Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 24

Urashobora kuva mu mitego ya Shetani!

Urashobora kuva mu mitego ya Shetani!

‘Nuve mu mutego wa Shetani.’​—2 TIM. 2:26.

URURIRIMBO RWA 36 Turinde imitima yacu

INCAMAKE *

1. Kubera iki Shetani twomugereranya n’umuhigi?

UMUHIGI aba afise intumbero imwe gusa, na yo akaba ari ugucakira igikoko canke kucica. Arashobora gukoresha imitego itandukanye, nk’uko umwe muri ba bantu bigira ngo baje kwirura Yobu yabivuze. (Yobu 18:8-10) None umuhigi akoresha amayeri ayahe kugira atume igikoko kigwa mu mutego wiwe? Abanza kuciga: Gica hehe? Gikunda iki? Ni umutego uwuhe wogicakira bitagoranye? Na Shetani ameze nk’uwo muhigi. Aratwiga. Arabona aho duca be n’ivyo dukunda. Aca adutega umutego abona ko woducakira tutabizi. Ariko rero Bibiliya iraduhumuriza ko naho vyoshika tugafatwa n’uwo mutego, twoshobora kuwuvamwo. Iratwigisha kandi ingene twokwirinda gufatwa n’iyo mitego.

Ubwibone be n’umwina, ni ibiri mu mitego Shetani akoresha akaroranirwa (Raba ingingo ya 2) *

2. Imitego ibiri Shetani akoresha akaroranirwa ni iyihe?

2 Ibiri mu mitego Shetani akoresha akaroranirwa, ni ubwibone be n’umwina. * Shetani aramaze imyaka ibihumbi akoresha iyo mitego kandi akererwa. Ameze nk’umutezi w’inyoni akoresha amayeri kugira ngo azite mu mutego canke mu rusenga. (Zab. 91:3) Ariko rero, si ngombwa ngo Shetani aducakire. Kubera iki? Kubera ko Yehova yaduhishuriye amayeri Shetani akoresha.​—2 Kor. 2:11.

Turashobora gukura ivyigwa ku burorero butuburira, gutyo tukirinda kugwa mu mitego ya Shetani canke tukayivamwo (Raba ingingo ya 3) *

3. Kubera iki Yehova yandikishije muri Bibiliya uburorero bumwebumwe butuburira?

3 Bumwe mu buryo Yehova akoresha mu kutuburira ku bijanye n’ubwibone be n’umwina, ni inkuru z’ivyabaye. Yipfuza ko tuzikuramwo ivyigwa. Mu nkuru tuza kurimbura, turabona ingene Shetani yashoboye gutega mbere n’abasavyi ba Yehova bari bamaze igihe kirekire bamukorera. None ivyo vyoba bisobanura ko tudashobora kwirinda imitego yiwe? Habe namba. Yehova yandikishije ubwo burorero muri Bibiliya, kugira ‘butubere imburi.’ (1 Kor. 10:11) Arazi ko dushobora gukura ivyigwa kuri ubwo burorero butuburira, gutyo tukirinda kugwa mu mitego ya Shetani canke tukayivamwo.

UMUTEGO W’UBWIBONE

Raba ingingo ya 4

4. Ubwibone bwodushikana ku ki?

4 Shetani yipfuza ko tugira ubwibone. Arazi ko tugize ubwibone, duca tumera nka we maze tukazobura ubuzima budahera. (Imig. 16:18) Ni co gituma intumwa Paulo yagabishije ko umuntu ashobora “[kwivyimvya] akagwa mu rubanza rwaciriwe Shetani.” (1 Tim. 3:6, 7) Ivyo birashobora gushikira umwe wese muri twebwe, twaba turi bashasha mu kuri canke tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova.

