Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4

Yehova arahezagira akigoro tugira ko kwitaba Icibutso

Yehova arahezagira akigoro tugira ko kwitaba Icibutso

“Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”​—LUKA 22:19.

URURIRIMBO RWA 19 Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba

INCAMAKE a

1-2. Kubera iki twitaba Icibutso buri mwaka?

 UBU haraheze nk’imyaka 2.000 Yezu adupfiriye, gutyo aba aduciriye inzira yo kuzoronka ubuzima budahera. Mw’ijoro buca Yezu apfa, yarategetse abigishwa biwe kwibuka ico kintu kiranga urukundo yabakoreye, mu kugira ibirori bisanzwe bakoresheje umukate n’umuvinyu.—1 Kor. 11:23-26.

2 Turagamburuka iryo tegeko rya Yezu kubera ko tumukunda cane. (Yoh. 14:15) Buri mwaka mu kiringo c’Icibutso, turerekana ko dukenguruka ivyo yadukoreye, mu gufata umwanya wo gusenga no kuzirikana ku co urupfu rwiwe rusobanura kuri twebwe. Turahimbarwa kandi no kwongereza umwanya tumara mu ndimiro, tugatumira abantu benshi bashoboka ngo bazoze kwifatanya natwe kuri ico kiringo kidasanzwe. N’ikindi kandi, turiyemeza kutareka ngo hagire ikintu na kimwe cotubuza kwitaba Icibutso.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibintu bitatu abasavyi ba Yehova bashizemwo akigoro kadasanzwe kugira bahimbaze urupfu rwa Yezu: (1) guhimbaza Icibutso nk’uko Yezu yabigize, (2) gutumira abandi ku Cibutso, (3) guhimbaza Icibutso no mu bihe bigoye.

GUHIMBAZA ICIBUTSO NK’UKO YEZU YABIGIZE

4. Ni inyigisho izihe insiguro y’Icibutso ica irya n’ino buri mwaka, kandi ni kubera iki tudakwiye kuzifata minenegwe? (Luka 22:19, 20)

4 Buri mwaka ku Cibutso, turakurikira insiguro ishingiye kuri Bibiliya yishura mu buryo butomoye ibibazo bitandukanye. Iraca irya n’ino igituma abantu bakeneye incungu, n’ingene urupfu rw’umuntu umwe rushobora kuba impongano y’ibicumuro vy’abantu benshi. Iratwibutsa ico umukate n’umuvinyu bisobanura be n’abakwiye kwihereza kuri ivyo bimenyetso. (Soma Luka 22:19, 20.) Vyongeye, iradufasha kuzirikana ku mihezagiro abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bazokwironkera. (Yes. 35:5, 6; 65:17, 21-23) Izo nyigisho ntidukwiye kuzifata minenegwe. Abantu amamiliyaridi ntibazitahura, kandi ntibaha agaciro n’incungu ya Yezu. N’ikindi kandi, ntibahimbaza Icibutso nk’uko Yezu yabigize. None ni kubera iki?

5. Intumwa nyinshi za Yezu zimaze gupfa, abantu batanguye guhimbaza urupfu rwiwe gute?

5 Haciye igihe gitoyi intumwa nyinshi za Yezu zipfuye, abakirisu b’ikinyoma barinjiye mw’ishengero. (Mat. 13:24-27, 37-39) Bavuga “ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ivyak. 20:29, 30) Kimwe mu bintu “bigoramanze” bahavuye batangura kwigisha, ni uko ngo Yezu atatanze umubiri wiwe “rimwe rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi,” nk’uko Bibiliya ibivuga, ariko ko ngo incungu yiwe yogiye iratangwa yisubiriza. (Heb. 9:27, 28) Muri iki gihe, abantu benshi b’imitima nziraburyarya baremera iyo nyigisho y’ikinyoma. Bama bahurira mu nsengero, rimwe na rimwe mbere buri musi, kugira ngo bagire ico bita “Ugusangira” canke “Ingaburo yera.” b Ayandi madini usanga ahimbaza gake urupfu rwa Yezu, ariko abenshi mu banywanyi bayo ntibatahura akamaro k’incungu ya Yezu. Bamwebamwe boshobora kwibaza bati: ‘Urupfu rwa Yezu rwoba vy’ukuri rushobora gutuma ibicumuro vyanje biharirwa?’ Kubera iki bibaza gutyo? Bamwebamwe babitumwa n’uko hari abababwiye ko urupfu rwa Yezu rudashobora gutuma ibicumuro biharirwa. None abayoboke b’ukuri ba Yezu bafashije gute abo bantu gutahura ico kibazo?

