IKIGANIRO C’UKWIGA CA 24
Yehova ni ntangere mu guharira
“Wewe, ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira. Kandi ubuntu bwuzuye urukundo ugirira abakwambaza bose ni ikirenga.”—ZAB. 86:5.
URURIRIMBO RWA 42 Isengesho ry’umusavyi w’Imana
INCAMAKE *
1. Twisunze Umusiguzi 7:20, ni ukuri ukuhe Umwami Salomo yavuze?
UMWAMI Salomo yanditse ati: “[N]ta muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umus. 7:20) Emwe, ukwo ni ukuri kwuzuye! Twese turi abacumuzi. (1 Yoh. 1:8) Ku bw’ivyo, twese turakeneye kubabarirwa n’Imana be na bagenzi bacu.
2. Umuntu yiyumva gute iyo umugenzi wiwe somambike amubabariye?
2 Ushobora kuba wibuka igihe wababaza umugenzi wawe somambike. Kubera ko wipfuza gutunganya ico kintu maze mugasubira kuba abagenzi, waciye rero umusaba imbabazi bivuye ku mutima. None wumvise umerewe gute igihe yakubabarira ata gahigihigi? Wariruhukije? Nta nkeka ko wiruhukije, no kunezerwa ukanezerwa.
3. Tugiye kurimbura ibiki muri iki kiganiro?
3 Twipfuza ko Yehova atubera Umugenzi somambike kuruta abandi bose, mugabo birashika tukavuga canke tugakora ibintu bimubabaza. Naho ari ukwo, twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza kutubabarira? Ni mu buryo ubuhe imbabazi za Yehova ari ntangere uzigereranije n’izo twebwe dushobora gutanga? Vyongeye ni nde Imana ibabarira?
YEHOVA ARITEGURIYE KUDUHARIRA
4. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova yiteguriye kuduharira?
4 Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova yiteguriye kuduharira. Igihe Yehova yihishurira Musa ku Musozi Sinayi, yavuze abicishije ku mumarayika ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” (Kuv. 34:6, 7) Yehova ni Imana igwije ubuntu n’imbabazi kandi yama yiteguriye guharira abacumuzi bigaya.—Neh. 9:17; Zab. 86:15.
5. Twisunze Zaburi 103:13, 14, kuba Yehova atuzi neza bituma akora iki?
5 Kubera ko Yehova ari Umuremyi wacu, arazi ikintu cose kitwerekeye. Iyumvire nawe: Arazi akantu kose kerekeye umuntu uwo ari we wese ari kuri iyi si. (Zab. 139:15-17) Arashobora rero kubona udusembwa twose twarazwe n’abavyeyi bacu. N’ikiruta vyose, arazi ibintu vyose vyadushikiye mu buzima bigatuma tumera uko turi. None kuba Yehova atuzi neza bituma akora iki? Bica bituma atugirira imbabazi.—Zab. 78:39; soma Zaburi 103:13, 14.
6. Yehova yerekanye gute ko yipfuza cane kuduharira?
6 Yehova yarerekanye ko yipfuza cane kuduharira. Aratahura yuko twese twashikiwe n’umuvumo w’icaha n’urupfu bivuye ku vyo wa muntu wa mbere Adamu yakoze. (Rom. 5:12) Nta kintu na kimwe twari gukora ngo twikureko uwo muvumo canke ngo hagire uwundi muntu n’umwe awudukurako. (Zab. 49:7-9) Ariko rero, Imana yacu y’urukundo yaratugaragarije impuhwe maze irashiraho intunganyo ituma dukurwako uwo muvumo. None yakoze iki? Nk’uko muri Yohani 3:16 havyerekana, Yehova yararungitse Umwana wiwe w’ikinege kugira adupfire. (Mat. 20:28; Rom. 5:19) Yezu yaremeye gupfa mu gishingo cacu kugira abohore uwo ari we wese amwizera. (Heb. 2:9) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarababaye kubona Umwana wiwe akunda apfa urupfu rubabaje kandi rw’akamaramaza! Birumvikana ko Yehova atari kureka ngo Umwana wiwe apfe iyo aba atipfuza kuduharira.
