Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

Yehova azokuba hafi mu bihe bitoroshe

Yehova azokuba hafi mu bihe bitoroshe

«[Yehova] ni we atuma wiberaho utekanye.»YES. 33:6.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ivyo twokora kugira ngo Yehova adufashe mu bihe bitoroshe.

1-2. Ni ibintu bitoroshe ibihe bishobora gushikira abasavyi ba Yehova b’abizigirwa?

 IBINTU bivuna umutima birashobora guhindura ubuzima bwacu mu kanya isase. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe w’umwizigirwa yitwa Luis a baramutoye kanseri itamenyerewe. Umuganga yamubwiye ko asigaje amezi makeyi gusa yo kubaho. Monika n’umugabo wiwe na bo bari bamaze igihe bakorera Yehova bari kumwe kandi batiziganya. Umusi umwe, Monika yaramenye ko umugabo wiwe, uwari asanzwe ari umukurambere, yari amaze imyaka akora igicumuro mu kinyegero. Mushiki wacu umwe atarubaka urwiwe yitwa Olivia, yarataye inzu yiwe arahunga kubera ko hagira hatere igihuhusi gikomeye. Agarutse yasanze casambuye inzu yiwe. Mu kanya isase, ubuzima bw’abo bantu bose bwarahindutse bimwe bikomeye. Weho bite? Hoba hari ikintu cagushikiye bukwi na bukwi kigatuma wumva umengo ijuru rikuguyeko?

2 Naho turi abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, na twebwe turashikirwa n’ingorane tukongera tukarwara cokimwe n’abandi bantu. Biranashika abatatwerekwa bakaturwanya canke bakaduhama. Naho Yehova atadukingira izo ngorane zose, aradusezeranira kudufasha. (Yes. 41:10) Aradufasha kugumana umunezero, gufata ingingo nziza no kuguma turi intahemuka naho twoshikirwa n’ibintu bikomeye gute. Muri iki kiganiro tugiye kuraba uburyo bune Yehova adufasha igihe dushikiwe n’ibintu bibabaje cane. Turaza no kubona ivyo twokora kugira ngo Yehova adufashe.

YEHOVA AZOKURINDA

3. Ni ibiki vyoshobora kutugora igihe dushikiwe n’ikintu kivuna umutima?

3 Ingorane. Igihe dushikiwe n’ikintu kivuna umutima, vyoshobora kutugora kwiyumvira neza no gufata ingingo nziza. Uti kubera iki? Tuba dutuntuye cane kandi twumva ko turengewe n’amaganya mu mutima. Twoshobora kumera nk’umuntu ariko araca mu gipfungu kizitanye, atabona neza inzira yojana. Raba ingene bamwe bashiki bacu babiri twavuga bumvise bamerewe igihe bashikirwa na za ngorane. Olivia avuga ati: «Igihe ca gihuhusi cahitana inzu yanje, narataye umutwe nongera ndarengerwa.» Wa mushiki wacu Monika yahemukirwa n’umugabo wiwe, na we avuga ati: «Narababaye bimwe bitovugwa. Numvise umengo ni uwunsogose mu mutima. N’ibikorwa nari menyereye gukora sinari nkibishobora. Ico kintu sinari bwigere niyumvira ko conshikiye.» None Yehova asezerana kudufasha gute igihe twumva ko turengewe?

4. Twisunze Abafilipi 4:​6, 7, Yehova adusezeranira iki?

4 Ico Yehova akora. Adusezeranira kuduha ico Bibiliya yita «amahoro y’Imana.» (Soma Abafilipi 4:​6, 7.) Ayo mahoro, ni ugutekana tugira mu mutima kubera ubucuti bwiza tuba dufitaniye na we. Ayo mahoro «a[ra]rengeye ugutahura kwose.» Nta co twoyagereranya. Vyoba birashika ugatakambira Yehova maze ugaca wumva uratekanye ku buryo nawe bigutangaza? Ico nyene ni co citwa «amahoro y’Imana.»

