Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3

URURIRIMBO RWA 35 ‘Turabe neza ibihambaye kuruta’

Nufate ingingo zihimbara Yehova

Nufate ingingo zihimbara Yehova

«Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi kumenya wa Mweranda cane ni kwo gutegera.»IMIG. 9:10.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene twokoresha ubumenyi, ugutegera be n’ugutahura kugira dufate ingingo nziza.

1. Ni ikintu ikihe kigoye twese tubwirizwa gukora?

 BURI musi turafata ingingo. Zimwe muri zo usanga zoroshe gufata, nk’izijanye n’ivyo twofungura canke isaha tworyamirako. Izindi na zo usanga zigoye gufata kubera ko zishobora kugira ingaruka ku magara yacu, ku munezero wacu, ku bacu canke ku murimo turangurira Yehova. Twipfuza ko ingingo dufata zitugirira akamaro twe n’umuryango wacu. N’ikiruta vyose, twipfuza ko zohimbara Yehova.—Rom. 12:​1, 2.

2. Ni ibiki vyodufasha gufata ingingo nziza?

2 Birashoboka ko wofata ingingo nziza, nka hamwe (1) wobanza kurondera amakuru akwiye, (2) worondera kumenya ukuntu Yehova abona ibintu, (3) wozirikana neza ico wohitamwo. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ivyo bintu congere kidufashe kubona ingene twomenyereza ububasha bwacu bwo gutahura.—Imig. 2:11.

RONDERA AMAKURU AKWIYE

3. Tanga akarorero kerekana igituma ari vyiza kubanza kurondera amakuru akwiye imbere yo gufata ingingo.

3 Ikintu ca mbere codufasha gufata ingingo nziza ni ukubanza kurondera amakuru akwiye. Kubera iki bihambaye? Iyumvire umurwayi yagiye kwitura umuganga kugira amufashe ku kibazo gikomeye afise c’amagara. Uwo muganga yoba yofata ingingo y’ukuntu amuvura atabanje kumusuzuma canke kumubaza utubazo tumwetumwe? Oya nawe nu! Na wewe uzofata ingingo nziza niwabanza kurondera amakuru akwiye ajanye n’ikibazo ufise. None wobikora gute?

4. Twisunze Imigani 18:​13, wokora iki kugira uronke amakuru akwiye? (Raba n’ifoto.)

4 Akenshi urashobora kuronka amakuru akwiye mu kubaza utubazo. Dufate ko bagutumiye mu rubanza rwo kuryoherwa muri kumwe n’abandi. Woba ukwiye kurwitaba? Nimba mutamenyeranye n’uwaruteguye canke utazi ukuntu rutunganijwe, vyoba vyiza umubajije utubazo nk’utu: «Urwo rubanza ruzobera hehe? Ruzoba sangapi? Hazoba hari abantu bangana gute? Ni nde azoba aruhagarikiye? Ni bande bazorwitaba? Hategekanijwe ibiki? Hazoba hari inzoga?» Kuronka inyishu z’utwo tubazo vyogufasha gufata ingingo nziza.—Soma Imigani 18:13.

Nubaze utubazo kugira ngo uronke amakuru akwiye (Raba ingingo ya 4) a


5. Ukwiye gukora iki umaze kuronka amakuru akwiye?

5 Umaze kuronka amakuru akwiye, nuce rero uzirikana neza. Nk’akarorero, wokora iki nka hamwe womenya ko mu bazokwitaba urwo rubanza hazoba harimwo abantu badaha agaciro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke ko inzoga zizoba ari nywa nawe? Woba ubona ko urwo rubanza rushobora guhinduka ukwidagadura birenze? (1 Pet. 4:3) Bite ho nka hamwe amasaha y’urwo rubanza yoba agongana n’amasaha y’ikoraniro canke ayo kuja mu ndimiro? Uzirikanye neza kuri ivyo bintu vyose bizokworohera gufata ingingo nziza. Ariko hariho n’ikindi kintu ukwiye gukora. Ko wewe wamaze kumenya ukuntu ibintu vyifashe, Yehova wewe abibona gute?—Imig. 2:6.

RONDERA KUMENYA UKUNTU YEHOVA ABONA IBINTU

6. Twisunze Yakobo 1:​5, kubera iki dukwiye gusaba Yehova ngo adufashe?

6 Nusabe Yehova agufashe gutahura ukuntu abona ibintu. Yehova asezerana kuduha ubukerebutsi budufasha kumenya nimba ingingo kanaka ishobora kumuhimbara. Ubwo bukerebutsi abuha abantu bose ‘abikunze kandi ata n’umwe atora amahinyu.’—Soma Yakobo 1:5.