5. Twisunze Umusiguzi 7:16, 20, umuntu yoshobora gute kugaragaza ubwibone?

5 Abantu bafise ubwibone usanga bikunda. Shetani aragerageza kudushiramwo agatima k’ubwikunzi, ngo twiyumvire cane ivyacu aho kwiyumvira ivyerekeye Yehova, na canecane igihe turi mu ngorane. Nk’akarorero, vyoba birashika hakagira uwukwagiriza ikinyoma? Canke, vyoba birashika hakagira uwukurenganya? Shetani yoshima ko uca uta amakosa kuri Yehova canke ku bavukanyi bawe. Vyongeye, Shetani ashaka ko wiyumvira ko uburyo bwonyene bwo gutorera umuti izo ngorane, ari ugukora ibintu uko uvyumva aho gukurikiza ubuyobozi Yehova akuronsa mw’Ijambo ryiwe.​—Soma Umusiguzi 7:16, 20.

6. Ni icigwa ikihe ukura ku vyashikiye mushiki wacu umwe wo mu Buholande?

6 Rimbura ivyashikiye mushiki wacu umwe wo mu Buholande vyashitse akababazwa n’amakosa y’abandi. Yaciye afata ingingo y’uko atosubiriye kwifatanya na bo. Avuga ati: “Numvise nsigaye ndi inyakamwe, biranka n’uko mpindura ivyiyumviro. Naciye mbwira umugabo wanje ko dutegerezwa kwimukira mu rindi shengero.” Uwo mushiki wacu yahavuye araba kuri jw.org ikiganiro co muri Ntwarante 2016 co kuri ya Televiziyo ya JW. Ico kiganiro carimwo ivyiyumviro bimwebimwe bifasha umuntu kubona ingene yokwihanganira amakosa y’abandi. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Narabonye ko nari nkwiye kuzirikana ku makosa yanje nicishije bugufi kandi ata kwihenda, aho kugerageza guhindura abo dusangiye ukwemera turi kumwe mw’ishengero. Ico kiganiro caramfashije gushira umutima kuri Yehova no ku busegaba bwiwe.” None icigwa ni ikihe? Igihe ushikiwe n’ingorane, nugumize umutima kuri Yehova. Numusabe agufashe kubona abandi nk’uko ababona. Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru arabona amakosa yabo, mugabo ariteguriye kubababarira. Yipfuza ko na wewe ubigenza gutyo nyene.​—1 Yoh. 4:20.

Raba ingingo ya 7

7. Ni ibiki vyashikiye Umwami Uziya?

7 Ubwibone bwaratumye umwami w’Ubuyuda yitwa Uziya yanka impanuro, maze akora ivyo atari afitiye uburenganzira. Uziya yari umuntu akomeye cane. Yaratsinze intambara zitari nke, arubaka ibisagara vyinshi, agira n’imirima myinshi. “Imana y’ukuri [yaramuhaye] gutunganirwa.” (2 Ngo. 26:3-7, 10) Bibiliya ivuga iti: “Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone gushika n’aho yikwegera akarambaraye.” Yehova yari yategetse ko abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe guturira imibavu ku rusengero. Ariko Umwami Uziya yaritaye imbere yinjira mu rusengero guturira imibavu. Ivyo vyarababaje Yehova, aca ateza imibembe uwo munyabwibone. Uziya yagumye ari umunyamibembe gushika apfuye.​—2 Ngo. 26:16-21.

