanya dukora iki inyuma y’ibatisimu? Sigura.

 INZU ubamwo uyigirira isuku kangahe? Kumbure imbere y’uko uyimukiramwo warayisukuye uranoganza. None vyari kugenda gute mu nyuma iyo utabandanya kuyigirira isuku? Ntiyari guteba kwuzura ivumbi n’ubucafu. Kugira ngo inzu yawe igume isa neza, urakeneye kwama uyigirira isuku.

2 Ivyo nyene ni vyo dukwiye kwama tugirira ivyiyumviro vyacu na kamere zacu. Birumvikana ko imbere y’uko tubatizwa, twakoze ibishoboka vyose tukagira ivyo duhinduye mu buzima kugira ngo “twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.” (2 Kor. 7:1) Ariko rero ubu, turakwiye gukurikiza impanuro y’intumwa Paulo idusaba ‘kubandanya duhindurwa bashasha.’ (Ef. 4:23) Kubera iki dukwiye kubandanya tugira akigoro? Tutabigize, ivyo twokwita ivumbi n’ubucafu vy’iyi si ntivyoteba kutwuzuramwo. Kugira ngo ivyo tuvyirinde twongere tugume dusa neza imbere ya Yehova, dutegerezwa kwama dusuzuma ivyiyumviro vyacu, kamere zacu be n’ivyipfuzo vyacu.

NUGUME ‘UHINDURA UMUZIRIKANYI WAWE UBE MUSHA’

3. Guhindura umuzirikanyi wawe ukaba musha bisobanura iki? (Abaroma 12:2)

3 Dukwiye gukora iki kugira ngo duhindure umuzirikanyi wacu ube musha, ari kwo guhindura uburyo twiyumvira? (Soma Abaroma 12:2.) Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “guhindura umuzirikanyi wawe ukaba musha,” ishobora kandi guhindurwa ngo “gusanura umuzirikanyi wawe.” Ntidukwiye rero kumera nk’abasiga gusa akarangi ubuzima bwacu, mu gukora ibikorwa bikeyi vyiza. Ahubwo dutegerezwa gusuzuma uko tumeze imbere muri twebwe tukongera tugahindura ibikenewe vyose, kugira ngo turushirize kubaho duhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova. Ico si igikorwa tugira rimwe gusa, ahubwo kirabandanya.

Ingingo ufata ku bijanye no kwiga amashure be n’akazi, vyoba vyerekana ko ushira imbere ivy’Ubwami? (Raba ingingo ya 4-5) c

4. Twokora iki kugira ngo ivyiyumviro vyacu ntivyoshwe n’iyi si?

4 Igihe tuzoba turi abantu batagira agasembwa, tuzokwama duhimbara Yehova mu vyo dukora vyose. Mu kurindira, turakwiye kwama twihatira gukora ibimuhimbara. Raba ingene guhindura umuzirikanyi wacu ukaba musha bifitaniye isano no gukora ivyo Imana igomba, nk’uko Paulo yabivuze mu Baroma 12:2. Aho kwirekerana ngo iyi si itugireko akosho, dukwiye kubanza kwisuzuma tukaraba nimba turiko turisunga ivyiyumviro vy’Imana mu migambi twishingira no mu ngingo dufata, aho kwisunga ivyiyumviro vy’isi.

5. Twosuzuma gute ko tubona ko umusi wa Yehova uri hafi? (Raba ishusho.)

5 Raba akarorero. Yehova yipfuza ko ‘twamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wiwe.’ (2 Pet. 3:12) Niwibaze rero uti: ‘Uburyo mbayeho bwoba bwerekana ko ntahura ko iherezo ry’iyi si riri hafi cane? Ingingo mfata mu bijanye no kwiga amashure be n’akazi, zoba zerekana ko gukorera Yehova ari vyo bihambaye cane mu buzima bwanje? Noba nizigira ko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye n’umuryango wanje, canke nguma ndazwa ishinga n’ibintu vy’umubiri?’ Ntiworaba ingene Yehova ahimbarwa igihe abonye ko turiko turihatira kubaho dukora ivyo agomba.—Mat. 6:25-27, 33; Flp. 4:12, 13.

