Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 25

Yemwe bakurambere, nimwigane akarorero ka Gideyoni

Yemwe bakurambere, nimwigane akarorero ka Gideyoni

“[N]ta mwanya noronka hamwe nobandanya kuvuga ivya Gideyoni.”​—HEB. 11:32.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE a

1. Twisunze 1 Petero 5:2, ni agateka akahe abakurambere batewe?

 ABAKURAMBERE bajejwe ibanga ryo kwitwararika intama za Yehova z’agaciro. Abo bagabo bitanga barakenguruka agateka batewe ko gukorera abavukanyi na bashiki bacu, kandi barihatira kuba ‘abungere babaragira koko.’ (Yer. 23:4; soma 1 Petero 5:2.) Ese ukuntu dukenguruka kuba dufise abagabo nk’abo mu mashengero yacu!

2. Ni ingorane izihe zoshobora gushikira abakurambere bamwebamwe?

2 Abakurambere barahura n’ingorane nyinshi mu mabanga bajejwe. Kimwe coco, kwitwararika ishengero bisaba gukora cane. Umukurambere umwe yitwa Tony wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyarabaye ngombwa ko yiga kurushiriza kwifata ruto ku bijanye n’ibikorwa yemera gukora. Avuga ati: “Igihe Korona yatera, narakora cane mu gutunganya amakoraniro n’igikorwa co mu ndimiro. Ariko naho naba nakoze vyinshi, hama hari vyinshi vyo gukora. Amaherezo, gusoma Bibiliya, kwiyigisha be n’ugusenga vyaratanguye gucumbagira.” Umukurambere umwe wo muri Kosovo yitwa Ilir wewe yagize iyindi ngorane. Igihe yari mu karere karimwo intambara, vyaramugoye kugamburuka ubuyobozi yahawe n’ishirahamwe. Avuga ati: “Igihe ibiro vy’ishami vyansaba gufasha abavukanyi na bashiki bacu bari mu karere gateye akaga, vyarangoye kugaragaza umutima rugabo. Nari mfise ubwoba, kandi n’ivyo bansaba gukora nabona ko vyasa n’ibitumvikana.” Umumisiyonari umwe yitwa Tim wo muri Aziya na we, vyaramugora guheza ivyo yabwirizwa gukora buri musi. Avuga ati: “Rimwe na rimwe, vyarashika nkumva ko ndushe mu bwenge no ku mutima.” Ni ibiki none vyofasha abakurambere bariko barahura n’ingorane nk’izo?

3. Kuzirikana ku karorero k’Umucamanza Gideyoni bishobora gute kudufasha twese?

3 Abakurambere barashobora kugira ivyo bigiye ku karorero k’Umucamanza Gideyoni. (Heb. 6:12; 11:32) Yarayoboye abasavyi b’Imana yongera arabakingira. (Abac. 2:16; 1 Ngo. 17:6) Cokimwe na Gideyoni, abakurambere bahawe kwitwararika abasavyi b’Imana mu gihe kitoroshe. (Ivyak. 20:28; 2 Tim. 3:1) Turashobora kugira ivyo twigiye ku kwifata ruto kwa Gideyoni, ku kwicisha bugufi kwiwe no ku kugamburuka kwiwe. Ntivyamworoheye kwihangana igihe yariko ararangura igikorwa yari yashinzwe. Twaba turi abakurambere canke tutari bo turashobora kurushiriza gukengurukira abakurambere bacu. Turashobora gushigikira abo bagabo bakomeye mu vy’impwemu bakora cane.​—Heb. 13:17.

IGIHE USANGA BITOROSHE KWIFATA RUTO NO KWICISHA BUGUFI

4. Gideyoni yerekanye gute ko yifata ruto kandi ko yicisha bugufi?

4 Gideyoni yari umuntu yifata ruto kandi yicisha bugufi. b Igihe umumarayika wa Yehova yabwira Gideyoni ko yari yatowe ngo arokore Abisirayeli mu maboko y’Abamidiyani, uwo mugabo yicisha bugufi yavuze ati: “Umuryango wanje ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe.” (Abac. 6:15) Yiyumvira ko adashoboye ico gikorwa, ariko Yehova we yarabona ko agishoboye. Gideyoni afashijwe na Yehova yararanguye neza igikorwa yashinzwe.

