Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

Incungu itwigisha iki?

Incungu itwigisha iki?

«Uku ni ko Imana yatweretse ko idukunda.»1 YOH. 4:9.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene incungu itwereka kamere nziza za Yehova be na Yezu Kristu.

1. Kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiba buri mwaka, bidufitiye akamaro akahe?

 NTA gukeka ko wemera yuko incungu ari ingabire idasanzwe. (2 Kor. 9:15) Kubera yuko Yezu yatanze ubuzima bwiwe, birashoboka yuko ugiranira ubucuti somambike na Yehova Imana. Uragira n’icizigiro c’uko uzobaho ibihe bidahera. Ese ukuntu bibereye rero ko dukengurukira Yehova we yaduhaye iyo ncungu abitumwe n’urukundo! (Rom. 5:8) Kugira ngo tugume dukenguruka iyo ncungu kandi ntitwigere tuyifata minenegwe, Yezu yadutegetse kuza turibuka urupfu rwiwe buri mwaka.—Luka 22:​19, 20.

2. Tugiye kuganira ku biki muri iki kiganiro?

2 Muri uyu mwaka, Icibutso kizoba ku wa gatandatu, itariki 12 Ndamukiza 2025. Nta nkeka ko twese turiko turitegurira kuzocitaba. Nitwafata umwanya muri ico kiringo c’Icibutso tukazirikana a ku vyo Yehova n’Umwana wiwe badukoreye, bizotugirira akamaro cane. Muri iki kiganiro, turaza kuraba ivyo incungu itwigisha ku vyerekeye Yehova n’Umwana wiwe. Ikiganiro gikurikira na co, kizodufasha gutahura akamaro incungu idufitiye n’ingene twokwerekana ko dushima kuba yaratanzwe.

IVYO INCUNGU ITWIGISHA KU VYEREKEYE YEHOVA

3. Bishoboka bite ngo urupfu rw’umuntu umwe rutume abantu amamiliyoni babohorwa? (Raba n’ifoto.)

3 Incungu iratwigisha ibijanye n’ubutungane bwa Yehova. (Gus. 32:4) Uti gute? Iyumvire iki kintu: Kubera ko Adamu yagambaraye, twararazwe igicumuro gituma dupfa. (Rom. 5:12) Kugira tubohorwe icaha n’urupfu, Yehova yaciye atunganya ivy’uko Yezu atanga incungu. Ariko none, vyari gushoboka gute ngo urupfu rw’umuntu umwe atunganye rutume abantu amamiliyoni babohorwa? Intumwa Pawulo arabisigura neza, ati: «Nk’uko nyene benshi babaye abacumuzi bivuye ku kugambarara kw’umuntu umwe [Adamu], ni na ko benshi bazoba abagororotsi bivuye ku kugamburuka kw’umuntu umwe nyene [Yezu].» (Rom. 5:19; 1 Tim. 2:6) Mu yandi majambo, kurya nyene umuntu umwe atunganye yagambaraye bigatuma tuba abaja b’icaha n’urupfu, ni ko n’umuntu umwe atunganye yagamburutse bigatuma tubohorwa.

Umuntu umwe yatumye twese tuba abashumba b’icaha n’urupfu. Muri ubwo buryo nyene, umuntu umwe yatumye tubohorwa (Raba ingingo ya 3)


4. Kubera iki Yehova atapfuye kureka ngo abantu b’umutima ubereye bakomoka kuri Adamu bibereho ibihe bidahera?

4 Ubwo vy’ukuri vyari bikenewe ko Yezu apfa kugira ngo aducungure? Ubwo Yehova ntiyari gupfa kureka abantu b’umutima ubereye bakomoka kuri Adamu bakiberaho ibihe vyose? Kuri twebwe abantu badatunganye, womengo ni co kintu ciza yari gukora. Ariko ntivyobaye bihuye n’ubutungane bwa Yehova. Iyo abigenza gutyo, ni nk’aho yobaye afatiye mu rwara igicumuro Adamu yakoze n’ingaruka cakweze, ivyo na vyo akaba atokwubahutse kubikora.

5. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova azokwama akora ibigororotse?

