Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 27

Kubera iki dukwiye gutinya Yehova?

Kubera iki dukwiye gutinya Yehova?

“Abatinya Yehova ni bo bamubera abagenzi somambike.”​—ZAB. 25:14.

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu

INCAMAKE a

1-2. Twisunze Zaburi 25:14, dutegerezwa gukora iki nimba twipfuza kugiranira ubugenzi somambike na Yehova?

 WIBAZA ko ari ibiki vyofasha abantu kuguma bafitaniye ubugenzi somambike? Nta nkeka ko wovuga ko abagenzi beza bakwiye gukundana no gufashanya. Hari aho utoshoka wiyumvira ko ugutinya ari ikintu gihambaye gifasha abantu kugiranira ubugenzi. Ariko rero, nk’uko icanditswe c’ishimikiro kivyerekana, abipfuza kugiranira ubugenzi somambike na Yehova bategerezwa ‘kumutinya.’​—Soma Zaburi 25:14.

2 Twaba tumaze igihe kirekire canke gito dukorera Yehova, twese turakeneye kumutinya mu buryo bubereye. None gutinya Imana bisobanura iki? Twokwiga gute gutinya Yehova? Vyongeye, ku bijanye no gutinya Imana, twigira iki kuri Obadiya uwari ajejwe urugo rw’umwami, Umuherezi Mukuru Yehoyada, no ku Mwami Yehowasi?

GUTINYA IMANA BISOBANURA IKI?

3. Sigura ingene gutinya bishobora kudukingira.

3 Turashobora kugira ubwoba igihe tuzi ko hari ikintu kibi gishobora kudushikira. Ivyo ni vyiza kuko bishobora gutuma dufata ingingo zo kwikingira. Igihe turi ahantu hahanamye, ubwoba buratuma tutagendera ku mubari kugira ngo ntitugwe. Gutinya kugirirwa nabi birashobora gutuma twirinda ibintu biteye akaga. Gutinya kwonona ubugenzi dufitaniye n’uwo dukunda, biratuma twirinda kuvuga canke gukora ikintu kimubabaza.

4. Shetani yipfuza ko abantu batinya Yehova gute?

4 Shetani yipfuza ko abantu batinya Yehova mu buryo butabereye. Yipfuza ko twemera ivyavuzwe na Elifazi yuko Yehova ari Imana yihora, ikaza ishavu kandi ko tudashobora kuyishimisha. (Yobu 4:18, 19) Shetani yipfuza ko dutinya Yehova cane ku buryo duca duhagarika kumukorera. Kugira ngo ntitugwe muri uwo mutego, dukwiye gutinya Imana mu buryo bubereye.

5. Gutinya Imana bisobanura iki?

5 Umuntu atinya Imana mu buryo bubereye, arayikunda akongera akirinda gukora ikintu cokwonona ubucuti afitaniye na yo. Yezu “yatinya Imana” muri ubwo buryo. (Heb. 5:7) Ukwo gutinya Yehova ntikwari ukuranduka umutima. (Yes. 11:2, 3) Ahubwo yaramukunda cane kandi akipfuza kumugamburukira. (Yoh. 14:21, 31) Cokimwe na Yezu, turubaha cane Yehova kubera ko afise urukundo, ubukerebutsi, ubutungane n’ububasha. Vyongeye, turazi ko Yehova adukunda cane be n’uko ukuntu twakira ubuyobozi aturonsa bigira ico bivuze kuri we. Turashobora gutuma anezerwa canke ababara.​—Zab. 78:41; Imig. 27:11.

TURASHOBORA KWIGA GUTINYA IMANA

6. Uburyo bumwe bwodufasha kwiga gutinya Imana ni ubuhe? (Zaburi 34:11)

6 Gutinya Yehova si ikintu mvukanwa, ahubwo ni ikintu twiga. (Soma Zaburi 34:11.) Uburyo bumwe dushobora kubigira ni ukwihweza ivyaremwe. Uko twihweza “ibintu [Imana] yaremye” maze tukabibonamwo ubukerebutsi bwayo, ububasha bwayo be n’ukuntu idukunda cane, ni ko turushiriza kuyubaha no kuyikunda. (Rom. 1:20) Mushiki wacu umwe yitwa Adrienne yavuze ati: “Iyo mbonye ubukerebutsi bwa Yehova bwigaragaza mu vyo yaremye, ndumirwa ngaca ntahura ko ari we azi icombera ciza kuruta.” Ukwo kuzirikana kwatumye ashika kuri iki ciyumviro, ati: “Nokwubahuka gute gukora ikintu cokwonona ubucuti mfitaniye na Yehova, we Soko ry’ubuzima bwanje?” Ubona gute nawe muri iyi ndwi ufashe akanya ukazirikana ku bintu kanaka Yehova yaremye? Ivyo bizotuma urushiriza kwubaha Yehova no kumukunda.​—Zab. 111:2, 3.

