Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Nucape kugira wibuke ivyo wize

Nucape kugira wibuke ivyo wize

Kumbure cokimwe n’abandi benshi, usanga bitakworohera kwibuka ivyo uba wize. Ariko kwibuka ivyo Yezu yigishije usanga bitworohera kubera ko kenshi yakoresha ibigereranyo. Turashobora kwiha ishusho y’ivyo yavuze, kandi ivyo bituma tuvyibuka. Muri ubwo buryo nyene, urashobora kwibuka ibintu vyinshi uba wize mu kwiha ishusho yavyo. None wobikora gute? Ni mu kuza uracapa igihe uriko uriyigisha.

Abantu bacapa ibintu bishasha bize kenshi biraborohera kuvyibuka. Ubwo buryo burabafasha kwibuka amajambo kanaka be n’ivyiyumviro nyamukuru bakuye mu vyo bize. Ntibacapa ibintu bihanitse. Tuba ari uducapo dusanzwe. Kandi vyaragaragaye ko abitereye mu myaka ubwo buhinga bubafasha cane kwibuka ivyo baba bize.

Ubutaha niwaba uriko uriyigisha, ubona gute ugiye uracapa utuntu twokwibutsa ivyo wize? Uzokwumirwa niwabona ibintu wibutse uko bingana.