5 Tuvuge iki hoho nk’iyo Yehova adatanga incungu maze akirengagiza ubutungane mu kwemerera abana ba Adamu badatunganye kwiberaho ibihe bidahera? Ivyo vyotumye abantu bibaza ko yoshobora kwirengagiza ubutungane bwiwe no mu bindi bintu. Nk’akarorero, hari abokwibaza bati: «Ubwo vy’ukuri azoshitsa bimwebimwe mu vyo yasezeranye?» Ivyo ntidukwiye no kuvyiyumvira. Kuba Yehova yaremeye gutanga Umwana wiwe akunda kugira gusa akurikize ubutungane, biradukura amazinda yuko azokwama akora ibigororotse.

6. Incungu yerekana gute ko Yehova adukunda? (1 Yoh. 4:​9, 10)

6 Naho incungu idufasha gutahura ko Yehova ari Imana y’ubutungane, iradufasha canecane kubona urukundo rugera kure adukunda. (Yoh. 3:16; soma 1 Yohani 4:​9, 10.) Incungu Yehova yatanze iratwereka ko adashaka gusa ko tubaho ibihe bidahera ahubwo ko ashaka ko tuba no mu bagize umuryango wiwe. Zirikana gatoyi: Igihe Adamu yacumura, Yehova yaciye amwirukana mu muryango wiwe ugizwe n’abamusenga. Ivyo vyatumye twese tutavukira muri uwo muryango w’Imana. Ariko biciye ku ncungu, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu kandi amaherezo azotuma tuba mu bagize umuryango w’abantu bamwizera kandi bamugamburukira. Mbere no muri iki gihe turashobora kugiranira ubucuti bwiza na Yehova hamwe n’abo dusangiye ukwemera. Mu vy’ukuri Yehova aradukunda.—Rom. 5:​10, 11.

7. Imibabaro yashikiye Yezu idufasha gute gutahura urwo Yehova adukunda uko rungana?

7 Turashobora gutahura neza uko urwo Yehova adukunda rungana, turavye ico vyamusavye kugira incungu itangwe. Shetani avuga ko ata musavyi w’Imana n’umwe ashobora kuguma ari intahemuka kuri yo igihe ari mu ngorane. Kugira ngo Yehova abeshuze ico kinyoma, yaremeye ko Yezu ababazwa imbere y’uko apfa. (Yobu 2:​1-5; 1 Pet. 2:21) Yehova yarabonye ingene Yezu acokorwa n’abanyamadini bamurwanya, arakubitwa ibimoko n’abasoda, yongera aramanikwa ku giti. Yarabonye kandi ingene uwo Mwana wiwe akunda cane apfa urupfu rubabaje. (Mat. 27:​28-31, 39) Yehova yari afise ububasha bwo guhagarika ivyo bintu umwanya wose ashakiye. Nk’akarorero, igihe abarwanya Yezu bavuga ngo: «[Imana] nimutabare nimba imunezwe», Yehova yari ashoboye guca abikora. (Mat. 27:​42, 43) Ariko iyo ahaseruka, nta ncungu yotanzwe kandi nta cizigiro twogize. Yehova rero yaremeye ko Umwana wiwe ababazwa gushika acikanye.

8. Twemezwa n’iki ko Yehova yatuntujwe no kubona Umwana wiwe ariko arababazwa? (Raba n’ifoto.)

8 Ntidukwiye kwiyumvira yuko kubera ko Yehova ari Mushoboravyose adashobora kubabara. Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, twaremanywe ububasha bwo kwiyumva ukunaka, bikaba vyerekana ko na Yehova ari ko ameze. Bibiliya ivuga ko ashobora ‘kubabara’ canke ‘gutuntura.’ (Zab. 78:​40, 41) Raba n’akarorero ka Aburahamu na Izahaki. Uribuka ko Aburahamu yasabwe gutanga uwo mwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi. (Ita. 22:​9-12; Heb. 11:​17-19) Biragoye no kwiyumvisha ingene Aburahamu yari amerewe igihe yagira akerere umuhungu wiwe Izahaki. Iyumvire rero umubabaro Yehova yagize igihe yabona Umwana wiwe ariko aricwa bunyamaswa n’abantu batubaha Imana!—Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Niwigane ukwizera kwabo—Aburahamu, Igice ca 2.