6. Ni igiki dukwiye kwama dukora?

6 Turakwiye kwama dusuzuma ivyiyumviro vyacu, hanyuma tugaca tugira ivyo duhinduye. Paulo yabwiye Abakorinto ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Kor. 13:5) Kuba “mu kwizera” birimwo n’ibindi, uretse gusa kwitaba amakoraniro no kuja mu ndimiro rimwe na rimwe. Harajamwo kandi ivyiyumviro vyacu, ivyipfuzo vyacu, be n’imvo zituma dukora ibintu. Ni co gituma dukwiye kwama duhindura umuzirikanyi wacu ukaba musha, mu gusoma Ijambo ry’Imana, mu kwiga kwiyumvira nk’uko yiyumvira, maze tugaca dukora ibishoboka vyose kugira ngo tubeho dukora ivyo Imana igomba.—1 Kor. 2:14-16.

‘NIWAMBARE WA MUNTU MUSHASHA’

7. Twisunze Abanyefeso 4:31, 32, ni ikindi kintu ikihe dukwiye gukora, kandi kubera iki usanga ivyo bitoroshe?

7 Soma Abanyefeso 4:31, 32. Uretse uguhindura ivyiyumviro vyacu, turakwiye no “[kwa]mbara wa muntu mushasha.” (Ef. 4:24) Ivyo bisaba ko tugira ivyo dukoze. Bimwe mu vyo twokora, ni ukwihatira kuvavanura na kamere mbi, nk’umururazi, ishavu n’uburake. Kubera iki ivyo usanga bitoroshe? Kubera ko kamere mbi zimwezimwe usanga zaradushinzemwo imizi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko abantu bamwebamwe usanga [b]akaza ishavu” kandi [b]akunda gushangashirwa.” (Imig. 29:22) Kugira ngo tuvavanure na kamere mbi zadushinzemwo imizi, bisaba ko tuguma tugira akigoro mbere n’inyuma y’ibatisimu, nk’uko akarorero gakurikira kavyerekana.

8-9. Akarorero ka Stephen kerekana gute ko dukwiye kuguma twiyambura wa muntu wa kera?

8 Umuvukanyi umwe yitwa Stephen yari afise ingorane yo gucungera ishavu. Avuga ati: “N’igihe nari maze kubatizwa, nategerezwa kuguma ncungera ishavu ryanje. Nk’akarorero, igihe nariko ndamamaza inzu ku nzu, naromye inyuma umusuma yari ahejeje kunyiba iradiyo yo mu muduga. Ngire ndamushikire, yaciye ayiterera hasi arahunga. Igihe niganira iyo nkuru abo twari kumwe, umukurambere yari muri uwo mugwi yarambajije ati: ‘Stephen, wari gukora iki iyo umufata?’ Ico kibazo carankoze ku mutima kandi caratumye nguma nihatira kuba umunyamahoro.” b

9 Twisunze ako karorero ka Stephen, kamere mbi irashobora gusubira kuvyuka tutari tuvyiteze, mbere n’igihe twoba twibaza ko twamaze kuyisezerera. Bigushikiye, ntuce ucika intege canke ngo wiyumvire ko utakibereye kuba umukirisu. Mbere n’intumwa Paulo ubwiwe yivugiye ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” (Rom. 7:21-23) Abakirisu bose badatunganye bategerezwa kuguma banyinyana na kamere mbi ziguma zibagarukamwo, nka kurya ivumbi n’ubucafu biguma bigaruka mu nzu yacu. Turakwiye kwihatira kuguma dusukuye. None twobigira gute?

10. Tworwanya gute kamere zitabereye? (1 Yohani 5:14, 15)

10 Nusenge Yehova umubwira kamere iriko irakugora guheba, wizigiye ko azokwumva kandi ko azogufasha. (Soma 1 Yohani 5:14, 15.) Naho Yehova atazogukuramwo iyo kamere ku gitangaro, arashobora kuguha inkomezi zogufasha kuguma uyicungera. (1 Pet. 5:10) Muri ico gihe nyene, urakwiye gukora uhuza n’amasengesho utura, mu kwirinda ibintu vyotuma iyo kamere isubira kuvyuka. Nk’akarorero, niwirinde kuraba amasinema, ibiganiro vyo kuri televiziyo canke gusoma inkuru zihayagiza kamere uriko uragerageza kwikuramwo. Vyongeye, ntugume wiyumvira ibintu bibi.—Flp. 4:8; Kol. 3:2.

