Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yarumvirije amasengesho yanje

Yehova yarumvirije amasengesho yanje

IGIHE kimwe mw’ijoro, mfise nk’imyaka cumi gusa, naritegereje inyenyeri zikayangana mu kirere. Naciye mpfukama ndasenga. Ni ho nari nkimenya Yehova, ariko naramubwiye ibintu vyose vyari bindaje ishinga. Iyo ni yo yabaye intango y’ubucuti bukomeye nagiraniye na Yehova Imana, Umwe «[y]umva amasengesho.» (Zab. 65:2) Reka ndabiganire igituma nasenze iyo Mana kandi ari ho nari ngitangura kwiga ibiyerekeye.

ABASHITSI BAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Navutse ku wa 22 Kigarama 1929, mvukira i Noville, kakaba ari akagwati gatoyi kagizwe n’amatongo icenda akorerwamwo uburimyi n’ubworozi, hafi ya Bastogne mu karere ka Ardenne yegukira Ububiligi. Ikiringo namaranye n’abavyeyi banje tuba muri ako karere cari kiryoshe cane. Jewe na mutoyi wanje Raymond twarakama buri musi kandi twarafasha abavyeyi kwimbura. Mu kagwati kacu, abantu bari bunze ubumwe kandi barafashanya.

Ndi kumwe n’umuryango wacu twagiye gukora

Abavyeyi banje Emile na Alice bari abagatolika b’imena. Ntibigera basiba mu misa ku wa mungu. Ariko nko mu 1939, hari abatsimvyi bavuye mu Bwongereza baje mu kigwati iwacu maze basaba dawe ko yokwiyandikisha kugira azoze araronka ikinyamakuru Uruhoza (ubu citwa Be maso!). Dawe yaciye abona ko ivyo ico kinyamakuru kivuga ari ukuri, bituma atangura gusoma Bibiliya. Igihe yahagarika kuja mu misa, ababanyi bahora bemeze neza baciye batangura kumurwanya bimwe bikaze. Baramuhase ngo agume ari umugatolika, bituma haba impari nyinshi zikomeye.

Vyarambabaza cane kubona bariko barafata nabi dawe gutyo. Ivyo vyatumye nsaba Imana ngo ifashe Dawe muri rya sengesho rivuye ku mutima navuga mu ntango z’iki kiganiro. Narahimbawe cane igihe nabona ababanyi bagabanije kurwanya dawe. Naciye njijuka cane ko Yehova «[y]umva amasengesho.»

INGENE TWABAYEHO MU KIRINGO C’INTAMBARA YA KABIRI Y’ISI YOSE

Ku wa 10 Rusama 1940, Ubudagi bw’Abanazi bwarateye Ububiligi. Ivyo vyatumye abantu benshi bahunga. Umuryango wacu wahungiye mu bumanuko bw’Ubufaransa. Igihe twariko turahunga, rimwe na rimwe twaraca mu bibanza biteye akaga, aho ingabo z’Abadagi zaba ziriko ziratana mu mitwe n’ingabo z’Abafaransa.

Igihe twahunguka, twasanze ibintu vyacu nka vyose baravyivye. Imbwa yacu Bobbie ni yo yonyene twahasanze. Ivyo bintu vyadushikiye vyatumye nibaza nti: «Kubera iki hariho intambara n’ingorane nyinshi?»

Nkiri umuyabaga, naragiraniye na Yehova ubugenzi bukomeye

Muri ivyo biringo, twararemeshejwe cane n’umuvukanyi Emile Schrantz, a umukurambere akaba n’umutsimvyi w’umwizigirwa. Akoresheje Bibiliya, yarasiguye neza igituma hariho ingorane, yongera aranyishura ibibazo vyose nari mfise ku vyerekeye ubuzima. Naragiraniye na Yehova ubugenzi bukomeye, nongera ndajijuka ko ari Imana y’urukundo.

N’imbere yuko intambara irangira, umuryango wacu waguma ubonana n’abavukanyi wongera uhanahana amakuru na bo. Muri Myandagaro 1943, umuvukanyi José-Nicolas yaraje gushikiriza insiguro mu karere iwacu. Yarabajije ati: «Ni nde ashaka kubatizwa?» Dawe yaciye akiriza, na jewe nca ndakiriza. Twabatirijwe mu kuzi kari hafi y’iwacu.

