Nureke “itegeko ry’ubuntu” rikuyobore
UWITWA Lisa yavuze ati: “Ubuntu Ivyabona vya Yehova bangaragarije ni bwo ahanini bwankoze ku mutima.” * Aho yariko avuga ikintu ca mbere catumye yemera ukuri. N’uwitwa Anne vyagenze ukwo nyene. Yavuze ati: “Ubuntu bangaragarije, ni bwo ahanini bwankoze ku mutima kuruta ivyo bigisha.” Abo bashiki bacu bompi, ubu barahimbarwa no gusoma Bibiliya bakongera bakayizirikanako, mugabo ubuntu ni bwo bwabakoze ku mutima cane.
Twogaragaza gute ubuntu mu buryo bukora ku mutima abandi? Nimuze turabe uburyo bubiri twobigira: mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Mu nyuma turarimbura abo dukwiye kubugaragariza.
“ITEGEKO RY’UBUNTU” NIRIBE KU RURIMI RWAWE
Wa mugore abishoboye avugwa mu Migani ikigabane ca 31, afise “itegeko ry’ubuntu bwuzuye urukundo” ku rurimi rwiwe. (Imig. 31:26) Arareka iryo “tegeko” rikamuyobora mu vyo avuga no mu kuntu abivuga. Ba sebibondo na bo nyene barakwiye kugira iryo “tegeko” ku rurimi rwabo. Abavyeyi benshi barazi neza yuko amajambo ababaza ashobora kugira ingaruka mbi ku mwana wabo. Iyo abavyeyi bavuganye umujinya n’ugukankama, umwana wabo arashobora kutavyakira neza. Kugira ngo rero abana bashobore kuvyakira neza kandi bibagirire akamaro, abavyeyi barakwiye kwihatira kuvugana umutima mwiza.
None waba uri umuvyeyi canke utari we, ushobora gute kwiga kuvugana umutima mwiza? Mu gice ca mbere co mu Migani 31:26 haradufasha kumenya ico twokora. Hagira hati: “Yateranuye akanwa kiwe mu bukerebutsi.” Ivyo bisaba ko duhitamwo neza amajambo be n’ijwi dukoresha. Akenshi biraba vyiza twibajije duti: ‘Ivyo ngira mvuge vyoba biza kuduza ishavu, canke biza kuremesha amahoro?’ (Imig. 15:1) Ego cane, biraranga ubukerebutsi kuzirikana imbere yo kugira ico tuvuze.
Uwundi mugani ugira uti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.” (Imig. 12:18) Iyo tuzirikanye ku kuntu ivyo tuvuga be n’ijwi dukoresha bishobora kugira ingaruka ku bandi, birashobora gutuma twigengesera mu vyo tuvuga. Egome, gushira mu ngiro “itegeko ry’ubuntu” bizodufasha kwirinda gukoresha amajambo ababaza be n’ijwi rikaze. (Ef. 4:31, 32) Ivyiyumviro bibi n’amajambo mabi tuzobisubiriza amajambo meza n’ijwi ryoroshe kandi ririmwo igishika. Yehova yaratanze akarorero keza muri uwo muce, igihe yasubiriza umutima mu nda umusavyi wiwe Eliya yari yagize ubwoba. Umumarayika yaserukiye Yehova yavuganye “ijwi ritekanye, ryo hasi.” (1 Abm. 19:12) Ariko rero, kuba umuntu w’umutima mwiza harimwo n’ibindi uretse gusa kuvuga amajambo aranga ubuntu. Dutegerezwa no gukora ibikorwa biranga ubuntu. Uti gute?
IBIKORWA BIRANGA UBUNTU BIRAFASHA ABANDI
Turigana Yehova mu kureka imvugo yacu ikajana n’ibikorwa biranga ubuntu. (Ef. 4:32; 5:1, 2) Umwe Lisa twamara kuvuga, yariganye ingene Ivyabona bamugaragarije ubuntu. Avuga ati: “Igihe umuryango wacu wasabwa kwimuka ubutarariye, abavukanyi babiri bo mw’ishengero hamwe n’abagore babo, baciye basaba ikonji ku kazi kugira badufashe gutekera. Ico gihe sinari bwatangure no kwiga Bibiliya.” Ivyo bikorwa biranga ubuntu vyaratumye Lisa arushiriza gusuzuma ukuri.
Anne, umwe twavuga mu ntango, na we nyene yarakengurutse ubuntu yagaragarijwe n’Ivyabona. Yavuze ati: “Kubera ukuntu isi isanzwe imeze, narabaye umuntu adashoka yemera ikintu ico ari co cose. Vyarangora kwizigira abantu.” Yabandanije ati: “Igihe nahura n’Ivyabona, narabagizeko amakenga. Naribajije nti: ‘Bandonderako iki?’ Ariko ubuntu uwanyigisha Bibiliya yangaragarije, bwaratumye ndamwizigira.” None ni ivyiza ibihe vyavuyemwo? Yavuze ati: “Mu nyuma, naratanguye kuzirikana cane ivyo nariko ndiga.”