11. Ni ibiki twokora kugira ngo tugume twambaye wa muntu mushasha?

11 Naho wamaze kwiyambura umuntu wa kera, birahambaye ko utsimbataza wa muntu mushasha. None wobigira gute? Niwishingire umugambi wo kwigana Yehova igihe wiga ibijanye na kamere ziwe. (Ef. 5:1, 2) Nk’akarorero, igihe usomye muri Bibiliya inkuru yerekana ingene Yehova aharira, niwibaze uti: ‘Nanje noba mparira abandi?’ Igihe na ho usomye inkuru ivuga ibijanye n’ingene Yehova agirira impuhwe abari n’ivyo bakenye, niwibaze uti: ‘Noba nanje nitwararika abo dusangiye ukwemera bari n’ivyo bakenye kandi nkavyerekana mu kugira ico ndabafashije?’ Nugume uhindura umuzirikanyi wawe ube musha mu kwambara wa muntu mushasha, kandi ntucike intege muri urwo rugamba.

12. Stephen yiboneye gute ububasha Bibiliya ifise bwo guhindura umuntu?

12 Umwe Stephen twavuga, yarabonye ko buhorobuhoro yashoboye kwambara wa muntu mushasha. Avuga ati: “Kuva mbatijwe, ndamaze gushikirwa n’ibintu vyinshi vyotuma ntwarwa n’ishavu. Narize gukura meza igihe bariko baransomborotsa, canke nkarondera ubundi buryo bwo gutsinda ishavu. Abantu benshi, harimwo n’umukenyezi wanje, barankeje kubera ingene nagerageje kuvyifatamwo neza. Na jewe ubwanje sindavyumva! Ayo mahinduka nagize sinoyiyitirira. Ahubwo, mbona ko ari ikimenyamenya c’uko Bibiliya ifise ububasha bwo guhindura umuntu.”

NUGUME URWANYA IVYIPFUZO BIBI

13. Ni igiki kizodufasha gutsimbataza ivyipfuzo vyiza? (Abagalatiya 5:16)

13 Soma Abagalatiya 5:16. Kugira ngo Yehova adufashe gutsinda urugamba rwo gukora iciza, araturonsa impwemu yiwe nyeranda abigiranye umutima mwiza. Igihe turiko turiga Ijambo ry’Imana, tuba duhaye impwemu nyeranda akaryo ko kudukorerako. Turaronka kandi impwemu nyeranda igihe twitavye amakoraniro. Kuri ayo makoraniro, turamarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu bariko barihatira gukora iciza cokimwe natwe, kandi ivyo biraremesha. (Heb. 10:24, 25; 13:7) Vyongeye, iyo dusenze Yehova tubigiranye ubwira tukamusaba ngo adufashe aho dufise intege nke, araduha impwemu yiwe nyeranda kugira ngo idufashe kuguma turwana urugamba. Naho ivyo bikorwa ubwavyo bidaca bituma ivyipfuzo bibi bizimangana, biradufasha kudashira mu ngiro ivyo vyipfuzo. Mu Bagalatiya 5:16 havuga ko abagenda bisunga impwemu “[bada]shitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe.”

14. Kubera iki bihambaye ko tuguma dutsimbataza ivyipfuzo vyiza?

14 Tumaze kwishingira urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu, birahambaye ko turugumana kandi tukaguma dutsimbataza ivyipfuzo vyiza. Kubera iki? Kuko umwe mu bansi bacu atigera agoheka, na we akaba ari inyosha mbi. Mbere n’inyuma yo kubatizwa, twoshobora gukwegakwegwa n’ibintu nyene twari dukwiye kwirinda, nko gukina akamari, kuborerwa canke kuraba amashusho y’ibiterasoni. (Ef. 5:3, 4) Umuvukanyi umwe akiri muto avuga ati: “Kimwe mu bintu vyangoye cane guheba, ni ugukwegerwa n’uwo dusangiye igitsina. Niyumvira ko vyohavuye bimvamwo, ariko n’ubu biracagaruka.” Ni igiki none cogufasha na canecane igihe wumva ko icipfuzo kibi kiriko kiragukomerana?