7. Gusenga bidufasha gute kwiga gutinya Yehova mu buryo bubereye?

7 Ikindi kintu codufasha kwiga gutinya Imana, ni ukwama dusenga. Uko turushiriza gusenga ni ko turushiriza kubona ko Yehova abaho koko. Igihe cose tumusavye inkomezi zo kwihanganira ikigeragezo, bica bitwibutsa ko afise ububasha buhebuje. Igihe tumukengurukiye kubera yaraduhaye Umwana wiwe, bica bitwibutsa ko Yehova adukunda cane. Igihe na ho tumwinginga ngo adufashe mu ngorane, bica bitwibutsa ko afise ubukerebutsi ntangere. Amasengesho nk’ayo aratuma turushiriza kumwubaha. Vyongeye, ayo masengesho aratuma turushiriza kwiyemeza kudakora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti dufitaniye na we.

8. Ni igiki codufasha kuguma dutinya Imana?

8 Kwiga Bibiliya dufise intumbero yo kugira ico twigiye ku burorero bwiza no ku burorero bubi bw’abavugwa muri yo, birashobora kudufasha kuguma dutinya Imana. Reka tubanze turabe abasavyi ba Yehova babiri b’abizigirwa batubereye akarorero keza, ari bo Obadiya uwari ajejwe urugo rw’Umwami Ahabu, be n’Umuherezi Mukuru Yehoyada. Mu nyuma turaraba ivyo twokwigira kuri Yehowasi umwami w’i Buyuda, uwatanguye neza ariko mu nyuma agatera akagere Yehova.

NUGIRE UMUTIMA RUGABO NKA OBADIYA

9. Gutinya Yehova vyafashije gute Obadiya? (1 Abami 18:3, 12)

9 Ahantu ha mbere Bibiliya ivuga ivyerekeye Obadiya b hamudondora hati: “Obadiya yaratinya cane Yehova.” (Soma 1 Abami 18:3, 12.) None kuba Obadiya yaratinya Yehova vyamufashije gute? Kimwe coco, vyaratumye aba inziraburyarya be n’umwizigirwa ku buryo vyatumye umwami amuzeza kugaba ikirimba ciwe. (Gereranya na Nehemiya 7:2.) Ugutinya Imana kwaratumye kandi Obadiya agira umutima rugabo udasanzwe, iyo ikaba yari kamere yari akeneye koko. Yabayeho ku ngoma y’Umwami mubi Ahabu, [“uwa]koze ivyo Yehova abona ko ari bibi arusha ababayeho imbere yiwe bose.” (1 Abm. 16:30) Vyongeye, wa mugore wa Ahabu yitwa Yezebeli yasenga Bayali, yaranka Yehova cane ku buryo yagerageje kuzimanganya ugusenga kw’ukuri muri bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko. Yarishe mbere abahanuzi benshi b’Imana. (1 Abm. 18:4) Uca wumva ko Obadiya yakoreye Yehova mu gihe kitari coroshe.

10. Obadiya yagaragaje gute umutima rugabo udasanzwe?

10 None Obadiya yagaragaje gute umutima rugabo udasanzwe? Igihe Yezebeli yatangura guhiga abahanuzi b’Imana kugira ngo abice, Obadiya yaragize umutima rugabo afata 100 muri bo maze abanyegeza mu masenga, abanyegeza “mu migwi y’abantu 50, [akaza arabaronsa] umukate n’amazi.” (1 Abm. 18:13, 14) Iyo bimenyekana, nta nkeka ko Obadiya yari kuhasiga agatwe. Ego ni ko, Obadiya ashobora kuba yaragize ubwoba, kandi ntiyipfuza gupfa. Ariko rero yarakunda Yehova be n’abo basavyi biwe kuruta ubuzima bwiwe.

Mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, umuvukanyi umwe ashiriye bagenziwe ibifungurwa vy’impwemu abigiranye umutima rugabo (Raba ingingo ya 11) c

11. Ni gute abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bameze nka Obadiya? (Raba n’ishusho.)

11 Muri iki gihe abasavyi ba Yehova benshi baba mu bihugu aho igikorwa cacu kibujijwe. Ariko cokimwe na Obadiya, abo bavukanyi na bashiki bacu twikundira, ntibareka gusenga Yehova naho baguma bubaha abategetsi. (Mat. 22:21) Baragaragaza ko batinya Imana mu kuyigamburukira aho kugamburukira abantu. (Ivyak. 5:29) Ivyo babigira mu kuguma bamamaza inkuru nziza no mu kuguma bagira amakoraniro mu kinyegero. (Mat. 10:16, 28) Baritwararika ko abo basangiye ukwemera baronka ibifungurwa vy’impwemu baba bakeneye. Zirikana akarorero ka Henri aba mu gihugu kimwe co muri Afrika aho igikorwa cacu camaze igihe kibujijwe. Igihe igikorwa cacu cari kibujijwe, Henri yaritanze arashira ibifungurwa vy’impwemu abo bari basangiye ukwemera. Yanditse ati: “Nsanzwe ndi umunyamasoni. Novuga rero ko kwubaha Yehova bigera kure ari vyo vyatumye ngira umutima rugabo nari nkeneye.” Woba nawe ufise umutima rugabo nk’uwo Henri yari afise? Niwiga gutinya Imana, urashobora kuwugira.

