Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Ivyiza ntari niteze mu murimo wa Yehova be n’ivyo nahigiye

Ivyiza ntari niteze mu murimo wa Yehova be n’ivyo nahigiye

NKIRI umwana, mbonye indege mu kirere naca nipfuza kuzoyigiramwo ngiye mu kindi gihugu. Ariko ivyo nabona ko ari indoto.

Abavyeyi banje bavuye muri Estoniya mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose bimukira mu Budagi aho navukiye. Maze kuvuka baciye bitegurira kwimukira muri Kanada. Twashikiye mu kazu kari gasize ishwagara kabamwo n’inkoko hafi y’i Ottawa muri Kanada. Naho twari dukenye cane, buri gitondo twararonka amagi turya.

Umusi umwe Ivyabona vya Yehova barasomeye mawe icanditswe co mu Vyahishuwe 21:3, 4. Ico canditswe caramukoze cane ku mutima aca ararira. Mawe na dawe barabandanije gutera imbere bidatevye barabatizwa.

Naho abavyeyi banje batari bazi neza icongereza, ukuri baragufatanye uburemere. Akenshi ku musi wa gatandatu, twe na mutoyi wanje Sylvia, dawe yaradutwara mu ndimiro, n’igihe yaba yaraye arakora ijoro mw’ihinguriro rya nikele, ryari i Sudbury muri Ontario. Vyongeye, buri ndwi twarigira hamwe Umunara w’Inderetsi uko tugize umuryango. Mawe na dawe baranyigishije gukunda Imana. Ivyo vyatumye niyegurira Yehova mu 1956 mfise imyaka cumi. Urukundo rukomeye bakunda cane Yehova rwarankomeje mu buzima bwanje bwose.

Mpejeje amashure yisumbuye, hari ukuntu nasamaye. Nibaza ko mbaye umutsimvyi, ntokwigeze ndonka amahera yo kurangura wa mugambi wanje wo kwurira indege nkaja gutembera mu bindi bihugu. Nararonse akazi ko gukora mu buhinga bw’ivyuma kw’iradiyo imwe yo mu karere iwacu, kakaba ari akazi nakunda. Ariko kubera ko nakora mw’ijoro, akenshi narasiba amakoraniro nkifatanya n’abantu badasenga Yehova. Amaherezo ijwi ryanje ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ryaratumye ngira ivyo mpinduye.

Nahavuye nimukira i Oshawa muri Ontario. Ngezeyo narabonanye na Ray Norman, mushikiwe Lesli be n’abandi batsimvyi. Bose baranyakiriye neza. Mbonye ingene bari bahimbawe, vyaratumye nsubira gusuzuma imigambi yanje. Barandemesheje gukora ubutsimvyi, nca ndabutangura muri Nyakanga 1966. Narahimbawe kandi nasa n’uwubayeho neza. Ariko rero hari ibintu ntari niteze vyohinduye ubuzima bwanje.

IGIHE YEHOVA AGUSAVYE GUKORA IKINTU, NUKIGERAGEZE

Nkiri mu mashure yisumbuye, narujuje urukaratasi rwo gusaba gukorera kuri Beteli i Toronto muri Kanada. Maze kuba umutsimvyi naratumiwe gukorerayo imyaka ine. Ariko kubera nakunda cane Lesli, naratinya ko nemeye ubwo butumire tutosubiye kubonana. Maze gusenga cane, nahavuye nemera ubwo butumire maze ndasezera Lesli mbabaye cane.

Kuri Beteli nakoreye mw’imesuriro, mu nyuma na ho mba umunyamabanga. Muri ico gihe Lesli na we yaciye agenwa kuba umutsimvyi adasanzwe i Gatineau muri Kebeke. Narakunda kwibaza ivyo yaba ariko arakora, nkibaza kandi nimba nari nafashe ingingo nziza. Ico gihe naciye nshikirwa n’ikintu kimwe mu bintu vyampimbaye cane mu buzima. Nagiye mbona umwe Ray musaza wa Lesli ansanga kuri Beteli. Twaciye tuba mu cumba kimwe! Ivyo vyatumye ubugenzi nari mfitaniye na Lesli buvyuka. Twagize ubugeni ku musi urangiza ya myaka ine nari nahawe, hakaba hari ku wa 27 Ruhuhuma 1971.

