Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2

URURIRIMBO RWA 132 Ubu rero tubaye umwe

Bagabo, nimutere iteka abagore banyu

Bagabo, nimutere iteka abagore banyu

‘Namwe bagabo, nimubatere iteka.’1 PET. 3:7.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene umugabo yotera iteka umugore wiwe mu mvugo no mu ngiro.

1. Ni imvo imwe iyihe yatumye Yehova atanguza umubano?

 YEHOVA ni «Imana ihimbawe» kandi yipfuza ko natwe duhimbarwa. (1 Tim. 1:11) Yaraduhaye ingabire nyinshi zituma ubuzima buryoha. (Yak. 1:17) Imwe muri izo ngabire ni umubano w’ababiranye. Iyo umugabo n’umugore bubakanye basezerana gukundana, kwubahana no kwitwararikana. Kuguma bakomeza urwo rukundo bituma bahimbarwa vy’ukuri.—Imig. 5:18

2. Ingo nyinshi zifashe gute muri iki gihe?

2 Ikibabaje, ni uko abubakanye benshi muri iki gihe birengagiza ivyo basezeranye ku musi wabo w’ubugeni. Ivyo bica bituma badahimbarwa. Raporo imwe iheruka gusohorwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), yerekana ko abagabo benshi bakubita abagore babo, bakabatuka canke bakabafata nabi mu bundi buryo. Umugabo ameze ukwo yoshobora gufatana icubahiro umugore wiwe bari mu bantu, mugabo bageze muhira akamufata nabi. Imibano myinshi kandi irahungabana igihe umugabo araba amashusho y’ibiterasoni.

3. Kubera iki abagabo bamwebamwe bahohotera abagore babo?

3 Ni ibiki bishobora gutuma abagabo bamwebamwe bahohotera abagore babo? Bashobora kuba bari bafise ba se bakaze, bikaba vyatumye biyumvira ko guhohotera umugore ari ibisanzwe. Abandi usanga boshwa n’imico kama bakuriyemwo, aho usanga bafise ivyiyumviro bitari vyo vy’uko umugabo nya mugabo ategerezwa gukoresha inguvu kugira yereke umugore ko ari we shefu. Abandi usanga batigishijwe kwigumya kugira ntibatwarwe n’ishavu. Hari n’abandi bagabo babona abagore nk’ibikoresho vyo guhaza ivyipfuzo vyabo vy’igitsina kubera bakunda kuraba amashusho y’ibiterasoni. Vyongeye, raporo nyinshi zerekana ko ca kiza ca korona caje cunyura ibintu. Naho ari ukwo, nta mvo n’imwe muri izo ikwiye gutuma umugabo ahohotera umugore wiwe.

4. Ni igiki abagabo b’abakirisu bakwiye kubako maso, kandi kubera iki?

4 Abagabo b’abakirisu barakwiye kuba maso kugira ntibatsimbataze agatima ko kubona abakenyezi mu buryo butabereye. a Uti kubera iki? Kimwe coco ni uko ivyo umuntu yiyumvira akenshi aruhira kubikora. Intumwa Pawulo yagabishije abakirisu barobanuwe b’i Roma ngo «[ba]reke kwoshwa n’iyi si.» (Rom. 12:​1, 2) Igihe yandikira ishengero ry’i Roma, biboneka ko ryari rimaze igihe rishinzwe. Ariko rero, amajambo Pawulo yavuze yerekana ko bamwe mu bari bagize iryo shengero bari bacoshwa n’imigenzo hamwe n’ivyiyumviro vy’isi. Ni co gituma yabahimirije guhindura ivyiyumviro vyabo n’ingeso zabo. Nta nkeka ko iyo mpanuro yerekeye n’abagabo b’abakirisu muri iki gihe. Ikibabaje, ni uko hari abandukiwe n’ivyo vyiyumviro, mbere baranahohotera abagore babo. b None Yehova yiteze ko umugabo afata gute umugore wiwe? Inyishu y’ico kibazo turayisanga mu canditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro.

5. Twisunze 1 Petero 3:​7, umugabo akwiye gufata gute umugore wiwe?

5 Soma 1 Petero 3:7. Yehova ategeka abagabo gutera iteka abagore babo. Ukuntu dufata umuntu twubaha ni vyo vyerekana ko tumutera iteka. Umugabo atera iteka umugore wiwe amufatana ubuntu n’urukundo. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene umugabo yotera iteka umugore wiwe. Ariko reka tubanze turabe inyifato zidatera iteka abagore.

