Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2

URURIRIMBO RWA 19 Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba

Woba witeguriye umusi uhambaye kuruta iyindi yose y’umwaka?

Woba witeguriye umusi uhambaye kuruta iyindi yose y’umwaka?

«Muragume mugira ibi mu kunyibuka.»LUKA 22:19.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turabona igituma Icibutso gihambaye cane, ingene twocitegurira be n’ingene twofasha abandi kucitaba.

1. Kubera iki umusi w’Icibutso uhambaye kuruta iyindi yose y’umwaka? (Luka 22:​19, 20)

 IVYABONA VYA YEHOVA, babona ko umusi wo kwibuka urupfu rwa Kristu ari wo uhambaye kuruta iyindi yose y’umwaka. Ni wo musi wonyene Yezu yategetse abayoboke biwe guhimbaza. (Soma Luka 22:​19, 20.) Hariho imvo nyinshi zituma twitegana igishika uwo musi w’Icibutso. Reka turabe zimwezimwe muri zo.

2. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma twitegana igishika umusi w’Icibutso?

2 Icibutso kiradufasha kuzirikana ku gaciro k’incungu. Kiratwibutsa uburyo butandukanye twokwerekana ko dukenguruka incungu ya Yezu. (2 Kor. 5:​14, 15) Kiraturonsa n’akaryo ko “guhanahana indemesho” n’abavukanyi na bashiki bacu. (Rom. 1:12) Vyongeye, buri mwaka, abahororokewe batari bake baritaba Icibutso. Mbere bamwebamwe muri bo baragaruka kuri Yehova, kubera ko tuba twabakiranye igishika. N’abantu bashasha batari bake baratangura kwiga Bibiliya kubera ivyo baba biboneye n’ivyo baba bumvise ku Cibutso. Ivyo vyose bituma tubona ko umusi w’Icibutso udasanzwe.

3. Ni mu buryo ki Icibutso gituma umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose wunga ubumwe? (Raba n’ifoto.)

3 Zirikana kandi ukuntu Icibutso gituma umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose wunga ubumwe. Kuri uwo musi, uko izuba rigenda rirarenga, ni ko hirya no hino kw’isi Ivyabona vya Yehova bagenda barakoranira hamwe ngo bahimbaze Icibutso. Twese turakurikira insiguro yerekana igituma incungu ihambaye. Turaririmba indirimbo zibiri zo gushemeza Yehova, ibimenyetso bigatemberezwa, tukongera tukavuga ngo «amen» tubikuye ku mutima, inyuma ya buri sengesho mu masengesho ane aturwa muri ico kiringo. Mu masaha nka 24, amashengero yose aba ahejeje guhimbaza Icibutso. Iyumvire ingene Yehova na Yezu banezerwa iyo babonye ingene twese kw’isi yose tubateye iryo teka!

Icibutso kiratuma abavukanyi bo kw’isi yose bunga ubumwe (Raba ingingo ya 3) f


4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibi bibazo: Twotegura gute umutima wacu ku bw’Icibutso? Twofasha abandi gute kucungukirako? Twofasha gute abahororokewe? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo, biraza kudufasha kwitegurira urwo rubanza ruhambaye cane.

TWOTEGURA GUTE UMUTIMA WACU KU BW’ICIBUTSO?

5. (a) Kubera iki dukwiye kuzirikana ku gaciro k’incungu? (Zaburi 49:​7, 8) (b) Ni icigwa ikihe wakuye mw’ividewo ivuga ngo Kubera iki Yezu yapfuye?

5 Kimwe mu bintu bihambaye twokora kugira ngo dutegure umutima wacu ku bw’Icibutso, ni ukuzirikana ku gaciro k’incungu ya Yezu Kristu. Ubwacu nta co twari gushobora gukora kugira ngo twikize icaha n’urupfu. (Soma Zaburi 49:​7, 8; raba n’ividewo ivuga ngo Kubera iki Yezu yapfuye?) a Yehova rero yaciye atunganya ivy’uko Umwana wiwe Yezu adupfira, naho bompi vyabasavye akigoro kadasanzwe. (Rom. 6:23) Uko tuzirikana ku kigoro Yehova na Yezu bagize ku bwacu, ni ko turushiriza guha agaciro incungu. Tugiye guca irya n’ino ibintu bikeya gusa Yehova na Yezu bemeye guheba kugira ngo haboneke incungu. Ariko rero, reka tubanze turabe ico vyasaba kugira ngo incungu iboneke.

