Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 26

Nugume witeguriye umusi wa Yehova

Nugume witeguriye umusi wa Yehova

“Umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro.”​—1 TES. 5:2.

URURIRIMBO RWA 143 Guma ku kivi, uri maso, urindiriye

INCAMAKE a

1. Dukwiye gukora iki kugira ngo tuzorokoke umusi wa Yehova?

 IYO Bibiliya ivuze ngo “umusi wa Yehova,” iba ishaka kuvuga igihe Yehova azohonya abansi biwe, abasavyi biwe na bo akabarokora. Muri kahise, Yehova yarahanye amahanga amwamwe y’abansi biwe. (Yes. 13:1, 6; Ezk. 13:5; Zef. 1:8) Muri iki gihe, “umusi wa Yehova” uzotangurana n’igitero amahanga azogaba kuri Babiloni Akomeye hanyuma usozerwe n’intambara ya Harumagedoni. Kugira ngo tuzorokoke uwo “musi,” turakwiye kuvyitegurira ubu. Yezu ntiyavuze gusa ko dukwiye kwitegurira “amakuba akomeye,” yavuze kandi ko dukwiye ‘kuguma tuyiteguriye.’​—Mat. 24:21; Luka 2:40.

2. Ni kubera iki ibivugwa mu 1 Abatesalonika bidufitiye akamaro?

2 Mw’ikete rya mbere intumwa Pawulo yandikiye Abatesalonika ahumekewe n’Imana, yarakoresheje ibigereranyo bitandukanye kugira ngo afashe abo bakirisu kuguma biteguriye umusi uhambaye wa Yehova aho yoshikije urubanza. Pawulo yari azi ko umusi wa Yehova utociye uza ico gihe nyene. (2 Tes. 2:1-3) Naho ari ukwo, yahimirije abavukanyi biwe kwitegurira uwo musi nk’aho woje bukeye, kandi ivyo nyene ni vyo natwe dukwiye kugira. Nimuze turabe insobanuro yatanze ku bijanye: (1) n’ingene umusi wa Yehova woje, (2) abatorokotse uwo musi, (3) ingene twokwitegurira kuwurokoka.

UMUSI WA YEHOVA UZOZA GUTE?

Mw’ikete rya 1 Abatesalonika intumwa Pawulo yarakoresheje ibigereranyo bishobora kudufasha (Raba ingingo ya 3)

3. Ni mu buryo ki umusi wa Yehova uzoza nk’igisuma mw’ijoro? (Raba n’ishusho.)

3 “Nk’igisuma mw’ijoro.” (1 Tes. 5:2) Iyo ni yo mvugo ya mbere mu mvugo ngereranyo zitatu Pawulo yakoresheje mu kudondora ingene umusi wa Yehova woje. Akenshi abasuma baza mw’ijoro igihe ata n’umwe aba avyiteze. Umusi wa Yehova na wo nyene uzoza bukwi na bukwi igihe ata bantu benshi bazoba bavyiteze. Mbere n’abakirisu b’ukuri boshobora kuzotangazwa n’ingene ibintu bizokurikirana ningoga na ningoga. Ariko bobo uwo musi ntuzobahitana cokimwe n’inkozi z’ikibi.

4. Ni mu buryo ki umusi wa Yehova umeze nk’ibise?

4 “Nka kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise.” (1 Tes. 5:3) Umugore yibungenze ntashobora kumenya neza na neza igihe ibise bizotangurira. Ariko aba azi neza ko bizoza. Iyo bije, biza giturumbuka bibabaza kandi ntibihagarare. Na twebwe rero ntituzi umusi n’isaha umusi wa Yehova uzotangurirako. Ariko ico tuzi tudakeka ni uko uwo musi uzoza be n’uko Imana izoshitsa urubanza rwayo giturumbuka ku nkozi z’ikibi kandi ntizizoshobora kuruhunga.

5. Ni mu buryo ki amakuba akomeye ameze nk’umutwenzi?

5 Nk’umutwenzi. Ikigereranyo ca gatatu Pawulo akoresha kigaruka ku basuma biba mw’ijoro. Ariko ubu hoho Pawulo asa n’uwugereranya umusi wa Yehova n’umutwenzi. (1 Tes. 5:4) Abasuma b’ijoro barashobora gusamazwa n’ibindi ku buryo batabona ingene umwanya uriko uragenda. Barashobora gusanga bwabakereyeko maze abantu bagaca bababona. Nk’ukwo kw’ivyo bisuma, ya makuba akomeye na yo nyene azoshira ahabona abantu baguma bakorera mu mwiza ibintu bidahimbara Imana. Aho kumera nka bo, turashobora kwitegurira uwo musi mu kwirinda gukora ibintu bidahimbara Yehova no mu gukurikirana “ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri.” (Ef. 5:8-12) Ubukurikira, Pawulo arakoresha ibindi bigereranyo bibiri bifitaniye isano n’ivyo, mu kudondora abatazorokoka.