NIWIRINDE INYIFATO ZIDATERA ITEKA UMUGORE WAWE

6. Yehova abona gute abagabo bakubita abagore babo? (Abakolosayi 3:19)

6 Kumukubita. Yehova aranka umuntu wese akora ibintu vy’ububisha. (Zab. 11:5) Ikitavuzwe coco ni abagabo bahohotera abagore babo. (Mal. 2:16; soma Abakolosayi 3:19.) Twisunze icanditswe cacu c’ishimikiro ari co 1 Petero 3:​7, igihe umugabo adafata neza umugore wiwe, n’ubucuti afitaniye n’Imana burononekara. Yehova yoshobora no kutumviriza amasengesho yiwe.

7. Twisunze Abanyefeso 4:​31, 32, ni igiki abagabo bakwiye kwirinda? (Raba n’«Insiguro y’amajambo.»)

7 Kumutuka. Abagabo bamwebamwe barabwira abagore babo amajambo mabi kandi acumita. Ariko Yehova aranka ‘uburake, ugukankama, n’ugutukana.’ c (Soma Abanyefeso 4:​31, 32.) Ivyo tuvuga vyose aravyumva. Ukuntu umugabo ayagisha umugore wiwe, mbere n’igihe ata muntu n’umwe abumva, birahambaye kuri Yehova. Umugabo akarira umugore wiwe, ntaba ariko aronona gusa umubano wiwe, ahubwo aba ariko aronona n’ubucuti afitaniye n’Imana.—Yak. 1:26.

8. Yehova abona gute amashusho y’ibiterasoni, kandi kubera iki?

8 Kuraba amashusho y’ibiterasoni. Yehova abona gute amashusho y’ibiterasoni? Arayanka. Umugabo rero araba mwene ayo mashusho ahumanye aba ariko aronona ubucuti afitaniye na Yehova kandi aba asuzuguye umugore wiwe. d Yehova yiteze ko umugabo adahemukira umugore wiwe, haba mu vyo akora no mu vyo yiyumvira. Yezu yavuze ko umugabo araba uwundi mugore ku buryo amwipfuza, aba amaze gusambana na we «mu mutima wiwe.» eMat. 5:​28, 29.

9. Kubera iki Yehova yanka ko umugabo ahohotera umugore wiwe mu vy’igitsina

9 Kumuhohotera mu vy’igitsina. Abagabo bamwebamwe barahatira abagore babo kurangura amabanga y’abubatse mu buryo butuma bumva bahohotewe, bahumanye canke badakunzwe. Yehova aranka iyo nyifato y’ubwikunzi kandi itaranga urukundo. Yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe, akamuha agaciro, kandi akamwubahiriza. (Ef. 5:​28, 29) Tuvuge iki none nimba umugabo w’umukirisu asanzwe ahohotera umugore wiwe canke akaba araba amashusho y’ibiterasoni? Yohindura gute ivyiyumviro vyiwe n’inyifato yiwe?

INGENE UMUGABO YOHEBA INYIFATO IGAYITSE

10. Akarorero ka Yezu kofasha gute abagabo?

10 Ni igiki cofasha umugabo guheba inyifato yo guhohotera umugore wiwe? Ni ugukora uko ashoboye akigana Yezu. Naho Yezu atigeze arongora, ukuntu yafata abigishwa biwe birerekana neza ukuntu umugabo akwiye gufata umugore wiwe. (Ef. 5:25) Raba nk’akarorero icigwa abagabo bokura ku kuntu Yezu yafata intumwa ziwe be n’ingene yaziyagisha.

11. Yezu yafata gute intumwa ziwe?

11 Yezu yafata intumwa ziwe abigiranye ubuntu n’icubahiro. Ntiyigera abakarira canke ngo abahahaze. Naho Yezu ari we yari Shebuja n’Umukama wabo, ntiyigeze akoresha ububasha afise kugira abereke ko abaruta canke kugira bamutinye, ahubwo yarabakorera yicishije bugufi. (Yoh. 13:​12-17) Yabwiye abigishwa biwe ati: «[Ni]munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi, namwe muzokwumva muruhuriwe.» (Mat. 11:​28-30) Urabona ko Yezu yitonda. Kwitonda si ubugoyagoye. Ahubwo umuntu yitonda aba akomeye kubera ko ashobora kwigumya. Iyo asomborokejwe aguma atekanye aho guca atwarwa n’ishavu.