5. Amahoro y’Imana arinda gute ubwenge bwacu n’imitima yacu?

5 Ico canditswe kibandanya kivuga ko amahoro y’Imana «azorinda», canke azokingira «imitima ya[cu] n’ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira.» Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kurinda”, ryakoreshwa mu vya gisirikare bashaka kuvuga abasoda barinda igisagara kugira ngo ntigiterwe n’umwansi. Ababa bari mu gisagara bariryamira ata co binona kuko baba bazi ko abasoda bacungereye amarembo. Muri ubwo buryo nyene, iyo amahoro y’Imana azigamye imitima yacu n’ubwenge bwacu, turumva dutekanye kuko tuba tuzi ko dukingiwe. (Zab. 4:8) Nka kumwe kwa Hana, turumva ko hari ukuntu dutekanye naho ibintu bitoca bihinduka ubwo nyene. (1 Sam. 1:​16-18) Igihe rero dutekanye, akenshi bica vyoroha ko twiyumvira neza tukongera tugafata ingingo zibereye.

Nusenge gushika wumvise ko «amahoro y’Imana» arinze umutima wawe n’ubwenge bwawe (Raba ingingo ya 4-6)


6. Twokora iki kugira ngo turonke amahoro y’Imana? (Raba n’ifoto.)

6 Ico twokora. Igihe ugeramiwe, nuce utabaza uwo twokwita umurinzi. None wobigira gute? Nusenge gushika uronse amahoro y’Imana. (Luka 11:9; 1 Tes. 5:17) Umwe Luis twavuga, arasigura icabafashije we n’umugore wiwe Ana, igihe bumva ko asigaje amezi makeyi gusa yo kubaho. Avuga ati: «Mu gihe nk’ico, biragoye cane kubona ingingo wofata ku bijanye n’amagara yawe canke ibindi bintu. Ariko gusenga ni vyo ahanini vyatumye dutekana muri ico kiringo kitari coroshe.» Luis n’umugore wiwe bavuga ko basenze cane kandi incuro nyinshi basaba Yehova ngo abaronse amahoro yo mutima, ugutekana be n’ubukerebutsi kugira ngo bafate ingingo nziza. Kandi yarabafashije koko. Nimba rero uri mu ngorane, nushishikare gusenga. Uzoheza wibonere ingene amahoro y’Imana arinda umutima wawe n’ubwenge bwawe.—Rom. 12:12.

YEHOVA AZOGUFASHA GUTEKANA

7. Bigenda gute igihe dushikiwe n’ikintu kibabaza?

7 Ingorane. Igihe dushikiwe n’ikintu kibabaza, usanga tutaba tuciyumvira canke ngo dukore ibintu nk’uko twari dusanzwe tubigira. Twoshobora guhungabana mu bwenge tukamera nk’ubwato buzungazungishwa n’umuyaga. Wa mushiki wacu Ana, avuga yuko yahungabanye cane igihe umugabo wiwe Luis yapfa. Agira ati: «Igihe naba nihebuye, naca ntangura kwiganyira. Naranashavura kubona atakiriho.» Vyongeye, Ana yarumva ko ari inyakamwe akongera agata umutwe no kubona ari we yategerezwa gufata ingingo zijanye n’ibintu umugabo wiwe Luis yahora yitwararika. Vyarashika akumva ameze nk’ubwato bwugarijwe n’igihuhusi mu kiyaga. None Yehova adufasha gute igihe dutanguye kwumva ko turengewe gutyo?

8. Twisunze Yesaya 33:​6, Yehova aduhumuriza gute?

8 Ico Yehova akora. Araduhumuriza ko azodufasha gutekana. (Soma Yesaya 33:6.) Igihe ubwato buhuye n’igihuhusi, bwoshobora gutangura kuzungazunga bimwe biteye ubwoba. Mu gutunganya iyo ngorane, usanga amato menshi ariko utuntu tumeze nk’amababa ku gice co munsi. Utwo tuntu turatuma butazungazunga birenze, ivyo bigatuma ababurimwo bagira urugendo badahagaritse umutima. Ariko rero utwo tuntu tumeze nk’amababa, tugira ico dufashije ubwato igihe buriko buragenda. Iyo natwe rero turi mu ngorane, Yehova aradufasha gutekana igihe tuguma tumukorera tudahemuka.