Yehova yaratuntujwe no kubona Umwana wiwe ababazwa (Raba ingingo ya 8)


9. Ibivugwa mu Baroma 8:​32, 38, 39, bikwigisha iki ku bijanye n’urukundo Yehova agukunda wewe n’abo musangiye ukwizera?

9 Incungu iratwigisha ko ata muntu n’umwe adukunda nka Yehova naho yoba ari incuti ya hafi cane canke umugenzi somambike. (Soma Abaroma 8:​32, 38, 39.) Yehova mbere aradukunda kuruta uko twikunda. Woba wipfuza kubaho ibihe bidahera? Iyaba wari uzi ingene Yehova abikwipfuriza! Woba wipfuza kubabarirwa ivyaha vyawe? Womenya ingene Yehova yipfuza kukubabarira! Wewe ico adusaba gusa ni ugukenguruka incungu yadutangiye, mu kugaragaza ukwizera no mu kugamburuka. Incungu ni ingabire y’agaciro yerekana ko Yehova adukunda cane. Mw’isi nshasha, tuzokwiga mbere n’ibindi vyinshi bitwereka ko Yehova adukunda.—Umus. 3:11.

IVYO INCUNGU ITWIGISHA KU VYEREKEYE YEZU

10. (a) Ni igiki canecane catuntuza Yezu ku bijanye n’urupfu rwiwe? (b) Ni mu buryo ubuhe Yezu yejeje izina rya Yehova? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ukudahemuka kwa Yezu kwarejeje izina rya Yehova.»)

10 Yezu aritwararika cane ukuntu abantu babona Se wiwe. (Yoh. 14:31) Yezu yari atuntujwe no kubona ko yariko aragirizwa yuko atubaha Imana be n’uko ari umugumutsi, ivyo bikaba vyosize iceyi izina rya Se. Ni co gituma yasenze ati: «Dawe, nimba bishoboka, iki gikombe nikindengane.» (Mat. 26:39) Kuba Yezu yagumye ari intahemuka kuri Yehova gushika ku rupfu, vyatumye yeza izina rya Se mu buryo bwuzuye.

11. Yezu yerekanye gute ko akunda cane abantu? (Yoh. 13:1)

11 Incungu kandi iratwereka ko Yezu akunda cane abantu, canecane abigishwa biwe. (Imig. 8:31; soma Yohani 13:1.) Nk’akarorero, Yezu yari azi ko bimwebimwe mu bintu yoranguye ng’aha kw’isi vyobaye bigoye, canecane urupfu rubabaje yopfuye. Naho ari ukwo ntiyabikoze yikurayo. Ahubwo Yezu abigiranye umutima wiwe wose yarabwiye abantu inkuru nziza, arabigisha yongera arabafasha. Mbere no ku musi yicwa, yarafashe akanya aroza ibirenge intumwa ziwe yongera arazitekerera inyigisho be n’indemesho za nyuma. (Yoh. 13:​12-15) N’igihe yari ku giti co kubabarizwako yarafashe akanya ko kuremesha inkozi y’ikibi yari ku mpfiro yongera aratunganya ingene nyina wiwe azokwitwararikwa. (Luka 23:​42, 43; Yoh. 19:​26, 27) Yezu yarerekanye rero yuko yakunda cane abantu, atari mu kubapfira gusa ariko no mu kuntu yabafata igihe cose yari ng’aha kw’isi.

12. Ni mu buryo ubuhe Yezu aguma atwitangira?

12 Naho Kristu yapfuye «rimwe rizima», abandanya kutwitangira. (Rom. 6:10) Ivyo abigira gute? Aguma akora uko ashoboye kwose kugira ngo twungukire ku bintu vyinshi bishoboka kubera incungu. Raba bimwebimwe mu vyo ariko arakora. Ni Umwami, Umuherezi mukuru, akaba n’umutwe w’ishengero. (1 Kor. 15:25; Ef. 5:23; Heb. 2:17) Ni we ahagarikiye igikorwa co kwegeranya abarobanuwe be n’isinzi rinini, kikaba kizorangira imbere y’uko amakuba akomeye ahera. b (Mat. 25:32; Mrk. 13:27) Aritwararika kandi ivy’uko abayoboke biwe b’intahemuka baronka ibifungurwa bikwiye vyo mu vy’impwemu muri iyi misi yanyuma. (Mat. 24:45) Vyongeye, mu kiringo c’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi azobandanya kuturonsa ivyo dukeneye. Emwe Yehova yaraduhaye Umwana wiwe ata co yisigarije!

