INKURU Y’UBUZIMA
Nagiye ndashira imbere Yehova mu ngingo zose nafata
UMUSI umwe mu gitondo mu 1984, hari hazindutse akazuba. Nari ngiye ku kazi mvuye aho twaba mu karere kabamwo abatunzi k’i Caracas muri Venezuwela. Uwo musi nagiye ndazirikana ku kiganiro caheruka gusohoka mu Munara w’Inderetsi. Cavuga ibijanye n’ukuntu abandi batubona. Ndavye amazu y’ababanyi bacu, naribajije nti: ‘Ababanyi banje boba bambona gusa ko ndi umukozi wo muri banki akomeye? Canke boba bambona nk’umuntu akorera Imana, akora muri banki gusa kugira ngo aronse umuryango ivyo ukeneye?’ Nisuzumye ngasanga bambona nk’umukozi wo muri banki akomeye, naciye mfata ingingo yo kugira ivyo mpinduye.
Navukiye mu gisagara ca Amioûn muri Libani, ku wa 19 Rusama mu 1940. Haciye imyaka mikeyi, umuryango wacu warimukiye mu gisagara ca Tripoli, aho nakuriye mu muryango ukundana, uhimbawe kandi ukunda Yehova Imana. Nari umuhererezi mu bana batanu, abakobwa batatu n’abahungu babiri. Abavyeyi banje ntibashira imbere ivyo kurondera amahera. Ivyo twashira imbere kwari ukwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro no gufasha abandi kumenya Imana.
Mw’ishengero twari kumwe n’abakirisu batari bake barobanuwe. Umwe muri bo yari Michel Aboud, uwayobora ico twita inyigisho y’igitabu. Ni we yatanguye gushikana ukuri muri Libani, mu ntango z’imyaka ya 1920, akaba yari yakwigiye i New York. Ndibuka canecane ingene yubaha akongera agafasha abakiri bato babiri bari basohotse Ishure rya Gileyadi, ari bo Anne na Gwen Beavor. Baratubereye abagenzi beza. Haciye imyaka itari mike, narahimbawe no guhurira na Anne muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Inyuma y’aho gato narabonanye na Gwen, akaba yari amaze kwubakana na Wilfred Gooch, bakaba bari basigaye bakorera kuri Beteli y’i Londres mu Bwongereza.
KWAMAMAZA MURI LIBANI
Nkiri muto, muri Libani hariyo Ivyabona bakeyi cane. Mugabo twarabwira abandi ivyo twiga muri Bibiliya tubigiranye umwete. Ivyo twagumye tubikora naho hari indongozi z’idini zaturwanya. Ndacibuka ibintu bimwebimwe vyabaye.
Umusi umwe, twe na mushikanje Sana twariko turamamaza mu nyubakwa nini ibamwo abantu benshi. Twagiye tubona umupatiri aduturako amaguru mw’igorofa twarimwo turiko turayagisha abantu. Hategerezwa kuba hari umuntu yari yamuhamagaye. Uwo mupatiri yaciye atangura gutukagura mushikanje. Yarakaze cane gushika n’aho asunurira Sana ku ngazi y’iyo gorofa aca arakomereka. Hari umuntu yahamagaye abapolisi, baca baraza maze barafasha Sana babigiranye umutima mwiza. Baciye batwara uwo mupatiri ku gituro c’abapolisi, baca basanga yari afise inkoho. Umukuru w’igipolisi yamubajije ati: “Wewe uri iki? Uri umukuru w’idini canke uri umukuru w’akagwi k’inkorabara?”
Ikindi kintu cabaye nibuka neza, ni igihe ishengero ryacu ryari ryakose ibisi tukaja kwamamaza mu gasagara kari kure. Vyariko biragenda neza, gushika aho umupatiri umwe yumviye ivyo twariko turakora, agaca akoranya akagwi kaza kudutera. Baradukubaguye baranadutera amabuye, dawe aca arakomereka. Ndibuka ko mu maso hari huzuye amaraso. Yaciye asubirana na mawe kuri ya bisi, hanyuma natwe turakurikira duhagaritse umutima. Ariko rero sinzokwigera nibagira ivyo mawe yavuze igihe yariko aramuhanagura, aho yagize ati: “Yehova, ndakwinginze ubababarire. Ntibazi ivyo bariko barakora.”