6. Mu 1872, ni igiki umugwi umwe w’abatohoji ba Bibiliya watahuye?

6 Mu mpera z’ikinjana ca 19, hari umugwi w’abatohoji ba Bibiliya wari uyobowe na Charles Taze Russell watanguye kwiga Ivyanditswe uvyitondeye. Bipfuza kumenya ukuri ku bijanye n’agaciro k’incungu ya Yezu be n’ukuntu urupfu rwiwe rukwiye kwibukwa. Mu 1872, baratahuye bisunze Ivyanditswe yuko vy’ukuri Yezu yatanze incungu ku bw’abantu bose. Ivyo bubuye ntibavyigungiyeko. Ahubwo barabimenyesheje abandi, biciye mu bitabu no mu binyamakuru. Bidatevye, baciye batangura kwigana abakirisu bo mu kinjana ca mbere, mu kuza barahimbaza Icibutso rimwe mu mwaka.

7. Twungukira gute ku bushakashatsi bwagizwe n’abatohoji ba Bibiliya ba kera?

7 Muri iki gihe, turungukira kuri ubwo bushakashatsi haheze imyaka myinshi abo bakirisu b’inziraburyarya bagize. Uti gute? Yehova yaradufashije gutahura ibijanye n’incungu ya Yezu be n’akamaro idufitiye. (1 Yoh. 2:1, 2) Twaratahuye kandi ivyizigiro bibiri Bibiliya iha abantu bahimbara Imana, bamwe bakaba bazoronka ubuzima budapfa mw’ijuru, abandi na bo amamiliyoni bakazobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Turarushiriza kwiyegereza Yehova iyo tuzirikanye ukuntu adukunda cane, no ku kuntu umwe wese ku giti ciwe yungukira ku ncungu ya Yezu. (1 Pet. 3:18; 1 Yoh. 4:9) Cokimwe rero n’abavukanyi bacu b’abizigirwa bo muri kahise, turatumira abandi kugira ngo bifatanye natwe guhimbaza Icibutso nk’uko Yezu yabigize.

TURATUMIRA ABANDI KU CIBUTSO

Wokora iki kugira ngo uzogire uruhara cane mw’isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso? (Raba ingingo ya 8-10) e

8. Abasavyi ba Yehova bakoze iki kugira ngo batumire abandi ku Cibutso? (Raba ishusho.)

8 Haraciye imyaka myinshi abasavyi ba Yehova batumira abandi ku Cibutso. Mu 1881, abavukanyi na bashiki bacu bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baratumiwe kwikoraniriza mu nzu y’umuvukanyi umwe w’i Allegheny i Pensilivaniya, kugira ngo bahimbaze urwo rubanza rudasanzwe. Mu nyuma, buri shengero ryarahimbaza Icibutso ukwaryo. Muri Ntwarante 1940, abamamaji barabwiwe ko botumira uwuvyipfuza wese mu karere iwabo. Mu 1960, Beteli yaratanguye kuronsa amashengero ubutumire bucapuye. Kuva ico gihe, tumaze gutanga ubutumire bw’Icibutso amamiliyaridi. Kubera iki none tugira akigoro gakomeye kugira ngo dutumire abandi?

9-10. Ni bande bungukira ku kigoro tugira ko gutumira abandi ku Cibutso? (Yohani 3:16)

9 Kimwe mu bituma dutumira abantu ku Cibutso, ni ukugira ngo abacitaba ari bwo bwa mbere bamenye ivyo Yehova na Yezu bakoreye abantu bose. (Soma Yohani 3:16.) Turizigira ko ivyo babona be n’ivyo bumva ku Cibutso bizotuma bamenya vyinshi maze bagacika abasavyi ba Yehova. Ariko hari n’abandi bungukira ku Cibutso.

