Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5

‘Urukundo Kristu afise ruratugobera’

‘Urukundo Kristu afise ruratugobera’

“Kuko urukundo Kristu afise rutugobera . . . kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo.”​—2 KOR. 5:14, 15.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE a

1-2. (a) Kuzirikana ku buzima bwa Yezu no ku gikorwa yaranguye bishobora gutuma twumva tumerewe gute? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

 IGIHE tubuze uwacu turatuntura cane. Mu ntango twoshobora kugira umubabaro mwinshi twibutse ingene yari amerewe mu misi y’imbere y’uko apfa, na canecane nimba yapfuye abanje kubabara cane. Ariko rero haciye igihe twoshobora gusubira kugira umunezero twibutse ikintu yatwigishije, canke ico yakoze canke yatubwiye kugira ngo aturemeshe canke adutwenze.

2 Muri ubwo buryo nyene, igihe dusomye ibijanye n’imibabaro ya Yezu be n’urupfu rwiwe biratubabaza. Mu kiringo c’Icibutso ni ho canecane dufata umwanya wo kuzirikana ku gaciro k’incungu yiwe. (1 Kor. 11:24, 25) Ariko rero, turanezerwa cane iyo tuzirikanye ku bintu vyose Yezu yavuze be n’ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. Vyongeye, iyo tuzirikanye ku vyo ariko arakora muri iki gihe be n’ivyo azodukorera muri kazoza turumva turemye. Kuzirikana kuri ivyo bintu be no ku rukundo adukunda, birashobora kutuvyurira umutima wo kwerekana ko dukenguruka mu buryo butandukanye nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro.

GUKENGURUKA BIRATUVYURIRA UMUTIMA WO GUKURIKIRA YEZU

3. Ni imvo izihe zituma dukenguruka incungu?

3 Kuzirikana ku buzima bwa Yezu no ku rupfu rwiwe biratuvyurira umutima wo gukenguruka. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi yarigishije abantu ibijanye n’imihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana. Turaha agaciro cane ukwo kuri kwerekeye Ubwami. Turakenguruka cane incungu kuko ituma dushobora kugiranira ubucuti somambike na Yehova be na Yezu. Abizera Yezu barafise kandi icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera no gusubira kubona ababo bapfuye. (Yoh. 5:28, 29; Rom. 6:23) Nta co twakoze kugira ngo turonke iyo mihezagiro, eka kandi ntituzokwigera turonka ico twishura Imana na Kristu ku vyo badukoreye. (Rom. 5:8, 20, 21) Naho ari ukwo, turashobora kwerekana ko tubakengurukira cane. Uti gute?

Kuzirikana ku karorero ka Mariya Magadalena bikuvyurira gute umutima wo gukenguruka? (Raba ingingo ya 4-5)

4. Mariya Magadalena yerekanye gute ko yakenguruka ivyo Yezu yari yamukoreye? (Raba ishusho.)

4 Raba akarorero k’Umuyudakazi umwe yitwa Mariya Magadalena. Yari yaraseserejwe n’amadayimoni indwi yari muri we. Ategerezwa kuba yari yarihebuye. Iyumvire rero ingene yakengurutse igihe Yezu yamukiza ayo madayimoni! Ukwo gukenguruka kwaratumye aca amukurikira maze arakoresha umwanya wiwe, inguvu ziwe n’ivyo yari atunze kugira ngo ashigikire Yezu mu gikorwa yarangura. (Luka 8:1-3) Naho Mariya yakengurukiye cane Yezu kuri ico kintu yari yamukoreye, ashobora kuba atatahura ko Yezu yomukoreye ikindi kintu gihambaye kuruta ico. Yotanze ubuzima bwiwe ku bw’abantu bose “kugira ngo umuntu wese amwizera” aronke ubuzima budahera. (Yoh. 3:16) Naho Mariya atabitahura, yarerekanye ko yakengurukira Yezu mu kuba intahemuka. Igihe Yezu yari amanitswe ku giti co kubabarizwako, Mariya yari ahagaze hafi yiwe kugira ngo amushigikire yongere aremeshe n’abandi. (Yoh. 19:25) Yezu amaze gupfa, Mariya be n’abandi bagore barazanye ibimota Yezu yosigwa imbere y’uko ahambwa. (Mrk. 16:1, 2) Ukwo kudahemuka kwa Mariya kwaratumye ahezagirwa cane. Yaratewe agateka ko kubonana na Yezu no kuyaga na we inyuma y’aho azukiye, kakaba ari agateka abigishwa benshi bataronse.—Yoh. 20:11-18.

5. Twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyose Yehova na Yezu badukoreye?

5 Na twebwe turashobora kwerekana ko dukenguruka ibintu vyose Yehova na Yezu badukoreye, mu gukoresha umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira duteze imbere igikorwa c’Ubwami. Nk’akarorero, twoshobora kwitanga mu kwubaka no mu kubungabunga inyubakwa dusengeramwo Yehova.

URWO DUKUNDA YEHOVA NA YEZU RURATUVYURIRA UMUTIMA WO GUKUNDA ABANDI

6. Kubera iki twovuga ko icungu yatangiwe umwumwe wese ku giti ciwe?

6 Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova na Yezu badukunda cane, natwe bica bituvyurira umutima wo kubakunda. (1 Yoh. 4:10, 19) Iyo dutahuye ko Yezu yapfiriye umwumwe wese ku giti ciwe, bica bituma turushiriza kubakunda. Intumwa Paulo yaratahuye ico kintu yongera aragaragaza ko yagikenguruka igihe yandikira Abagalatiya ati: “Umwana w’Imana ya[ra]nkunze a[ra]nyigura.” (Gal. 2:20) Yehova yishimikije iyo ncungu, yaragukwegereye kuri we kugira ngo ube umugenzi wiwe. (Yoh. 6:44) Ntibigukora ku mutima none kubona hari ikintu ciza Yehova yakubonyemwo akongera akagutangira ikintu c’agaciro ntangere gutyo, kugira ngo ushobore kuba umugenzi wiwe? None ivyo ntibituma urushiriza gukunda Yehova na Yezu? Turakwiye rero kwibaza duti: ‘Urwo rukundo rukwiye gutuma nkora iki?’

Urukundo dukunda Imana na Kristu ruratuvyurira umutima wo kubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu b’uburyo bwose (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze iyo shusho, twese twogaragaza gute urukundo dukunda Yehova na Yezu? (2 Abakorinto 5:14, 15; 6:1, 2)

7 Urukundo dukunda Imana na Kristu ruratuvyurira umutima wo gukunda abandi. (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15; 6:1, 2.) Uburyo bumwe tugaragaza urukundo ni mu kwamamaza tubigiranye umwete. Turayagisha abo duhura bose. Nta n’umwe twinuba dufatiye kw’ibara ryiwe ry’urukoba, ku bwoko bwiwe, ku kuntu ivyiwe vyifashe mu vy’ubutunzi canke ku mashure yize. Tubigenjeje gutyo, tuba turiko turahuza n’umugambi wa Yehova w’uko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”—1 Tim. 2:4.

8. Twokwerekana gute urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu?

8 Turerekana kandi urwo dukunda Imana na Kristu mu gukunda abavukanyi na bashiki bacu. (1 Yoh. 4:21) Turabitwararika cane tukongera tukabashigikira igihe bari mu ngorane. Turabahumuriza iyo babuze uwabo, tukabagendera iyo barwaye tukongera tugakora ibishoboka vyose kugira ngo tubaremeshe iyo bavunitse umutima. (2 Kor. 1:3-7; 1 Tes. 5:11, 14) Tuguma tubasengera kuko tuzi ko “ugutakamba kw’umugororotsi, . . . kugira inguvu nyinshi.”—Yak. 5:16.

9. Ni mu bundi buryo ubuhe twerekana ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu?

9 Turerekana kandi ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu mu kwihatira kubana amahoro na bo. Turagerageza kwigana Yehova mu bijanye no guharira. Nimba Yehova yararetse Umwana wiwe agapfa ku bw’ibicumuro vyacu, wumva none natwe tudakwiye kubabarira n’umutima ukunze abavukanyi na bashiki bacu baducumuyeko? Ntitwipfuza kumera nka wa mushumba mubi avugwa mu mugani umwe wa Yezu. N’igihe shebuja yamuhebera ideni rinini yari amufitiye, uwo mushumba yaranse guhebera umushumba mugenziwe ideni ritoyi yari amufitiye. (Mat. 18:23-35) Nimba hari umuvukanyi mufise ico mupfa, ubona gute ufashe iya mbere kugira ngo musubize hamwe imbere y’uko witaba Icibutso? (Mat. 5:23, 24) Ubigize woba werekanye ko ukunda cane Yehova na Yezu.

