Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

Ivyiza twironkera kubera Yehova adukunda

Ivyiza twironkera kubera Yehova adukunda

«Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi.»1 TIM. 1:15.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ivyiza twironkera kubera incungu, n’ingene twokwereka Yehova ko tumukengurukira.

1. Twokora iki kugira tunezereze Yehova?

 DUFATE ko uhaye umugenzi wawe ingabire nziza cane kandi izomugirira akamaro. Iyumvire ingene vyokubabaza nka hamwe yoca ayibika ahantu ntasubire no kuyiyumvira. Ariko niwihe ishusho umunezero wogira nka hamwe yokoresha neza iyo ngabire kandi akagukengurukira. None ako karorero katwereka iki? Na Yehova yaratanze Umwana wiwe ku bwacu. Iyumvire ingene ategerezwa kuba ahimbarwa iyo dukengurutse iyo ngabire y’agaciro yaduhaye abitumwe n’urukundo!—Yoh. 3:16; Rom. 5:​7, 8.

2. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

2 Ariko rero, uko haca igihe twoshobora gusanga dusigaye dufata minenerwe ingabire y’incungu. Ivyo nta ho vyoba bitaniye no gushira mu bubiko iyo ngabire Imana yaduhaye. Tuba twararyohewe no kuyironka, ariko tugaca turaba aho tuyishira ntidusubire no kuyiyumvira. Kugira twirinde ico kintu, dutegerezwa kwama twiyibutsa ivyiza Imana na Kristu badukoreye. Iki kiganiro kiraza kubidufashamwo. Turaza kuraba ivyiza twironkera biciye ku ncungu muri iki gihe, be n’ivyo tuzokwironkera muri kazoza. Turaza kandi kuraba ingene twokwerekana ko dukenguruka urukundo Yehova adukunda, canecane muri iki kiringo c’Icibutso.

IVYIZA TWIRONKERA MURI IKI GIHE

3. Kimwe mu vyiza twironkera muri iki gihe kubera incungu ni ikihe?

3 No muri iki gihe turironkera ivyiza kubera incungu ya Kristu. Nk’akarorero, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu yishimikije iyo ncungu. Naho bitari ngombwa ko atubabarira ahitamwo kubigira. Umwanditsi umwe wa Zaburi yarerekanye ko ashima ico kintu mu kuvuga ati: «Ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira!»—Zab. 86:5; 103:​3, 10-13.

4. Incungu Yehova yayitangiye bande? (Luka 5:32; 1 Timoteyo 1:15)

4 Hari abumva ko batabereye imbabazi za Yehova. Nakare nta n’umwe yari azibereye. Intumwa Pawulo yaratahura yuko ‘atari abereye kwitwa intumwa.’ Yamara yavuze ati: «Bivuye ku buntu buhebuje Imana yangiriye, ndi ico ndi.» (1 Kor. 15:​9, 10) Yehova aratubabarira iyo twigaye ibicumuro vyacu. Uti kubera iki? Kubera ko adukunda, atari kubera ko tubibereye. Nimba rero bishika ukumva ko ata co umaze, uribuka ko Yehova yatanze incungu ku bw’abacumuzi bigaya, atari ku bw’abagororotsi.—Soma Luka 5:32; 1 Timoteyo 1:15.

5. Sigura igituma ata n’umwe akwiye kubona ko abereye imbabazi za Yehova.

5 Nta n’umwe muri twebwe akwiye kubona ko abereye imbabazi za Yehova, naho yoba amaze imyaka myinshi amukorera. Ariko ntiwumve Yehova arashima ivyo tumukorera vyose tudahemuka. (Heb. 6:10) Naho ari ukwo, incungu yayiduhaye ku buntu, ntiyariko araturiha ivyo tumukorera. Nka hamwe rero twovuga ko tubereye imbabazi z’Imana canke ko dukwiriye gufatwa mu buryo budasanzwe, ni nk’aho twoba turiko turavuga ko Kristu yapfiriye ubusa.—Gereranya na Abagalatiya 2:21.

6. Kubera iki Pawulo yitanga cane mu murimo wa Yehova?

6 Pawulo yari azi ko ata co yokoze ngo abe uwubereye ubuntu bw’Imana. Kubera iki none yitanga cane mu murimo wa Yehova? Ntiyabigira kugira yerekane ko abereye ubuntu bwa Yehova, ahubwo yabigira kugira yerekane ko akenguruka ubwo buntu yagiriwe. (Ef. 3:7) Cokimwe na Pawulo, na twebwe turabandanya gukorana umwete mu murimo wa Yehova, atari kugira twerekane ko tubereye imbabazi ziwe, ahubwo kugira twerekane ko tuzikenguruka.

7. Ikindi ciza twironkera muri iki gihe kubera incungu ni ikihe? (Abaroma 5:1; Yakobo 2:23)

7 Ikindi ciza twironkera kubera incungu ni uko dushobora kugiranira na Yehova ubucuti somambike. a Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, twavutse ata bucuti dufitaniye n’Imana. Ariko tubikesheje incungu, turashobora kugiranira amahoro n’Imana gutyo tukaba abagenzi bayo.—Soma Abaroma 5:1; Yakobo 2:23.