NUBE INTAHEMUKA NKA WA MUHEREZI MUKURU YEHOYADA

12. Umuherezi Mukuru Yehoyada be n’umugore wiwe berekanye gute ko vy’ukuri bari intahemuka kuri Yehova?

12 Umuherezi Mukuru Yehoyada yaratinya Yehova, kandi ivyo vyatumye aba intahemuka yongera araremesha abandi kumusenga. Ivyo vyaragaragaye igihe Ataliya umukobwa wa Yezebeli yatangura kuganza Ubuyuda bidaciye mu mategeko. Abantu bari bafise imvo yumvikana yo gutinya Ataliya. Yari ruburakigongwe akongera agahahamira cane ubutegetsi ku buryo yagerageje guhonya abo mu nda y’ingoma bose, ni ukuvuga abuzukuru biwe bwite! (2 Ngo. 22:10, 11) Umwe muri abo bana ari we Yehowasi, yararokotse kubera ko Yehoshabeyati umugore wa Yehoyada yamunyegeje. We n’umugabo wiwe baranyegeje uwo mwana baramwitwararika. Gutyo Yehoyada na Yehoshabeyati baratumye abami bakomoka mu muryango wa Dawidi badahona. Yehoyada yagumye ari intahemuka kuri Yehova kandi ntiyatinya Ataliya.​—Imig. 29:25.

13. Igihe Yehowasi yari afise imyaka indwi, Yehoyada yasubiye kwerekana gute ko ari intahemuka?

13 Igihe Yehowasi yari afise imyaka indwi, Yehoyada yarasubiye kwerekana ko yari intahemuka kuri Yehova. Yehoyada yarateguye umugambi, kandi uramutse ugenze neza vyotumye Yehowasi aba umwami abifitiye uburenganzira wo mu muryango wa Dawidi. Ariko rero uwo mugambi utagenze neza, Yehoyada yohatswe kuhasiga ubuzima. Mugabo Yehova yarahezagiye uwo mugambi uragenda neza. Yehoyada abifashijwemwo n’abakuru be n’Abalewi, yarimitse Yehowasi aba umwami, Ataliya na we aramwicisha. (2 Ngo. 23:1-5, 11, 12, 15; 24:1) Biciye kuri Yehoyada, haciye “hagirwa isezerano hagati ya Yehova, umwami n’abantu. Basezerana ko bazoguma ari abantu ba Yehova.” (2 Abm. 11:17) Yehoyada “[yarashizeho] n’abarinzi b’amarembo ku marembo y’inzu ya Yehova, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe ahumanye mu buryo na bumwe yinjira.”​—2 Ngo. 23:19.

14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehoyada yatewe iteka kubera yateye iteka Yehova?

14 Imbere y’aho Yehova yari yavuze ati: “Abantera iteka [ni] bo nzotera iteka.” Nkako, yarariteye Yehoyada. (1 Sam. 2:30) Nk’akarorero, Yehova yarandikishije ibikorwa vyiza vy’uwo muherezi mukuru kugira ngo bitwigishe. (Rom. 15:4) Igihe na ho Yehoyada yapfa, yaratewe iteka ridasanzwe ryo guhambwa “mu gisagara ca Dawidi aho bahamba abami, kubera ivyiza yakoze muri Isirayeli bijanye n’Imana y’ukuri n’inzu yayo.”​—2 Ngo. 24:15, 16.

Nka kumwe kw’Umuherezi Mukuru Yehoyada, ugutinya Imana kurashobora gutuma twama dufasha abavukanyi bacu (Raba ingingo ya 15) d

15. Ni ibiki twigira ku nkuru ya Yehoyada? (Raba n’ishusho.)

15 Iyo nkuru yerekeye Yehoyada irashobora kudufasha twese gutsimbataza ugutinya Imana. Abakurambere barashobora kwigana Yehoyada mu kuguma barikanuye kugira ngo bakingire neza ubusho bw’Imana. (Ivyak. 20:28) Abitereye mu myaka barigira kuri Yehoyada yuko igihe batinya Yehova kandi bakaguma bari intahemuka kuri we, ashobora kubakoresha mu gushitsa umugambi wiwe. Yehova ntabakumira. Abakiri bato na bo barashobora gukura icigwa ku kuntu yafashe Yehoyada maze bakamwigana mu gutera iteka abageze mu zabukuru no mu kububaha, na canecane abamaze igihe kirekire bamukorera ari abizigirwa. (Imig. 16:31) Vyongeye, twese turashobora gukura icigwa kuri ba bakuru no kuri ba Balewi bashigikira Yehoyada. Nimuze twame dushigikira “aba[tu]ja imbere” mu kubagamburukira.​—Heb. 13:17.