10 Turatumira n’abatagikorera Yehova. Ivyo tubigira kugira ngo tubibutse ko Imana ikibakunda. Abenshi baritabira ubutumire, kandi iyo baje turahimbarwa cane. Kwitaba Icibutso birabibutsa umunezero bari bafise igihe bakorera Yehova. Raba akarorero ka Monica. c Mu gihe ca Korona, yarasubiye kuba umwamamaji naho yari amaze igihe yarahororokewe. Inyuma y’aho yitabiye Icibutso co mu 2021, yavuze ati: “Iki Cibutso cabaye ikidasanzwe kuri jewe. Ni bwo bwa mbere mu myaka 20 nashoboye kubwira abantu inkuru nziza nkongera nkabatumira ku Cibutso. Icatumye nihatira kubikora ni uko nkenguruka cane ivyo Yehova na Yezu bankoreye.” (Zab. 103:1-4) Abantu baba bakira ubutumire tubaha canke batabwakira, turabatumira ku Cibutso tubigiranye umwete, tuzi yuko Yehova akenguruka akigoro tugira.

11. Yehova yahezagiye gute akigoro twagize ko gutumira abantu ku Cibutso? (Hagayi 2:7)

11 Yehova yarahezagiye cane akigoro twagize ko gutumira abantu ku Cibutso. Abitavye Icibutso mu 2021 bari 21.367.603 naho Korona yariko irabica bigacika. Ni nk’Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose incuro zibiri n’igice. Ariko rero igihambaye cane kuri Yehova, si igitigiri c’abitaba Icibutso. Ahubwo n’umwumwe wese mu bacitaba. (Luka 15:7; 1 Tim. 2:3, 4) Turemera tudakeka ko biciye ku gikorwa turangura co gutanga ubutumire, Yehova adufasha kuronka abantu b’imitima nziraburyarya.—Soma Hagayi 2:7.

TURAHIMBAZA ICIBUTSO MBERE NO MU BIHE BIGOYE

Yehova arahezagira akigoro tugira ko guhimbaza Icibutso (Raba ingingo ya 12) f

12. Ni ibiki usanga bitatworohereza guhimbaza Icibutso? (Raba ishusho.)

12 Yezu yaravuze ko mu misi ya nyuma twoshikiwe n’ingorane z’ubwoko bwose: Uri ukurwanywa n’abagize umuryango, uruhamo, intambara, indwara z’ibiza, eka mbere n’ibindi vyinshi. (Mat. 10:36; Mrk. 13:9; Luka 21:10, 11) Rimwe na rimwe, ivyo bintu usanga bitatworohereza guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. None abavukanyi na bashiki bacu bakoze iki kugira ngo batsinde izo ntambamyi, kandi Yehova yabafashije gute?

13. Yehova yahezagiye gute uburindutsi be n’umwiyemezo Artem yagize kugira ngo ahimbaze Icibutso igihe yari mw’ibohero?

13 Gupfungwa. Abavukanyi bacu bapfunzwe bazira ukwizera kwabo, barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Raba akarorero k’umuvukanyi yitwa Artem. Mu kiringo c’Icibutso co mu 2020, yarapfungiwe mu cumba gitoya vyashika kikajamwo abanyororo batanu. Naho yari apfunzwe, yarashoboye kuronka ibimenyetso yokoresha, yongera arategura insiguro y’Icibutso yokwishikiriza ubwiwe. Ariko rero abo bari bapfunganywe baranywa itabi cane bakongera bagakoresha imvugo iteye isoni. None yaciye akora iki? Yarabasavye ko boreka kunywa itabi no gukoresha imvugo iteye isoni mu kiringo c’isaha imwe gusa. Artem yaratangaye abonye bamwemereye kutabikora mu gihe c’Icibutso. Artem avuga ati: “Narabasavye ko nobabwira ibijanye n’Icibutso.” Naho bamubwiye ko batashaka kuvyumva, bamaze kubona ivyo yakoze mu guhimbaza Icibutso bakumva n’ivyo yavuze, baciye bamubaza vyinshi ku bijanye na co.