8. Ibivugwa mu 1 Abakorinto 4:6, 7, bidufasha gute kwirinda ubwibone?

8 Ubwibone bwoba bwotuma tugwa mu mutego nk’uwo Uziya yaguyemwo? Zirikana akarorero k’uwitwa José. Yari umudandaza akomeye akaba n’umukurambere mw’ishengero. Yaratanga insiguro ku materaniro no ku mahwaniro, kandi n’abacungezi b’imizunguruko baramwitura ngo abaterere ivyiyumviro. Avuga ati: “Kuba nari mfise ubuhanga kandi nzi utuntu n’utundi, vyaratumye niyizigira. Sinari nciheka kuri Yehova. Kubera ko niyumvira ko nari agakomeye, sinumviriza impanuro be n’ingabisho Yehova atanga.” José yahavuye akora igicumuro gikomeye maze aracibwa. Ubu haciye imyaka itari mike agarukanywe. Avuga ati: “Yehova yaranyigishije ko igihambaye atari agateka tuba dufise, mugabo ko ari ugukora ivyo adusaba.” Nimuze twame twibuka ko ubuhanga bwose dufise be n’agateka ako ari ko kose twoterwa mw’ishengero, tubikesha Yehova. (Soma 1 Abakorinto 4:6, 7.) Hamwe twogira ubwibone, Yehova ntiyodukoresha.

UMUTEGO W’UMWINA

Raba ingingo ya 9

9. Umwina watumye Shetani na Eva bakora iki?

9 Iyo tuvuze umwina, birashoboka ko duca tubona wa Mubisha Shetani. Kubera ko Shetani yari umwe mu bamarayika ba Yehova, ategerezwa kuba yari afise uduteka duhambaye twinshi. Ariko yagumye ahahamira n’ibindi. Yaripfuje gusengwa kandi Yehova ari we wenyene abikwiriye. Kubera ko Shetani yipfuza ko tumera nka we, aragerageza gutuma tutabumbwa n’ivyo dufise. Ivyo yabitanguye igihe yavugana na Eva. Yehova abigiranye urukundo, yari yarahaye Eva n’umugabo wiwe ibifungurwa vyinshi kandi biryoshe vyo ‘ku giti cose co mu murima,’ kiretse kimwe gusa. (Ita. 2:16) Naho ari ukwo, Shetani yarahenze Eva mu gutuma yiyumvira ko yari akeneye no kurya kuri ico kindi yari yarabujijwe kuryako. Eva ntiyabumbwe n’ivyo yari afise, ahubwo yipfuje ibirenze. Turazi ico vyamushikanyeko. Yaracumuye, amaherezo arapfa.​—Ita. 3:6, 19.

Raba ingingo ya 10

10. Ni gute kugira umwina vyabereye umutego Umwami Dawidi?

10 Umwina waratumye Umwami Dawidi yibagira ivyo Yehova yari yaramuhaye, ushizemwo ubutunzi, kuvugangwa be n’intsinzi nyinshi. Dawidi abigiranye ugukenguruka, yariyemereye ko ivyiza Imana yari yaramuhaye ‘vyari vyinshi kuruta ivyo yodonda.’ (Zab. 40:5) Ariko igihe kimwe, Dawidi yaribagiye ivyo Yehova yari yaramuhaye. Aho kubumbwa n’ivyo yari afise, yipfuje ibirenze. Naho yari afise abagore batari bake, yaripfuje umugore w’uwundi mugabo. Uwo mugore yitwa Batisheba, umugabo wiwe akaba yari Uriya Umuheti. N’ubwikunzi n’akantu, Dawidi yarasambanye na Batisheba maze aribungenga. Mu kwongera ikibi ku kindi, yaciye atunganya ivyo kwicisha Uriya. (2 Sam. 11:2-15) None ico gihe Dawidi yiyumvira iki? Yoba yibaza ko Yehova atabibona? Naho yari amaze igihe kirekire ari umwizigirwa kuri Yehova, yaratwawe n’umwina maze bimukwegera ingorane. Ariko igishimishije yahavuye yemera ikosa ryiwe, yongera arigaya. Ese ukuntu yakengurutse kubona Yehova asubira kumuraba ryiza!​—2 Sam. 12:7-13.