6. Vyasaba iki kugira ngo incungu iboneke?

6 Incungu ni ikiguzi umuntu atanga kugira ngo agaruze ikintu. Igihe umuntu wa mbere Adamu yaremwa, yari atunganye. Ariko igihe yacumura, yaciye atakaza icizigiro co kubaho ibihe bidahera, we n’abomukomotseko bose. Kugira ngo Yezu agarure ico kintu Adamu yari atakaje, yaratanze ubuzima bwiwe butagira akanenge kugira ngo bube incungu. Mu kiringo cose Yezu yamaze ng’aha kw’isi, «nta gicumuro yakoze, eka kandi mu kanwa kiwe nta bubeshi bwahabonetse.» (1 Pet. 2:22) Kubera ko igihe Yezu yapfa atagira akanenge, ubuzima bwiwe bwari buringaniye neza na neza n’ubwo Adamu yari afise ataracumura.—1 Kor. 15:45; 1 Tim. 2:6.

7. Ibintu bimwebimwe bibabaje vyashikiye Yezu igihe yari kw’isi ni ibihe?

7 Naho Yezu yashikiwe n’ibintu vyinshi bitoroshe igihe yari ng’aha kw’isi, yagumye agamburukira Se wiwe adahemuka. Igihe Yezu yari akiri umwana, yagumye agamburukira abavyeyi biwe b’abanyagasembwa, naho wewe yari atunganye. (Luka 2:51) Ageze mu buyabaga, yategerezwa kurwanya ikintu cose cari gutuma agambararira abavyeyi canke ahemukira Yehova. Amaze gukura na ho, yategerezwa kurwanya ibigeragezo vya Shetani wa Mubesheranyi, ushizemwo ibitero vy’imbonankubone yamugavyeko arondera ko yohemukira Imana. (Mat. 4:​1-11) Shetani yarondera ko Yezu acumura, gutyo ntibishoboke ko atanga incungu.

8. Ni ibindi bintu ibihe bitoroshe vyashikiye Yezu?

8 Mu kiringo Yezu yamaze arangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, yarahuye n’ibindi bintu bitoroshe. Abansi biwe baramuhamye bongera baragerageza kumwica. (Luka 4:​28, 29; 13:31) Vyarabaye ngombwa kandi ko yihanganira amakosa y’abigishwa biwe. (Mrk. 9:​33, 34) Igihe yarengutswa imbere y’intahe, baramusinzikarije ubuzima bongera baramushinyagurira. Mu nyuma baramwishe urwo agashinyaguro. (Heb. 12:​1-3) Yategerezwa kwihangana gushika ku ka nyuma, kuko Yehova atari kumukingira. bMat. 27:46.

9. Ukwiye kubona gute incungu ya Yezu? (1 Petero 1:8)

9 Mu vy’ukuri, Yezu yaciye mu mibabaro myinshi kugira ngo aducungure. None iyo tuzirikanye kuri ayo makuba yose yamushikiye kugira ngo aducungure, ntitwumva turushirije kumukunda?—Soma 1 Petero 1:8.

10. Yehova vyamusavye iki kugira ngo incungu iboneke?

10 None Yehova wewe vyamusavye iki kugira ngo Yezu atange incungu? Nimba hari umuvyeyi n’umwana bafitaniye ubucuti bukomeye cane, ni Yehova na Yezu. (Imig. 8:30) Zirikana ingene Yehova yamerewe igihe yariko yitegereza Yezu ariko arashikirwa n’imibabaro myinshi ukuraho igihe yari kw’isi. Nta nkeka ko yatuntujwe no kubona ingene Umwana wiwe afatwa nabi, akiyamirizwa akongera akababazwa.

11. Tanga akarorero kerekana ingene Yehova ategerezwa kuba yaramerewe igihe Yezu yicwa.

11 Umuvyeyi wese yigeze kubura umwana, arazi ingene ivyo bituntuza. Kuba tuzi tudakekeranya ko izuka rizoba, ntibica bituma tutababara iyo tubuze uwacu. Ako karorero karadufasha gutahura ingene Yehova ategerezwa kuba yaramerewe igihe yitegereza imibabaro yariko ishikira Umwana wiwe gushika apfuye, mu mpeshi yo mu 33. cMat. 3:17.

