Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1

Nuhere amazinda ko ‘Ijambo ry’Imana ari ukuri’

Nuhere amazinda ko ‘Ijambo ry’Imana ari ukuri’

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2023: “Ijambo ryawe uko riri ni ukuri.”​—ZAB. 119:160.

URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi

INCAMAKE a

1. Kubera iki abantu benshi muri iki gihe batizigira Bibiliya?

 ABANTU benshi muri iki gihe ntibabona uwo bokwizigira. Barakekeranya ko abo bahanze amaso, ni ukuvuga abanyapolitike, abahinga mu vya siyansi be n’abadandaza, boba bitaho ineza yabo koko. Vyongeye, nta cizere bagifitiye indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu. Ntibitangaje rero kubona batizigira igitabu izo ndongozi zivuga ko zisunga, ari co Bibiliya.

2. Twisunze Zaburi 119:160, ni ibiki dukwiye kwemera tudakeka?

2 Twebwe abasavyi ba Yehova twarajijutse ko ari “Imana y’inyakuri,” be n’uko yama atwipfuriza ineza. (Zab. 31:5; Yes. 48:17) Turazi ko dushobora kwizigira ivyo dusoma muri Bibiliya, ko ‘Ijambo ry’Imana uko riri ari ukuri.’ b (Soma Zaburi 119:160.) Turemera ivyo umuhinga umwe mu bijanye na Bibiliya yanditse, ati: “Mu vyo Imana yanditse nta kinyoma na kimwe kirimwo, canke ikintu na kimwe kitazokwigera kiranguka. Abasavyi b’Imana barakwiye kwizigira ivyo ivuga, kuko bizigira Imana yabivuze.”

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 None twofasha gute abandi kwizigira Ijambo ry’Imana nk’uko natwe turyizigira? Reka dusuzume ibintu bitatu bituma twizigira Bibiliya. Tugiye kurimbura ingene ubutumwa buri muri yo butahindutse, ingene ivyo ivuga vyarangutse, n’ingene ifise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu.

UBUTUMWA BWO MURI BIBILIYA NTIBWIGEZE BUHINDUKA

4. Kubera iki abantu bamwebamwe biyumvira ko Bibiliya yoba yarahindutse?

4 Yehova Imana yakoresheje abantu b’abizigirwa nka 40 mu kwandika Bibiliya. Ariko rero, muri iki gihe nta candikano na kimwe co mu ntango candikishije iminwe kikihari. Ibihari vyose ni ivyo bagiye barimura. Ivyo bituma abantu bamwebamwe bibaza nimba ivyo dusoma muri Bibiliya muri iki gihe bisa neza na neza n’ivyari vyaranditswe mu ntango. Ni ibiki none vyodukura amazinda ko bisa?

Abimuzi b’abahinga b’Ivyanditswe vy’igiheburayo baritwararitse bimwe bidasanzwe yuko amakopi y’Ijambo ry’Imana atajamwo amakosa (Raba ingingo ya 5)

5. Igikorwa co kwimura Ivyanditswe vy’igiheburayo cakorwa gute? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

5 Kugira ngo Yehova akingire ubutumwa bwo muri Bibiliya, yarategetse abantu ko boza barabwimura. Yategetse abami ba Isirayeli kwiyandikira amakopi y’Itegeko, yongera ashiraho Abalewi kugira ngo baze barigisha abantu iryo Tegeko. (Gus. 17:18; 31:24-26; Neh. 8:7) Inyuma y’aho Abayuda baviriye mu bunyagano i Babiloni, hari umugwi w’abimuzi b’abahinga watanguye kugira amakopi menshi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo. (Ezr. 7:6) Ico gikorwa bagikora bacitondeye. Mu nyuma, abimuzi baratanguye no kuza baraharura indome zigize amajambo, aho guharura amajambo gusa, kugira ngo biyemeze neza ko ata kantu na kamwe kabacitse. Naho ari ukwo, kubera ko abantu badatunganye, hariho udukosa dutoduto twinjiye mu gisomwa ca Bibiliya. Ariko rero kubera ko hagizwe amakopi menshi y’ico gisomwa, utwo dukosa twahavuye tumenyekana. Uti gute?

