Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 25

Niwirinde gutsitaza “aba batoyi”

Niwirinde gutsitaza “aba batoyi”

“Ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi.”​—MAT. 18:10.

URURIRIMBO RWA 113 Amahoro twifitiye

INCAMAKE *

1. Yehova yakoreye iki umwe wese muri twebwe?

YEHOVA yarakwegereye umwe wese muri twebwe. (Yoh. 6:44) Zirikana ico ivyo bisobanura. Yehova yarasuzumye yitonze abantu amamiliyaridi bose baba kw’isi, maze arakubonamwo ikintu c’agaciro, ni ukuvuga umutima woshoboye kumukunda. (1 Ngo. 28:9) Yehova arakuzi, aragutahura kandi aragukunda. None wumva ivyo bidahumuriza?

2. Ni akarorero akahe Yezu yatanze kerekana ingene Yehova yitaho imwimwe yose mu ntama ziwe?

2 Yehova arakwitwararika cane, kandi ukwo nyene ni ko agirira abo musangiye ukwizera bose. Kugira Yezu adufashe gutahura ico kintu, yagereranije Yehova n’umwungere. None umwungere akora iki iyo afise intama 100 maze 1 muri zo ikazimira? Aca ‘asiga izo 99 ku misozi akaja kurondera imwe yazimira.’ Ayitoye, ntaca ayihana ngo ni uko yazimiye, ahubwo aranezerwa. None icigwa ni ikihe? Intama imwimwe yose irahambaye kuri Yehova. Yezu yavuze ati: “Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.”​—Mat. 18:12-14.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Nta nkeka ko tutokwigera twipfuza guca intege abavukanyi na bashiki bacu. None twokwirinda gute gutsitaza abandi? Twokora iki hoho bishitse hakagira uwutubabaza? Iki kiganiro kiraza kuturonsa inyishu z’ivyo bibazo. Ariko rero, nimuze tubanze dusuzume abo imvugo ngo “aba batoyi” dusanga muri Matayo ikigabane ca 18 yerekezako.

“ABA BATOYI” NI BANDE?

4. “Aba batoyi” ni bande?

4 “Aba batoyi” ni abigishwa ba Yezu bose. Baba bafise imyaka mike canke myinshi, bameze “nk’abana batoyi” kubera ko bemera kwigishwa na Yezu. (Mat. 18:3) Naho boba bava mu mihingo itandukanye, bafise imico itandukanye, batabona ibintu kumwe canke bameze ugutandukanye, bose barizera Kristu. Na we arabakunda cane.​—Mat. 18:6; Yoh. 1:12.

5. Yehova amererwa gute iyo hagize uwutsitaza umwe mu basavyi biwe canke akamubabaza?

5 “Aba batoyi” bose Yehova abona ko bari n’agaciro. Kugira dutahure ingene ababona, iyumvire ingene tubona abana. Turabakunda cane. Twipfuza kubakingira kubera ko badafise inguvu, batazi utuntu n’utundi kandi badafise ubwenge nk’abakuze. Nkako, ntitwipfuza kubona umuntu agirirwa nabi n’uwundi. Iyo tubonye uwugiriye nabi umwana hoho, birarushiriza kutubabaza mbere n’ugushavura tugashavura. Yehova na we nyene yipfuza kudukingira. Ni co gituma ababara cane, mbere n’ugushavura agashavura, iyo hagize uwutsitaza umwe mu basavyi biwe canke akamubabaza.​—Yes. 63:9; Mrk. 9:42.

6. Twisunze 1 Abakorinto 1:26-29, isi ibona gute abigishwa ba Yezu?

6 Ni mu bundi buryo ubuhe abigishwa ba Yezu bameze nk’abana “batoyi”? None ni bande isi iha agaciro? Ni abatunzi, ivyamamare be n’abanyabubasha. Ariko abigishwa ba Yezu bobo, basa n’abantu badahambaye, abantu “batoyi” ata co bavuze. (Soma 1 Abakorinto 1:26-29.) Ariko Yehova we ntababona gutyo.