Muri Kigarama 1944, Ubudagi bwaragavye igitero ca nyuma mu burengero bw’Uburaya, ikizwi kw’izina rya Bataille des ardennes. Twaba hafi y’aho ico gitero cariko kirabera kandi twamaze hafi ukwezi kwose mu kazu kari mu kuzimu. Umusi umwe nari nasohotse kugaburira ibitungwa maze ibibombe bica bigwa hejuru ku mabati y’inzu twabikamwo ibifungurwa vy’ibitungwa. Umusoda w’Umunyamerika yari hafi yanje yaciye asemerera ati: «Ryama hasi!» Naciye niruka ndyama hafi yiwe aca anyambika igikofero ciwe kugira ankingire.

INGENE NATEYE IMBERE MU VY’IMPWEMU

Ku musi w’ubugeni bwacu

Inyuma y’intambara, twarashoboye kuza turahanahana amakuru n’ishengero ry’i Liège, riri nko ku bilometero 90 uja mu buraruko. Haciye igihe, twaratanguje umugwi mutoyi i Bastogne. Naratanguye gukora akazi ko gutoza amakori, nongera ndaronka akaryo ko kwiga ibijanye n’amategeko. Mu nyuma, narakoreye mu biro vya Leta. Mu 1951 twaratunganije iteraniro ritoyi ry’umuzunguruko i Bastogne. Ryitabwe n’abantu nk’ijana, harimwo na mushiki wacu Elly Reuter, akaba yari umutsimvyi w’umunyamwete. Yari yagize urugendo rw’ibilometero 50 n’ikinga. Budakeye na kabiri, twaciye dukundana maze dusezerana kwubakana. Elly yari yararonse ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi muri Amerika. Yaciye yandikira icicaro gikuru kugira amenyeshe igituma atazoryitaba. Umuvukanyi Knorr, akaba ari we yari ahagarikiye ishirahamwe ico gihe, yamwishuranye umutima mwiza ko kumbure umusi uri izina yoryitavye ari kumwe n’umugabo wiwe. Twubakanye muri Ruhuhuma 1953.

Elly n’agahungu kacu Serge

Muri uwo mwaka nyene, twe na Elly twaritavye iteraniro ryataziriwe ngo Abagize ikibano c’isi nshasha ryabereye ku kibuga ca Yankee Stadium, i New York. Hari umuvukanyi twahahuriye yambwiye ko yompa akazi keza aca ansaba ngo nimukire muri Amerika. Twe na Elly tumaze gusenga ku bw’ico kibazo, twafashe ingingo yo kwanka ako kazi, duca dusubira mu Bubiligi gushigikira umugwi mutoyi wari ugizwe n’abamamaji nka cumi i Bastogne. Mu mwaka wakurikiye, twarahimbawe no kwibaruka akana k’agahungu, duca tukita Serge. Ikibabaje, haheze amezi indwi Serge yararwaye aca arapfa. Twarasenze Yehova turamubwira intuntu dufise, kandi icizigiro c’izuka caradukomeje cane.

UMURIMO W’IGIHE COSE

Muri Gitugutu 1961, nararonse akazi k’igihe gitogito konshoboje gukora ubutsimvyi. Ariko umusi nyene ndonka ako kazi, umusuku w’ishami ryo mu Bubiligi yaranterefonye. Yarambajije nimba noshobora gukora ndi umusuku w’umuzunguruko (ubu yitwa umuhagarikizi w’umuzunguruko). Namubajije nti: «Ubwo ntivyoba vyiza tubanje gukora ubutsimvyi?» Baremeye ko tubanza gukora ubutsimvyi. Tumaze amezi umunani dukora ubwo butsimvyi, twaratanguye igikorwa co kugendera amashengero muri Nyakanga 1962.