NUBANDANYE KWIGA N’IBINDI

13. Kuzirikana vyodufasha gute kuguma twiga n’ibindi ku vyerekeye urukundo Imana na Kristu badukunda?

13 Urashobora kuguma wiga n’ibindi ku vyerekeye urukundo Yehova na Kristu Yezu badukunda ubandanije kuruzirikanako. Ubona gute mu kiringo c’Icibutso muri uyu mwaka usomye witonze injili imwe canke zirenga? Ntusomere ibintu vyinshi icarimwe, ahubwo nugende bukebuke urabe izindi mvo zikwiye gutuma dukunda Yehova na Yezu. Vyongeye, nubwire abandi ivyo wize.

14. Twisunze Zaburi 119:​97, kugira ubushakashatsi vyodufasha gute kuguma twiga ivyerekeye incungu be n’izindi nyigisho? (Raba n’ifoto.)

14 Nimba umaze imyaka myinshi uri mu kuri, hari aho wokwibaza nimba hari ivyigwa bishasha wokwubura ku vyiyumviro dusanzwe tumenyereye, nk’ikijanye n’ubutungane bw’Imana, urukundo rwayo be n’incungu. Ico womenya coco ni uko hazokwama hariho ibintu bishasha twiga kuri ivyo vyiyumviro be no ku bindi. None wokora iki? Ntugishe akaryo ko kwungukira ku makuru menshi dusanga mu bitabu vyacu. Bishitse ugasoma umurongo udatahura neza, gira ubushakashatsi. Nuce uguma uzirikana kuri ivyo bintu wubuye be n’ico bikwigisha ku vyerekeye Yehova, Umwana wiwe be n’urukundo badukunda.—Soma Zaburi 119:97.

Naho woba umaze imyaka myinshi mu kuri, urashobora kuguma wiga ibintu bishasha kugira urushirize gukenguruka incungu (Raba ingingo ya 14)


15. Kubera iki dukwiye kuguma twiga ibintu bishasha muri Bibiliya?

15 Ntuze ucike intege nivyashika ukabura ikintu gishasha canke gishimishije wubura, igihe cose uzoba uriko urasoma canke ugira ubushakashatsi. Hari ukuntu umeze nk’umuntu yimba inzahabu. Akenshi abantu bimba inzahabu baramara amasaha atari make canke mbere imisi batararonka n’akamanyu. Naho ari ukwo, barumirako kubera bazi ko n’akamanyu gatoyi k’inzahabu ari ak’agaciro. Iyumvire rero ukuntu ikintu gishasha twubuye muri Bibiliya ari ic’agaciro kuruta! (Zab. 119:127; Imig. 8:10) Nubandanye rero kwumira ku rutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya.—Zab. 1:2.

16. Twokwigana gute Yehova na Yezu?

16 Uko wiga, nurabe ukuntu woshira mu ngiro ivyo uriko uriga. Nk’akarorero, urashobora kwigana ubutungane bwa Yehova mu gufata abandi ata nkunzi. Niwigane urwo Yezu akunda Se wiwe n’abandi, mu kwemera kubabara ku bw’izina rya Yehova no mu kwitangira abakirisu bagenzawe. Vyongeye, niwigane Yezu mu kubwira abandi inkuru nziza kugira na bo nyene baronke akaryo ko kumenya ibintu bitangaje Yehova yadukoreye no kwizera incungu.

17. Ni ibiki tuzokwiga mu kiganiro gikurikira?

17 Nitwarushiriza gutahura no guha agaciro incungu, urukundo dukunda Yehova n’Umwana wiwe ruzokwongerekana. Ivyo bizotuma na bo badukunda. (Yoh. 14:21; Yak. 4:8) Nimuze rero tubandanye gukoresha neza ibintu vyose Yehova aduha kugira tugume twiga ivyerekeye incungu. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ivyiza bimwebimwe twironkera kubera incungu, n’ingene twokwerekana ko dukenguruka urukundo Yehova adukunda.

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

a INSIGURO Y’AMAJAMBO: «Kuzirikana» bisobanura kwiyumvira cane ku kintu kanaka, ukacinjira mu mizi gushika ugitahuye neza.

b Ugukoraniriza hamwe «ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi» Pawulo yavuze mu Banyefeso 1:​10, kuratandukanye n’ugukoraniriza hamwe ‘abatowe’ Yezu yavuze muri Matayo 24:31 no muri Mariko 13:27. Pawulo yariko yerekeza ku gihe Yehova atora abana biwe bo mu buryo bw’impwemu akabarobanuza impwemu nyeranda. Yezu na we yariko yerekeza ku gihe abarobanuwe bazoba bagisigaye kw’isi bazokoranirizwa mw’ijuru mu gihe ca ya makuba akomeye.