8. Kubera iki dukwiye gukengurukira Yehova kubera iteka yaduteye ryo kumusenga?

8 Kubera ko dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova, yaraduteye iteka ryo kuyaga na we mw’isengesho. Yehova ntiyumviriza gusa amasengesho aturwa ku mugaragaro n’abasavyi biwe igihe baba bakoraniye hamwe, ariko kandi arumviriza n’amasengesho umwe wese muri twebwe atura ari wenyene. Isengesho rirashobora gutuma dutekana tukumva dufise amahoro. Ariko si ivyo gusa ridufasha. Riranakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana. (Zab. 65:2; Yak. 4:8; 1 Yoh. 5:14) Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarakunda gusenga kubera ko yari azi yuko Yehova amwumviriza kandi ko isengesho ryotumye ubucuti afitaniye na Se wiwe bukomera. (Luka 5:16) Ese ukuntu dukenguruka kuba incungu ya Yezu yatumye bishoboka ko tuba abagenzi ba Yehova, mbere tukanamuyagisha mw’isengesho!

IVYIZA TUZOKWIRONKERA MURI KAZOZA

9. Muri kazoza abasavyi ba Yehova b’intahemuka bazokwungukira gute ku ncungu?

9 Abasavyi ba Yehova b’intahemuka bazokwungukira gute ku ncungu muri kazoza? Bazoronka ubuzima budahera. Abantu benshi biyumvira ko ivyo bidashoboka kubera ko haciye imyaka ibihumbi abantu bapfa. Ariko mu ntango Yehova yari afise umugambi w’uko abantu babaho ibihe bidahera. Iyo Adamu adacumura nta n’uwokwiriwe arakekeranya ko kubaho ibihe bidahera bishoboka. Naho bikitugora kubona ko kubaho ibihe bidahera bishoboka, si ivy’ububeshi. Yehova yaramaze gutanga ikintu c’agaciro kanini kugira tugire icizigiro, ni ukuvuga Umwana wiwe akunda cane.—Rom. 8:32.

10. Ni igiki abarobanuwe be n’izindi ntama biteze?

10 Naho ubuzima budahera ari ikintu tuzoronka muri kazoza, Yehova yipfuza ko n’ubu tuguma tubwiyumvira. Abarobanuwe biteze ubuzima buhimbaye mw’ijuru, aho bazoba bategeka isi bari kumwe na Kristu. (Ivyah. 20:6) Abo mu zindi ntama na bo biteze kuba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo ata ntuntu n’imibabaro. (Ivyah. 21:​3, 4) Woba uri mu bagize izindi ntama biteze kubaho ibihe bidahera kw’isi? Iyo si impera yo kuduhuma amaso. Erega Yehova yari yaremye abantu ngo babe ng’aha kw’isi. Kubaho ibihe bidahera rero ng’aha kw’isi bizotuma duhimbarwa bimwe bidasanzwe.

11-12. Ni ibintu vyiza ibihe ushashaye kuzokora mw’Iparadizo? (Raba n’amafoto.)

11 Iyumvire ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo! Ntuzohagarika umutima kubera indwara canke urupfu. (Yes. 25:8; 33:24) Yehova azoguha ibintu vyiza vyose wipfuza. Ni ibiki wipfuza kuzokwiga? Vyoba ari ibijanye n’ibikoko? Ibigendajuru? Gucuraranga? Canke gucapa? Nta nkeka ko mw’Iparadizo tuzokenera abatunganya imigero, abubatsi, abarimyi n’aborozi. Hazoba hakenewe n’abitwararika ibintu nko gutegura ibifungurwa, guhingura ibikoresho no kwitwararika ubusitani. (Yes. 35:1; 65:21) Kubera ko tuzobaho ibihe bidahera tuzoba dufise umwanya wo kwiga ikintu cose twipfuza.

12 Ese ingene bizoba bihimbaye kwakira abazutse! (Ivyak. 24:15) Iyumvire kandi umunezero uzogira igihe uzoba uriko uriga n’ibindi ku vyerekeye Yehova mu kwihweza ibintu vyinshi yaremye. (Zab. 104:24; Yes. 11:9) N’ikiruta vyose, bizoba bihimbaye cane gusenga Yehova ata kintu na kimwe gituma twiyagiriza. Wumva none wohitamwo «kunezererwa igicumuro akanya gato» ugahomba ivyo vyiza vyose? (Heb. 11:25) Oya nawe nu! Umuntu ntiyoba ahomvye yemeye kugira ivyo ahevye ubu kugira azoronke ivyo vyiza. Uribuka ko kubaho mw’isi izoba yahindutse Iparadizo atari ikintu tuzokwama turindiriye. Bizoteba biranguke. Nta na kimwe muri ivyo vyose coshobotse iyo Yehova atadukunda cane ku buryo yemera gutanga Umwana wiwe.