10-11. Abakurambere bokwerekana gute ko bakunda Yehova na Yezu? (1 Petero 5:1, 2)

10 Abakurambere bokwerekana gute ko bakunda Yehova na Yezu? Uburyo bobigira ni mu kwitwararika ivy’intama za Yezu zikeneye. (Soma 1 Petero 5:1, 2.) Yezu yaratomoreye ico kintu intumwa Petero. Inyuma y’aho yihakaniye Yezu incuro zitatu, Petero yaripfuza cane kwerekana ko yakunda Yezu. Yezu amaze kuzuka, yabajije Petero ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda?” Nta nkeka ko Petero ata co atari gukora kugira ngo yerekane ko yakunda Shebuja. Yezu yamubwiye ati: “Ragira intama zanje ntonto.” (Yoh. 21:15-17) Kuva ico gihe, Petero yagumye yitwararika intama z’Umukama abigiranye ikibabarwe, aba yerekanye ko yakunda Yezu.

11 Bakurambere, mu kiringo c’Icibutso mwokwerekana gute ko muha agaciro ivyo Yezu yabwiye Petero? Mwokwerekana ko mukunda cane Yehova na Yezu mu kwama mugendera cungere intama no mu kugira akigoro kadasanzwe kugira ngo mufashe abahororokewe ngo bagaruke kuri Yehova. (Ezk. 34:11, 12) Murashobora kandi kwitaho abatohoji ba Bibiliya be n’abantu bashasha bitaba Icibutso kugira ngo abo bantu boshobora kuzovamwo abavukanyi muri kazoza bumve ko bisanze.

URWO DUKUNDA KRISTU RURATUMA TUGIRA UMUTIMA RUGABO

12. Kubera iki kuzirikana ku vyo Yezu yavuze mw’ijoro buca apfa bituma tugira umutima rugabo? (Yohani 16:32, 33)

12 Mw’ijoro rya nyuma buca Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.” (Soma Yohani 16:32, 33.) Ni igiki none cafashije Yezu guhangana n’abansi biwe abigiranye umutima rugabo no kuguma ari umwizigirwa gushika apfuye? Yariheka kuri Yehova. Kubera ko Yezu yari azi ko n’abigishwa biwe boshikiwe n’ibintu nk’ivyo, yarasavye Yehova ko yobarinda. (Yoh. 17:11) Kubera iki none ivyo bituremesha? Kubera ko Yehova akomeye kuruta abansi bacu bose. (1 Yoh. 4:4) Nta kintu na kimwe atabona. Turazi neza ko twihetse kuri Yehova dushobora gutsinda ubwoba tukagira umutima rugabo.

13. Yozefu w’i Arimateya yagaragaje gute umutima rugabo?

13 Rimbura akarorero ka Yozefu w’i Arimateya. Yarubahwa cane n’Abayuda. Yari mu bari bagize sentare nkuru y’Abayuda. Naho ari ukwo, igihe Yezu yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, Yozefu yaragaragaje umutima rugabo. Yohani yavuze ko yari “umwigishwa wa Yezu mugabo wo mu mpisho kubera yatinya Abayuda.” (Yoh. 19:38) Naho Yozefu yakunda ubutumwa bw’Ubwami yarahisha abandi ko yizera Yezu. Birashoboka ko ivyo yabitumwa no gutinya ko yotakaza icubahiro gikomeye yari afise mu kibano. Uko biri kwose, Bibiliya ivuga ko Yezu amaze gupfa Yozefu yahavuye “[ari]nduka aja kwa Pilato asaba ikiziga ca Yezu.” (Mrk. 15:42, 43) Yozefu ntiyari agihisha ko ashigikiye Yezu.

14. Ni igiki ukwiye gukora nimba ufise ingorane yo gutinya abantu?

14 Vyoba nawe bigushikira ugatinya abantu nka Yozefu? Kw’ishure canke ku kazi vyoba bishika ukagira ubwoba bwo kubwira abandi ko uri Icabona ca Yehova? Woba ugonanwa kuba umwamamaji canke kubatizwa kubera utinya ivyo abandi bohava bakwiyumvirako? Ntureke ngo ubwoba bukubuze gukora ico uzi ko kibereye. Nusenge cane Yehova. Numusabe aguhe umutima rugabo wo gukora ivyo agomba. Niwabona ingene yishura amasengesho yawe, uzorushiriza gushikama no kugira umutima rugabo.—Yes. 41:10, 13.