11. Twisunze Abanyefeso 5:3, 4, ni igiki codufasha kurwanya umwina?

11 Twigira iki ku vyashikiye Dawidi? Biratwigisha ko kuguma dukenguruka ivyo Yehova yaduhaye vyose, bishobora gutuma turwanya umwina. (Soma Abanyefeso 5:3, 4.) Turakwiye kubumbwa n’ivyo dufise. Iyo dutanguye kwigisha umuntu Bibiliya, turamuremesha kwiyumvira n’imiburiburi ikintu kimwe ciza Yehova yamukoreye, maze agaca amukengurukira. Iyo umuntu abigize buri musi, bisobanura ko mu ndwi imwe, aba akengurukiye Yehova ku bintu indwi bitandukanye. (1 Tes. 5:18) Woba uhora ukora ikintu nk’ico? Niwazirikana ku bintu vyose Yehova yagukoreye, bizotuma uba umuntu akenguruka. Iyo ubaye umuntu akenguruka, uca ubumbwa n’ivyo ufise. Iyo ubumbwe n’ivyo ufise na ho, umwina uca ubura ikibanza.

Raba ingingo ya 12

12. Kugira umwina vyatumye Yuda akora iki?

12 Umwina waratumye Yuda Isikariyoti ahemuka bimwe vy’akamaramaza. Mu ntango yari umuntu mwiza. (Luka 6:13, 16) Yezu yaramuhisemwo ngo abe intumwa. Nta gukeka ko Yuda yari umuntu abishoboye kandi w’umwizigirwa, kuko yari yajejwe agasandugu k’amahera. Yezu be n’intumwa bakoresha ayo mahera mu kwironsa ivyo bakeneye mu gikorwa co kwamamaza. Twoyagereranya n’intererano zitangwa ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose muri iki gihe. Ariko harageze igihe Yuda atangura kwiba ayo mahera, naho akatari gake yari yarumvise Yezu agabisha abantu ku bijanye n’umwina. (Mrk. 7:22, 23; Luka 11:39; 12:15) Yuda yarirengagije izo mburi.

13. Umwina Yuda yari afise wagiye ahabona ryari?

13 Ikintu cabaye imbere gato y’uko Yezu apfa, caratumye umwina Yuda yari afise uja ahabona. Yezu n’intumwa ziwe, ushizemwo Mariya na mwenewabo Marita, bari batumiwe kwa Simoni umunyamibembe. Igihe bariko barafungura, Mariya yarahagurutse asuka ku mutwe wa Yezu amavuta amota neza kandi azimvye cane. Ivyo vyarababaje cane Yuda be n’abandi bigishwa. Abo bandi bigishwa bashobora kuba babona ko vyari kuba vyiza ayo mahera akoreshejwe mu gikorwa co kwamamaza. Ariko Yuda we ntikwari ukwo. “Yari igisuma,” akaba yashaka kuza ariba amahera mu gasandugu. Mu nyuma, umwina waratumye Yuda agurisha Yezu ku giciro c’amahera yagurwa umushumba.​—Yoh. 12:2-6; Mat. 26:6-16; Luka 22:3-6.

14. Umugabo umwe n’umugore wiwe bashize mu ngiro gute ibivugwa muri Luka 16:13?

14 Yezu yaribukije abayoboke biwe uku kuri guhambaye kugira guti: “Ntimushobora kuba abashumba b’Imana n’ab’Ubutunzi.” (Soma Luka 16:13.) N’ubu ni ko bikiri. Raba ingene umugabo umwe n’umugore wiwe bo muri Rumaniya bashize mu ngiro ayo majambo ya Yezu. Baremerewe akazi k’igihe gito mu kindi gihugu gitunze cane. Bavuga bati: “Kubera ko twari dufitiye ibanki ideni rinini, twaciye twiyumvira ko ako kazi wari umuhezagiro wa Yehova.” Ariko rero karimwo umutego. Ako kazi kotumye bataronka umwanya ukwiye wo gukorera Yehova. Bamaze gusoma ikiganiro cavuga ngo: “Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2008, baciye bafata ingingo. Bavuga bati: “Iyo twimukira mu kindi gihugu mu ntumbero yo guca amahera menshi, twari kuba dushize ubucuti dufitaniye na Yehova mu kibanza ca kabiri. Twarabona neza ko ubucuti dufitaniye n’Imana bwari kwononekara.” Baciye bareka kwemera ako kazi. None vyahavuye bigenda gute? Uwo mugabo yararonse akazi mu gihugu iwabo kabaronsa ivyo bakeneye. Umugore wiwe avuga ati: “Ukuboko kwa Yehova ntikwigera kuba kugufi.” Uwo mugabo n’umugore barahimbawe no kuba barahisemwo ko Yehova ababera Shebuja aho guhitamwo amahera.