Ni ibiki ushashaye cane mw’Iparadizo? (Raba ingingo ya 11-12)


NIWEREKANE KO UKENGURUKA URUKUNDO RWA YEHOVA

13. Twokwerekana gute ko dukenguruka urukundo rwa Yehova? (2 Abakorinto 6:1)

13 Twokora iki ngo twerekane ko dukenguruka incungu Yehova yatanze ku bwacu? Ni mu gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (Mat. 6:33) Nakare Yezu yapfuye «kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.» (2 Kor. 5:15) Emwe, ntitwipfuza guhusha intumbero y’ubuntu buhebuje Yehova yatugaragarije!—Soma 2 Abakorinto 6:1.

14. Twokwerekana gute ko twizigira ubuyobozi Yehova aduha?

14 Ikindi twokora kugira twerekane ko dukenguruka urukundo rwa Yehova ni mu kwizigira ubuyobozi aduha. None twobigira gute? Igihe dufata ingingo nk’izijanye n’amashure twokwiga uko angana canke akazi twokora, turakwiye kuzirikana ku co Yehova yoshima ko dukora. (1 Kor. 10:31; 2 Kor. 5:7) Igihe dufashe ingingo zerekana ko twizigira Yehova, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera n’ubucuti dufitaniye na we bugakomera cane. Vyongeye, icizigiro cacu ntikiba kikiri umugani.—Rom. 5:​3-5; Yak. 2:​21, 22.

15. Twokwerekana gute ko dukenguruka urukundo rwa Yehova mu kiringo c’Icibutso?

15 Hariho n’ikindi kintu twokora kugira twerekane ko dukenguruka urukundo rwa Yehova. Ni mu gukora ivyo dushoboye vyose mu kiringo c’Icibutso kugira twereke Yehova ko dukenguruka incungu yatanze ku bwacu. Kiretse kwitegura kugira tuzobe ari ho turi ku Cibutso, turashobora no gutumira abandi kugira bazocitabe. (1 Tim. 2:4) Nusigurire abo utumira uko bizogenda. Woshobora kubereka amavidewo yo kuri jw.org, nk’iyivuga ngo Kubera iki Yezu yapfuye? be n‘iyivuga ngo Niwibuke urupfu rwa Yezu. Abakurambere barakwiye kwitwararika gutumira abahororokewe. Iyumvire umunezero uba mw’ijuru no kw’isi igihe zimwe mu ntama za Yehova zari zarazimiye zigarutse mu ruhongore. (Luka 15:​4-7) Ku musi w’Icibutso nimuze twiyemeze kuramutsa abavukanyi na bashiki bacu, ariko canecane abashasha be n’abari bamaze igihe batacitaba. Twipfuza ko bumva bisanze.—Rom. 12:13.

16. Kubera iki dukwiye kuzirikana ibijanye no gukora vyinshi mu murimo wa Yehova mu kiringo c’Icibutso?

16 Ubona wokwongereza ivyo ukora mu murimo wa Yehova mu kiringo c’Icibutso? Nitwabikora tuzoba twerekanye ko dukenguruka ibintu vyose Yehova na Kristu badukoreye. Nitwongereza ivyo dukora mu murimo wa Yehova, tuzokwibonera ingene adushigikira bitume turushiriza kumwizigira. (1 Kor. 3:9) Uribuka kandi gusoma ivyanditswe bijanye n’ugusoma Bibiliya kw’Icibutso dusanga mu gatabu Twihweze ivyanditswe ku musi ku musi canke mu gicapo dusanga mu gatabu k’ikoraniro. Woshobora mbere no gukoresha ivyo vyanditswe igihe wiyigisha.

17. Ni igiki gihimbara Yehova? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ingene twokenguruka urukundo rwa Yehova.»)

17 Kubera uko ivyawe vyifashe, hari aho bitazoshoboka ko ukurikiza ivyavuzwe muri iki kiganiro vyose. Ariko uribuka ko Yehova atagereranya ivyo ukora n’ivyo abandi bakora, ahubwo ko araba ibiri mu mutima wawe. Arahimbarwa iyo abonye ingene ukenguruka bivuye ku mutima incungu, ya ngabire y’agaciro yatanga ku bwawe.—1 Sam. 16:7; Mrk. 12:​41-44.

18. Kubera iki dukengurukira Yehova na Yezu Kristu?

18 Incungu yonyene ni yo ituma bishoboka ko tubabarirwa ibicumuro vyacu, tukagiranira ubucuti na Yehova, tukagira n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Ese twokwama dukengurukira Yehova kubera urukundo rwiwe rwatumye dushobora kwironkera ivyo vyiza vyose. (1 Yoh. 4:19) Ese kandi twokwama dukengurukira Yezu we yadukunze cane ku buryo yemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu.—Yoh 15:13.

URURIRIMBO RWA 154 Urukundo rutananirwa

a Yehova yarababariye abasavyi biwe babayeho imbere y’uko Kristu atanga incungu. Ivyo yabigize kubera yari azi neza ko Umwana wiwe yogumye ari intahemuka gushika ku rupfu. Kuri Yehova rero ni nk’aho incungu yari imaze gutangwa.—Rom. 3:25.