Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 8

Ingene twogumana umunezero mu ngorane

Ingene twogumana umunezero mu ngorane

“Mubibone nk’akanyamuneza gusa, bene wacu, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe.”​—YAK. 1:2.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

INCAMAKE *

1-2. Twisunze Matayo 5:11, dukwiye kubona gute ingorane?

YEZU yasezeraniye abayoboke biwe ko bogize agahimbare nyakuri. Ariko kandi yarababwiye ko abamukunda bohuye n’ingorane. (Mat. 10:22, 23; Luka 6:20-23) Turahimbarwa no kuba turi abigishwa ba Kristu. Ariko none tuvyakira gute iyo twiyumviriye ko dushobora guhamwa n’abo mu muryango, abategetsi, canke tukaremerwa n’abo dukorana canke twigana ngo dukore ikintu kitabereye? Birumvikana ko bishobora kuduhagarika umutima.

2 Mu bisanzwe, abantu benshi babona ko guhamwa atari ikintu giteye umunezero. Ariko rero Ijambo ry’Imana ridusaba kunezerwa mu gihe nk’ico. Nk’akarorero, umwigishwa Yakobo yanditse ko aho kurengerwa igihe turi mu ngorane, dukwiye nyabuna kuzibona nk’iziteye umunezero. (Yak. 1:2, 12) Na Yezu yaravuze ko dukwiye kunezerwa mbere n’igihe turiko turahamwa. (Soma Matayo 5:11.) None dushobora gute kugumana umunezero igihe turi mu ngorane? Turashobora kwiga vyinshi mu kurimbura ivyiyumviro bimwebimwe Yakobo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Nimuze tubanze twihweze ingorane zariko zirashikira abo bakirisu.

NI INGORANE IZIHE ZASHIKIYE ABAKIRISU BO MU KINJANA CA MBERE?

3. Ni ibiki vyabaye gatoyi inyuma y’aho Yakobo acikiye umwigishwa wa Yezu?

3 Inyuma gato y’aho Yakobo mwene nyina wa Yezu acikiye umwigishwa, abakirisu b’i Yeruzalemu barashikiwe n’uruhamo. (Ivyak. 1:14; 5:17, 18) Igihe na ho umwigishwa Sitefano yicwa, abakirisu benshi barahunze ico gisagara, maze ‘basanzarira mu ntara za Yudaya na Samariya,’ baraheba barashika kure cane i Shipure n’i Antiyokiya. (Ivyak. 7:58–8:1; 11:19) Abo bigishwa baraciye mu ngorane nyinshi cane. Ariko rero iyo bagiye hose, baramamajeyo inkuru nziza babigiranye umwete, maze haravuka amashengero menshi mu turere dutandukanye tw’Inganji y’Uburoma. (1 Pet. 1:1) Ariko rero abo bakirisu bohavuye bashikirwa n’ibindi bikomeye kuruta.

4. Ni izindi ngorane izihe zashikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere?

4 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barahuye n’ingorane zitandukanye. Nk’akarorero, mu mwaka wa 50 inyuma ya Kristu, umwami w’abami w’Uburoma yitwa Kolode, yarategetse Abayuda bose kuva i Roma. Ivyo vyatumye Abayuda bari bamaze gucika abakirisu bata izabo baja kuba mu tundi turere. (Ivyak. 18:1-3) Nko mu 61, intumwa Paulo yanditse ko abakirisu bagenziwe bari baratutswe ku mugaragaro, bagapfungwa bakongera bagasahurwa ivyabo. (Heb. 10:32-34) Vyongeye, cokimwe n’abandi bantu, abakirisu barakena bakongera bakarwara.​—Rom. 15:26; Flp. 2:25-27.

5. Ni ibibazo ibihe tugiye kuronkera inyishu?

5 Igihe Yakobo yandika ikete ryiwe imbere y’umwaka wa 62, yari azi neza ingorane zariko zirashikira abo basangiye ukwizera. Yehova yaciye amuhumekera ngo abandikire kugira abahe impanuro ngirakamaro zobafashije kugumana umunezero no muri izo ngorane barimwo. Nimuze turimbure iryo kete rya Yakobo maze turonke inyishu z’ibi bibazo: Ni umunezero nyabaki Yakobo yashatse kuvuga? Ni ibiki vyotuma umukirisu atakaza uwo munezero? Vyongeye, ubukerebutsi, ukwizera be n’umutima rugabo, bishobora gute kudufasha kugumana umunezero naho twoba turi mu ngorane zimeze gute?

NI IGIKI GITUMA UMUKIRISU ANEZERWA?

Nka kurya kw’urubeya rw’itara rukingiwe n’ikiyo ruguma rwaka mu gihe c’umuyaga, ni ko n’umunezero mwinshi Yehova atanga uguma ururumba mu mutima w’umukirisu (Raba ingingo ya 6)