12. Twokora ibiki mu misi y’imbere y’Icibutso?

12 Kuva ubu gushika ku musi w’Icibutso, ubona gute mu kwiyigisha kwawe canke mu Gusenga kwo mu muryango urushirije gushimika ku ncungu? Nukoreshe ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke ibindi bitabu bidufasha kwiga Bibiliya kugira ngo urushirize kumenya vyinshi ku bijanye n’incungu. d Niwitwararike kandi kuguma usoma igisomwa co muri Bibiliya kijanye n’Icibutso, wisunze urutonde ruri mu gatabu k’Ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Ku musi w’Icibutso na ho, ntuze wibagire gukurikira porogarama idasanzwe y’Ugusenga kwo mu gitondo. Iyo duteguye umutima wacu ku bw’Icibutso, bica bishoboka ko dufasha n’abandi kucungukirako.—Ezr. 7:10.

NUFASHE ABANDI KWUNGUKIRA KU CIBUTSO

13. Ikintu ca mbere twokora kugira ngo dufashe abandi kwungukira ku Cibutso ni ikihe?

13 Twofasha gute abandi kwungukira ku Cibutso? Ikintu ca mbere twokora, ni ukubatumira. Twoshobora kugira urutonde rw’abandi bantu twotumira uretse abo twama tuyaga mu ndimiro. Muri abo, harimwo incuti zacu, abo dukorana, abo twigana be n’abandi. Mbere naho tutoronka ubutumire bukwiye bwo kubaha, twoshobora kubarungikira ubwo mu buhinga bwa none. Hari igihe wosanga benshi bitavye Icibutso.—Umus. 11:6.

14. Tanga akarorero kerekana ingene gutumira umuntu muzinanyi bivamwo ivyiza.

14 Gutumira umuntu muzinanyi, birashobora kumuvyurira umutima wo kwitaba Icibutso. Umusi umwe, mushiki wacu umwe yari yubakanye n’umugabo adasenga Yehova, yaratangaye igihe umugabo wiwe yamubwira aryohewe ko bojanye ku Cibutso. Kubera iki none vyamutangaje? Kubera ko hari haciye imyaka myinshi amuremesha kwitaba Icibutso mugabo akavyanka. Ni igiki none cari catumye ubu hoho avyemera? Uwo mugabo yavuze ko yari yaronse ubutumire abuhawe n’umukurambere bari bazinanyi. Uwo mugabo yaritavye Icibutso muri uwo mwaka, eka mbere no mu yindi myaka myinshi yakurikiye.

15. Dukwiye kwibuka iki igihe dutumira abantu ku Cibutso?

15 Igihe dutumira abantu ku Cibutso, na canecane abatarigera bitaba ikoraniro na rimwe, turakwiye kwibuka ko boshobora kuba bafise ibibazo vyinshi. Turakwiye rero kuba turiyumvira ibibazo boshobora kutubaza be n’ingene twobishura. (Kol. 4:6) Nk’akarorero, boshobora kwibaza bati: “Babihimbaza gute?” “Bimara umwanya ungana iki?” “Abantu bagenda bambaye gute?” “Boba barihisha mu kwinjira?” “Boba batoza imperezwa?” Igihe dutumiye umuntu ku Cibutso, twoshobora gusa kumubaza duti: «Hoba hari ibibazo ufise?» maze nimba abifise tugaca tugerageza kubimwishura. Twoshobora no gukoresha ya videwo ivuga ngo Niwibuke urupfu rwa Yezu be n’iyivuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, kugira ngo dufashe uwo muntu gutahura ingene amakoraniro yacu agenda. N’icigwa ca 28 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera, kirimwo ibindi vyiyumviro twoshobora kwifashisha.

16. Ni ibindi bibazo ibihe abitavye Icibutso boshobora kubaza?

16 Icibutso giheze, abacitavye ari bwo bwa mbere boshobora kugira ibindi bibazo. Boshobora kwibaza igituma abantu bakeyi gusa ari bo bafashe ku bimenyetso, (na ho nyene nimba baba babonetse). Boshobora no kwibaza incuro duhimbaza Icibutso mu mwaka. Hari n’igihe boshima kumenya nimba amakoraniro yose y’Ivyabona vya Yehova yama agirwa gutyo nyene. Naho vyinshi muri ivyo bibazo biba vyishuwe mu nsiguro y’Icibutso, hari aho uwacitavye ari bwo bwa mbere yoshima kumenya amakuru yiyongereye. Ikiganiro dusanga kuri jw.org kivuga ngo «Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?», kirashobora kudufasha kwishura bimwebimwe mu bibazo yotubaza. Imbere y’Icibutso, mu kiringo c’Icibutso be n’inyuma yaco, turipfuza gukora ibishoboka vyose kugira dufashe abafise agatima kabereye kwungukira kuri urwo rubanza.—Ivyak. 13:48.