Ikindi gihe na ho, twari twagiye kuramutsa incuti mu gisagara twavukiyemwo. Tugeze i muhira kwa sogokuru, twahasanze umusenyeri umwe yubahwa cane. Uwo musenyeri yari azi ko abavyeyi banje ari Ivyabona vya Yehova. Yaciye anyihereranya naho nari ngifise imyaka itandatu gusa, ambwira ati: “Kubera iki utarabatizwa?” Namwishuye ko nari nkiri umwana, kandi ko nari ngikeneye kumenya vyinshi muri Bibiliya no kugira ukwizera gukomeye kugira mbatizwe. Yarababajwe n’inyishu namuhaye aca abwira sogokuru ko nari namusuzuguye.
Ariko ibintu bibabaje nk’ivyo ntivyashika kenshi. Muri rusangi Abanyalibani ni abantu bimereye neza kandi b’abakiranyi. Abenshi rero barakira neza ibiyago twagirana bishingiye kuri Bibiliya, tukongera tukayobora inyigisho za Bibiliya zitari nke.
DUFATA INGINGO YO KWIMUKIRA MU KINDI GIHUGU
Nkiri ku ntebe y’ishure, hari umuvukanyi akiri muto wo muri Venezuwela yaje gutembera muri Libani. Yikoranya mw’ishengero ryacu, mu nyuma na ho aramenyana na mushikanje Wafa. Inyuma y’aho barubakanye, baca baja kuba muri Venezuwela. Wafa yagiye arandikira amakete dawe, amusaba ko twese uko tugize umuryango twokwimukira muri Venezuwela. Ivyo yabitumwa n’uko yadukumbura cane. Amaherezo twaremeye kwimuka!
Twashitse muri Venezuwela mu 1953 duca tuja kuba i Caracas, hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu. Kubera ko nari nkiri umwana, nararyoherwa no kubona prezida arenganye mu modoka nziza cane. Ariko rero abavyeyi banje vyarabagoye kumenyera ibintu bishasha: igihugu, ururimi, imico, imfungurwa be n’ikirere. Ariko rero bagitangura kumenyera, haciye haba ikintu kivuna umutima.
IKINTU KIVUNA UMUTIMA
Dawe yaratanguye kurwara. Ivyo vyaradutangaje cane kubera ko dawe yari asanzwe ari umuntu akomeye kandi afise amagara meza. Ntitwari bwigere tubona arwara. Baramutoye kanseri y’urwagasha baca baramubaga. Ikibabaje, haciye indwi imwe yaciye apfa.
Sinoshobora kudondora umubabaro twagize igihe ivyo vyadushikira. Ico gihe nari mfise imyaka 13 gusa. Kubera ko ico cago cashitse tutaciteze, wamengo ubwacu buraheze. Haraheze igihe kitari gito mawe ataremera ko umugabo wiwe atari akiriho. Ariko rero twahavuye tubona ko ubuzima butegerezwa kubandanya, kandi Yehova yaradufashije turamenyera. Igihe narangiza amashure yisumbuye i Caracas mfise imyaka 16, naripfuje cane kugira ico mfashije umuryango wanje.
Haciye igihe mushikanje Sana yarubakanye na Rubén Araujo, akaba yari yagarutse muri Venezuwela arangije Ishure rya Gileyadi. Baciye bimukira i New York. Igihe umuryango wanje wafata ingingo yuko nokwiga kaminuza, naciye ngenda kwiga i New York mba kwa mushikanje. Mushikanje be n’umugabo wiwe baramfashije cane gutera imbere mu vy’impwemu igihe twabana. Vyongeye, mw’ishengero ry’i Brooklyn twarimwo rikoresha igisupanyoli, harimwo abavukanyi benshi bahumuye mu vy’impwemu. Abavukanyi babiri muri bo twamenyanye kandi nakunze cane ni Milton Henschel na Frederick Franz, bompi bakaba bakorera kuri Beteli y’i Brooklyn.