Tumaze imyaka ibiri tugendera amashengero, twaratumiwe gukora kuri Beteli i Bruxelles. Twatanguye kuhakorera muri Gitugutu 1964. Twararonse imihezagiro myinshi muri ico gikorwa gishasha. Haheze igihe gito umuvukanyi Knorr agendeye Beteli yacu mu 1965, naragenywe kuba umusuku w’ishami kandi vyarantangaje cane. Mu nyuma, twe na Elly twaratumiwe kwitaba Ishure rya Gileyadi mu mugwi wa 41. Bimwe hari haciye imyaka 13 umuvukanyi Knorr avuze vyararangutse! Turonse impapuro z’umutsindo, twaciye dusubira kuri Beteli yo mu Bubiligi.

KUBURANIRA UBURENGANZIRA BWACU

Mu myaka myinshi iheze, nararonse akaryo ko gukoresha ivyo nize mu bijanye n’amategeko mu kuburanira uburenganzira abasavyi ba Yehova bafise bwo kumusenga i Buraya n’ahandi. (Flp. 1:7) Ivyo vyatumye nshobora kubonana n’abategetsi bo mu bihugu birenga 55 aho igikorwa cacu cari kibujijwe. Sinidondora ko ndi umuntu yize amategeko, ahubwo navuga ko ndi «umuntu w’Imana.» Nama nitura Yehova mw’isengesho kuko nzi yuko «umutima w’umwami [canke w’umucamanza] umeze nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova. Awutumbereza aho ashatse hose.»—Imig. 21:1.

Ndacibuka ikiyago twagiranye n’umwe mu bagize Inama nshingamateka y’Abanyaburaya. Nari naramusavye umubonano akatari gake, amaherezo aranyemerera. Yambwiye ati: «Ndaguhaye iminota itanu itarenga.» Naciye nunamika umutwe ndasenga. Uwo mushingamateka yarahagaritse umutima aca ambaza ivyo nariko ndakora. Naciye nunamura umutwe ndamubwira nti: «Nariko ndashimira Imana kubera uri umukozi wayo.» Yaciye ambaza ati: «Ushatse kuvuga iki?» Nca ndamwereka Abaroma 13:4. Kubera ko yari umuporoti, ico canditswe caramukoze ku mutima. None havuyemwo iki? Twamaranye iminota 30 kandi twayaze neza. Mbere yaravuze ko yubaha igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura.

Mu myaka n’iyindi, Ivyabona vya Yehova baraburanye imanza nyinshi i Buraya mu bijanye no kutagira aho duhengamiye, gufunga abana, kuriha amakori, n’ibindi. Naratewe agateka ko kugira uruhara muri nyinshi muri zo no kwibonera ingene Yehova yatumye turoranirwa kandi akaduha intsinzi. Ivyabona vya Yehova bamaze gutsinda imanza zirenga 140 muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu!

IGIKORWA GITERA IMBERE MURI KIBA

Mu myaka ya 1990, narakoranye n’umuvukanyi Philip Brumley wo ku cicaro gikuru, hamwe n’umuvukanyi Valter Farneti wo mu Butaliyano, mu kuburanira abavukanyi bacu bo muri Kiba kuko igikorwa cari kibujijwe. Narandikiye ubuserukizi bw’igihugu ca Kiba mu Bubiligi, maze ndabonana n’umutegetsi yari yashinzwe kwitwararika ikibazo cacu. Mu mibonano twagiraniye ubwa mbere, ntitwashoboye gutorera umuti ibintu badutahuramwo nabi vyatuma Leta ibuza igikorwa cacu.

Turi kumwe na Philip Brumley hamwe na Valter Farneti kuri rumwe mu ngendo twagize muri Kiba mu myaka ya 1990

Twarasavye ubuyobozi Yehova mw’isengesho, maze turasaba ko tworonka uburenganzira bwo kurungika Bibiliya 500 muri Kiba kandi twaraburonse. Izo Bibiliya zarashitse impundu amarembe, zirahabwa abavukanyi, duca turabona ko Yehova ariko arahezagira utwigoro twacu. Twaciye dusaba uruhusha rwo kurungika izindi Bibiliya 27.500. Kandi na ho nyene baratwemereye. Gufasha abavukanyi bo muri Kiba kuronka umwe wese Bibiliya yiwe, vyaranteye umunezero mwinshi cane.

