Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko”?​—Gal. 2:19.

Paulo yanditse ati: “Biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko, kugira ngo mbe muzima ku Mana.”​—Gal. 2:19.

Ivyo bintu Paulo yanditse, vyari bifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru yariko arasigurira amashengero yo mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya. Abakirisu bamwebamwe baho bariko barahendwa n’abigisha b’ikinyoma. Abo bantu bariko bigisha ko kugira ngo umuntu arokoke, yategerezwa kwubahiriza ivyasabwa n’Itegeko rya Musa, na canecane ukugenyerwa. Ariko Paulo wewe yari azi ko Imana itari igisaba abayisenga kugenyerwa. Akoresheje ivyiyumviro bijijura, yarerekanye ko izo nyigisho zari ikinyoma, gutyo arafasha abavukanyi kurushiriza kwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kristu.​—Gal. 2:4; 5:2.

Bibiliya iratomora yuko iyo umuntu apfuye, ata kintu na kimwe aba akizi, canke ngo hagire ikintu na kimwe cogira ico kimukozeko. (Umus. 9:5) Igihe Paulo yavuga ngo: “Narapfuye ku vyerekeye itegeko,” yashaka kuvuga ko Itegeko rya Musa ritari rikimufiseko ububasha namba. Ahubwo yari azi neza ko kuba yarizeye incungu, vyatumye “[aba] muzima ku Mana.”

Iryo hinduka ryabaye mu buzima bwa Paulo ryashobotse “biciye kw’itegeko.” Uti gute? Yari ahejeje gusigura yuko “umuntu yitwa umugororotsi bitavuye ku bikorwa vy’itegeko ahubwo bivuye gusa ku kwizera kwerekeye Kristu Yezu.” (Gal. 2:16) Mu vy’ukuri, Itegeko ryari ryararanguye uruhara ruhambaye. Paulo yasiguriye Abagalatiya ati: “Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona, kugeza hashitse uruvyaro rwari rwarahawe umuhango.” (Gal. 3:19) Ego cane, Itegeko ryarerekanye neza ko abantu badatunganye kandi b’abacumuzi batari gushobora kuryubahiriza ijana kw’ijana, ko rero bari bakeneye ikimazi kimwe rudende gitunganye. Itegeko rero ryarajanye abantu ku “ruvyaro,” ari rwo Kristu. Uwizera Yezu Kristu rero, Imana yari kumwita umugororotsi. (Gal. 3:24) Paulo rero yiswe umugororotsi kubera ko biciye kw’Itegeko yari yaremeye Yezu akongera akamwizera. Ku bw’ivyo, Paulo yari “[ya]rapfuye ku vyerekeye itegeko,” mugabo aca aba “muzima ku Mana.” Itegeko ntiryari rikimufiseko ububasha, ariko Imana ni yo yari ibumufiseko.

Paulo yaravuze iciyumviro gisa n’ico nyene mw’ikete yandikiye Abaroma. Yavuze ati: “Bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko biciye ku mubiri wa Kristu . . . Twarabohowe Itegeko, kubera ko twapfuye kuri kirya twari twarafatishijwe.” (Rom. 7:4, 6) Ibivugwa muri ico canditswe be no mu Bagalatiya 2:19, birerekana ko Paulo atariko avuga ivyo gupfa nk’umucumuzi yaba yaciriwe urubanza hisunzwe rya Tegeko. Ahubwo yariko avuga ibijanye n’ukubohorwa. We hamwe n’abandi bari bameze nka we, Itegeko ntiryari rikibafiseko ububasha. Bari barabohowe biciye ku kwizera incungu ya Kristu.