NTUMERE NK’UMWAMI YEHOWASI

16. Ni igiki cerekana ko Umwami Yehowasi atari ashikamye?

16 Umwami Yehowasi yarafashijwe cane na Yehoyada. (2 Abm. 12:2) Ivyo vyatumye uwo mwami akiri muto yipfuza guhimbara Yehova. Ariko Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yarumvirije abaganwa b’ibihemu. None vyavuyemwo iki? We n’abatwarwa biwe baciye “batangura gusenga ibigirwamana n’inkingi nyeranda z’ibiti.” (2 Ngo. 24:4, 17, 18) Naho Yehova vyamubabaje cane, “yagu[mye] abarungikira abahanuzi kugira ngo babagarukane kuri we . . . , mugabo ntibumve.” Ntibumvirije mbere na Zakariya mwene Yehoyada. Zakariya ntiyari gusa umuhanuzi wa Yehova be n’umuherezi, ariko kandi yari muvyara wa Yehowasi. Naho umuryango wa Zakariya wari warafashije cane Umwami Yehowasi, nticabujije ko uwo mwami yicisha Zakariya.​—2 Ngo. 22:11; 24:19-22.

17. Ibintu vyahavuye bigendera gute Yehowasi?

17 Kubera ko Yehowasi atari agitinya Yehova, ibintu vyahavuye bimugendera nabi. Yehova yari yavuze ati: “Abansuzugura nzobasuzugura.” (1 Sam. 2:30) Mu nyuma, ingabo z’Abasiriya ziri ku rushi zaranesheje “ingabo nyinshi cane” za Yehowasi, na we ‘ziramukomeretsa cane.’ Abasiriya bamaze kugenda, abasuku biwe bwite baciye bamwica, bamuhora ko yari yarishe Zakariya. Uwo mwami yarabaye mubi ku buryo atatewe n’iteka ryo guhambwa “aho bahamba abami.”​—2 Ngo. 24:23-25.

18. Twisunze Yeremiya 17:7, 8, twokwirinda gute kumera nka Yehowasi?

18 None akarorero ka Yehowasi katwigisha iki? Yari ameze nk’igiti c’imizi idashika kure bashigikiza inkingi. Yehoyada ni we twogereranya n’inkingi yari imushigikiye. Igihe Yehoyada atari akiriho maze hakaduka ubuhuni, Yehowasi yaciye agwa. Ako karorero karatwereka neza ko tudakwiye gutinya Imana bivuye gusa ku kosho keza k’abo dusangiye ukwemera, ushizemwo n’abo mu muryango wacu. Kugira ngo tugume dufise ukwizera gukomeye, dutegerezwa kurushiriza kwiyegereza Imana ubwacu no kuyitinya, mu kwama twiyigisha, tuzirikana twongera dusenga.​—Soma Yeremiya 17:7, 8; Kol. 2:6, 7.

19. Yehova adusaba iki?

19 Mu vy’ukuri, Yehova nta bintu vyinshi adusaba. Ivyo adusaba biravugwa mu Musiguzi 12:13, ahagira hati: “Tinya Imana y’ukuri kandi wubahirize amabwirizwa yayo, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu.” Nitwatinya Imana, tuzoguma dushikamye nka Obadiya na Yehoyada naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Nta na kimwe kizoshobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

a Muri Bibiliya, ijambo “ugutinya” rifise insobanuro yagutse. Bivanye n’ibiriko biravugwa, rirashobora gusigura kugira ubwoba canke ukwubaha. Iki kiganiro kiraza kudufasha gutsimbataza ugutinya kwotuma tugira umutima rugabo be n’ukudahemuka mu gikorwa turangurira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.

b Uwo Obadiya aratandukanye na wa muhanuzi Obadiya yandika igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe, kuko wewe yabayeho imyaka amajana inyuma y’aho.

c INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ibintu vyakinywe: Umuvukanyi ashiriye bagenziwe ibifungurwa vy’impwemu naho baba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe.

d INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu akiri muto ariko arigira kuri mushiki wacu ahumuye kwamamaza biciye kuri telefone; umuvukanyi ahumuye ariko atanga akarorero keza mu kwamamaza ku mugaragaro abigiranye umutima rugabo; umuvukanyi azi utuntu n’utundi ariko aramenyereza abandi ku bijanye no kubungabunga Ingoro y’Ubwami.