7. Yehova yipfuza ko tubona gute abavukanyi na bashiki bacu?

7 Yehova arakunda abasavyi biwe bose, baba bamaze imyaka myinshi bamukorera canke ari bashasha mu kuri. Yehova abona ko abavukanyi na bashiki bacu bose ari ab’agaciro, akaba ari co gituma na twebwe dukwiye kubona ko ari ab’agaciro. Twipfuza ‘gukunda umuryango wose w’abavukanyi,’ aho kwihitiramwo abo dukunda. (1 Pet. 2:17) Turakwiye gukora ibishoboka vyose, kugira tubakingire twongere tubitwararike. Bishitse tukamenya ko hari uwo twababaje, ntidukwiye kubona ko ata co bitwaye, twibwira ko ababazwa n’ubusa, be n’uko atari akwiye kubishirako umutima. Kubera iki none vyoshika bamwebamwe bakababara? Kumbure bivanye n’aho abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe bakuriye, usanga bikengera cane. Abandi na bo usanga bakiri bashasha mu kuri, bakaba bataramenya ingene bovyifatamwo neza igihe abandi babakoreye amakosa. Uko vyogenda kwose, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dusubize hamwe. Ku rundi ruhande, umuntu akunda kubabazwa n’ivyo abandi bakora, arakwiye kwemera ko iyo atari kamere nziza, ko rero akwiye kugira ivyo aryohoye. Ivyo arakwiye kubigira kugira ngo agumane amahoro yo mu mutima, yongere atume abandi bamererwa neza.

NUBONE KO ABANDI BAKURUTA

8. Ni agatima akahe abantu bo mu gihe ca Yezu bari bafise kagize ico gakoze ku ntumwa ziwe?

8 Ni igiki catumye Yezu avuga ibijanye n’abo yise ngo “aba batoyi”? Abigishwa biwe bari bamubajije bati: “None ni nde mukuru mu bwami bwo mw’ijuru?” (Mat. 18:1) Ico gihe Abayuda benshi babona ko kugira ubukuru n’icubahiro vyari bihambaye cane. Umuhinga umwe avuga ati: “Wasanga abantu bakora uko bashoboye kwose, eka mbere bakemera no gupfa barondera guterwa iteka, kuvugwa neza, kuba ivyamamare, kwemerwa no kwubahwa.”

9. Abigishwa ba Yezu botegerejwe gukora iki?

9 Yezu yari azi ko abigishwa biwe botegerejwe kwihata, kugira ngo bikuremwo agatima ko guhiganwa kari karashinze imizi mu kibano c’Abayuda. Yababwiye ati: “Umukuru muri mwebwe nacike nk’umutoyi, uwutegeka na we acike nk’uwukora.” (Luka 22:26) Igihe tubona ko ‘abandi baturuta,’ tuba twigenjeje “nk’umutoyi.” (Flp. 2:3) Uko dutsimbataza ako gatima, ni ko tugerageza kwirinda gutsitaza abandi.

10. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze dukwiye kugumiza ku mutima?

10 Abavukanyi na bashiki bacu bose baraturuta mu buryo bumwe canke ubundi. Ivyo biroroshe gutahura iyo twitayeho kubona kamere nziza bafise. Dukwiye kugumiza ku mutima impanuro intumwa Paulo yahaye Abakorinto igira iti: “Ni nde akugira uwutandukanye n’uwundi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe? Nimba none waragihawe koko, kubera iki wirata nk’aho utagihawe?” (1 Kor. 4:7) Turakwiye kwirinda ikintu cose cotuma twiyerekana canke cotuma twiyumvira ko turuta abandi. Nimba umuvukanyi kanaka atanga insiguro zikora ku mutima, canke mushiki wacu afise ingabire mu vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya, akwiye kubona ko ari Yehova abimushoboza.

NUBABARIRE ABANDI “BIVUYE KU MUTIMA”

11. Ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umwami n’umushumba wiwe kitwigisha iki?