6. Abahinga bamenya gute ahari udukosa abimuzi ba Bibiliya bagize?

6 Abahinga bo muri iki gihe, barafise ubuhinga bwo kwizigirwa bubafasha gutora amakosa yakozwe n’abimuye igisomwa ca Bibiliya. Tubitangire akarorero: Dufate ko abagabo 100 bahawe igisomwa kanaka kugira ngo bacimure n’iminwe. Umwe muri bo arakora agakosa gatoyi mu vyo yimuye. Uburyo bumwe bwo gutora ako gakosa, ni ukugereranya ikopi yiwe be n’iz’abandi bose bimuye. Muri ubwo buryo nyene, iyo abahinga bagereranije ibisomwa bitandukanye vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe, baca babona aho umwimuzi umwe ashobora kuba yarakoze udukosa canke ahari utuntu yasimvye.

7. Ni igiki abimuye Bibiliya benshi bitwararitse?

7 Abimuye ibisomwa vya Bibiliya vyandikishije iminwe, baritaye ku rutare kugira ngo ntihajemwo amakosa. Raba akarorero kavyerekana. Igisomwa candikishijwe iminwe c’Ivyanditswe vy’igiheburayo vyose ca kera kuruta ibindi vyose, ni ico mu 1008 canke 1009 inyuma ya Kristu. Citwa Codex de Leningrad. Ariko rero mu myaka ya vuba, harubuwe ibisomwa vyinshi vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe hamwe n’ibindi bicebice vy’ibisomwa vyabayeho nk’imyaka 1.000 imbere y’iyo Codex de Leningrad. Hari abokwibaza ko inyuma y’imyaka irenga 1.000 ivyo vyandikano biza birimurwa, igisomwa ca Codex de Leningrad cobaye gitandukanye cane n’ivyo vyandikano vy’iminwe vya kera. Ariko rero si ko biri. Abahinga bagereranije ivyandikano vy’iminwe vya kera cane be n’ivyabayeho mu nyuma yavyo, basanze ubutumwa bwo muri Bibiliya butahindutse, naho babonye udutandukaniro dutoyi mu mvugo.

8. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’amakopi y’Ivyanditswe vy’ikigiriki be n’amakopi y’ibindi bitabu bimwebimwe vya kera?

8 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene barimura Ivyanditswe. Barimuye bitonze amakopi y’ibitabu 27 bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki, bakaza barayakoresha mu makoraniro no mu gikorwa co kwamamaza. Umuhinga umwe yagereranije ivyandikano vy’iminwe vy’Ivyanditswe vy’ikigiriki be n’amakopi y’ibindi bitabu vyo muri ico gihe nyene, avuga ati: “Muri rusangi, [amakopi y’Ivyanditswe vy’ikigiriki] ni menshi kuruta, . . . kandi yoyo asa n’ayuzuye kuruta ay’ivyo bitabu.” Igitabu kimwe (Anatomy of the New Testament) kivuga giti: “Turashobora kwizigira ko ivyo dusoma muri Bibiliya iba yarahinduye neza [Ivyanditswe vy’ikigiriki] ari cokimwe n’ivyo abanditsi ba kera banditse.”

9. Twisunze Yesaya 40:8, ni igiki twemera tudakeka ku bijanye n’ubutumwa bwo muri Bibiliya?

9 Utwigoro abimuzi benshi bagize mu binjana n’ibindi two kwimura amakopi ya Bibiliya bavyitondeye, twaratumye muri iki gihe haboneka Bibiliya itagiramwo amakosa dukoresha mu gusoma no mu kwiyigisha. c Nta nkeka ko Yehova ari we yitwararitse ko ubutumwa yageneye abantu bubashikira butarimwo amakosa. (Soma Yesaya 40:8.) Ariko rero, hari aboshobora kuvuga ko kuba gusa ubutumwa bwo muri Bibiliya bwarazigamwe, bidaca vyerekana ko yahumetswe n’Imana. Ku bw’ivyo, nimuze ubu na ho turabe ibimenyamenya bimwebimwe vyerekana ko Bibiliya yahumetswe n’Imana.