Dutangura igikorwa co kugendera amashengero mu 1975

Twe na Lesli twaciye turungikwa mw’ishengero rimwe ryo muri Kebeke ryakoresha igifaransa. Haciye imyaka mikeyi, naratangaye bantumiye kuba umucungezi w’umuzunguruko mfise imyaka 28 gusa. Nabona ko nkiri muto kandi ko ntobishoboye, ariko amajambo yo muri Yeremiya 1:7, 8 yarandemesheje. Yamara rero Lesli yari amaze kugira isanganya ry’imodoka akatari gake kandi yari afise ingorane yo gusinzira. Twabona ko atoshoboye igikorwa co mu muzunguruko. Naho ari ukwo, Lesli yavuze ati: “Yehova adusavye gukora ikintu, dukwiye kukigerageza.” Twaciye twemera ako gateka kandi twamaze imyaka 17 dukorera mu muzunguruko.

Kubera ko nakora ibikorwa vyinshi mu muzunguruko, sinama ndonka umwanya ukwiye wo kwitwararika Lesli. Ivyo vyaratumye niga ikindi cigwa. Umusi umwe hakaba hari ku wa mbere mu gitondo, twagiye twumva agakengeri ko ku muryango kavuze. Tugiye kuraba, nta n’umwe twahasanze atari ikapo yarimwo igitambara co ku meza, ivyamwa, iforomaji, imikate, icupa ry’umuvinyu, ibirahuri n’agapapuro kanditseko ngo “Twara umugore wawe kwisamaza.” Uwo musi hasa neza akazuba kaka. Ariko narasiguriye Lesli ko bitari gukunda ko tugenda kubera ko nari mfise insiguro ntegura. Naho yabitahuye yarababaye gatoyi. Ariko rero nicaye ku meza ngo ntegure, ijwi ryo mu mutima ryarambujije amahoro. Naciye nzirikana ku bivugwa mu Banyefeso 5:25, 28. Yehova yoba yariko andemesha kwitwararika ingene umugore wanje yiyumva? Mpejeje gusenga naciye mbwira Lesli nti “Tugende,” na we aca araryoherwa cane. Twaciye twurira umuduga tuja mu kibanza ciza cari hafi y’uruzi, turasasa igitambara, turiryohera maze uwo musi utubera umwe mu misi y’intibagirwa mu buzima bwacu. Ivyo ntivyabujije ko na za nsiguro ndazitegura.

Kubera ko umuzunguruko twakoreramwo wava muri Kolombiya y’Abongereza ugashika mw’izinga rya Terre-Neuve, twari dufise ibikorwa vyinshi dukora ariko biteye umunezero. Ca cipfuzo canje co kugira ingendo cariko kiraranguka. Nari nariyumviriye ivyo kuja mw’Ishure rya Gileyadi ariko sinipfuza kuba umumisiyonari mu kindi gihugu. Nabona abamisiyonari ko ari abantu badasanzwe. Uretse n’ivyo naratinya ko boturungika mu gihugu co muri Afrika kirimwo indwara n’intambara. Nashima kwigumira aho nari ndi.

NSABWA KUJA GUKORERA MURI ESTONIYA NO MU BIHUGU BIBANYI NTARI NDAVYITEZE

Tugira ingendo mu bihugu vyo hafi y’ikiyaga Balitike

Mu 1992 igihe igikorwa c’Ivyabona casubira kwemerwa mu bihugu bimwebimwe vyahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, barambajije nimba twoshima kuja kuba abamisiyonari muri Estoniya. Naho twatangaye cane, twaciye tubishira mw’isengesho. Twaciye dusubira kwiyumvira duti: ‘Yehova adusavye gukora ikintu, dukwiye kukigerageza.’ Twaravyemeye nca nibwira nti: ‘Kazima tutagiye muri Afrika.’

Twaciye dutangura kwiga ikinyestoniya. Tumazeyo amezi makeyi, twaciye dusabwa gukorera mu muzunguruko. Twari kugendera amashengero nka 46 be n’imigwi vyo muri Estoniya, Letoniya, Lituwaniya na Kaliningrad mu Burusiya. Ivyo vyasaba ko tugerageza no kwiga ururimi rwo muri Letoniya, Lituwaniya n’ikirusiya. Ntivyari vyoroshe. Ariko abagenzi barakorwa ku mutima n’akigoro twagira maze bakadufasha. Mu 1999 muri Estoniya harashinzwe ibiro vy’ishami, nca nsabwa gukorera muri Komite y’ishami ndi kumwe na Toomas Edur, Lembit Reile na Tommi Kauko.