12. Yezu yayagisha abandi gute?

12 Yezu yabwira abandi amajambo abaremesha kandi abahumuriza. Ntiyakarira abigishwa biwe. (Luka 8:​47, 48) N’igihe abamurwanya baba bamututse canke bakamusomborotsa ‘ntiyabasubiza.’ (1 Pet. 2:​21-23) Vyarashika mbere Yezu agahitamwo kwinumira aho kwishura abandi nabi. (Mat. 27:​12-14) Ese ukuntu ari akarorero keza ku bagabo b’abakirisu!

13. Twisunze Matayo 19:​4-6, ni mu buryo ki umugabo ‘abana n’umugore wiwe akaramata’? (Raba n’ifoto.)

13 Yezu yategetse abagabo kudahemukira abagore babo. Ico gihe yasubiyemwo amajambo yavuzwe na Se, yuko umugabo akwiye «[ku]bana n’umugore wiwe akaramata.» (Soma Matayo 19:​4-6.) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «akaramata» risobanura «gufatanya n’uburembo.» Urukundo umugabo n’umugore bafitaniye rero rukwiye kuba rukomeye cane, ku buryo bimera nk’aho bafatanijwe n’uburembo. Umubano wabo uramutse usambutse birabagirako ingaruka bompi. Umugabo rero yiyemeje kubana n’umugore wiwe akaramata, aririnda kuraba ibiterasoni vy’ubwoko bwose. Arihutira guhindukiza amaso yiwe kugira «ntarabe ibintu bitagira akamaro.» (Zab. 119:37) Ni nk’aho agirana isezerano n’amaso yiwe kugira ntarabe uwundi mugore ku buryo amwipfuza.—Yobu 31:1.

Umugabo w’intahemuka aririnda kuraba amashusho y’ibiterasoni (Raba ingingo ya 13) g


14. Umugabo ahohotera umugore wiwe, ni ibiki yokora kugira asubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova be n’umugore wiwe?

14 Umugabo akubita umugore wiwe canke akamutuka, hariho n’ibindi akwiye gukora kugira asubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova be n’umugore wiwe. None yokora ibiki? Ica mbere, arakwiye kwemera ko afise ingorane ikomeye. Nta kintu na kimwe kinyegejwe amaso ya Yehova. (Zab. 44:21; Umus. 12:14; Heb. 4:13) Ica kabiri, ategerezwa guhagarika guhohotera umugore wiwe kandi agahindura ingendo. (Imig. 28:13) Ica gatatu, ategerezwa kwemera ko yababaje umugore wiwe be na Yehova, kandi akabasaba imbabazi. (Ivyak. 3:19) Arakwiye no gutakambira Yehova kugira ngo amufashe guhinduka, gucungera ivyiyumviro vyiwe, ivyo avuga be n’ivyo akora. (Zab. 51:​10-12; 2 Kor. 10:5; Flp. 2:13) Ica kane, arakwiye guhuza n’amasengesho atura, mu kwihatira kwanka ububisha bw’ubwoko bwose be n’amajambo y’ibitutsi. (Zab. 97:10) Ica gatanu, arakwiye kwitura abakurambere adatebaganye kugira ngo bamufashe. (Yak. 5:​14-16) Ica gatandatu, arategura ibizomufasha kugira ngo yirinde gusubira kugwa muri izo ngeso zose. N’umugabo araba amashusho y’ibiterasoni akwiye gukurikiza izo ntambwe nyene. Yehova azohezagira utwo twigoro azoba ariko aragira kugira ngo ahindure inyifato. (Zab. 37:5) Ariko rero, kwamirira kure iyo nyifato igayitse vyonyene ntibihagije. Umugabo arakwiye no kumenya ingene yotera iteka umugore wiwe. None yobigira gute?