Bishitse ukagira icipfuzo kibi, ntuce wihebura. Hari abandi cajemwo mugabo baragitsinda (Raba ingingo ya 15-16)

15. Kubera iki bituremesha kumenya ko ivyipfuzo bibi bituzamwo ari ‘ibisanzwe bishikira abantu’? (Raba ishusho.)

15 Igihe uriko urarwana urugamba rwo kwikuramwo icipfuzo kibi gikomeye, uribuka ko utari wenyene. Bibiliya ivuga iti: “Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu.” (1 Kor. 10:13a) Hari iyindi Bibiliya ivuga uwo murongo ngo: “Nta nyosha mbi yabashikiye irengeye . . . umuntu.” Ayo majambo yandikiwe abakirisu b’abagabo n’abagore baba i Korinto. Bamwe muri bo bahoze barenga ibigo, baryamana n’abo basangiye igitsina, be n’imborerwa. (1 Kor. 6:9-11) Wibaza yuko inyuma y’aho babatirijwe batigeze bagira ivyipfuzo bibi? Na buhoro. Naho bose bari abakirisu barobanuwe, bari bakiri abanyagasembwa. Nta nkeka ko vyashika bakagira ivyipfuzo bibi. Ivyo birakwiye kuturemesha. Uti kubera iki? Kubera ko vyerekana yuko icipfuzo kibi ico ari co cose uriko uragerageza kwikuramwo, hariho uwundi muntu yagitsinze. Ego cane, urashobora kuguma “ukomeye mu kwizera, [uzi] yuko iyo mibabaro nyene ishikira umuryango wose wa bene wanyu.”—1 Pet. 5:9.

16. Ni umutego uwuhe dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?

16 Niwirinde kugwa mu mutego wo kwiyumvira ko ata muntu n’umwe yotahura ingorane uriko uracamwo. Kwiyumvira gutyo birashobora gutuma ubona ko ata co uzoshikako, be n’uko udashobora kunanira ivyipfuzo bibi. Bibiliya ivuga ibihushanye n’ivyo, iti: “Imana ni inyizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo kugira mushobore kucihanganira.” (1 Kor. 10:13b) N’igihe rero icipfuzo kibi coba gikomeye gute, turashobora kukinanira. Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kwirinda kugishira mu ngiro.

17. Naho tudashobora kubuza ivyipfuzo bibi kutuzamwo, ni igiki dushobora gukora?

17 Niwame wibuka iki kintu: Kubera ko uri umunyagasembwa, ntushobora kubuza ivyipfuzo bibi kukuzamwo. Ariko bikujemwo, urashobora kuvyamirira kure nka kumwe nyene Yozefu yabigira igihe yaca ahunga umugore wa Potifari. (Ita. 39:12) Si ngombwa ngo ushire mu ngiro ivyipfuzo bibi!

NUGUME UGIRA AKIGORO

18-19. Ni ibibazo ibihe twokwibaza uko twihatira guhindura umuzirikanyi wacu ngo ube musha?

18 Kugira ngo duhindure umuzirikanyi wacu ube musha, bisaba ko tuguma tugira akigoro ko kwiyumvira no gukora nk’uko Yehova agomba. Urakwiye rero kuguma wisuzuma mu kwibaza uti: ‘Ivyo nkora vyoba vyerekana yuko iherezo ry’iyi si riri hafi cane? Noba ndiko ndatera imbere mu bijanye no kwambara wa muntu mushasha? Noba ndiko ndareka impwemu ya Yehova ikayobora ubuzima bwanje ku buryo nanira inyosha mbi yo kwisunga ivyipfuzo vy’umubiri?’

19 Igihe wisuzuma, nuhimbarirwe iterambere ugezeko aho kurondera kuba umuntu atagira agahaze. Ubonye hari ivyo woryohora, ntuce ucika intege. Ahubwo, nushire mu ngiro impanuro iri mu Bafilipi 3:16 igira iti: “Ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde muri iyo nzira nyene.” Ivyo niwabikora, numenye neza ko Yehova azohezagira utwigoro ugira kugira ngo ugume uhindura umuzirikanyi wawe ube musha.

URURIRIMBO RWA 36 Turinde imitima yacu

a Intumwa Paulo yahanuye abakirisu bagenziwe ngo ntibemere gushushanywa n’iyi si. Iyo ni impanuro nziza na twebwe twokwisunga muri iki gihe. Turakwiye kuba maso kugira ngo iyi si yononekaye ntitugireko akosho mu buryo na bumwe. Kugira ngo ivyo bishoboke, turakwiye kuguma tubogora ivyiyumviro vyacu igihe cose tubonye bidahuye n’ivyo Imana igomba. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene twobigenza.

b Raba ikiganiro kivuga ngo “Natera mba mubi cane” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2015.

c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi akiri muto ariko arazirikana nimba yoja kuri kaminuza canke mu murimo w’igihe cose.