NI BANDE BATAZOROKOKA UMUSI WA YEHOVA?

6. Ni mu buryo ki abantu benshi basinziriye? (1 Abatesalonika 5:6, 7)

6 ‘Abasinziriye.’ (Soma 1 Abatesalonika 5:6, 7.) Abatazorokoka umusi wa Yehova Pawulo yabagereranije n’abasinziriye. Ntibamenya ibiba biriko biraba aho baherereye canke ngo bamenye ingene umwanya ugenda. Iyo rero habaye ibintu bikomakomeye, nta na kimwe bamenya canke ngo bagire ico bakoze. Abantu benshi muri iki gihe bameze nk’abasinziriye mu vy’impwemu. (Rom. 11:8) Ntibitaho ibintu vyerekana ko tubayeho mu “misi ya nyuma” be n’uko ya makuba akomeye yimirije. Ibintu bikomakomeye biba kw’isi, birashobora gutuma bamwebamwe bikangura muri ako gatiro maze bakumviriza ubutumwa bw’Ubwami tubabwira. Yamara rero, abenshi baca basubira gusinzira aho kuguma bari maso. Mbere n’abemera ko hazobaho umusi w’urubanza biyumvira ko utazoshika vuba. (2 Pet. 3:3, 4) Ariko twebwe turazi ko uko umusi urengana ari ko birushiriza kwihuta ko dushira mu ngiro iyo mpanuro idusaba kuguma turikanuye.

7. Ni mu buryo ki abazoshikirwa n’uburake bw’Imana bameze nk’imborerwa?

7 ‘Ababorewe.’ Abazokwihurira n’uburake bw’Imana, intumwa Pawulo yabagereranije n’imborerwa. Abagasomye usanga batamenya ibibera hirya no hino yabo kandi bagafata ingingo zitabereye. Muri ubwo buryo nyene, abanyakibi ntibitaho imburi Imana itanga. Bahitamwo gukora ibintu bizotuma barandurwa. Ariko abakirisu bobo basabwa kuzigama ubwenge bwabo bakaguma biyumvira neza. (1 Tes. 5:6) Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga ko umuntu yiyumvira neza aguma “atekanye mu bwenge, agasuzuma ibintu yitonze maze agafata ingingo ibereye.” Kubera iki none dukwiye kuguma dutekanye mu bwenge? Kugira ntiduhave twisuka mu matati y’ivya politike n’ayo mu kibano yo muri iyi si. Uko umusi wa Yehova urushiriza kwegereza, ni ko isi izorushiriza kuturemera ngo tubigiremwo uruhara. Naho ari ukwo, ntidukwiye guhagarika umutima ku kuntu tuzovyifatamwo. Impwemu y’Imana irashobora kudufasha kuguma dutekanye mu bwenge maze tugafata ingingo zibereye.​—Luka 12:11, 12.

TWOKWITEGURIRA GUTE UMUSI WA YEHOVA?

Mu gihe abantu benshi babandanya kutagira ico bitaho, twebwe tuguma twiteguriye umusi wa Yehova, mu kwambara ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza be n’icizigiro nk’inkofero (Raba ingingo ya 8, 12)

8. Mu 1 Abatesalonika 5:8 hadondora gute kamere zizodufasha kuguma turikanuye no kuguma tuzigamye ubwenge bwacu? (Raba n’ishusho.)

8 ‘Twambare igikingira igikiriza be n’inkofero.’ Pawulo atugereranya n’abasoda barikanuye biteguriye urugamba. (Soma 1 Abatesalonika 5:8.) Umusoda ari ku rugamba vyitezwe ko aba yiteguye umwanya wose. Ni ko bimeze no kuri twebwe. Tuguma twiteguriye umusi wa Yehova mu kwambara ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza be n’icizigiro nk’inkofero. Ukwizera, urukundo n’icizigiro birashobora kudufasha cane.