Ndi mu kurangiza umwaka wa mbere kuri kaminuza y’i New York, naratanguye kwibaza ingene nariko ndakoresha ubuzima bwanje. Nari narasomye nongera ndazirikana cane ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi vyavuga ibijanye n’ingene abakirisu bokwishingira imigambi ngirakamaro. Naribonera ingene abatsimvyi be n’Abanyabeteli twari kumwe mw’ishengero bari bahimbawe, nca nipfuza kumera nka bo. Ariko rero sinari bwabatizwe. Bidatevye narabonye ko nari nkeneye kwiyegurira Yehova. Naciye ndabigira, maze ku wa 30 Ntwarante 1957 ndatera intambwe ihambaye yo kubatizwa.
MFATA INGINGO ZIHAMBAYE
Maze gutera iyo ntambwe ihambaye, naciye niyumvira ivyo gutera iyindi, na yo ikaba yari iyo kwinjira mu murimo w’igihe cose. Naho naguma ndushiriza kuvyipfuza, narabona ko bitonyoroheye. Nari kubifatanya gute n’ivyigwa vya kaminuza? Narandikiraniye amakete menshi n’umuryango wanje wari muri Venezuwela, nsigurira mawe n’abo tuvukana ingingo nari nafashe yo guheba kaminuza, ngasubira muri Venezuwela gukora ubutsimvyi.
Nasubiye i Caracas muri Ruheshi 1957. Ariko rero narabona ko mu muryango wacu ubuzima butari bwifashe neza. Bari bakeneye uwundi muntu abafasha kuronka ikibabeshaho. None nari kubafasha gute? Nararonse akazi muri banki, ariko nguma nipfuza cane gukora ubutsimvyi. Kanatsinda ni co cari catumye nsubirayo. Naciye niyemeza kubifadikanya. Naramaze imyaka itari mike nkorera muri banki, mugabo kandi ndi umutsimvyi. Sinari bwigere nkora vyinshi canke ngo ngire umunezero ukuraho!
Ikindi canteye umunezero cane, ni igihe nahura na mushiki wacu asa n’irirenga ava mu Budagi, akunda Yehova cane yitwa Sylvia, maze tukubakana. We n’abavyeyi biwe bari barimukiye muri Venezuwela. Mu nyuma twaribarutse abana babiri, umuhungu yitwa Michel (Mike), n’umukobwa yitwa Samira. Naratanguye no kwitwararika mawe. Yaciye aza turabana. Naho vyabaye ngombwa ko mpagarika ubutsimvyi kugira ngo nitwararike umuryango, nagumanye agatima k’ubutsimvyi. Twe na Sylvia twarakora ubutsimvyi bwo gufasha igihe cose vyaba bishoboka, mu gihe c’uburuhuko.
MFATA IYINDI NGINGO IHAMBAYE
Igihe nashikirwa na bimwe nabiganira mu ntango z’iki kiganiro, abana bacu bari baciga. Mu vy’ukuri nari mbayeho neza cane, kandi n’abo twakorana muri banki baranyubaha. Ariko ahanini nipfuza ko abantu bambona nk’umusavyi wa Yehova. Nagumye nzirikana cane ku vyo nari niyumviriye kuri uwo musi. Twaciye rero twicara twe n’umukenyezi wanje, maze turarimbura amahera dukoresha uko angana. Mpagaritse akazi muri banki, bociye bantekerera amahera menshi cane. Kubera ko ata madeni twari dufise, twarabonye ko tworoheje ubuzima, ayo mahera yotumajije igihe kitari gito.
Naho iyo ngingo itari yoroshe, umugore wanje be na mawe barayishigikiye n’umutima ukunze. Ivyo vyari gutuma nsubira kuba umutsimvyi. Vyarampimbaye cane. Vyasa n’uko imbere ari heza. Ariko rero ata gihe kihaciye, twararonse agakuru tutari twiteze.