NUFASHE ABAHOROROKEWE

17. Abakurambere bofasha gute abahororokewe? (Ezekiyeli 34:​12, 16)

17 Mu kiringo c’Icibutso, twofasha gute abahororokewe? Nimubereke ko mubitwararika bivuye ku mutima. (Soma Ezekiyeli 34:​12, 16.) Imbere y’Icibutso, nimwihatire kubonana na benshi bashoboka. Nimubahumurize ko mubakunda, mwongere mubabwire ko mwipfuza kubafasha uko bishoboka kwose. Nimubatumire ku Cibutso, kandi baramutse bacitavye mubakirane igishika. Inyuma y’Icibutso na ho, nimugume muterefona canke mugendera abo bavukanyi na bashiki bacu twikundira, mubahe indemesho bakeneye kugira ngo bagaruke kuri Yehova.—1 Pet. 2:25.

18. Twese dushobora gute gufasha abahororokewe? (Abaroma 12:10)

18 Abagize ishengero bose barashobora gufasha abahororokewe baba bitavye Icibutso. Uti gute? Mu kubagaragariza urukundo, ubuntu n’icubahiro. (Soma Abaroma 12:10.) Nimwibuke ko kugaruka mw’ikoraniro, bishobora kuba vyabasavye kurya umutima amenyo. Kumbure bari bafise ubwoba ko batokwakiriwe neza. e Nimwirinde rero kubabaza ibibazo bibatera ubuyega, canke kuvuga ibintu vyobababaza. (1 Tes. 5:11) Ni abavukanyi na bashiki bacu. Turahimbarwa no kubona basubiye kwifatanya natwe mu gusenga Yehova.—Zab. 119:176; Ivyak. 20:35.

19. Kwibuka urupfu rwa Yezu bitugirira akamaro gute?

19 Ntidukenguruka none kuba Yezu yaratunganije ivy’uko tuza turibuka urupfu rwiwe buri mwaka? Tubigize, biratugirira akamaro mu buryo butandukanye bikongera bikakagirira n’abandi. (Yes. 48:​17, 18) Biratuma turushiriza gukunda Yehova na Yezu. Biratuma twerekana ko dukenguruka ivyo badukoreye. Biratuma turushiriza kwunga ubumwe n’abavukanyi na bashiki bacu. Vyongeye, biraduha akaryo ko gufasha abandi kumenya ingene na bo bokwironkera imihezagiro iva ku ncungu. Nimuze rero twese dukore uko dushoboye kwose kugira twitegurire umusi uhambaye kuruta iyindi yose muri uyu mwaka, ari wo musi w’Icibutso!

DUSHOBORA GUTE . . .

  • gutegura umutima wacu ku bw’Icibutso?

  • gufasha abandi kucungukirako?

  • gufasha abahororokewe?

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

a Kugira ngo uronke ibiganiro n’amavidewo bivugwa muri iki cigwa, nuje kuri jw.org, ubirondere ukoresheje ka kumba ko kurondeza.

b Raba ikiganiro c’«Ibibazo vy’abasomyi», casohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 2021.

d Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ivyo wogirirako ubushakashatsi

e Raba amafoto be n’uruzitiro ruvuga ngo « Ishengero ryabakiriye gute?» Umuvukanyi yahororokewe aragira isoni zo kwinjira mu Ngoro y’Ubwami, ariko mu nyuma ararinduka akinjira. Ashitseyo baramwakirana igishika maze akaryoherwa no gusubira kwifatanya n’abandi bavukanyi.

f INSOBANURO Y’IFOTO: Iyo abasavyi ba Yehova bo mu karere kamwe k’isi bariko barahimbaza Icibutso, bagenzi babo bo mu turere twose tw’isi, na bo nyene baba bariko baritegurira urwo rubanza rudasanzwe.