Ibubamfu: Nshikiriza insiguro kw’ihwaniro ryabereye i Letoniya

Iburyo: Komite y’ishami muri Estoniya, yashinzwe mu 1999

Twaramenyanye n’Ivyabona vya Yehova benshi bari barangarijwe muri Siberiya. Naho bari baratandukanijwe n’imiryango yabo bakongera bagafatwa nabi mu mabohero, ntibigeze bagira umujinya. Bagumanye umunezero n’umwete mu ndimiro. Ako karorero kabo karatweretse ko dushobora kuguma twihangana no kugumana umunezero mu bihe bitoroshe.

Kubera ko twamaze imyaka myinshi dukora cane kandi tutaruhuka, Lesli yaciye atangura kugira uburuhe burenze. Ntitwashotse tumenya ko ico cari ikimenyetso c’indwara bita fibromylogie. Twaciye tuzirikana cane ku vyo gusubira muri Kanada. Igihe twatumirwa i Patterson mw’ishure ry’abagize komite y’ishami, sinabona ko tworyitavye. Ariko rero tumaze gusenga cane, twaremeye kuryitaba. Yehova yarahezagiye iyo ngingo, kuko igihe twari kuri iryo shure, Lesli yaciye aronka akaryo ko kwivuza arakira. Vyaciye bituma dusubira ku bikorwa vyacu nk’uko bisanzwe.

TURUNGIKWA KU WUNDI MUGABANE W’ISI TUTARI TUVYITEZE

Mu 2008, umusi umwe ku mugoroba tukiri aho nyene muri Estoniya, ku cicaro gikuru baranterefonye bambaza nimba twoshima kuja gukorera muri Kongo. Narakubiswe n’inkuba, canecane ko twasabwa gutanga inyishu bukeye. Sinashotse ndabibwira Lesli kubera ko nari nzi yuko atari gutora agatiro. Ni jewe nyabuna ntatoye agatiro muri iryo joro, nsenga ku bijanye n’ico kintu cari kimpagaritse umutima co kuja gukorera muri Afrika.

Bukeye ndabibwiye Lesli, twaciye tuzirikana duti: “Yehova ariko adusaba kuja muri Afrika. Twomenya gute ko tutobishobora tutagerageje?” Inyuma rero y’imyaka 16 twari tumaze muri Estoniya, twaciye dufata indege itujana muri Kongo. Ku biro vy’ishami hasa neza cane kandi hari hatekanye. Ikintu ca mbere Lesli yashize mu cumba cacu kari agakarata twagendana kuva muri Kanada. Kari kanditseko ngo “Nezererwa aho uri hose.” Tumaze kubonana n’abavukanyi, tukayobora inyigisho za Bibiliya, tukibonera n’ibindi vyiza vyo kuba abamisiyonari, umunezero wacu wariyongereye. Haciye igihe, twaratewe agateka ko kugendera ayandi mashami 13 yo mu bindi bihugu vya Afrika. Ivyo vyatumye tubona ubwiza bw’abantu baho n’ubutandukane bwabo. Bwa bwoba sinamenye iyo bwaciye kandi narashimiye Yehova kubona yaraturungitse muri Afrika.

Muri Kongo twarariye ibifungurwa twibaza ko tutoshoboye, ushizemwo n’udukoko. Ariko igihe twabona abavukanyi bariko barabifungura natwe twaragerageje kandi vyaraturyoheye.

Twarashiriye imfashanyo abavukanyi bo mu buseruko bw’ico gihugu twongera turabaremesha kuko imigwi yitwaje ibirwanisho yama yateye ibigwati vyaho, ikagirira nabi abagore n’abana. Abavukanyi benshi bari bakenye. Ariko rero twarakorwa ku mutima n’ingene bari bafise icizigiro c’izuka, ingene bakunda Yehova n’ingene bari intahemuka kw’ishirahamwe ryiwe. Akarorero kabo karatumye dusubira kwisuzuma kongera karakomeza ukwizera kwacu. Bamwebamwe muri bo bari barateshejwe izabo n’imirima yabo. Ivyo vyaranyibukije ko ibintu vy’umubiri bishobora kuzimangana mu kanya isase be n’uko ubucuti dufitaniye na Yehova ari co kintu gihambaye kuruta. Naho abo bavukanyi bari mu vyago bikomeye, bidoga buhoro. Ako gatima bari bafise karaturemesheje kwihanganira ingorane zacu be n’ibibazo vy’amagara.

