Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

Nimuninahaze Yehova

Nimuninahaze Yehova

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2025: «Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.»ZAB. 96:8.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene twoha Yehova ubuninahazwa abereye.

1. Ni ibiki abantu benshi bitaho cane muri iki gihe?

 USHOBORA kuba umaze kubona ko abantu benshi muri iki gihe bitwararika cane ivyabo gusa. Nk’akarorero, hari abakunda gushira ku mbuga hwaniro ibiberekeye be n’ivyo bamaze gushikako, barondera kwiyerekana. Ariko usanga ari bake baninahaza Yehova Imana. Muri iki kiganiro, turaza kubona ico bisobanura kuninahaza Yehova be n’icotuma tubikora. Turaza no kubona ingene twoha Yehova ubuninahazwa abereye be n’ingene ubwiwe agiye kuninahaza izina ryiwe.

KUNINAHAZA YEHOVA BISOBANURA IKI?

2. Yehova yerekanye gute ubuninahazwa bwiwe ku musozi Sinayi? (Raba n’ifoto yo kugipfukisho.)

2 Ubuninahazwa ni iki? Muri Bibiliya, ijambo «ubuninahazwa» rishobora kwerekeza ku kintu cose gituma umuntu aba uwuhambaye. Yehova yarerekanye ubuninahazwa bwiwe mu buryo butangaje, gatoyi inyuma y’aho arokoreye Abisirayeli akabakura mu buja bwo mu Misiri. Niwihe ishusho y’ivyabaye: Abisirayeli amamiliyoni bakoraniye munsi y’umusozi Sinayi kugira bumve ivyo Imana yabo ibabwira. Uwo musozi uciye wuzura igicu kizitanye. Haca haba nyamugigima ikomeye, imiravyo, imituragaro, hakumvikana n’ijwi ry’inzamba risamirana cane. (Kuv. 19:​16-18; 24:17; Zab. 68:8) Iyumvire ingene Abisirayeli batangaye cane igihe Yehova yerekana ubuninahazwa bwiwe muri ubwo buryo bukomeye.

Ku musozi Sinayi, Yehova yareretse Abisirayeli ubuninahazwa bwiwe mu buryo bukomeye (Raba ingingo ya 2)


3. Kuninahaza Yehova bisobanura iki?

3 Na twebwe abantu turashobora kuninahaza Yehova. None twobigira gute? Uburyo bumwe tubigira, ni mu kubwira abandi ibijanye n’ububasha bwiwe buteye akoba be na kamere ziwe nziza. Turamuninahaza kandi mu kumwitirira ivyo aba yadushoboje gukora. (Yes. 26:12) Umwami Dawidi ni akarorero ntangere k’uwaninahaje Yehova. Mw’isengesho yatuye imbere y’ishengero ry’Abisirayeli, yabwiye Yehova ati: «Ubukuru n’ubushobozi n’ubwiza n’ubuninahazwa n’icubahiro ni ivyawe Yehova, kuko ibintu vyose mw’ijuru no kw’isi ari rwawe.» Dawidi ahejeje iryo sengesho, «abagize ishengero bose [baciye] bashemeza Yehova.»—1 Ngo. 29:​11, 20.

4. Yezu yaninahaje gute Yehova?

4 Igihe Yezu yari kw’isi, yaraninahaje Se wiwe mu kwemanga ko ibitangaro vyose yakora ari we yabimushoboza. (Mrk. 5:​18-20) Yezu kandi yaraninahaje Yehova mu kuntu yavuga ivyerekeye uwo Muvyeyi wiwe be no mu kuntu yafata abandi. Igihe kimwe, Yezu yariko arigisha mw’isinagogi. Mu bariko baramwumviriza harimwo umugore yari amaze imyaka 18 arimwo idayimoni. Iyo dayimoni yari yaramumugaje ku buryo yagenda yunamye, ntashobore kugororoka. Mbega ikintu kibabaje! Yezu abitumwe n’impuhwe, yaregereye uwo mugore amuyagisha n’umutima mwiza, amubwira ati: «Wa mugore we, ubumuga bwawe burakize.» Yezu yaciye amurambikako ibiganza, ubwo nyene aca aragororoka, «atangura kuninahaza Imana.» Yararyohewe cane kubona Yehova yari amukijije. (Luka 13:​10-13) Vyari bibereye ko uwo mugore aninahaza Yehova, kandi na twebwe ni ukwo.