NIWIRINDE IMITEGO YA SHETANI

15. Twemezwa n’iki ko dushobora kuva mu mitego ya Shetani?

15 Twokora iki hamwe twosanga dusigaye dufise ubwibone canke umwina? Turashobora kwisubirako. Paulo yavuze ko abo Shetani ‘yafashe ari bazima,’ bashobora kuva mu mutego wiwe. (2 Tim. 2:26) Nkako, Dawidi yarumvirije impanuro Natani yamuhaye, arikuramwo agatima k’umwina, maze arasubira kugiranira ubucuti na Yehova. Ntukigere wibagira ko Yehova akomeye kuruta Shetani. Igihe rero twemeye ko Yehova adufasha, turashobora kuva mu mutego uwo ari wo wose Shetani yodutega.

16. Ni igiki codufasha kwirinda imitego ya Shetani?

16 Ariko rero, dukwiye kwirinda kugwa mu mitego ya Shetani, aho kurondera kuyivamwo yamaze kudufata. Ivyo twobishobora gusa ari uko Imana ibidufashijemwo. Ariko ntidukwiye kwirekerana. Mbere n’abamaze igihe kirekire ari abasavyi ba Yehova vyarashitse baragira ubwibone canke umwina. Nutakambire rero Yehova buri musi, kugira agufashe kubona nimba izo ngeso zisigaye zigaragaza mu vyo wiyumvira no mu vyo ukora. (Zab. 139:23, 24) Ntukigere ureka ngo ugwe muri iyo mitego!

17. Ni ibiki bigiye gushikira umwansi wacu Shetani?

17 Shetani ni umuhigi amaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Ariko vuba agiye kubohwa, amaherezo arandurwe. (Ivyah. 20:1-3, 10) Si twe tuzobona ico gihe kirashitse. Ariko rero mu kurindira, nimuze twame turi maso ku mitego ya Shetani. Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo wirinde ubwibone canke umwina. Niwiyemeze ‘kurwanya Shetani, na we azoguhunga.’​—Yak. 4:7.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

^ ing. 5 Shetani ameze nk’umuhigi karuhariwe. Aragerageza kudutega imitego naho twoba tumaze imyaka ingana gute dukorera Yehova. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Shetani agerageza gukoresha ubwibone be n’umwina, kugira asenyure ubucuti dufitaniye n’Imana. Turaza no kugira ivyo twigiye ku bantu baguye mu mutego w’ubwibone be n’uw’umwina, tubone n’ingene twokwirinda iyo mitego.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Iki kiganiro gishimika ku bwibone, ni ukuvuga kwumva ko uruta abandi, be no ku mwina, ni ukuvuga kugira icipfuzo kidahera mu bijanye n’amahera, ubukuru, ivy’igitsina, canke ibindi bintu nk’ivyo.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yanse impanuro nziza abigiranye ubwibone. Mushiki wacu asanzwe afise ibintu vyinshi, ariko arondera kwirundaniriza n’ibindi.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO:Mbere n’umumarayika w’Imana be n’Umwami Uziya baragize ubwibone. Umwina ni wo watumye Eva arya ku giti yari yarabujijwe, utuma Dawidi asambana na Batisheba, wongera utuma Yuda yiba amahera.