9. Ukwizera kwacu kudukingira gute?

9 Igikingira igikiriza carakingira umutima w’umusoda. Ukwizera n’urukundo na vyo birakingira umutima wacu w’ikigereranyo. Biradufasha kuguma dukorera Imana no gukurikira Yezu. Ukwizera kuradukura amazinda ko Yehova azoturonsa impera kubera ko tumurondera n’umutima wacu wose. (Heb. 11:6) Ivyo bituma tuguma turi intahemuka ku Ndongozi yacu Yezu naho twoba turi mu ngorane. Kwigana uburorero bw’abantu bo muri iki gihe bagumye ari intahemuka mu ruhamo canke mu ngorane z’ivy’ubutunzi, birashobora gukomeza ukwizera kwacu maze tukihanganira ingorane zidushikira mu buzima. Vyongeye, twiganye aboroheje ubuzima kugira ngo bashire imbere ivy’Ubwami, birashobora gutuma twirinda kugwa mu mutego wo guhahamira amaronko. b

10. Urukundo dukunda Imana n’abantu rudufasha gute kwihangana?

10 Urukundo na rwo nyene ni ntahara kugira tugume turikanuye twongere tuzigame ubwenge bwacu. (Mat. 22:37-39) Urukundo dukunda Imana ruratuma tuguma twamamaza n’igihe vyotuma tugira ingorane. (2 Tim. 1:7, 8) Kubera ko dukunda n’abo tudasangiye ukwizera, tuguma twamamaza mu cibare twahawe mbere tukanabigira biciye kuri telefone canke ku makete. Tuguma twizigiye ko umusi uri izina abo bantu bazohinduka maze bagatangura gukora ibibereye.​—Ezk. 18:27, 28.

11. Gukunda abavukanyi bacu bidufasha gute? (1 Abatesalonika 5:11)

11 Turakunda kandi abavukanyi na bashiki bacu. Ivyo turavyerekana mu ‘kuremeshanya no mu kububaka.’ (Soma 1 Abatesalonika 5:11.) Turaremeshanya nka kurya kw’abasoda basenyera ku mugozi umwe ku rugamba. Naho vyoshika umusoda agakomeretsa mugenziwe basangiye urugamba, ntiyokwigera abigira nkana. Natwe ntidukwiye kwigera tubabaza abavukanyi na bashiki bacu n’ibigirankana canke ngo tugere ingere ku yindi. (1 Tes. 5:13, 15) Turagaragaza kandi urukundo mu kwubaha abavukanyi batuja imbere mw’ishengero. (1 Tes. 5:12) Igihe Pawulo yandika iryo kete, ishengero ry’i Tesalonika ntiryari bwamare umwaka rivutse. Birashoboka ko abari barihagarikiye batari bwamenye utuntu n’utundi, akaba ari co gituma bashobora kuba barakora amakosa. Naho ari ukwo, vyari bibereye ko babubaha. Uko ya makuba akomeye yegereza, vyoshobora kuzoba ngombwa ko twisunga ubuyobozi duhabwa n’abakurambere bacu kuruta uko biri muri iki gihe. Kubera ko bishobora kuzogorana kuronka ubuyobozi buvuye ku cicaro gikuru canke ku biro vy’ishami, birahambaye ko twiga gukunda abakurambere bacu muri iki gihe no kububaha. Naho ibintu vyogenda gute rero, nimuze tuzigame ubwenge bwacu mu kudashira umutima ku dusembwa twabo, ahubwo tuwushire ku kuba Yehova ariko arayobora abo bagabo b’intahemuka biciye kuri Kristu.

12. Icizigiro cacu gikingira gute ivyiyumviro vyacu?

12 Nka kurya nyene inkofero yakingira umutwe w’umusoda, ni ko icizigiro cacu c’ubukiriro gikingira ivyiyumviro vyacu. Dufise icizigiro gikomeye, turatahura ko ivyo isi itanga ata co bimaze. (Flp. 3:8) Icizigiro cacu gituma tuguma dutekanye kandi dushikamye. Ivyo nyene ni vyo vyashikiye umuvukanyi Wallace n’umugore wiwe Laurinda bakorera muri Afrika. Mu ndwi zitatu gusa, umwe wese muri bo yarabuze umuvyeyi. Ikiza ca Korona caratumye bidashoboka ko basubira iwabo kuraba imiryango yabo. Wallace yanditse ati: “Icizigiro c’izuka gituma niyumvira ingene bazoba bameze bari mw’isi nshasha aho kwiyumvira ingene bari bameze bari ku mpfiro. Ico cizigiro kiratuma ntekana igihe ngize intuntu.”

13. Twokora iki kugira turonke impwemu nyeranda?

13 “Ntimuzimye umuriro w’impwemu.” (1 Tes. 5:19) Impwemu nyeranda Pawulo yayigereranije n’umuriro uri muri twebwe. Iyo dufise impwemu y’Imana turagira umwete n’igishika vyo gukora iciza, tukaronka n’inkomezi zo gukorera Yehova. (Rom. 12:11) Twokora iki none ngo turonke impwemu nyeranda? Turashobora kuyisaba mw’isengesho, tukiga Ijambo ry’Imana ryahumetswe tukongera tukifatanya n’ishirahamwe ryayo riyobowe n’impwemu yayo. Ivyo bituma dutsimbataza “ivyo impwemu yama.”​—Gal. 5:22, 23.