KUBERA IKI TUNINAHAZA YEHOVA?

5. Ni imvo izihe zituma twubaha Yehova?

5 Turaninahaza Yehova kubera ko tumwubaha cane. Turafise imvo nyinshi zituma tumwubaha. Yehova ni Mushoboravyose, kandi ububasha bwiwe ntibugira urugero. (Zab. 96:​4-7) Ubukerebutsi bwiwe ntangere burabonekera mu vyo yaremye. Ni we yaduhaye ubuzima be n’ivyo dukeneye kugira tubeho. (Ivyah. 4:11) Ni intahemuka. (Ivyah. 15:4) Ivyo akora vyose vyama bigenda neza, kandi yama ashitsa ivyo asezerana. (Yos. 23:14) Ntibitangaje rero kubona umuhanuzi Yeremiya yavuze ku bijanye na Yehova ati: «Mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose, [nta] n’umwe ameze nkawe namba.» (Yer. 10:​6, 7) Vy’ukuri, turafise imvo nyinshi zituma twubaha uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Mugabo Yehova ntitumwubaha vyonyene, turanamukunda.

6. Kubera iki dukunda Yehova?

6 Turaninahaza Yehova kubera ko tumukunda cane. Raba zimwe muri kamere nyinshi Yehova afise zituma tumukunda. Ni umunyembabazi akaba n’umunyakigongwe. (Zab. 103:13; Yes. 49:15) Iyo tubabaye, ababarana natwe. (Zak. 2:8) Aratuma bitworohera kumwiyegereza, tukaba abagenzi biwe. (Zab. 25:14; Ivyak. 17:27) Aricisha bugufi. «Arunama kugira arabe ijuru n’isi, akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu.» (Zab. 113:​6, 7) Ni nde ga yemwe atoninahaza iyo Mana yacu ihambaye?—Zab. 86:12.

7. Ni akaryo kadasanzwe akahe dufise?

7 Turaninahaza Yehova kubera ko twipfuza ko abandi bamumenya. Benshi ntibazi ukuri ku vyerekeye Yehova. Kubera iki? Kubera ko Shetani yahumye ubwenge bwabo biciye ku binyoma bikomeye yakwiragije ku vyerekeye Yehova. (2 Kor. 4:4) Shetani yaratumye abantu bemera ko Yehova ari Imana yihora, itatwitwararika, kandi ko ari yo iteza ingorane nyinshi tubona kw’isi. Ariko twebwe turazi ukuri ku vyerekeye Imana yacu. Turafise akaryo rero ko gufasha abandi kumenya ivyerekeye iyo Mana maze bakayininahaza. (Yes. 43:10) Zaburi ya 96 irashimika ku kamaro ko kuninahaza Yehova. Uko tuganira ku mirongo imwimwe dusanga muri iyo zaburi yahumetswe n’Imana, nurabe ingene woha Yehova ubuninahazwa abereye.

TWOHA YEHOVA GUTE UBUNINAHAZWA ABEREYE?

8. Kimwe mu vyo twokora kugira tuninahaze Yehova ni ikihe? (Zaburi 96:​1-3)

8 Soma Zaburi 96:​1-3. Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo tuvuga ku bimwerekeye. Iyo mirongo iremesha abasavyi ba Yehova ‘kuririmbira Yehova’, ‘gushemeza izina ryiwe’, ‘gutangaza inkuru nziza y’ubukiriro atanga’ no ‘kumenyekanisha ubuninahazwa bwiwe mu mahanga.’ Ivyo bintu vyose ni ivyo twoshobora gukora kugira tuninahaze Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Abayuda b’abizigirwa be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntibagonanwa kubwira abandi ivyiza vyose Yehova yabakoreye be no kuburanira izina ryiwe. (Dan. 3:​16-18; Ivyak. 4:29) None twobigana gute?

9-10. Twigira iki ku vyashikiye Angelena? (Raba n’ifoto.)