UMUSHITSI TUTARI TWITEZE
Umusi umwe umuganga wacu yaramenyesheje Sylvia ko yari yibungenze. Iyo nkuru nta yo twari twiteze! Naho twagize umunezero mwinshi, nariyumviriye ya ngingo nari nafashe yo kuba umutsimvyi. Ubwo vyari bigikunda ko nkora ubutsimvyi? Twaciye dutangura gutegura ubwenge n’umutima ko tugiye kwakira umuntu mushasha mu muryango iwacu. None vyogenze gute ku mugambi wanje wo gukora ubutsimvyi?
Tumaze kuganira ku migambi yacu, twaciye dufata ingingo yo kwumira ku mugambi wo gukora ubutsimvyi. Agahungu kacu Gabriel kavutse muri Ndamukiza mu 1985. Naho ari ukwo, narahagaritse akazi muri banki, nca ndasubira gufata ubutsimvyi busanzwe muri Ruheshi 1985. Mu nyuma naratewe agateka ko kuba mu bagize Komite y’ishami. Ariko kubera ko ishami ritari i Caracas, nakora ntaha imisi ibiri canke itatu mu ndwi, hakaba hari ku rugendo rw’ibilometero nka 80.
DUSUBIRA KWIMUKA
Ibiro vy’ishami vyari mu gisagara ca La Victoria, tukaba rero twaciye dufata ingingo yo kwimurirayo umuryango kugira tube hafi ya Beteli. Iryo ryatubereye ihinduka rikomeye. Ndakunda cane abo mu muryango wanje kandi ndabakengurukira rwose. Agatima bagaragaje karaterereye ikintu kinini. Mushikanje Baha yaremeye kwitwararika mawe. Mike yari amaze kwubaka urwiwe, ariko Samira na Gabriel bari bakiba i muhira. Kwimukira i La Victoria rero vyasaba ko batandukana n’abagenzi bari bafise i Caracas. Vyongeye, Sylvia wanje yategerezwa kumenyera kuba mu gasagara gatoyi, aho kuba ku murwa mukuru ahari uruja n’uruza rw’abantu benshi. N’ikindi kandi, twese twategerezwa kumenyera kuba mu nzu ntoyi cane. Emwe, kwimukira i La Victoria tuvuye i Caracas, vyasaba ibintu vyinshi.
Ariko rero ibintu vyarasubiye guhinduka. Gabriel yarubatse urwiwe, Samira na we aca aja kwibana. Twe na Sylvia twaciye dutumirwa kuja kuba muri Beteli mu 2007, n’ubu akaba ari ho tukiri. Imfura yacu Mike ni umukurambere, kandi we n’umukenyezi wiwe Monica ni abatsimvyi. Gabriel na we nyene ni umukurambere, kandi we n’umukenyezi wiwe Ambra baba mu Butaliyano. Samira na we uretse ko ari umutsimvyi, arafasha kuri Beteli ari i muhira.
N’UBU NOFATA NK’IZO NGINGO NYENE
Mu buzima bwanje nagiye ndafata ingingo nyinshi zihambaye cane. Ariko rero sinicuza. N’ubu iconsubiza inyuma nofata nk’izo ngingo nyene. Ndakenguruka cane uduteka dutandukanye nagiye ndaterwa mu murimo wa Yehova. Uko imyaka yagiye irarengana, nariboneye ingene bihambaye ko tuguma dufitaniye ubucuti bukomeye na Yehova. Twaba tugomba gufata ingingo zisanzwe canke zihambaye, arashobora kuduha amahoro “arengeye ukwiyumvira kwose.” (Flp. 4:6, 7) Twe na Sylvia turahimbarwa n’umurimo mweranda turangurira kuri Beteli, kandi tubona ko ingingo twagiye turafata zatumye duhezagirwa, kubera ko mu kuzifata twama dushira Yehova imbere.