Ibubamfu: Ndiko ndashikiriza insiguro impunzi

Iburyo: Dutwara imfashanyo n’imiti mu karere ka Dungu, muri Kongo

TURUNGIKWA MURI AZIYA

Haciye haba ikindi kintu tutari twiteze. Twasabwe kuja gukorera kw’ishami ryo muri Hong Kong. Ntitwari bwigere twiyumvira ko twohonyoje ikirenge muri Aziya. Ariko rero, twaremeye kujayo kubera twari tumaze kwibonera ukuboko kwa Yehova mu bindi bikorwa vyose twagiye turashingwa. Mu 2013, twarakoroye amosozi igihe twatandukana n’abagenzi bacu twikundira bo muri Afrika be n’ivyiza vyaho, tukagenda tutazi ivyohavuye bidushikira.

Kuba muri Hong Kong ryari ihinduka rikomeye, kuko igisagara caho cari cuzuye uruja n’uruza n’abantu bo mu mihingo itandukanye yo kw’isi. No kwiga igishinwa vyari bigoye. Ariko rero, abavukanyi baratwakiranye igishika kandi n’ibifungurwa vyaho vyaraturyoheye. Kubera ko igikorwa cacu cariko kiratera imbere cihuta, ibiciro vy’amatongo na vyo bikaba vyari hejuru cane, Inama Nyobozi yaciye ifata ingingo ibereye yo kugurisha inyubakwa zimwezimwe z’ibiro ry’ishami. Gatoyi inyuma y’aho mu 2015, twarimukiye gukorera muri Koreya y’Epfo akaba ari ho tukiri gushika n’ubu. Naho impinga ikiri ndende mu bijanye no kwiga ururimi rwaho, abavukanyi bacu baradutera intege ko turiko turarumenya.

Ibubamfu: Igihe twari muri Hong Kong

Iburyo: Ishami ryo muri Koreya

IVYIGWA TWIGIYE MU MURIMO WA YEHOVA

Naho kuronka abagenzi bitama vyoroshe, twariboneye ko kugaragariza abandi ubwakiranyi bituma tunyaruka kumenyana na bo. Twariboneye ko abavukanyi bacu bo hirya no hino kw’isi hari ukuntu bimereye kumwe be n’uko Yehova yaturemanye ubushobozi butangaje bwo kwugurura umutima wacu tukagiranira ubugenzi n’abantu benshi cane.​—2 Kor. 6:11.

Twarabonye ko dukwiye kwigana Yehova mu kwemera abantu uko bari kwose tukongera tukitaho ibimenyamenya bitwereka ko Yehova adukunda kandi ko ariko aratuyobora. Igihe twaba ducitse intege canke tukibaza ko abandi boba badukunda, twaca dusubira gusoma udukete turemesha abavukanyi na bashiki bacu batwandikiye. Twariboneye ingene vy’ukuri Yehova yishura amasengesho yacu akadukura amazinda ko adukunda akongera akadukomeza.

Uko imyaka yagiye irarengana, twe na Lesli twarize ko kumarana umwanya bihambaye naho twoba dufise ibikorwa vyinshi gute. Twaratahuye ko kwitwenga na vyo nyene bihambaye igihe dukoze amakosa, canecane iyo turiko turiga ururimi rushasha. Vyongeye, buri musi ku mugoroba turagerageza kwiyumvira ikintu ciza Yehova yadukoreye cotuma tumukengurukira.

Ntabeshe, sinigeze nibaza ko noshoboye kuba umumisiyonari canke kuba mu bindi bihugu. Naho ari ukwo, narahimbawe no kubona ko ibintu vyose bishoboka tubifashijwemwo na Yehova. Aha nca mbona ya majambo yavugwa n’umuhanuzi Yeremiya, agira ati: “Ewe Yehova, warampenze ndahendeka.” (Yer. 20:7) Ego cane, yaraturonkeje ivyiza vyinshi tutari twiteze be n’imihezagiro myinshi irengeye ukwiyumvira, aranashitsa na ca cipfuzo canje co kugendera mu ndege. Tumaze kugenda n’indege mu mihingo myinshi cane kuruta iyo niyumvira nkiri umwana, tugendeye amashami atandukanye ku migabane itanu y’isi. Mu mirimo yose twagiye turashingwa, ndakengurukira cane Lesli kubona ingene yanshigikiye akongera akitanga.

Turagerageza kuguma twibuka ko ivyo dukora vyose tubikora kubera dukunda Yehova. Imihezagiro twinovora muri iki gihe ni imponjo gusa y’iyo tuzokwironkera ibihe bidahera, igihe Yehova ‘azopfumbaturura igipfunsi ciwe agahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.’​—Zab. 145:16.