9 Raba ivyashikiye mushiki wacu Angelena a wo muri Amerika. Yaraburaniye izina rya Yehova abigiranye umutima rugabo ku kazi aho yakorera. Kubera ko Angelena yari umukozi mushasha, yaratumiwe mu nama aho abashasha bahabwa akaryo ko kubwira abo bagiye gukorana ibijanye n’ubuzima bwabo muri make. Yarateguye amafoto abereka umunezero yifitiye wo kuba ari Icabona ca Yehova. Ariko Angelena agira ashikirwe, hari uwundi mukozi yidondoye ko yavukiye mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Yaciye atangura kuvuga nabi ivyo twemera. Angelena avuga ati: «Umutima wahatswe kuncamwo kubera ubwoba. Mugabo naciye nibwira nti: ‘Aha nyene ndamureke abeshere Yehova, canke mpaguruke mburanire Yehova?’»

10 Wa mukozi mugenziwe arangije kuvuga, ubwo nyene Angelena yaciye asenga mu gacerere. Yaciye amukosorana ubugwaneza, avuga ati: «Na jewe navukiye mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Kandi n’ubu ndacari Icabona ca Yehova.» Naho bitari vyoroshe, Angelena yagumye atekanye arabereka amafoto meza y’ibiringo biteye umunezero yagize ariko akorera Yehova, yongera araburanira ivyo yemera abigiranye ukwiyubara. (1 Pet. 3:15) None vyavuyemwo iki? Angelena yahejeje kuvuga wa mugabo yaturuye, mbere araniyemerera ko hari ibiringo vyiza yagize akiri muto, igihe yari acifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Angelena avuga ati: «Birabereye ko tuburanira Yehova. Ni iteka kuvugira izina ryiwe.» Na twebwe twaratewe iteka ryo kuvugira Yehova no kumuninahaza igihe abandi bariko baramutyoza.

Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo tuvuga, ku vyo dutunze no mu kuntu twigenza (Raba ingingo ya 9-10) b


11. Abasavyi b’Imana b’ukuri bamye bakurikiza gute ibivugwa muri Zaburi 96:8?

11 Soma Zaburi 96:8. Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo dutunze. Abasavyi b’Imana b’ukuri bamye batera iteka Yehova biciye ku vyo batunze. (Imig. 3:9) Nk’akarorero, Abisirayeli baratanze intererano zo kwubaka urusengero no kurubungabunga. (2 Abm. 12:​4, 5; 1 Ngo. 29:​3-9) Bamwe mu bigishwa ba Kristu baramwitwararitse we n’intumwa ziwe «bakoresheje ivyo batunze.» (Luka 8:​1-3) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, na bo nyene baratanze imfashanyo zo gufasha abavukanyi babo. (Ivyak. 11:​27-29) Na twebwe muri iki gihe turashobora kuninahaza Yehova biciye ku ntererano dutanga.

12. Intererano dutanga zishobora gute kuninahaza Yehova? (Raba n’ifoto.)

12 Raba ikintu cabaye cerekana ukuntu intererano dutanga zishobora kuninahaza Yehova. Mu 2020, muri Zimbabwe harateye uruzuba rwamaze igihe kirekire. Abantu amamiliyoni barahatswe kwicwa n’inzara, ushizemwo na mushiki wacu yitwa Prisca. Muri ico kiringo c’uruzuba, yagumanye urutonde rwiwe rwo kwamamaza ku wa gatatu no ku wa gatanu, mbere no mu gihe c’irima. Ababanyi biwe baramutwenga bamubonye agiye kwamamaza aho kuja kurima, bakamubwira bati: «Uzokwicwa n’inzara.» Prisca yaca abishura ata bwoba ati: «Yehova ntiyigera aheba abasavyi biwe.» Gatoyi inyuma y’aho, Prisca yararonse imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe ryacu bivuye ku ntererano z’abavukanyi. Ba babanyi biwe baratangaye cane baca bamubwira bati: «Imana ntiyigeze iguheba, natwe dushaka kwiga ibiyerekeye.» Indwi muri abo babanyi biwe baciye batangura kwitaba amakoraniro.

Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku vyo dutunze (Raba ingingo ya 12) c


13. Ukuntu twigenza bishobora gute kuninahaza Yehova? (Zaburi 96:9)

13 Soma Zaburi 96:9. Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku kuntu twigenza. Abaherezi bakorera ku rusengero rwa Yehova, bategerezwa kugira isuku ryo ku mubiri. (Kuv. 40:​30-32) Ariko rero icari gihambaye kuruta kwari ukugira inyifato idahumanye. (Zab. 24:​3, 4; 1 Pet. 1:​15, 16) Turakwiye gukora uko dushoboye kwose tukambura «kamere ya kera», ni ukuvuga inyifato be n’ingeso bihumanye, maze tukambara «kamere nshasha», ni ukuvuga tukiga kwiyumvira no gukora mu buryo bwerekana ko twigana Yehova na kamere ziwe nziza. (Kol. 3:​9, 10) Mbere n’abantu b’ingeso mbi cane kandi bakaze, babifashijwemwo na Yehova barashobora guhinduka bakambara kamere nshasha.