7. Ni abantu bamwebamwe abahe bavugwa muri Bibiliya Yehova yahariye ata gahigihigi?
7 Bibiliya yuzuyemwo uburorero bw’abantu Yehova yahariye ata gahigihigi. (Ef. 4:32) Ni bande uca ubona? Kumbure uca ubona Umwami Manase. Uwo mugabo w’umubisha yaracumuye kuri Yehova mu buryo buteye ubwoba. Yarasenze imana z’ikinyoma yongera aremesha abandi kuzisenga. Yarishe abana biwe, abatangako ibimazi ku mana z’ikinyoma. Mbere yarashitse n’aho ashira mu rusengero rweranda rwa Yehova igishusho kibajwe c’imana y’ikinyoma. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze.” (2 Ngo. 33:2-7) Naho vyari ukwo, igihe Manase yigaya bivuye ku mutima, Yehova yaramuhariye ata gahigihigi. Mbere yaranamuretse arasubira kuba umwami. (2 Ngo. 33:12, 13) Kumbure ushobora no guca ubona Umwami Dawidi, uwacumuye ibicumuro bikomeye kuri Yehova harimwo ubusambanyi n’ubwicanyi. Ariko rero, igihe Dawidi yigaya bimwe bivuye ku mutima akemera ikosa ryiwe, na we nyene Yehova yaramuhariye. (2 Sam. 12:9, 10, 13, 14) Ego cane, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova yipfuza cane kuduharira. Kandi nk’uko tuza kubibona, ubushobozi Yehova afise bwo guharira ni ntangere ubugereranije n’ubw’abantu.
UBUSHOBOZI NTANGERE YEHOVA AFISE BWO GUHARIRA
8. Kuba Yehova ari Umucamanza ntangere bigira ico bikoze gute ku bushobozi afise bwo guharira?
8 Yehova ni “Umucamanza w’isi yose.” (Ita. 18:25) Umucamanza mwiza akwiye kuba atahura cane amategeko. Ivyo ni ko biri kuri Yehova, kubera ko ari we Mucamanza wacu, akaba ari na we adushingira amategeko. (Yes. 33:22) Nta wundi azi ikibereye n’ikitabereye nka Yehova. Ni ikindi kintu ikihe umucamanza mwiza akenera? Akwiye kuba ashoboye kumenya ibintu vyose bijanye n’urubanza imbere y’uko afata ingingo. Muri uwo muce, Yehova ni we Mucamanza abishoboye kuruta abandi bose.
9. Ni amakuru ayahe Yehova aba afise igihe afata ingingo yo guharira umuntu canke kutamuharira?
9 Mu buryo butandukanye n’abacamanza b’abantu, Yehova yama azi neza ibiba vyabaye vyose ku kintu ico ari co cose. (Ita. 18:20, 21; Zab. 90:8) We ntabona gusa ivyo abantu babona canke bumva. Aratahura bimwe bigera kure yuko ivyo umuntu akora bivana n’ukuntu ameze, ukuntu yarezwe, aho aba, be n’ukuntu amagara yiwe yifashe. Vyongeye, Yehova arabona ibiri mu mutima. Aratahura neza imvo zituma umuntu wese akora ibintu, intumbero aba afise be n’ivyipfuzo vyiwe. Nta na kimwe gishobora guhishwa Yehova. (Heb. 4:13) Yehova rero yama aharira umuntu afatiye ku bintu vyose amuziko.
10. Kubera iki twovuga ko imanza za Yehova zama zigororotse? (Gusubira mu vyagezwe 32:4)
10 Imanza za Yehova zama zigororotse. Ntagira nkunzi. Yehova ntiyigera aharira umuntu kubera asa neza, atunze, ahambaye canke afise ububangukirwe bwinshi. (1 Sam. 16:7; Yak. 2:1-4) Nta n’umwe ashobora guhata Yehova canke ngo amuhe igiturire. (2 Ngo. 19:7) Yehova ntiyigera afata ingingo abitumwe n’ishavu canke ibishobisho. (Kuv. 34:7) Mu vy’ukuri, Yehova ni Umucamanza mwiza kuruta abandi bose kubera ko atahura akantu kose katwerekeye be n’uko ivyacu vyifashe.—Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4.