Niwikore ku bikoresho vyacu vy’ubushakashatsi kugira bigufashe gutekana (Raba ingingo ya 8-9)


9. Ibikoresho vy’ubushakashatsi vyodufasha gute gutekana? (Raba n’ifoto.)

9 Ico twokora. Igihe uba wumva ko urengewe, nukore ibishoboka vyose kugira ugume wumiye ku rutonde rwawe rw’ivy’impwemu. Naho vyoshika ntukore nk’ivyo wahora ukora, niwibuke ko Yehova atakwitezeko ibirenze. (Gereranya na Luka 21:​1-4.) Muri urwo rutonde, uribuka gutegekanya umwanya wo kwiyigisha no kuzirikana. Uti kubera iki? Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, yaraturonkeje impanuro ngirakamaro zishingiye ku vyanditswe, zidufasha kuguma dutekanye. Kugira ngo uronke impanuro zogufasha, woshobora kwikora ku bikoresho vy’ubushakashatsi biboneka mu rurimi rwanyu, nka JW Library®, ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova be na Index des publications des Témoins de Jéhovah. Umwe mushiki wacu Monika, avuga yuko igihe yaba atanguye kwumva arengewe n’umubabaro, yaca yikora kuri ivyo bikoresho vy’ubushakashatsi kugira ngo arondere impanuro zomufasha. Nk’akarorero yararondeza ijambo «ishavu», ikindi gihe na ho akarondeza ijambo «ubuhemu» canke «ukudahemuka.» Yaca asoma ibiganiro yatoye gushika yumvise ko atekanye. Yavuze ati: «Natangura kubisoma mbabaye cane mugabo nkabirangiza numva ntekanye, nk’aho Yehova ahejeje kungumbira.» Ndiko ndasoma ivyo biganiro, narabona ko Yehova atahura ukuntu niyumva be n’uko yariko aramfasha. Ivyo bikoresho Yehova aturonsa na wewe birashobora kugufasha gushika wumvise ko utekanye, nka kurya kw’ubwato buvuye mu bihuhusi bugashika ahatekanye.—Zab. 119:​143, 144.

YEHOVA AZOGUSHIGIKIRA

10. Ni ibiki bishobora kuba igihe dushikiwe n’ibintu bivuna umutima?

10 Ingorane. Igihe dushikiwe n’ibintu bivuna umutima, mu bihe bimwebimwe vyoshika tukagira intege nke kandi tugatakaza morare. Twoshobora kwumva ko tumeze nk’umwirutsi yahora yiruka cane mugabo ubu asigaye agenda acumbagira. N’ibintu vyahora bitworohera gukora vyoshobora kutugora canke tukumva ata morare dufise yo gukora ibintu twahora dukunda. Nka kumwe kwa Eliya, vyoshika tukumva ko ata n’inguvu zo guhaguruka dufise, tukumva twoguma twiryamiye. (1 Abm. 19:​5-7) None Yehova adusezeranira iki igihe twumva ko ducitse intege?

11. Yehova adufasha mu bundi buryo ubuhe? (Zaburi 94:18)

11 Ico Yehova akora. Asezerana kudushigikira. (Soma Zaburi 94:18.) Nka kurya nyene umwirutsi yakomeretse akenera uwo yifadikiza kugira ngo ashobore gutambuka, na twebwe twoshobora gukenera uwudushigikira kugira ngo tugume dukora igikorwa ca Yehova. Mu bihe nk’ivyo, Yehova aduhumuriza ati: «Jewe Yehova Imana yawe ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: “Ntutinye. Nzogufasha.”» (Yes. 41:13) Ivyo umwami Dawidi yaravyiboneye. Igihe yari ahanzwe n’ingorane be n’abansi, yabwiye Yehova ati: «Ukuryo kwawe kuranshigikira.» (Zab. 18:35) None Yehova adushigikira gute?

Niwemere gushigikirwa n’abo mu muryango, abagenzi be n’abakurambere (Raba ingingo ya 11-13)


12. Igihe ducitse intege, ni bande Yehova yoshobora gukoresha kugira ngo badufashe?

12 Akenshi Yehova adushigikira mu kuvyurira umutima abandi kugira ngo badufashe. Nk’akarorero, igihe Dawidi yari yacitse intege, umugenzi wiwe Yonatani yaragiye kumuraba kugira ngo amuremeshe. (1 Sam. 23:​16, 17) Yehova kandi yarahisemwo Elisha kugira ngo ashigikire Eliya. (1 Abm. 19:​16, 21; 2 Abm. 2:2) Muri iki gihe, Yehova yoshobora kudushigikira akoresheje abo mu muryango, abagenzi canke abakurambere. Ariko rero igihe tubabaye, twoshobora kwigunga ntidushake kuja aho abandi bari. Ivyo ni ibisanzwe. Twokora iki none kugira ngo Yehova adushigikire?