7. Womenya gute ukuntu Yehova abona ikintu kanaka? Tanga akarorero.

7 Umaze gusenga Yehova umusaba ngo akuyobore, nurabe neza ukuntu akwishura. Tubitangire akarorero: Iyo uri ku rugendo maze ukazimira woshobora gusaba umuntu wo muri ako karere kugira ngo agufashe. None woca ugenda ata n’ico arakubwira? Oya nawe nu! Wokwumviriza witonze ivyo akubwira. Na wewe rero umaze gusaba Yehova ubukerebutsi, nugerageze gutahura inyishu aguha mu gusuzuma amategeko be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bihuye n’ikibazo ufise. Nk’akarorero, kugira umenye nimba wokwitaba rwa rubanza twavuga rwo kwiryohera, woshobora kuraba ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kwidagadura birenze, kwifatanya n’abagenzi babi be n’akamaro ko gushira imbere ivy’Ubwami gusumba ivyo twikundira.—Mat. 6:33; Rom. 13:13; 1 Kor. 15:33.

8. Wokora iki nimba ukeneye uwogufasha kuronka amakuru uriko urarondera? (Raba n’ifoto.)

8 Naho ari ukwo, vyoshika ugakenera uwogufasha kuronka amakuru uriko urarondera. Woshobora kwitura umuvukanyi canke mushiki wacu ahumuye. Ariko na wewe vyoba vyiza wigiriye ubushakashatsi. Urashobora kuronka amakuru menshi mu bikoresho bidufasha kwiga, nko muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke muri ca gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima. Niwibuke ko intumbero uba ufise ari ugufata ingingo ihimbara Yehova.

Rondera kumenya ukuntu Yehova abona ibintu (Raba ingingo ya 8) b


9. Twokwemezwa n’iki ko ingingo tuza gufata ihimbara Yehova? (Abanyefeso 5:17)

9 None twokwemezwa n’iki ko ingingo tuza gufata ihimbara Yehova? Kimwe coco turakeneye kumumenya neza. Bibiliya ivuga iti: «Kumenya wa Mweranda cane ni kwo gutegera.» (Imig. 9:10) Vy’ukuri, ugutegera nyakuri kuva ku kumenya kamere za Yehova, umugambi wiwe, ivyo akunda be n’ivyo yanka. Niwibaze rero uti: «Ndavye ivyo nzi ku vyerekeye Yehova, ni ingingo iyihe nofata yomuhimbara?»—Soma Abanyefeso 5:17.

10. Kubera iki ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihambaye kuruta imico n’imigenzo?

10 Kugira duhimbare Yehova hari igihe dutegerezwa gukora ikintu kibabaza incuti zacu. Nk’akarorero, abavyeyi bamwebamwe batabigiranye umutima mubi, boshobora guhimiriza umukobwa wabo ngo yubakane n’umugabo yifise canke uwotanga inkwano iboneka, naho atoba akomeye mu vy’impwemu. Ni ivy’ukuri ko bipfuriza umukobwa wabo kubaho neza. Ariko none ni nde azomufasha gukomeza ubucuti afitaniye na Yehova? Yehova abona gute ico kintu? Inyishu tuyisanga muri Matayo 6:33. Muri ico canditswe abakirisu baremeshwa kuguma ‘babanza kurondera Ubwami.’ Rero naho dutera iteka abavyeyi bacu kandi tukubaha abantu bo mu kibano, igihambaye cane kuri twebwe ni uguhimbara Yehova.

ZIRIKANA NEZA KU CO WOHITAMWO

11. Ni ikintu ikihe kivugwa mu Bafilipi 1:​9, 10 cogufasha kuzirikana neza ku co wohitamwo?

11 Umaze kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ingingo ugomba gufata, urakeneye kuzirikana neza ico wohitamwo. (Soma Abafilipi 1:​9, 10) Ugutahura kuzogufasha kubona ivyoshobora gushika bivanye n’ico uhisemwo. Hari igihe ingingo yokworoha gufata, ariko si zose zama zoroshe. Ugutahura kuzogufasha gufata ingingo ibereye naho nyene yoba itoroshe.

12-13. Ugutahura kwogufasha gute gufata ingingo nziza ku bijanye n’akazi wokora?

12 Iyumvire iki kintu: Uriko urarondera akazi kagufasha gutunga umuryango. Haciye haboneka ubuzi bubiri. Urarondeye kumenya amakuru akwiye. Nk’akarorero, ako kazi ako ari ko, urutonde rwako, umwanya uzomara uja ku kazi, n’ibindi n’ibindi. Ubwo buzi bwompi ntibuteye kubiri n’Ivyanditswe. Kumbure ushimye kamwe muri bwo kubera ukuntu kameze, canke kubera ko kazoba gahemba menshi. Ariko rero hari n’ibindi wozirikanako imbere yo gufata ingingo.

