Ibibazo vy’abasomyi
Kubera iki hari abavuga ko ibivugwa muri Zaburi 12:7 vyerekeza ku «majambo ya Yehova» (umurongo wa 6) ariko Bibiliya y’isi nshasha yoyo ikaba ivyerekeza ku «bagorwa» (umurongo wa 5)?
Amajambo avugwa mu makikuro y’uwo murongo yerekana ko ibivugwamwo vyerekeza ku bantu.
Muri Zaburi 12:1-4, havuga ngo «abantu b’abizigirwa bahonye.» Ubu na ho raba muri Zaburi 12:5-7, akaba ari na ho ikibazo gishingiye.
«“Kubera yuko abagorwa bariko baracinyizwa,
kubera yuko abakene bariko baraboroga,
ngira mpaguruke”, ni ko Yehova avuze,
“ngira ndabatabare abariko barabahahaza.”
Amajambo ya Yehova aratyoroye.
Ameze nk’ifeza zatyorowe incuro indwi mw’ifuru y’ibumba.
Ewe Yehova, uzobazigama.
Umwe wese uzomukingira ababisha b’iki gihe ibihe vyose.»
Umurongo wa 5 werekana ivyo Yehova azokorera «abagorwa.» Azobatabara.
Umurongo wa 6 wongerako yuko ‘amajambo ya Yehova atyoroye’ «nk’ifeza zatyorowe.» Ivyo birerekana ingene twiyumva ku bijanye n’ijambo rya Yehova.—Zab. 18:30; 119:140.
Ubu na ho raba umurongo uca ukurikira, Zaburi 12:7: «Ewe Yehova, uzobazigama. Umwe wese uzomukingira ababisha b’iki gihe ibihe vyose.» None uwo murongo wa 7 werekeza ku ki?
Kubera ko umurongo wa 6 uhejeje kuvuga «amajambo ya Yehova», hari abaca biyumvira ko umurongo wa 7 werekeza ku majambo y’Imana. Turazi ko Imana yazigamye Bibiliya naho hari abagerageje kuyirwanya no gutuma izimangana.—Yes. 40:8; 1 Pet. 1:25.
Ariko kandi Yehova arazigama abantu bavugwa ku murongo wa 5. Yehova arafasha kandi akarokora «abagorwa» hamwe n’abantu ‘bacinyizwa’, kandi azobandanya kubigira.—Yobu 36:15; Zab. 6:4; 31:1, 2; 54:7; 145:20.
None neza na neza uwo murongo wa 7 werekeza ku ki?
Ibivugwa muri iyo Zaburi birerekana neza ko uwo murongo werekeza ku bantu.
Muri Zaburi 12:1 havuga ibijanye n’«abantu b’abizigirwa» bahenzwe n’ababisha. Mu nyuma, turabona ko Yehova azohana abavuga ivyo bintu bibi. Iyo Zaburi rero iradukura amazinda ko Imana izofasha abantu bayo kubera amajambo yayo atyoroye.
Rero umurongo wa 7 werekana ko Imana izozigama ikongera igakingira abagorwa, ni ukuvuga abagiriwe nabi n’ababisha.
Kuri uwo murongo, amakopi yo kwizigirwa y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yakoresheje ijambo ryerekeza ku bantu. Amavuga abiri yose akoreshwa muri uwo murongo wa 7, ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante iyerekeza ku bantu, bikaba vyerekana ko uwo murongo werekeza ku bantu b’abizigirwa kandi bacinyizwa. Mu gusozera, umurongo wa 7 uca uvuga ko «umwe wese» mu bantu b’abizigirwa azokingirwa «ababisha b’iki gihe», agakingirwa abantu bashira imbere ibibi vy’agahomerabunwa. (Zab. 12:7, 8) Muri vya bihimba vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo vyahindurwa mu giharameya, igice ca mbere c’umurongo wa 7 cerekeza ku bantu. Kigira giti: «Ewe MUKAMA, uzokingira abagororotsi, uzobakingira ababisha b’iki gihe ibihe vyose.» Ivyo biratanga ikindi kimenyamenya cerekana ko Zaburi 12:7 iterekeza ku majambo y’Imana.
Rero, uwo murongo uraha icizigiro «abantu b’abizigirwa» c’uko Imana izobarokora.