UMUNEZERO URATUMA DUKORERA YEHOVA TUDATEZURA

15. Inyuma y’aho Yezu abonekeye abigishwa biwe, umunezero bagize watumye bakora iki? (Luka 24:52, 53)

15 Igihe Yezu yapfa, abigishwa biwe barababaye cane. Niwishire mu kibanza cabo. Uretse ko bari babuze umugenzi bakunda cane, babona kandi ko bari batakaje icizigiro. (Luka 24:17-21) Ariko igihe Yezu yababonekera, yarafashe akanya ko kubafasha gutahura ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwamurangukiyeko. Yaciye kandi abashinga igikorwa gihambaye. (Luka 24:26, 27, 45-48) Igihe Yezu yaduga mw’ijuru haciye imisi 40 inyuma y’aho, wa mubabaro w’abigishwa biwe wari wahindutse umunezero mwinshi. Kumenya ko Shebuja wabo yari yasubiye kuba muzima be n’uko yari yiteguriye kubafasha kurangura igikorwa yari yabashinze vyaratumye banezerwa. Uwo munezero waratumye bashemeza Yehova badatezura.—Soma Luka 24:52, 53; Ivyak. 5:42.

16. Twokwigana gute abigishwa ba Yezu?

16 Twokwigana gute abigishwa ba Yezu? Turashobora kwironkera umunezero mu gusenga Yehova mu kiringo cose c’umwaka, atari mu gihe c’Icibutso gusa. Ivyo bisaba ko dushira imbere Ubwami bw’Imana mu buzima bwacu. Nk’akarorero, abenshi baragize ivyo bahinduye ku rutonde rwabo rw’akazi kugira ngo bagire uruhara mu ndimiro, bitabe amakoraniro bongere bagire ugusenga kwo mu muryango badahorereza. Bamwebamwe barahevye mbere ibintu vy’umubiri abandi babona ko bihambaye, kugira ngo barushirize gukora vyinshi mw’ishengero canke baje gukorera ahakenewe abamamaji kuruta. Naho bisaba ko twihangana kugira ngo tugume dukorera Yehova, adusezeranira kuduhezagira cane nitwashira imbere ivyungura Ubwami.—Imig. 10:22; Mat. 6:32, 33.

Mu kiringo c’Icibutso, nufate umwanya wo kuzirikana ku vyo Yehova na Yezu bagukoreye ku giti cawe (Raba ingingo ya 17)

17. Wiyemeje gukora iki muri iki kiringo c’Icibutso? (Raba ishusho.)

17 Turashashaye cane guhimbaza Icibutso kizoba ku wa kabiri itariki 4 Ndamukiza. Ariko rero, ntukwiye kurindira ico gihe ngo abe ari ho uzozirikana ku buzima bwa Yezu n’urupfu rwiwe be no ku rukundo we na Yehova batugaragarije. Nubigire kenshi gashoboka mu kiringo cose c’Icibutso. Nk’akarorero, nufate umwanya wo gusoma no kuzirikana ku bintu dusanga mu gicapo kivuga ngo “Indwi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi,” mu gihimba ca 16 c’Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana. Nuce usoma ivyanditswe vyatanzwe bigufasha kurushiriza gukenguruka, kugaragaza urukundo, umutima rugabo be n’umunezero. Mu nyuma, nuce ugerageza kwiyumvira ivyo wokora kugira ngo werekane ko ukenguruka bimwe bivuye ku mutima. Numenye neza ko Yezu ashima ivyo uriko urakora vyose kugira ngo umwibuke muri iki kiringo c’Icibutso.—Ivyah. 2:19.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

a Mu kiringo c’Icibutso, turaremeshwa kuzirikana ku buzima bwa Yezu n’urupfu rwiwe be no ku rukundo we na Se batugaragarije. Ivyo birashobora kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze. Iki kiganiro, kiratwereka uburyo butandukanye twokwerekana ko dukenguruka incungu n’ingene twogaragaza urwo dukunda Yehova na Yezu. Turaza no kubona ingene twogaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu, ingene twogaragaza umutima rugabo, n’ingene tworonkera umunezero mu murimo turangurira Yehova.