Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ni amakori ayahe abantu batanga mu gihe ca Yezu?

KUVA kera na rindi, Abisirayeli baratanga amahera yo gushigikira ugusenga kw’ukuri. Ariko mu gihe ca Yezu, Abayuda bari basigaye basabwa gutanga amakori menshi, ku buryo bibabera umuzigo.

Mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa bijanye no gusenga vyabera kw’itaberenakulo, mu nyuma na ho bikabera ku rusengero, Abayuda bakuze bose bategerezwa gutanga igice ca shekeli (idarakima zibiri). Mu kinjana ca mbere, iryo kori ryakoreshwa ku bijanye no kugura ibimazi no kubungabunga urusengero rwubatswe na Herodi. Hari Abayuda babajije Petero ibijanye n’ingene Yezu yabona ivyo gutanga ikori. Yezu ntiyarwanije ivyo kuritanga. Nkako, yaciye yereka Petero ingene yoronka igiceri co kuriha iryo kori.​—Mat. 17:24-27.

Ico gihe, abasavyi b’Imana basabwa kandi gutanga ic’icumi, ni ukuvuga ic’icumi c’umwimbu wabo canke c’ibindi bintu baba baronse. (Lew. 27:30-32; Guh. 18:26-28) Indongozi z’idini zarasaba zishimitse ko ico c’icumi gitozwa ku bwoko bwose bw’imboga, mbere no ku zitwa “menta na aneto na kumino.” Yezu ntiyarwanije ivyo gutanga ic’icumi, ariko yariyamirije agatima k’ubwiyorobetsi abanditsi be n’Abafarizayo babikorana.​—Mat. 23:23.

Ico gihe, kubera ko Abayuda baganzwa n’Abaroma, Abaroma na bo nyene barabarihisha amakori atari make. Rimwe muri ayo ryari ikori ry’agataka, bakaba baririha mu gutanga amahera canke ivyimburwa. Bivugwa ko iryo kori ryari hagati y’ibice 20 na 25 kw’ijana y’ivyo bimbura muri ayo matongo. Umuyuda wese yategerezwa kandi gutanga ikori ry’umutwe. Abafarizayo babajije Yezu ibijanye n’iryo kori nyene. Mu kwerekana ingene dukwiye kubona ibijanye no gutanga ikori, Yezu yishuye ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”​—Mat. 22:15-22.

Hariho kandi n’amakori yatozwa ku bidandazwa vyinjira mu ntara canke vyasohoka. Ayo makori yatorezwa ku bivuko, ku biraro, kw’ihuriro ry’amabarabara, canke ku marembo y’ibisagara canke y’amasoko.

Ico gihe, abantu batwarwa n’Uburoma bari baremerewe n’amakori y’umurengera. Nk’uko bivugwa n’umuhinga mu vya kahise yitwa Tasito, igihe Yezu yari kw’isi mu gihe c’Umwami w’abami yitwa Tiberiyo, “abantu b’i Siriya n’i Yudaya bararuhijwe cane n’ayo makori ku buryo bitakambira ko yogabanywa.”

Uburyo ayo makori yatozwa na bwo nyene bwaratuma arushiriza kuba umuzigo. Haraba ihiganwa ku bipfuza gukora ico gikorwa, maze abemera gutanga amahera menshi akaba ari bo bahabwa iryo soko. Na bo baca barondera abandi baha akazi ko kuyatoza, kandi bose bakora bironderera inyungu. Biboneka ko Zakayo yari umukuru w’abatozakori nk’abo nyene. (Luka 19:1, 2) Duca dutahura igituma ivyo vyababaza abantu, bagaca banka abatozakori.