ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA
Woba ufise ukwizera?
Kugira duhimbare Yehova tubwirizwa kuba dufise ukwizera. Ariko Bibiliya ivuga ko «ukwizera atari ikintu gifiswe na bose.» (2 Tes. 3:2) Ayo majambo intumwa Pawulo yariko ayerekeza ku «bantu bakora ikibi kandi b’ababisha» bariko baramurwanya. Ariko hariho n’abandi bantu badafise ukwizera. Hari abahitamwo kwirengagiza ibimenyamenya vyemeza ko hariho Imana yaremye vyose. (Rom. 1:20) Hari abandi bavuga ko bemera yuko hariho umuntu canke ikintu kibarengeye. Ariko ivyo ntibihagije kugira bahimbare Yehova.
Turakeneye kujijuka yuko Yehova ariho be n’uko ‘ahemba’ abafise ukwizera gukomeye. (Heb. 11:6) Ukwizera kuri mu vyo impwemu nyeranda yama. Kugira turonke impwemu nyeranda turayisaba Yehova. (Luka 11:9, 10, 13) Ikintu gihambaye twokora kugira turonke impwemu nyeranda ni ugusoma Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Turaheza tukazirikana ivyo dusoma kandi tukagerageza kubishira mu ngiro. Ivyo tubigize, tuba turetse impwemu ya Yehova ikadufasha kubaho mu buryo bwerekana ko dufise ukwizera guhimbara Imana.