UBUHANUZI BWO MURI BIBILIYA NI UBWO KWIZIGIRWA

Ibubamfu: C. Sappa/DeAgostini/Getty Images; iburyo: Image © Homo Cosmicos/Shutterstock

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwararangutse kandi n’ubu bukiriko (Raba ingingo ya 10-11) e

10. Tanga akarorero k’ubuhanuzi bwarangutse kerekana ko ibivugwa muri 2 Petero 1:21 ari ivy’ukuri. (Raba amashusho.)

10 Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi bwarangutse, bumwe muri bwo bukaba bwarangutse inyuma y’imyaka amajana bwanditswe. Kahise karemeza ko ubwo buhanuzi bwarangutse. Ivyo ntibidutangaza kuko tuzi ko ubwo buhanuzi bwavuye kuri Yehova. (Soma 2 Petero 1:21.) Zirikana ku buhanuzi bwavuze ibijanye n’ugutemba kw’igisagara ca Babiloni ca kera. Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, umuhanuzi Yesaya ahumekewe n’Imana yavuze ko igisagara gikomeye ca Babiloni cokwigaruriwe. Yaranavuze ko uwitwa Kuro ari we yocigaruriye, yongera aravuga ido n’ido ingene ico gisagara cofashwe. (Yes. 44:27–45:2) Yesaya yaranavuze ko amaherezo Babiloni yosanganguwe, igasigara ari umusaka. (Yes. 13:19, 20) Ukwo nyene ni ko vyagenze. Babiloni yarigaruriwe n’Abamedi n’Abaperesi mu 539 imbere ya Kristu, kandi ahahoze ico gisagara cari gikomeye, ubu hasigaye ari ikirundo c’ibihomvagurike. Raba ividewo ivuga ngo Bibiliya yari yaravuze ugukurwaho kwa Babiloni, mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, co mu buhinga bwa none, icigwa ca 3 ku ciyumviro ca 5.

11. Dondora ingene ibivugwa muri Daniyeli 2:41-43 biriko biraranguka muri iki gihe.

11 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ntibwarangutse kera gusa, n’ubu turibonera ingene buriko buraranguka. Nk’akarorero, zirikana ibijanye n’iranguka ridasanzwe ry’ubuhanuzi Daniyeli yavuze bwerekeye intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. (Soma Daniyeli 2:41-43.) Ubwo buhanuzi bwari bwaravuze budomako ko iyo ntwaro nganzasi ‘igice kimwe yobaye ikomeye nk’icuma ikindi gice na co kikoroha nk’ibumba.’ Ivyo nyene ni vyo twibonera. Ubwongereza na Amerika vyarerekanye ko bikomeye nk’icuma mu kugira uruhara runini mu gutsinda za Ntambara z’isi yose, no mu kuguma bikoresha inguvu za gisirikare zikomeye. Ariko kandi inguvu z’ivyo bihugu zaragabanijwe n’abanyagihugu bavyo bahaguruka bakarwanira agateka kabo biciye ku mashirahamwe y’abakozi, ku masekeza yo guharanira agateka ka zina muntu, no ku mashirahamwe yigenga. Umuhinga umwe akomeye mu vya politike y’isi aherutse kuvuga ati: “Muri iki gihe, nta gihugu na kimwe kw’isi giteye imbere muri demokarasi kirangwamwo ukutavuga rumwe mu vya politike, nka Leta Zunze Ubumwe za Amerika.” N’Ubwongereza, ari co kindi gice c’iyo ntwaro nganzasi, muri iyi myaka ya vuba na bwo nyene bwarigabuye, canecane bivuye ku kutabona kumwe imigenderanire ico gihugu gikwiye kugiranira n’ibindi bihugu bigize Ubumwe bwa Buraya. Ukwo kwicamwo imice kwaratumye iyo ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika idashobora gufata ingingo nk’uko ivyipfuza.

12. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya budukura amazinda ku biki?