5. Ni ryari bishobora kugora umukurambere kwifata ruto no kwicisha bugufi?

5 Abakurambere barihatira kwerekana ko bifata ruto kandi ko bicisha bugufi muri vyose. (Mika 6:8; Ivyak. 20:18, 19) Ntibiratira ivyo bashoboye canke ivyo bashitseko, eka kandi ntibisuzugura iyo bakoze amakosa canke iyo hari ivyabananiye. Naho ari ukwo, umukurambere birashobora kumugora kugaragaza izo kamere. Nk’akarorero, arashobora kwemera uduteka twinshi ariko mu nyuma bikamugora kuturangura twose. Canke na ho barashobora kumunegura ku kuntu yakoze igikorwa kanaka, mugabo bakamukeza ku kuntu yakoze ikindi. None mu bihe nk’ivyo, akarorero ka Gideyoni kofasha gute abakurambere?

Umukurambere yifata ruto arigana akarorero ka Gideyoni mu gusaba abandi ngo bamugire inama nko mu bijanye no gupanga ibitabu kuri ka kantu k’amapine (Raba ingingo ya 6)

6. Abakurambere bokwigira iki ku kwifata ruto kwa Gideyoni? (Raba n’ishusho.)

6 Nusabe abogufasha. Umuntu yifata ruto, arazi ko hari ivyo adashoboye. Gideyoni yarifata ruto kuko yasavye abandi ngo bamufashe. (Abac. 6:27, 35; 7:24) Abakurambere b’inkerebutsi na bo nyene baramwigana. Umwe Tony twavuga agira ati: “Kubera ukuntu narezwe, narakunda kwemera ibikorwa biruta ivyo nshoboye. Naciye mfata ingingo yuko mu gusenga kwo mu muryango twoganira ibijanye n’ukwifata ruto, nca nsaba umugore wanje ambwire nimba abona ko nifata ruto. Naragiye no kuri jw.org ndaraba ividewo ivuga ngo Nka kumwe kwa Yezu, numenyereze abandi, ubizigire wongere ubahe ubushobozi.” Tony yaciye asaba abandi ko bomufasha ibikorwa bimwebimwe. None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Ibikorwa vyose vyo mw’ishengero birafise abavyitwararika, kandi ivyo vyaratumye ndushiriza kuronka umwanya wo kwikomeza mu vy’impwemu.”

7. Abakurambere bokwigana gute Gideyoni igihe baneguwe? (Yakobo 3:13)

7 Ntuce utwarwa n’ishavu igihe abandi bakuneguye. Ukunegurwa ni ikindi kintu kibera ikigeragezo abakurambere. N’ico gihe, akarorero ka Gideyoni karashobora kubafasha. Kubera ko Gideyoni yari azi ko adatunganye, ntiyaciye atwarwa n’ishavu igihe Abefurayimu bamunegura. (Abac. 8:1-3) Gideyoni ntiyabishuranye ishavu. Yarerekanye ko yifata ruto mu kwumviriza imyidogo yabo, ivyo bica bituma ishavu bari bafise rihwama. Igihe abakurambere b’inkerebutsi baneguwe, barigana Gideyoni mu kwumviriza bitonze no mu kudaca batwarwa n’ishavu. (Soma Yakobo 3:13.) Ivyo bica bituma mw’ishengero haguma harangwa amahoro.

8. Abakurambere bakwiye kuvyifatamwo gute igihe bashimagijwe? Tanga akarorero.

8 Niwerekeze ugushimagizwa kwose kuri Yehova. Igihe Gideyoni yashimagizwa kubera yatsinze Abamidiyani, yerekeje ubuninahazwa bwose kuri Yehova. (Abac. 8:22, 23) None abakurambere bomwigana gute? Barakwiye kwemera ko ivyo barangura babishobozwa na Yehova. (1 Kor. 4:6, 7) Nk’akarorero, igihe umukurambere akejwe ko azi kwigisha neza, arashobora guca avuga ko abikesha Ijambo ry’Imana ryo soko ry’ivyo twigisha canke ko abikesha ukumenyerezwa duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Abakurambere barakwiye kuza barisuzuma nimba uburyo bigisha bushimagiza Yehova canke bo ubwabo. Raba akarorero k’umukurambere yitwa Timothy. Akiba umukurambere, yarakunda gutanga insiguro ya bose. Avuga ati: “Narakunda gukoresha intangamarara ndende n’ibigereranyo bigoye gutahura. Akenshi ivyo vyatuma abantu banshimagiza. Ikibabaje ni uko abantu baca babona jewe aho kubona Bibiliya canke Yehova.” Mu nyuma, Timothy yarabonye ko yari akwiye guhindura uburyo yigisha kugira yirinde gukwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri we. (Imig. 27:21) None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Iyo nashikirije insiguro, abantu batandukanye barambwira ingene yabafashije kwihanganira ingorane canke ikigeragezo kanaka, canke ingene yabafashije kwiyegereza cane Yehova. Iyo numvise ibintu nk’ivyo ndaryoherwa cane kuruta uko naryoherwa mu myaka iheze, aho wasanga ari jewe bashimagiza.”