Urabona ko Lisa na Anne bakozwe cane ku mutima n’ibikorwa biranga ubuntu bakorewe n’abo mw’ishengero, kandi ni vyo vyatumye bipfuza kwiga ivyerekeye ukuri. Ubuntu ishengero ryabagaragarije bwaratumye batangura kwizigira Yehova n’abasavyi biwe.
NIWIGANE IMANA MU KUGARAGARIZA ABANBI UBUNTU
Abantu bamwebamwe bivanye n’imico kama yabo, usanga bakoresha amajambo meza Ivyakozwe 28:2.
kandi bamwenyurira abandi. Urwo rupfasoni bagaragaza kubera imico yabo canke ukuntu basanzwe bimereye, ni ikintu ciza cane. Ariko rero nimba ari ico kibidutuma, ntitwoba turiko turigana ubuntu bw’Imana.—Gereranya n’Ubuntu bw’Imana ni umuce w’icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Kugira ngo rero turushirize kugira ubuntu, turakeneye ko impwemu nyeranda y’Imana ibidufashamwo. Tubigize, tuzoba twiganye Yehova na Yezu. Vyongeye, kubera ko turi abakirisu, turitwararika cane abandi. Ivyo tubitumwa n’urukundo dukunda Yehova Imana n’urwo dukunda bagenzi bacu. Ico gihe, ubuntu tugaragaza buba buvuye ku mutima kandi Imana irabushima.
NI BANDE TWOGARAGARIZA UBUNTU?
Usanga vyoroshe ko tugaragariza ubuntu abatugiriye neza canke abo tuzi. (2 Sam. 2:6) Uburyo bumwe tubigira ni ukubakengurukira. (Kol. 3:15) Ariko tuvuge iki nimba hari umuntu tubona ko atabereye ko tubumugaragariza?
Yehova ni we Ruheta mu kugaragaza ubuntu ata wari abukwiriye, kandi Ijambo ryiwe riratwigisha icigwa gihambaye ku bijanye no kugaragaza iyo kamere. Iyo mvugo ngo “ubuntu ata wari abukwiriye” irakoreshwa henshi mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. None ni gute Imana itugaragariza ubuntu?
Zirikana abantu amamiliyoni n’amamiliyoni Yehova yagaragarije ubuntu mu kubaronsa ivyo bakeneye kugira ngo babeho. (Mat. 5:45) Nkako, n’imbere yuko abantu bamenya Yehova, yarabagaragarije ubuntu. (Ef. 2:4, 5, 8) Nk’akarorero, yaratanze ikintu yakunda kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga Umwana wiwe w’ikinege ku bw’abantu bose. Intumwa Paulo yanditse ko Yehova yatanze incungu “nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye [bwiwe] buri.” (Ef. 1:7) Vyongeye, naho ducumura kuri Yehova tukongera tukamubabaza, aguma atuyobora kandi atwigisha. Ivyo atwigisha n’ivyo atubwira bimeze nk’‘imvura y’akanyanyaga.’ (Gus. 32:2) Mu vy’ukuri, nta co twokwishura Yehova ku bw’ibintu vyose biranga ubuntu atugirira. Kandi ikizwi coco ni uko kazoza kacu tugakesha ubuntu bwa Yehova.—Gereranya na 1 Petero 1:13.
Mu vy’ukuri, ubuntu bwa Yehova ni bwiza kandi buratuvyurira umutima wo kugira ico dukoze. Kubw’ivyo, aho gucagura abo tubugaragariza, turakwiye kwihatira kwigana Yehova mu kubugaragaza mu buzima bwacu bwa misi yose. (1 Tes. 5:15) Igihe tuguma tugaragaza ubuntu, duca tumera nk’umuriro ususurutsa iyo hakanye. Turaremesha abo mu muryango wacu, abo dusangiye ukwemera, abo dukorana, abo twigana n’ababanyi bacu.
Niwiyumvire incuti zawe canke abo mw’ishengero wokora ku mutima mu kubabwira amajambo aranga ubuntu no mu kubakorera ibikorwa biranga ubuntu. Mw’ishengero urimwo hoshobora kuba hariho umuntu akeneye canecane uwomufasha kwitwararika inzu yiwe n’ubusitani bwiwe, canke kumufasha mu dukorwa twa misi yose, nko kuja kugura ibintu. Vyongeye, igihe uri mu ndimiro ugahura n’umuntu akeneye uwomufasha, woba womufasha mu buryo bumwe canke ubundi?
Mu kwigana Yehova, ese mu vyo tuvuga no mu vyo dukora twokwama tuyoborwa n’“itegeko ry’ubuntu.”
^ Si ko basanzwe bitwa.