13 Nk’akarorero, muri ubwo buzi nta koba kagongana n’imisi y’amakoraniro? Nta koba kogutwara umwanya wo kwitwararika umuryango wawe no kuwufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana? Kwibaza utwo tubazo bizogufasha gushira imbere «ibihambaye kuruta ibindi», ni ukuvuga ubucuti ufitaniye n’Imana be n’ivyo umuryango wawe ukeneye, aho kurazwa ishinga n’ivy’umubiri. Aho rero ni ho uzoshobora gufata ingingo Yehova yohezagira.

14. Ugutahura be n’urukundo vyodufasha gute kudatsitaza abandi?

14 Ugutahura kuradufasha kandi kwiyumvira ingene ingingo dufata zoshobora kugira ingaruka ku bandi, gutyo tukirinda ‘kubatsitaza.’ (Flp. 1:10) Ivyo birahambaye igihe dufata ingingo zitwega ku giti cacu, nk’izijanye no kwambara be no kwitunganya. Nk’akarorero, dushobora kuba dukunda umuderi kanaka w’impuzu canke kwitunganya mu buryo kanaka. Bite hoho nimba mw’ishengero canke hanze yaryo hari abo vyotsitaza? Ugutahura kuzodufasha kububahiriza. Urukundo na rwo ruzotuma turondera akarusho «k’uwundi» twongere tugaragaze urupfasoni. (1 Kor. 10:​23, 24, 32; 1 Tim. 2:​9, 10) Tuzoheza rero dufate ingingo yerekana ko dukunda abandi kandi ko tububaha.

15. Ni ibiki ukwiye kuzirikanako imbere yo gushira mu ngiro ingingo ihambaye?

15 Nimba ugomba gufata ingingo ihambaye nuzirikane ku co vyogusaba kugira uyishire mu ngiro. Igihe tugomba gukora ikintu, Yezu yatwigishije ‘kubanza guharura ico vyodutwara.’ (Luka 14:28) Nuzirikane rero ku mwanya vyogutwara, uburyo vyogusaba, n’akigoro wogira kugira ushire mu ngiro iyo ngingo. Hari n’aho vyokenerwa ko uyaga n’abagize umuryango wawe kugira umwe wese amenye ico yokora kugira ngo ashigikire iyo ngingo. Kubera iki gutegekanya ibintu gutyo bihambaye? Ivyo vyoshobora kugufasha kubona nimba hari ivyo woryohora ku ngingo wari wafashe, canke nimba wohindura ugafata iyindi ngingo nziza kuruta. Vyongeye, ugishije inama abagize umuryango wawe kandi ukumviriza ivyiyumviro vyabo, nta nkeka ko bazogushigikira bigatuma iyo ngingo igenda neza.—Imig. 15:22.

NUFATE INGINGO IZOVAMWO IVYIZA

16. Ni ibiki bizogufasha gufata ingingo izovamwo ivyiza? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ingene twofata ingingo nziza.»)

16 Niwakurikiza ivyavuzwe muri iki kiganiro, nta nkeka ko uzofata ingingo nziza. Uzorondera amakuru akwiye, usuzume n’ingingo ngenderwako zogufasha gufata ingingo zihimbara Yehova. Hazoba hasigaye ko usaba Yehova ngo agufashe gutuma ingingo wafashe ivamwo ivyiza.

17. Ikintu nyamukuru cogufasha gufata ingingo nziza ni ikihe?

17 Mbere naho woba umaze gufata ingingo nyinshi nziza, uribuka ko ikintu nyamukuru cogufasha gufata ingingo nziza ari ukwizigira ubukerebutsi buva kuri Yehova, aho kwizigira ubwenge bwawe canke ivyo waciyemwo. Yehova ni we wenyene ashobora kuguha ubumenyi nyakuri, ugutahura be n’ugutegera, bikaba ari ibintu nyamukuru bituma umuntu akorana ubukerebutsi. (Imig. 2:​1-5) Yehova arashobora kugufasha gufata ingingo zimuhimbara.—Zab. 23:​2, 3.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

a INSOBANURO Y’IFOTO: Abavukanyi na bashiki bacu bakiri bato bariko baravuga ibijanye n’ubutumire baronse ku matelefone yabo bw’urubanza rwo kwiryohera.

b INSOBANURO Y’IFOTO: Umwe muri abo bavukanyi ariko aragira ubushakashatsi imbere yo gufata ingingo nimba yoja muri urwo rubanza.