12 Ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka, buratuma turushiriza kwizigira ko ivyo Imana yasezeranye muri kazoza na vyo nyene bizoranguka. Twiyumva cokimwe n’umwanditsi wa zaburi yasenze Yehova amubwira ko ‘ashashaye ubukiriro bwiwe, kuko yari yizigiye ijambo ryiwe.’ (Zab. 119:81) Biciye kuri Bibiliya, Yehova yaraduhaye “kazoza n’icizigiro,” abigiranye umutima mwiza. (Yer. 29:11) Icizigiro cacu ca kazoza ntigishingiye ku vyo abantu bakora, ahubwo gishingiye ku vyo Yehova adusezeranira. Nimuze tubandanye kurushiriza kwizigira Ijambo ry’Imana, mu kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya tuvyitondeye.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIRIKO ZIRAFASHA ABANTU AMAMILIYONI

13. Twisunze Zaburi 119:66, 138, ni ikindi kintu ikihe cerekana ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa?

13 Ikindi kintu gikwiye gutuma twizigira Bibiliya, ni uko ifasha abantu kumera neza, iyo bakurikije impanuro ziri muri yo. (Soma Zaburi 119:66, 138.) Nk’akarorero, imibano yagire isambuke ubu irahimbawe no kuba yunze ubumwe. Abana babo barahimbawe no kuba barezwe n’abavyeyi b’abakirisu babitwararika kandi babakunda.​—Ef. 5:22-29.

14. Tanga akarorero kerekana ingene gushira mu ngiro ukuri kwo muri Bibiliya bituma abantu bahinduka bakamera neza.

14 Gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya vyaratumye mbere n’inkozi z’ikibi katwa zihinduka. Raba ingene impanuro zo muri Bibiliya zafashije umunyororo umwe yitwa Jack. d Mu banyororo bari baraciriwe urwo gupfa, yari azwi ko ari inkozi y’ikibi karuhariwe. Ariko umusi umwe Jack yaraje kwifatanya n’uwariko ariga Bibiliya. Jack yarakozwe ku mutima cane n’ukuntu abariko barayobora iyo nyigisho bagaragaza umutima mwiza, ku buryo na we nyene yaciye atangura kwiga Bibiliya. Igihe yashira mu ngiro ukuri kwo muri Bibiliya, yaratanguye kwigenza neza, eka mbere arahinduka arushiriza kuba umuntu mwiza. Haciye igihe, Jack yarabaye umwamamaji atarabatizwa, mu nyuma na ho arabatizwa. Yarabwira abandi bapfungwa inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana abigiranye umwete, yongera arafasha n’imiburiburi bane muri bo kumenya ukuri. Igihe umusi wo kunyongwa washika, Jack yari yarahindutse aba umuntu mwiza. Umwe mu bashingwamanza biwe yavuze ati: “Jack ntakiri umwe nari nzi mu myaka 20 iheze. Inyigisho z’Ivyabona vya Yehova zarahinduye ubuzima bwiwe.” Naho Jack yanyonzwe, akarorero kiwe karatwereka ko dushobora kwizigira Ijambo ry’Imana be n’uko rifise ububasha bwo guhindura abantu bakamera neza.​—Yes. 11:6-9.

Impanuro zo muri Bibiliya zaratumye abantu benshi cane bo mu mihingo itandukanye bahinduka bakamera neza (Raba ingingo ya 15) f

15. Ni gute gushira mu ngiro ukuri kwo muri Bibiliya bituma abasavyi ba Yehova baba abatandukanye n’abandi bantu? (Raba ishusho.)