11. Imbabazi za Yehova zitandukaniye he n’iz’abantu?
11 Abanditse Ivyanditswe vy’igiheburayo baratahura ko imbabazi za Yehova zidasanzwe. Igitabu kimwe kivuga yuko mu mirongo imwimwe bakoresheje ijambo ry’igiheburayo “ryerekeza gusa ku mbabazi Imana igirira uwayicumuyeko, kandi ko ritigera rikoreshwa ku mbabazi abantu bagiriranira hagati yabo.” Yehova ni we wenyene afise ububasha bwo guharira burundu umucumuzi yigaya. None iyo Yehova aduhariye bica bigenda gute?
12-13. (a) Umuntu Yehova ababariye aca amererwa gute? (b) Ivyiza biva ku kubabarirwa na Yehova bimara igihe kingana iki?
12 Iyo tuzi ko Yehova yaduhariye duca twumva ‘turuhuriwe,’ tukagira amahoro yo mu mutima be n’ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi. Abantu ntibashobora gutanga imbabazi nk’izo, kuko ari ‘Yehova wenyene’ ashoboye kuzitanga. (Ivyak. 3:19) Igihe Yehova aduhariye, aca asubira kutwemerera ko tuba abagenzi biwe, bikaba nk’aho tutigeze ducumura.
13 Yehova amaze kuduharira, ntiyigera asubira kutwagiriza ico gicumuro canke ngo akiduhanire. (Yes. 43:25; Yer. 31:34) Yehova ashira ibicumuro vyacu ‘kure nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba.’ * (Zab. 103:12) Iyo tuzirikanye ku kuntu imbabazi za Yehova ari nyinshi, biratuma tugira ugukenguruka kwinshi n’akoba. (Zab. 130:4) Ariko none ni nde Yehova aharira?
NI NDE YEHOVA AHARIRA?
14. Gushika aha, twabonye ko Yehova afatira ku biki kugira aharire umuntu canke ntamuharire?
14 Nk’uko twabibonye, Yehova ntafata ingingo yo guharira umuntu afatiye ku gicumuro yakoze, nimba ari kinini canke gitoyi. Ikindi kandi, twabonye yuko igihe Yehova afata ingingo yo guharira umuntu canke kutamuharira, akoresha ubumenyi afise kubera yuko ari Umuremyi wacu, akaba ari we adushingira amategeko, akaba n’Umucamanza wacu. None ni ibiki Yehova arimbura kugira ngo aharire umuntu?
15. Twisunze Luka 12:47, 48, kimwe mu vyo Yehova arimbura ni ikihe?
15 Kimwe mu vyo Yehova arimbura ni ukuraba nimba uwo mucumuzi yari azi yuko ivyo yariko arakora vyari bibi. Yezu yarabitomoye nk’uko tubibona muri Luka 12:47, 48. (Soma.) Umuntu ategekanya n’ibigirankana gukora ikibi kandi azi neza yuko ico ariko arakora kibabaza Yehova, aba akoze igicumuro gikomeye. Uwo muntu Yehova arashobora kutamuharira. (Mrk. 3:29; Yoh. 9:41) Ariko rero tuvugishije ukuri, rimwe na rimwe turamenya yuko ico twakoze ari kibi. Ico gihe twoba twokwitega ko Yehova aduharira? Ego cane! Ivyo bica bidushikana ku kindi kintu Yehova arimbura.
16. Ukwigaya ni iki, kandi kubera iki bihambaye nimba twipfuza ko Yehova aduharira?
16 Ikindi kintu Yehova arimbura ni ukuraba nimba uwo mucumuzi yigaya vy’ukuri. None kwigaya bisobanura iki? Kwigaya bisobanura “guhindura ivyiyumviro, inyifato canke intumbero.” Birimwo iciyumviro c’uko umuntu yumva yicujije akongera akababazwa cane n’ibintu bibi yakoze canke akababazwa no kubona atakoze ibintu vyiza yategerezwa gukora. Umuntu yigaya ntababazwa gusa n’ibibi yakoze, aranababazwa no kubona yaragize ubugoyagoye mu vy’impwemu bwatumye akora ivyo bintu bibi. Niwibuke yuko Umwami Manase na Dawidi bakoze ibicumuro bikomeye. Ariko Yehova yarabahariye kubera ko bigaye vy’ukuri. (1 Abm. 14:8) Ego cane, kugira Yehova ababarire umuntu ategerezwa kubanza kubona ibimenyamenya vy’uko yigaye. Ariko rero, kwicuza gusa ku gicumuro tuba twakoze ntibihagije. Dutegerezwa kugira n’ico dukoze. * Ivyo bidushikanye ku kindi kintu Yehova arimbura.