IGIHE USANGA BITOROSHE KUGAMBURUKA NO KUGARAGAZA UMUTIMA RUGABO

Gideyoni yaragabanije ingabo ziwe abigiranye ukugamburuka, atora abagabo 300 berekanye ko baguma bagavye (Raba ingingo ya 9)

9. Ni ibintu ibihe vyatumye Gideyoni bitamworohera kugaragaza ukugamburuka n’umutima rugabo? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

9 Igihe Gideyoni yagenwa ngo abe umucamanza, vyarabaye ngombwa ko yerekana ko yagamburuka be n’uko yari afise umutima rugabo. Yarashinzwe igikorwa cari giteye akaga co gusambura igicaniro se wiwe yari yarubakiye Bayali. (Abac. 6:25, 26) Mu nyuma Gideyoni amaze gukoranya ingabo zoja ku rugamba, yasabwe incuro zibiri zose kuzigabanya. (Abac. 7:2-7) Ikindi gihe na ho yasabwe kuja gutera ikambi y’abansi mu gicugu.​—Abac. 7:9-11.

10. Ni mu buryo ki ukugamburuka kw’abakurambere kwoshirwa ku munzane?

10 Abakurambere bakwiye kuba “b[a]gabirije kugamburuka.” (Yak. 3:17) Umukurambere agamburuka aba yiteguriye gukurikiza ico Ivyanditswe bivuga be n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe ry’Imana. Gutyo aba ahaye akarorero keza abandi. Naho ari ukwo, ukugamburuka kwiwe kurashobora gushirwa ku munzane. Nk’akarorero, birashobora kutamworohera kuguma ajana n’ubuyobozi ahabwa. Mu bihe bimwebimwe arashobora kwibaza nimba ubuyobozi kanaka buranga ubukerebutsi vy’ukuri. Canke na ho yoshobora gusabwa gukora igikorwa cotuma ubuzima bwiwe buja mu kaga. None mu bihe nk’ivyo, abakurambere bokwigana gute ukugamburuka kwa Gideyoni?

11. Ni igiki cofasha abakurambere kugamburuka?

11 Niwumvirize ubuyobozi witonze wongere ubukurikize. Imana yarabwiye Gideyoni ingene yosambura igicaniro se wiwe yari yarubatse, aho yokwubakira Yehova igicaniro gishasha be n’igitungwa yoshikanako ikimazi. Gideyoni ntiyakekeranije kuri ubwo buyobozi, ahubwo yaciye abukurikiza ubwo nyene. Muri iki gihe, ishirahamwe rya Yehova riraronsa ubuyobozi abakurambere biciye ku makete, ku matangazo no ku yandi mabwirizwa bahabwa agenewe kudukingira ku mubiri no mu vy’impwemu. Turakunda abakurambere bacu kubera bakurikiza ubuyobozi bahabwa badaciye ku ruhande. Ivyo bica bigirira akamaro ishengero ryose.​—Zab. 119:112.