15 Abasavyi ba Yehova barunze ubumwe, kubera ko bashira mu ngiro ukuri biga muri Bibiliya. (Yoh. 13:35; 1 Kor. 1:10) Ubumwe n’amahoro twifitiye birigaragaza, canecane uravye ingene iyi si yuzuye amacakubiri ashingiye kuri politike, ku bwoko no ku mibereho y’abantu. Umusore umwe yitwa Jean yarakozwe cane ku mutima no kwibonera ubumwe burangwa mu basavyi ba Yehova. Yakuriye mu gihugu kimwe co muri Afrika. Igihe mu gihugu iwabo haduka intambara, yaciye aja mu gisoda ariko mu nyuma ahungira mu gihugu kibanyi, aho yahavuye ahura n’Ivyabona vya Yehova. Jean avuga ati: “Narize ko abari mw’idini ry’ukuri batisuka mu vya politike kandi ko batagira amacakubiri. Ahubwo barakundana.” Abandanya ati: “Ubuzima bwanje nari nabuhebeye kurwanira igihugu. Ariko igihe niga Bibiliya naciye ndabwegurira Yehova.” Jean yarahindutse rwose. Aho kurwanya abo badasangiye ubwoko canke igihugu, ubu arabwira uwo bahuye wese ukuri kwo muri Bibiliya gutuma abantu bunga ubumwe. Kuba impanuro zo muri Bibiliya zifasha abantu benshi bo mu mihingo itandukanye y’isi, ni ikimenyamenya gikomeye c’uko dukwiye kwizigira Ijambo ry’Imana.

NUBANDANYE KWIZIGIRA IJAMBO RY’IMANA RY’UKURI

16. Kubera iki bihambaye ko turushiriza kwizigira Ijambo ry’Imana?

16 Uko ivy’iyi si bizorushiriza kuyangara, ntibizotworohera kwizigira ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Abantu boshobora kugerageza gutuma dukekeranya nimba Bibiliya ivuga ukuri canke nimba Yehova yaragenye umushumba w’umwizigirwa kugira ngo ayobore abasavyi biwe muri iki gihe. Ariko nimba twarajijutse ko Ijambo rya Yehova ryama ari ukuri, ntituzoreka ngo ivyo bavuga bihungabanye ukwizera kwacu. Tuzokwiyemeza ‘gushira mu ngiro ingingo nyobozi za Yehova ibihe vyose gushika kw’iherezo.’ (Zab. 119:112) ‘Ntituzomaramazwa’ no kubwira abandi ukuri no kubaremesha kubaho bakwisunga. (Zab. 119:46) Vyongeye, tuzoshobora kwihanganira ibintu bigoye cane, ushizemwo n’uruhamo, tubigiranye ‘ukwiyumanganya kandi tunezerewe.’​—Kol. 1:11; Zab. 119:143, 157.

17. Icanditswe c’umwaka kitwibutsa iki?

17 Ese ingene dukenguruka kubona Yehova yaraduhishuriye ukuri! Ukwo kuri kuratuma dutekana, kugatuma ubuzima bwacu bugira intumbero, kukongera kukatwereka ingene twobaho muri iyi si idurumbanye kandi yuzuye akajagari. Kuraduha icizigiro co kuzobaho tumerewe neza igihe hazoba hatwara Ubwami bw’Imana. Ese rero icanditswe c’umwaka wa 2023 cotuma turushiriza guhera amazinda ko Ijambo ry’Imana ryose uko ryakabaye ari ukuri!​—Zab. 119:160.

URURIRIMBO RWA 94 Dukenguruke Ijambo ry’Imana

a Icanditswe catowe ku bw’umwaka wa 2023 kirakomeza ukwizera, na co kikaba kigira giti: “Ijambo ryawe uko riri ni ukuri.” (Zab. 119:160) Nta gukeka ko na wewe wemera ayo majambo. Ariko rero abantu benshi ntibemera ko Bibiliya ari ukuri, be n’uko ishobora kuduha impanuro zo kwizigirwa. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibimenyamenya bitatu twokoresha kugira ngo dufashe abantu b’umutima ukunze guhera amazinda ko Bibiliya be n’impanuro itanga ari ivyo kwizigirwa.

b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri uwo murongo, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “uko riri,” risobanura ngo ryose uko ryakabaye.

c Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene Bibiliya yakingiwe, ja kuri jw.org, maze wandike mu kumba ko kuronderamwo ngo “Kahise na Bibiliya.”

d Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

e INSOBANURO Y’ISHUSHO: Nk’uko Imana yari yarabivuze, igisagara ciza cane ca Babiloni cahavuye gicika umusaka.

f INSOBANURO Y’ISHUSHO: Ibintu vyakinywe: Aho kuja mu ntambara, umusore umwe ariko ariga muri Bibiliya ingene yobaho mu mahoro, agaca afasha abandi kubigenza gutyo nyene.