11 Inyuma gato y’aho Yezu agabishirije abayoboke biwe kudatsitaza abandi, yaciye atanga ikigereranyo c’umwami n’umushumba wiwe. Uwo mwami yarahebeye ideni rinini uwo mushumba kubera ko atashobora kuririha. Mu nyuma, uwo mushumba yaranse guhebera ideni rito cane uwundi mushumba mugenziwe. Uwo mwami yaciye ata mw’ibohero uwo mushumba ruburakigongwe. None icigwa ni ikihe? Yezu yaciye avuga ati: “Ukwo nyene ni ko na Dawe wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira mwene wabo bivuye ku mutima.”​—Mat. 18:21-35.

12. Iyo twanse gutanga imbabazi bibabaza abandi gute?

12 Ivyo uwo mushumba yakoze si we wenyene vyagiriye nabi. Vyaragiriye nabi n’abandi. Ubwa mbere, yaragiriye nabi ata kagongwe uwo mushumba mugenziwe mu “[kumutesha] mw’ibohero gushika yishuye ivyo yari amufitiye.” Ubwa kabiri, yarababaje abandi bashumba babonye ivyo yakoze. ‘Aho abashumba bagenziwe baboneye ivyari vyabaye, vyarabateye intuntu nyinshi.’ Na twebwe ivyo dukora biragira ingaruka ku bandi. None bishitse hakagira uwutubabaza maze tukanka kumubabarira, ni ibiki vyoshika? Ubwa mbere, tuba tumubabaje mu kumwima imbabazi, mu kutamwitwararika, no mu kutamugaragariza urukundo. Ubwa kabiri, tuba duhungabanije abandi bagize ishengero igihe babona ko tudafitaniye amahoro n’uwo muntu.

Woba uzobika inzika canke uzobabarira abandi ubikuye ku mutima? (Raba ingingo ya 13-14) *

13. Ivyashikiye umutsimvyi umwe bikwigisha iki?

13 Iyo tubabariye abavukanyi na bashiki bacu, biratugirira neza bikagirira neza n’abandi. Ivyo ni vyo umutsimvyi umwe twise Crystal yiboneye. Yarababajwe n’uwundi mushiki wacu bari kumwe mw’ishengero. Crystal avuga ati: “Vyarashika akambwira amajambo mabi acumita nk’imbugita. Tugiye mu ndimiro, sinashaka mbere ko tuja mu muduga umwe. Naciye ntangura gutakaza umwete n’umunezero.” Crystal yabona ko yari afise imvo yumvikana yatuma ashavura. Ariko rero ntiyabitse inzika canke ngo agume yiyumvira ivyiwe gusa. Yarashize mu ngiro yicishije bugufi impanuro zishingiye ku Vyanditswe dusanga mu kiganiro kivuga ngo: “Nuharire abandi ubikuye ku mutima” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1999. Yaciye amubabarira. Crystal avuga ati: “Ubu ndatahura ko twese turiko turihatira kwambara wa muntu mushasha, be n’uko Yehova yama atubabarira buri musi abikuye ku mutima. Numva ari nk’aho umuzigo amahero nari nikoreye wamvuyeko. Ubu narasubiye kugira umunezero.”

14. Twisunze Matayo 18:21, 22, ni igiki gishobora kuba kitoroheye intumwa Petero, kandi wigira iki ku nyishu Yezu yamuhaye?

14 Turazi ko dukwiye kubabarira abandi, kandi ko ari vyiza kubigira. Naho ari ukwo, vyoshobora kutugora. Intumwa Petero na we nyene bishobora kuba vyaramushikira. (Soma Matayo 18:21, 22.) Ni ibiki none vyodufasha? Ubwa mbere, nuzirikane ku kuntu Yehova yakubabariye cane. (Mat. 18:32, 33) Naho tutabereye imbabazi ziwe, yama atubabarira abikuye ku mutima. (Zab. 103:8-10) “Natwe ubwacu tubwirizwa rero gukundana.” Kubabarira abandi rero, ni itegeko. Dutegerezwa kubabarira abavukanyi na bashiki bacu. (1 Yoh. 4:11) Ubwa kabiri, nuzirikane ku vyiza biva ku kubabarira abandi. Turashobora gufasha uwatubabaje, tugatuma ishengero ryunga ubumwe, tugakingira ubucuti dufitaniye na Yehova, tukongera tukumva ko turemurutse mu mutima. (2 Kor. 2:7; Kol. 3:14) Ubwa nyuma, nusenge ya Mana idusaba kubabarira abandi. Ntureke ngo Shetani ahungabanye amahoro ufitaniye n’abo musangiye ukwemera. (Ef. 4:26, 27) Turakeneye gufashwa na Yehova nimba twipfuza kwirinda kugwa mu mutego wa Shetani.