17. Guhindukira ni iki, kandi ni kubera iki bihambaye nimba tudashaka gusubira kugwa mu bicumuro twahozemwo? (Yesaya 55:7)
17 Ikindi kintu gihambaye Yehova arimbura, ni uguhindukira. Mu yandi majambo, umuntu ategerezwa guhindura ingendo mbi yahoramwo maze akabaho nk’uko Yehova ashaka. (Soma Yesaya 55:7.) Uwo muntu ategerezwa guhindura ivyiyumviro kugira ngo ayoborwe n’ivyiyumviro vya Yehova. (Rom. 12:2; Ef. 4:23) Ategerezwa guheba kwiyumvira nabi no gukora ibintu bibi. (Kol. 3:7-10) Ariko rero, ukuba twizera incungu ya Kristu ni co kintu nyamukuru Yehova afatirako kugira ngo atubabarire yongere atwoze igicumuro. Yehova yishimikiza iyo ncungu kugira ngo atubabarire igihe abona ko turiko turagira akigoro kavuye ku mutima ko guhindura ingendo.—1 Yoh. 1:7.
NIWIZIGIRE KO YEHOVA AZOGUHARIRA
18. Twize ibiki ku bijanye n’imbabazi za Yehova?
18 Reka turabe muri make ivyiyumviro bimwebimwe nyamukuru twabonye. Mu vy’ukuri, Yehova ni ntangere mu guharira. Uti kubera iki? Ubwa mbere, yama yiteguriye guharira. Ubwa kabiri, aratuzi neza cane. Arazi neza uko turemwe, kandi arashobora kumenya nimba twigaye vy’ukuri. Ubwa gatatu, iyo Yehova aduhariye araherezako, bikaba nk’aho ahanaguye ibicumuro vyacu. Ivyo bituma tugira ijwi ryo mu mutima ryiza kandi tukemerwa na we.
19. Naho tudatunganye kandi tukaba tubandanya gucumura, kubera iki dushobora kunezerwa?
19 Magingo tukiri abanyagasembwa, tuzobandanya gukora ibicumuro. Ariko rero, turahumurizwa n’amajambo dusanga mu gitabu Étude perspicace des Écritures, igitabu ca 2, urupapuro rwa 765, ayagira ati: “Kubera ko Yehova ari umunyembabazi kandi akaba azi ubugoyagoye bw’abasavyi biwe, ntibakwiye kwama biyagiriza ku bw’amakosa bakora bivuye ku gasembwa barazwe. (Zab. 103:8-14; 130:3) Igihe bitwararitse kuguma bagendera mu nzira z’Imana barashobora kugira umunezero. (Flp. 4:4-6; 1 Yoh. 3:19-22).” Umve nawe ingene ayo majambo aremesha!
20. Tuzorimbura ibiki mu kiganiro gikurikira?
20 Turakenguruka kubona Yehova yiteguriye kuduharira igihe twicujije vy’ukuri ku bicumuro tuba twakoze. None twokwigana gute imbabazi za Yehova? Imbabazi tugaragaza zihuriye ku ki n’imbabazi za Yehova, ariko kandi zitandukaniye ku ki? Ni kubera iki gutahura iryo tandukaniro bihambaye? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ivyo bibazo.
URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana
^ Mw’Ijambo ryiwe, Yehova aradukura amazinda yuko yiteguriye guharira abacumuzi bigaya. Ariko rero, vyoshobora gushika tukumva umenga ntitubereye imbabazi ziwe. Muri iki kiganiro, turihweza igituma dushobora kwemera tudakeka yuko Imana yacu yama yiteguriye kuduharira igihe twicujije vy’ukuri ku bicumuro tuba twakoze.
^ Raba igitabu Niwiyegereze Yehova, ikig. 26, ing. 9.
^ INSIGURO Y’AMAJAMBO: “Ukwigaya” ni uguhindura ivyiyumviro umuntu abitumwe n’ukwicuza ku ngendo mbi yahoramwo, ku bintu bibi yakoze canke ku vyo atashoboye gukora. Umuntu yigaya vy’ukuri abigaragaza mu bikorwa agahindura ingendo.