12. Abakurambere boshira mu ngiro gute Abaheburayo 13:17 igihe ishirahamwe rigize ivyo rihindura?

12 Niwemere kujana n’amahinduka. Niwibuke ko Gideyoni abisabwe na Yehova yagabanije ingabo ziwe gushika ku bice birenga 99 kw’ijana. (Abac. 7:8) Yari gushobora kwibaza ati: ‘Vyoba vy’ukuri bikenewe ko ndabagabanya? Ninabagabanya bizoca bigenda gute?’ Naho ari ukwo, Gideyoni yaragamburutse. Muri iki gihe, abakurambere barigana Gideyoni mu gukurikiza ubuyobozi ishirahamwe ritanga iyo hagize ivyo rihinduye. (Soma Abaheburayo 13:17.) Nk’akarorero, mu 2014 Inama Nyobozi yarahinduye ingene amahera yo kwubaka Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro aboneka. (2 Kor. 8:12-14) Amashengero ntiyosubiye gusabwa kuriha ingurane yahawe yo kwubaka Ingoro y’Ubwami. Ahubwo amashengero yo kw’isi yose yoshize uburyo hamwe kugira ngo inyubakwa zijanye n’ivyo gusenga zubakwe aho ari ho hose zikenewe, hatarinze kurabwa amikoro ishengero rifise. Igihe umuvukanyi umwe yitwa José yumva ibijanye n’iryo hinduka, yaragize amakenga muri we ku buryo yibaza ati: ‘Emwe nta Ngoro y’Ubwami n’imwe izopfa isubiye kwubakwa. Ivyo nta co bizoshikako ino iwacu.’ Ni igiki none cafashije José gushigikira ubwo buyobozi? Avuga ati: “Ibivugwa mu Migani 3:5, 6 vyaranyibukije ko nkwiye kwizigira Yehova. Kandi ibintu vyahavuye bigenda neza cane. Uretse ko vyatumye turushiriza kwubaka Ingoro nyinshi, vyaranatwigishije gutanga intererano mu buryo butandukanye ku buryo haba ukunganya.”

Naho twoba tuba aho igikorwa cacu kibujijwe, turashobora gushinga intahe tubigiranye umutima rugabo kandi bikagenda neza (Raba ingingo ya 13)

13. (a) Ni igiki Gideyoni yari azi adakeka? (b) Abakurambere bokwigana gute Gideyoni? (Raba n’ishusho.)

13 Nukore ivyo Yehova agomba ubigiranye umutima rugabo. Gideyoni yaragamburukiye Yehova naho yari afise ubwoba kandi akaba yari gushobora kuhasiga agatwe. (Abac. 9:17) Yehova amaze gukura amazinda Gideyoni, yaciye ajijuka rwose ko Imana yomufashije gukingira abasavyi bayo. N’abakurambere baba mu turere usanga igikorwa cacu kibujijwe barigana Gideyoni. Barahagarikira amakoraniro bakongera bakaja imbere mu gikorwa co mu ndimiro babigiranye umutima rugabo naho boshobora gufatwa bagasambishwa, bagatakaza akazi canke bakagirirwa nabi ku mubiri. c Muri ya makuba akomeye, abakurambere bazokenera umutima rugabo kugira bagamburuke ubuyobozi bazohabwa naho vyoshobora kuzobashira mu kaga. Ubwo buyobozi bwoshobora kuzoba bujanye n’ingene tuzoshikiriza ubutumwa buremereye nk’iminana y’urubura be n’ingene tuzorokoka igitero ca Gogi w’i Magogi.​—Ezk. 38:18; Ivyah. 16:21.

IGIHE USANGA BITOROSHE KWIHANGANA

14. Ukwihangana kwa Gideyoni kwagejejwe gute?

14 Igikorwa Gideyoni yashinzwe co kuba umucamanza casaba inguvu nyinshi cane. Igihe Abamidiyani bahunga urugamba mw’ijoro, Gideyoni yaciye aboma inyuma kuva mu mubande w’i Yezireyeli gushika ku Ruzi Yorodani, urushobora kuba rwari rukikijwe n’amashamba azitanye. (Abac. 7:22) None Gideyoni yoba yagarukiye aho kuri Yorodani? Habe namba! Naho we n’ingabo ziwe 300 bari barushe, barajabutse urwo ruzi babandanya kubakurikirana. Amaherezo, barashikiriye Abamidiyani maze barabarwanya barabatsinda.​—Abac. 8:4-12.

15. Ni ryari umukurambere vyoshobora kumugora kwihangana?

15 Mu bihe bimwebimwe umukurambere yoshobora kwumva arushe ku mubiri, mu bwenge canke ku mutima bivuye ku kwitwararika ishengero n’umuryango wiwe. None mu bihe nk’ivyo, uwo mukurambere yokwigana gute Gideyoni?