NTUREKE NGO HAGIRE IKIGUTSITAZA

15. Twisunze Abakolosayi 3:13, twokora iki nimba hari umuvukanyi canke mushiki wacu yakoze ibintu bitubabaza?

15 Bite ho nimba hari uwo musangiye ukwemera yakoze ikintu kikubabaza cane? Wokora iki? Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo uzigame amahoro. Nusenge Yehova ubigiranye ubwira. Numusabe ahezagire uwakubabaje, yongere agufashe kubona kamere nziza ziwe, ari na zo zituma Yehova amukunda. (Luka 6:28) Nimba udashobora kwirengagiza ivyo uwo muvukanyi wawe yagukoreye, nuzirikane uburyo bwiza wokoresha kugira ngo umwegere muvugane. Vyama ari vyiza kutiyumvira ko uwo muvukanyi yakubabaje n’ibigirankana. (Mat. 5:23, 24; 1 Kor. 13:7) Igihe muriko muraganira, numwereke ko umutahura. None yanse ko musubiza hamwe woca ukora iki? ‘Nubandanye kumwihanganira.’ Ntuce uheba umuvukanyi wawe. (Soma Abakolosayi 3:13.) N’igihambaye kuruta, ntiwigere ubika inzika, kuko vyokwonona ubucuti ufitaniye na Yehova. Ntiwigere ureka ngo hagire ikintu na kimwe kigutsitaza. Iyo ubigenjeje gutyo, uba werekanye ko ukunda Yehova kuruta ikindi kintu cose.​—Zab. 119:165.

16. Ni ibanga irihe twese dufise?

16 Turakenguruka agateka dufise ko gukorera Yehova twunze ubumwe, nk’“ubusho bumwe” buyobowe n’“umwungere umwe.” (Yoh. 10:16) Igitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba ku rupapuro rwa 165, kigira giti: “Kubera ko uriko urungukira kuri ubwo bumwe, urafise ibanga ryo gufasha kubuzigama.” Turakwiye rero “kwimenyereza kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona.” Yehova abona ko twese ‘abatoyi’ turi n’agaciro. Kwoba ari ko nawe ubona abavukanyi na bashiki bacu? Yehova arabona ivyo ukora vyose kugira ngo ubafashe wongere ubitwararike kandi arabiha agaciro.​—Mat. 10:42.

17. Twiyemeje gukora iki?

17 Turakunda abo dusangiye ukwemera. Twiyemeje rero “kudashira imbere y’umuvukanyi igitsitaza canke igitirimutsa.” (Rom. 14:13) Tubona ko abavukanyi na bashiki bacu baturuta, kandi twipfuza kubababarira tubikuye ku mutima. Ese rero tutoreka ngo abandi badutsitaze! Ahubwo riho, nimuze duhitemwo “[gukurikirana] ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.”​—Rom. 14:19.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Kubera ko tudatunganye, twoshobora kuvuga canke gukora ibintu bibabaza abavukanyi na bashiki bacu. None bishitse tuvyifatamwo gute? Twoba twihatira gusubiza hamwe? Twoba tunyaruka gusaba imbabazi? Canke duca twiyumvira ngo birabasha? Ku rundi ruhande, twoba dukunda kubabazwa n’ivyo abandi bavuga canke bakora? Twoba duca twisigura ngo ni ko twimereye? Canke duca tubona ko ari ubugoyagoye dukwiye gutsinda?

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu ashavuriye uwundi wo mw’ishengero. Bamaze gutunganya iyo ngorane ari babiri gusa, barayibagira maze bagakorana banezerewe.