Naragiye muri Kiba incuro zitari nke kugira mfashe mu vyo kuburanira uburenganzira bwacu bwo gusenga. Ivyo vyatumye menyana n’abategetsi baho batari bake.

GUFASHA ABAVUKANYI BO MU RWANDA

Mu 1994 abantu barenga 1.000.000 barishwe bunyamaswa mu gihe c’ihonyabwoko ryagiriwe abatutsi mu Rwanda. Ikibabaje, hari n’abavukanyi na bashiki bacu bishwe. Bidatevye, hari umugwi w’abavukanyi wajejwe igikorwa co kuronsa imfashanyo abavukanyi bo muri ico gihugu.

Igihe umugwi wacu washika i Kigali ku mugwa mukuru, twasanze ibiro vy’ubuhinduzi hamwe na depo vyaratobaguwe n’amasasu. Twarumvise inkuru nyinshi zibabaje z’abavukanyi na bashiki bacu bishwe bacumitaguwe ibibugita. Ariko kandi twarumvise inkuru z’ingene urukundo rwacu rwa gikirisu rwagaragariye mu bikorwa. Nk’akarorero, twarabonanye n’umuvukanyi w’umututsi yamaze imisi 28 anyegeye mu kinogo, anyegejwe n’umuryango w’abavukanyi b’abahutu. Mw’ikoraniro ryabereye i Kigali, twarihatiye kuremesha abavukanyi na bashiki bacu barenga 900.

Ibubamfu: Igitabu cahitanywe n’urusoro ku biro vy’ubuhinduzi

Iburyo: Nkorera mu vyo gutanga imfashanyo

Mu nyuma twarajabutse urubibe, duca tuja muri Zayire (ubu ni Kongo Kinshasa). Twari tugiye kurondera abavukanyi benshi b’Abanyarwanda bari barahungiye mu makambi hafi y’igisagara ca Goma. Ntitwabatoye, duca turasenga Yehova ngo atuyobore. Twaciye tubona umuntu ariko araza atugana, maze turamubaza nimba hari Icabona ca Yehova yoba azi. Yishuye ati: «Ego, je ndi Icabona. Nohimbarwa no kubajana kuri Komite ijejwe gutabara.» Inyuma y’ikiganiro kiremesha twagiraniye n’iyo komite, twarabonanye n’impunzi nka 1.600 maze turaziremesha mu vy’impwemu. Twarabasomeye kandi ikete ryari ryavuye ku Nama Nyobozi. Abavukanyi na bashiki bacu barakozwe ku mutima no kwumva aya majambo aremesha: «Twama tubashira mu masengesho. Turazi ko Yehova atazobaheba.» Ayo majambo yavuye ku Nama Nyobozi yari ay’ukuri. Ubu mu Rwanda hari Ivyabona vya Yehova barenga 30.000 bakorera Yehova bahimbawe!

NIYEMEJE KUGUMA NDI INTAHEMUKA

Inyuma y’imyaka nka 58 twamaranye na Elly, uwo mukenyezi wanje nikundira yarapfuye mu 2011. Narabwiye Yehova intuntu nari mfise na we arandemesha. Nararemeshejwe kandi no kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami.

Naho ngeze mu myaka 90, ndacamamaza buri ndwi. Ndahimbarwa kandi no kuba mfasha mu Rwego rujejwe ivy’amategeko aha mu Bubiligi, kubwira abandi ivyo niboneye no kugendera cungere abakiri bato mu muryango wa Beteli.

Haraheze imyaka nka 84 nsenze Yehova ari bwo bwa mbere. Yari intango y’ubuzima bwiza bwatumye ndushiriza kumwiyegereza. Ese ukuntu nkenguruka kuba Yehova yamye yumviriza amasengesho yanje ubuzima bwanje bwose.—Zab. 66:19. b

a Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Schrantz yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1974, rup. 26-30.

b Umuvukanyi Marcel Gillet yasinziriye mw’itiro ry’urupfu ku wa 4 Ruhuhuma 2023, igihe iki kiganiro cariko kirategurwa.