14. Abasavyi ba Yehova bagize akigoro akahe kugira ngo bahimbaze Icibutso mbere no mu gihe ca Korona?

14 Ikiza ca Korona. Igihe ico kiza catera, abasavyi ba Yehova ntibashobora kugira Icibutso bakoraniye hamwe. Ariko rero ivyo ntivyababujije guhimbaza Icibutso. d Amashengero yashobora kuronka internet yarahimbaje Icibutso biciye kuri Zoom. None vyagenze gute ku bantu amamiliyoni batashobora kuronka internet? Mu bihugu bimwebimwe, haragizwe intunganyo yuko insiguro y’Icibutso ishikirizwa biciye kuri televiziyo canke kw’iradiyo. Vyongeye, amashami yarafashe amajwi y’insiguro y’Icibutso mu ndimi zirenga 500, kugira ngo n’abari mu turere turi kure cane bashobore guhimbaza Icibutso. N’ikindi kandi, abavukanyi b’abizigirwa baritanze kugira ngo izo nsiguro zafashwe amajwi zishikire abari bazikeneye.

15. Wigira iki ku karorero k’umutohoji wa Bibiliya umwe yitwa Sue?

15 Ukurwanywa n’abagize umuryango. Ingorane ikomeye bamwebamwe bagira ku bijanye no guhimbaza Icibutso, ni ukurwanywa n’abo mu muryango. Raba akarorero k’umutohoji wa Bibiliya yitwa Sue. Buca haba Icibutso co mu 2021, Sue yabwiye uwamwigisha Bibiliya ko bitokunze ko yitaba Icibutso kuko imuhira iwabo bamurwanya. Uwo yamwigisha Bibiliya yaciye amusomera Luka 22:44. Yaciye amusigurira ko igihe dushikiwe n’ingorane dukwiye kwigana Yezu mu kwitura Yehova mw’isengesho, no mu kumwizigira duherejeko. Bukeye, Sue yaciye ategura ibimenyetso, yongera araraba porogarama idasanzwe y’Ugusenga kwo mu gitondo kuri jw.org. Ku mugoroba, yaciye aja mu cumba ari wenyene, maze arakurikira Icibutso kuri Zoom biciye kuri terefone. Inyuma y’Icibutso yandikiye uwamwigisha ati: “Ejo warandemesheje cane. Naciye nkora ibishoboka vyose kugira ngo nitabe Icibutso, kandi Yehova yaramfashije. Ntiworaba ingene nkenguruka n’ingene mpimbawe!” Wibaza ko nawe Yehova yogufasha hamwe woshikirwa n’ikintu nk’ico?

16. Kubera iki twizigira ko Yehova azohezagira akigoro tugira ko kwitaba Icibutso? (Abaroma 8:31, 32)

16 Yehova arashima cane akigoro tugira kugira ngo duhimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Turizigira tudakeka ko azoduhezagira nitwerekana ko dukenguruka ivyo yadukoreye. (Soma Abaroma 8:31, 32.) Nimuze rero twiyemeze kuzokwitaba Icibutso muri uyu mwaka, no kuzokora ibishoboka vyose kugira ngo dukore vyinshi mu gikorwa ca Yehova mu kiringo c’Icibutso.

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

a Ku wa kabiri itariki 4 Ndamukiza 2023, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bazohimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Abenshi azoba ari irya mbere bitavye urwo rubanza. Abandi bazoba bahari ni Ivyabona bigeze kuba ari abanyamwete ariko bari bamaze imyaka myinshi batitaba Icibutso. Bamwebamwe mu bazokwitaba urwo rubanza, bazoba barwanye urugamba rukomeye kugira ngo barwitabe. Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, numenye neza ko Yehova azohimbarwa n’akigoro uzogira kugira uzobe uhari.

b Ababa bagiye mu misa, bemera yuko mu gihe c’ivyo birori, umukate n’umuvinyu bihinduka bikaba umubiri wa Yezu n’amaraso yiwe. Biyumvira ko igihe cose umuntu afashe ku mukate no ku muvinyu muri ivyo birori, Yezu aba asubiye gutanga umubiri wiwe n’amaraso yiwe.

c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

d Raba kandi kuri jw.org, ibiganiro bivuga ngo “Icibutso co mu 2021.”

e INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kuva mu myaka ya 1960, ubutumire bw’Icibutso bwagiye buraryohorwa, ubu bukaba buboneka mu mpapuro no ku buhinga bwa none.

f INSOBANURO Y’ISHUSHO: Ivyakinywe: Abavukanyi na bashiki bacu bariko barahimbaza Icibutso mu gihe c’imigumuko.