14. Twigira iki ku vyashikiye Jack? (Raba n’ifoto.)

14 Raba akarorero k’umugabo umwe yitwa Jack. Yari akaze cane kandi yari ateye ubwoba, ku buryo bamutazira Ishetani. Yaraciriwe urwo gupfa kubera ivyaha yari amaze gukora. Ariko rero igihe yari arindiriye ko urwo yaciriwe rushirwa mu ngiro, yaremeye kwiga Bibiliya n’umuvukanyi yagendera ibohero yari apfungiwemwo. Naho Jack yari inkozi y’ikibi, yarambuye kamere ya kera maze mu nyuma arabatizwa. Jack yarahindutse cane ku buryo ku musi wo kwicwa, bamwe mu barinzi b’ibohero bakoroye amosozi bariko baramusezera. Intwazangabo imwe yo kuri iryo bohero yavuze iti: «Jack ni we yahoze ari imbohe imeze nabi kuruta abandi bose muri iri bohero. Ariko ubu yari asigaye ari intore kubarusha.» Mu ndwi yakurikiye iyicwa rya Jack, abavukanyi bari baje kugirira ikoraniro muri iryo bohero, barabonanye n’imbohe imwe yari yitavye ikoraniro ari ryo rya mbere. None ni igiki cari catumye aryitaba? Yaratangajwe cane n’ingene Jack yahinduye inyifato, aca ashaka kumenya ico yokora kugira ngo abe umusavyi wa Yehova. Mu vy’ukuri, inyifato yacu irashobora kuninahaza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.—1 Pet. 2:12.

Turashobora kuninahaza Yehova biciye ku kuntu twigenza (Raba ingingo ya 14) d


VUBA YEHOVA AZONINAHAZA GUTE IZINA RYIWE?

15. Vuba Yehova agiye kuninahaza gute izina ryiwe mu buryo bwuzuye? (Zaburi 96:​10-13)

15 Soma Zaburi 96:​10-13. Iyi mirongo isozera Zaburi ya 96 yerekana ko Yehova ari Umucamanza n’Umwami agororotse. None vuba Yehova azoninahaza gute izina ryiwe? Azobigira biciye ku manza azoshitsa. Vuba agiye gukuraho Babiloni Akomeye kubera ko yasize iceyi izina ryiwe ryeranda. (Ivyah. 17:​5, 16; 19:​1, 2) Abazobona Babiloni Akomeye asanganguwe, barashobora kuzokwifatanya natwe mu gusenga kw’ukuri. Amaherezo kuri Harumagedoni, Yehova azokuraho isi mbi ya Shetani, akureho abantu bose bamurwanya kandi bacafuza izina ryiwe. Azoca arokora abo bose bamukunda, bamugamburukira kandi bahimbarwa no kumuninahaza. (Mrk. 8:38; 2 Tes. 1:​6-10) Ca kigerageza ca nyuma kizokurikira ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi nicahera, Yehova azoba amaze kweza izina ryiwe mu buryo bwuzuye. (Ivyah. 20:​7-10) Ico gihe «isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye ubuninahazwa bwa Yehova, nk’uko amazi yuzuye ikiyaga.»—Hab. 2:14.

16. Wiyemeje gukora iki? (Raba n’ifoto.)

16 Ese ukuntu bizoba bihimbaye igihe abantu bose bazoba baha Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe! Ariko mu kurindira ko ico gihe gishika, turashobora gukora uko dushoboye kwose mu kuninahaza Imana yacu igihe cose akaryo kabonetse. Kugira ngo tugume twitwararika ico kintu gihambaye, Inama Nyobozi yahisemwo Zaburi 96:8 ngo ibe icanditswe c’umwaka wa 2025. Ico canditswe kivuga giti: «Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.»

Amaherezo, abantu bose bazoha Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe (Raba ingingo ya 16)

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe vyigana inkuru ya Angelena.

c INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe vyigana inkuru ya Prisca.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe vyigana inkuru ya Jack.