13. Twokora iki kugira ngo Yehova adushigikire? (Raba n’ifoto.)

13 Ico twokora. Nurwanye icipfuzo co kwigunga. Igihe umuntu yigungiye ukwiwe, akenshi aca agumiza umutima ku bimwerekeye gusa no ku ngorane ziba ziriko ziramushikira. Ivyo vyoshobora gutuma afata ingingo zitabereye. (Imig. 18:1) Ego ni ko twese turakenera akanya ko kuguma turi twenyene, canecane igihe twashikiwe n’ibintu bitesha umutwe. Ariko rero hamwe twomara igihe kirekire twigungiye ukwacu, twoshobora gusanga twitesheje akanya ko gufashwa na Yehova biciye ku bandi bantu. Naho mu kiringo nk’ico usanga bigoye, niwemere gufashwa n’abagize umuryango wawe, abagenzi be n’abakurambere. Nubone ko ari bo nyene Yehova ariko arakoresha mu kugushigikira.—Imig. 17:17; Yes. 32:​1, 2.

YEHOVA AZOGUHUMURIZA

14. Ni ibintu ibihe biteye ubwoba bishobora kudushikira?

14 Ingorane. Twoshobora gushikirwa n’ibintu bidutera ubwoba. Bibiliya iratubwira abasavyi b’Imana b’abizigirwa vyashitse bagatekerwa n’ubwoba bivuye ku bansi babo canke ku bindi bintu bitesha umutwe. (Zab. 18:4; 55:​1, 5) Na twebwe twoshobora kuba turiko turarwanywa n’abo twigana, abo dukorana, abo mu muryango canke abo mu ntwaro. Hari n’aho twoba turwaye indwara ishobora kuduhitana. Mu bihe nk’ivyo twoshobora kwumva ko ata co twishoboje, nka kurya kw’umwana mutoyi. None Yehova aca adufasha gute?

15. Muri Zaburi 94:19 haduhumuriza gute?

15 Ico Yehova akora. Araduhumuriza akongera akaduhoza. (Soma Zaburi 94:19.) Ibivugwa muri iyo zaburi bituma twiha ishusho y’umwana atekewe n’ubwoba bikanka n’uko asinzira kubera imituragaro ikomeye. Se wiwe aciye yinjira aho ari, aramufata maze amwiyegekako gushika asinziriye. Naho iyo mituragaro iba itarahera, ico kintu se wiwe aba akoze kiratuma nya mwana yumva atekanye. Igihe natwe dushikiwe n’ibintu bidutera ubwoba, twoshobora gukenera ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atwiyegeka gushika twumvise ko dutekanye. Twokora iki none kugira ngo Yehova aduhumurize?

Niwemere Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru aguhumurize biciye ku Vyanditswe (Raba ingingo ya 15-16)


16. Twokora iki kugira ngo Yehova aduhumurize? (Raba n’ifoto.)

16 Ico twokora. Nuze uramarana umwanya na Yehova mu kumusenga no mu gusoma Ijambo ryiwe. (Zab. 77:​1, 12-14) Niwashikirwa n’ingorane uzosanga ikintu ca mbere wihutiye gukora ari ukwitura uwo Muvyeyi wawe wo mw’ijuru. Nuce umubwira ibikuraje ishinga. Nureke na we akuyagire yongere aguhoze biciye ku Vyanditswe. (Zab. 119:28) Hariho ibice kanaka vyo muri Bibiliya bishobora kukuremesha cane igihe ufise ubwoba. Nk’akarorero usomye igitabu ca Yobu, Zaburi, Imigani be n’amajambo Yezu yavuze muri Matayo ikigabane ca 6, birashobora kukuremesha cane. Gusenga Yehova no gusoma Ijambo ryiwe bizoguhumuriza.

17. Ni igiki twokwizigira tudakeka?

17 Turizigira tudakeka ko Yehova azotuba hafi igihe turi mu bihe bitoroshe. Azokwama ari kumwe natwe. (Zab. 23:4; 94:14) Yehova adusezeranira kuturinda, kudufasha gutekana, kudushigikira no kuduhumuriza. Ku bijanye na Yehova, Yesaya 26:3 hagira hati: «Uzozigama abakwihekako n’umutima wabo wose. Uzobaha amahoro arama, kubera ko ari wewe bizigira.» Niwizigire rero Yehova wongere wungukire ku buryo butandukanye akoresha kugira ngo agufashe. Ivyo bizotuma uguma ufise inkomezi mbere no mu bihe bitoroshe.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni ryari canecane twokenera ko Yehova adufasha?

  • Ni uburyo bune ubuhe Yehova akoresha mu kudufasha mu bihe bitoroshe?

  • Twokora iki kugira ngo Yehova adufashe?

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.