INGENE WOTERA ITEKA UMUGORE WAWE

15. Umugabo yokwerekana gute ko akunda umugore wiwe?

15 Numwereke ko umukunda. Abagabo bamwebamwe bafise imibano ihimbawe, buri musi bama bakora akantu ko kwereka abagore babo ko babakunda. (1 Yoh. 3:18) Umugabo yoshobora kwerekana ko akunda umugore wiwe mu tuntu dutoduto, nko mu kumufata ukuboko canke kumugumbira. Yoshobora kumurungikira akamesaje, akamubwira ati: «Numva ndagukumbuye» canke akamubaza ati: «Biriko bigenda neza?» Yoshobora no kumwereka ko amukunda mu kuza aramusumira udufungurwa akunda canke mu kumuha agakado. Iyo umugabo akoze ivyo bintu aba ateye iteka umugore wiwe kandi agakomeza umubano wabo.

16. Kubera iki umugabo akwiye gushemagiza umugore wiwe?

16 Numushemagize. Umugabo atera iteka umugore wiwe aramubwira ko amushima kandi akamutera intege. Ivyo abigira nk’akarorero mu kuza aramushimira kubera ivyo akora vyose mu kumushigikira. (Kol. 3:15) Umugore aranezerwa cane iyo umugabo wiwe amushemagije. Bituma yumva atekanye, akunzwe kandi atewe iteka.—Imig. 31:28.

17. Umugabo yokwerekana gute ko yubaha umugore wiwe?

17 Numufatane ubuntu n’icubahiro. Umugabo akunda umugore wiwe aramuha agaciro. Amubona nk’ingabire idasanzwe yahawe na Yehova. (Imig. 18:22; 31:10) Ivyo bituma amufatana ubuntu n’icubahiro, mbere no mu muce wo kurangura amabanga y’abubatse. Ntamuhatira kurangura amabanga y’abubatse mu buryo atiyumvamwo, bumutesha icubahiro, canke butuma ijwi ryiwe ryo mu mutima riguma rimwagiriza. f Uwo mugabo na we nyene ntiyoshima gukora ibintu vyotuma aguma yiyagiriza imbere ya Yehova.—Ivyak. 24:16.

18. Abagabo bakwiye kwiyemeza gukora iki? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ibintu bine umugabo yokora kugira agaragaze icubahiro.»)

18 Bagabo, nimumenye neza ko Yehova abona utwigoro twose mugira kugira mutere iteka abagore banyu kandi ko adushima. Niwiyemeze gutera iteka umugore wawe mu kwirinda ibintu vyose bimutesha agaciro, mu kumufatana ubuntu n’icubahiro no mu kumwereka ko umwiyumvamwo. Ivyo niwabikora, uzoba werekanye ko umukunda kandi ko umuha agaciro. Niwatera iteka umugore wawe uzoba ukingiye ubucuti ufitaniye na Yehova, ari na bwo bukomeye kuruta ubundi bwose.—Zab. 25:14.

URURIRIMBO RWA 131 ‘Ico Imana yafatanije’

a Vyoba vyiza abagabo basomye ikiganiro kivuga ngo «Woba ufata abagore nk’uko Yehova abafata?», kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Nzero 2024.

b Nimba warahohotewe n’uwo mwubakanye, woshobora gufashwa n’ikiganiro kivuga ngo «De l’aide pour les victimes de violences conjugales.» Kiraboneka kuri jw.org canke kuri JW Library® mu gace kavuga ngo «Ibindi biganiro» (Divers).

c INSIGURO Y’AMAJAMBO: «Gutukana» birimwo kwita umuntu amazina yo kumusuzugura canke kwama umutora amahinyu. Igihe rero umugabo avuze amajambo yo kubabaza umugore wiwe canke kumushira hasi, aba amututse.

d Raba kuri jw.org canke kuri JW Library ikiganiro kivuga ngo «Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano

e Umugore afise umugabo araba amashusho y’ibiterasoni, vyomufasha asomye ikiganiro kivuga ngo «Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?» kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 2023.

f Bibiliya ntivuga mw’ido n’ido uburyo bwoba buhumanye canke budahumanye igihe umugabo n’umugore barangura amabanga y’abubatse. Abakirisu bubakanye ni bo bakwiye kwifatira ingingo yerekana ko bipfuza gutera iteka Yehova, gushimisha uwo bubakanye, no kuguma bafise ijwi ryiza ryo mu mutima. Ku bwa ngingo, ico kintu c’ibanga, abubakanye ntibakwiye kukiyaga n’abandi.

g INSOBANURO Y’IFOTO: Abagabo bakorana n’umuvukanyi wacu bariko baragerageza kumwosha ngo arabe ibitabu birimwo amashusho y’ibiterasoni.