Abakurambere bacu barangwa urukundo barashigikiye abavukanyi benshi bakeneye kuremeshwa (Raba ingingo ya 16-17)

16-17. Ni igiki cafashije Gideyoni kwihangana, kandi abakurambere bakwiye guhera amazinda ku biki? (Yesaya 40:28-31) (Raba n’ishusho.)

16 Niwizigire ko Yehova azoguha inkomezi. Gideyoni yarizigira ko Yehova yomuronkeje inkomezi, kandi ni ko vyagenze. (Abac. 6:14, 34) Igihe kimwe, Gideyoni n’ingabo ziwe baromye inyuma n’amaguru abami babiri b’Abamidiyani, mu gihe abo bami bobo bashobora kuba bariko bagendera ku ngamiya. (Abac. 8:12, 21) Ariko kubera ko Abisirayeli bari biyemeje kubandanya urugamba, Imana yarabafashije gutahukana intsinzi. Abakurambere na bo nyene barashobora kwiheka kuri Yehova, umwe ‘atigera aruha canke ngo arambirwe.’ Azobaha inkomezi igihe bazoba bazikeneye.​—Soma Yesaya 40:28-31.

17 Rimbura akarorero k’umuvukanyi yitwa Matthew, ari mu bagize Komite ija inama n’ibitaro. Ni igiki kimufasha kwihangana? Matthew avuga ati: “Ibivugwa mu Bafilipi 4:13 vyarandangukiyeko. Akenshi, igihe naba narushe nasanzaye narasenga cane Imana ndayisaba inkomezi naba nkeneye ku mubiri be no gutekana mu bwenge, kugira ngo nshobore gufasha abavukanyi banje. Muri ivyo bihe, narumva ingene impwemu ya Yehova inkomeza kugira ngo nihangane.” Cokimwe na Gideyoni, abakurambere bacu barakora cane kugira ngo bitwararike intama z’Imana n’igihe bitaba vyoroshe. Naho ari ukwo, barakwiye kumenya ko inguvu zabo ziri n’aho zigarukira, maze bagakora ivyo bashoboye. Ariko ntiwumve, barakwiye kwizigira ko Yehova yumva amasengesho bamutura bamusaba kubafasha no kubaronsa inkomezi zo kwihangana.​—Zab. 116:1; Flp. 2:13.

18. Muri make, abakurambere bokwigana gute Gideyoni?

18 Hariho ivyigwa bitari bike abakurambere bashobora kwigira ku karorero ka Gideyoni. Abakurambere barakwiye kwerekana ko bifata ruto be n’uko bicisha bugufi mu kutemera ibikorwa birenze ivyo bashoboye, no mu kuntu bavyifatamwo igihe abandi babaneguye canke babashimagije. Barakwiye kugaragaza ko bagamburuka be n’uko bafise umutima rugabo, na canecane uko iherezo ry’iyi si mbi ryegereza. Vyongeye, barakwiye kwizigira ko Imana ishobora kubaronsa inkomezi naho bohura n’intambamyi zimeze gute. Mu vy’ukuri, turakengurukira cane abo bungere bakora batiziganya, kandi ‘abantu nk’ako tuguma tubafatana iteka.’​—Flp. 2:29.

URURIRIMBO RWA 120 Twigane ubwitonzi bwa Kristu

a Yehova yagenye Gideyoni ngo ayobore abasavyi biwe yongere abakingire, mu gihe kitari coroshe muri kahise k’ihanga rya Isirayeli. Gideyoni yarakoze ico gikorwa adahemuka nko mu myaka 40. Ariko rero yarahuye n’ingorane zitari nke. Tugiye kuraba ukuntu akarorero kiwe gashobora gufasha abakurambere muri iki gihe, iyo bahuye n’ingorane.

b Kwifata ruto birafitaniye isano cane no kwicisha bugufi. Twerekana ko twifata ruto mu kutiyumvira ko turi agakomeye no mu kwemera ko hari ivyo tudashoboye. Twerekana ko twicisha bugufi mu kwemera ko abandi baturuta. (Flp. 2:3) Mu bisanzwe, umuntu yifata ruto aba kandi yicisha bugufi.

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Nugume usenga Yehova igihe igikorwa cacu kibujijwe,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2019, rup. 10-11, ing. 10-13.