Niwibaze uti: ‘Ivyo nkora vyoba vyerekana ko nipfuza kubandanya ndonka impwemu y’Imana?’ (Raba ingingo ya 14)

14. Ni ibiki dutegerezwa kwirinda kugira tugume turonka impwemu y’Imana? (Raba n’ishusho.)

14 Imana imaze kuduha impwemu yayo nyeranda, dutegerezwa kuba maso “ntimuzimye umuriro w’impwemu.” Abantu bonyene Imana iha impwemu yayo ni abaguma bafise ivyiyumviro bidahumanye kandi bigenza neza. Imana ntiyobandanya kuduha impwemu yayo hamwe twoguma twiyumvira ibintu bihumanye tukongera tukigenza nabi. (1 Tes. 4:7, 8) Kugira ngo tugume turonka impwemu nyeranda, dutegerezwa kandi ‘kudakengera ubuhanuzi.’ (1 Tes. 5:20) Muri uwo murongo “ubuhanuzi” busobanura ubutumwa Imana iduha biciye ku mpwemu yayo, ushizemwo ubwerekeye umusi wa Yehova be n’ubw’uko tubayeho mu bihe vyihutirwa. Ntitwigiza kure uwo musi mu kwiyumvira ko Harumagedoni izoza tutakiriho. Ahubwo turawihutisha tukawugumiza hafi mu bwenge, mu kuguma twigenza neza no mu kuguma dukora imisi yose “ibikorwa vyerekana ko [tw]ihebera Imana.”​—2 Pet. 3:11, 12.

“MUSUZUME IBINTU VYOSE”

15. Twokwirinda gute guhendwa n’amakuru atari yo be n’ivyiyumviro vy’amadayimoni? (1 Abatesalonika 5:21)

15 Muri kazoza ka vuba, abarwanya Imana bazotangaza bati: “Amahoro n’umutekano” naho tutazi neza uko bazobigenza. (1 Tes. 5:3) Amajambo yahumetswe n’amadayimoni azokwiragira kw’isi yose azimize abantu benshi cane. (Ivyah. 16:13, 14) Bite ho kuri twebwe? Ntituzohendwa nimba ‘dusuzuma ibintu vyose.’ (Soma 1 Abatesalonika 5:21.) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gusuzuma” ryakoreshwa mu bijanye no kuraba ko ubutare ari nyabwo. Na twebwe rero turakeneye gusuzuma ivyo twumva canke ivyo dusoma kugira ngo tumenye nimba ari ivy’ukuri. Vyari bihambaye ko Abanyatesalonika bakora ico kintu, kandi uko ya makuba akomeye yegereza ni ko natwe dukenera kurushiriza kubigenza gutyo. Aho gupfa kwemera ivyo abandi bavuga, turakoresha ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo ivyo dusoma canke twumva tubigereranye n’ivyo Bibiliya ivuga be n’ivyo ishirahamwe rya Yehova ritubwira. Tubigenjeje gutyo, nta ciyumviro na kimwe c’amadayimoni kizoduhenda.​—Imig. 14:15; 1 Tim. 4:1.

16. Ni igiki twizigiye tudakekeranya, kandi twiyemeje gukora iki?

16 Abasavyi b’Imana uko bagize umugwi, turazi ko bazorokoka ya makuba akomeye. Ariko rero ntituzi ico buca bucana ku muntu umwumwe ku giti ciwe. (Yak. 4:14) Ariko ico tuzi coco ni uko nitwaguma turi intahemuka, tuzoronka ubuzima budahera naho ya makuba akomeye yoshika tukiriho canke twarapfuye. Abarobanuwe bazoba bari kumwe na Kristu mw’ijuru. Abo mu zindi ntama na bo bazoba bari mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Ese twese twogumiza umutima ku cizigiro cacu ciza igitangaza, gutyo tukaguma twiteguriye umusi wa Yehova!

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

a Mu 1 Abatesalonika ikigabane ca 5, turahasanga ibigereranyo bigira ico bitwigisha ku bijanye n’umusi wa Yehova wimirije. Uwo “musi” ni uwuhe, kandi uzoza gute? Ni bande bazowurokoka? Ni bande batazowurokoka? Twowitegurira gute? Tugiye kurimbura ivyo intumwa Pawulo yavuze be n’inyishu z’ivyo bibazo.

b Raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Baritanze babikunze.”