6. Twisunze Luka 6:22, 23, kubera iki umukirisu ashobora kugira umunezero naho yoba ari mu ngorane?

6 Abantu boshobora kwibaza ko bohimbarwa ari uko gusa bafise amagara meza, amahera menshi be n’umuryango urangwa amahoro. Ariko rero umunezero Yakobo yavuze, ni umuce w’icamwa c’impwemu y’Imana, na wo ukaba utavana n’uko ibintu biba vyifashe. (Gal. 5:22) Umukirisu aronka umunezero, canke agahimbare nyakuri, igihe azi ko ashimisha Yehova, be n’uko ashimisha Yezu. (Soma Luka 6:22, 23; Kol. 1:10, 11) Nka kurya kw’urubeya rw’itara rukingiwe n’ikiyo ruguma rwaka mu gihe c’umuyaga, ni ko n’umukirisu agumana uwo munezero mu gihe c’ingorane. Uwo munezero ntuca uhungabana ngo ni uko arwaye canke abuze amahera. Vyongeye, ntawutakaza ngo ni uko abo mu muryango canke abandi bamutwenze canke bamurwanije. Ahubwo riho urarushiriza kwiyongera igihe cose abaturwanya bagerageje gutuma tuwutakaza. Ibigeragezo bidushikira kubera ukwizera kwacu, biremeza ko turi abigishwa nyakuri ba Kristu. (Mat. 10:22; 24:9; Yoh. 15:20) Ni co gituma rero Yakobo yanditse ati: “Mubibone nk’akanyamuneza gusa, bene wacu, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe.”​—Yak. 1:2.

Kubera iki ibigeragezo vyoshobora kugereranywa n’umuriro bakoresha mu gucura icuma? (Raba ingingo ya 7) *

7-8. Guca mu bigeragezo bigirira gute akamaro ukwizera kwacu?

7 Yakobo aravuga n’iyindi mvo yotuma abakirisu bitega gushikirwa mbere n’ingorane zikomeye. Avuga ati: “Ako gaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu kazana ukwihangana.” (Yak. 1:3) Ibigeragezo twoshobora kubigereranya n’umuriro bakoresha mu gucura icuma. Iyo ico cuma bagicishije mu muriro hanyuma bakagikurayo kigahora, gica kirushiriza gukomera. Muri ubwo buryo nyene, igihe twihanganiye ibigeragezo, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera. Ni co gituma Yakobo yanditse ati: “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo, kugira mube abanonosoye kandi mutagira agahonzi muri vyose.” (Yak. 1:4) Iyo tubonye ko ibigeragezo bituma ukwizera kwacu kurushiriza gukomera, duca tuvyihanganira tunezerewe.

8 Muri iryo kete ryiwe, Yakobo aravuga n’izindi ntambamyi zoshobora gutuma dutakaza umunezero. None izo ntambamyi ni izihe, kandi twozitsinda gute?

INGENE TWOTSINDA INTAMBAMYI ZODUTWARA UMUNEZERO

9. Kubera iki dukeneye ubukerebutsi?

9 Intambamyi: Kutamenya ico twokora. Igihe turi mu kigeragezo, turipfuza ko Yehova adufasha kugira dufate ingingo zimuhimbara, zigirira akamaro abavukanyi na bashiki bacu, zikongera zikadufasha kuguma turi intahemuka kuri we. (Yer. 10:23) Turakenera ubukerebutsi bwo kumenya ico twokora be n’ico dukwiye kubwira abaturwanya. Hamwe tutoba tuzi ico twokora, twoshobora kwumva umengo ntitugira gitabara, maze ntidutebe gutakaza umunezero.

10. Muri Yakobo 1:5 hatubwira ko dukwiye gukora iki kugira turonke ubukerebutsi?

10 Ico wokora: Nusabe Yehova ubukerebutsi. Nimba twipfuza kwihanganira ibigeragezo tunezerewe, dutegerezwa kubanza gusenga Yehova tumusaba ubukerebutsi dukeneye, kugira dufate ingingo nziza. (Soma Yakobo 1:5.) None dukwiye kuvyakira gute igihe tubonye ko Yehova adaciye yishura amasengesho yacu? Yakobo avuga ko dukwiye ‘kuguma dusaba’ Imana. Yehova ntabona ko tuba tumugoye igihe tuguma tumusaba ubukerebutsi. Ntadushavurira. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ‘aratanga cane’ igihe tumusenze tumusaba ubukerebutsi bwodufasha kwihanganira ibigeragezo bidushikira. (Zab. 25:12, 13) Arabona ibigeragezo turimwo, akatugirira impuhwe, kandi arashashaye kudufasha. Emwe, ivyo biratuma tunezerwa! None Yehova aduha ubukerebutsi gute?

11. Ni ikindi kintu ikihe dutegerezwa gukora kugira turonke ubukerebutsi?

11 Yehova aturonsa ubukerebutsi biciye kw’Ijambo ryiwe. (Imig. 2:6) Kugira rero tuburonke, dutegerezwa kwiga Ijambo ry’Imana be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero turakwiye gukora n’ibindi uretse kwiga gusa. Turakwiye kubaho twisunga ubukerebutsi bw’Imana mu gukurikiza impanuro iduha. Yakobo yanditse ati: “Mube abashira mu ngiro rya jambo, atari abumva gusa.” (Yak. 1:22) Iyo dushize mu ngiro impanuro Imana iduha, turarushiriza kuba abanyamahoro, abakora ibitegereka be n’abanyembabazi. (Yak. 3:17) Izo kamere ziradufasha kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose, kandi tukaguma tunezerewe.

12. Kubera iki bihambaye ko tumenya neza Bibiliya?

12 Ijambo ry’Imana rimeze nk’icirore kidufasha kubona ivyo tworyohora maze tukabikosora. (Yak. 1:23-25) Nk’akarorero, duhejeje kwiga Ijambo ry’Imana, twoshobora kubona ko dukeneye kuba abantu bigumya. Tubifashijwemwo na Yehova, turamenya ingene twoguma dutekanye igihe duhanganye n’ingorane zidushavuza canke igihe abantu badusomborokeje. Kuguma dutekanye bituma tuvyifatamwo neza mu ngorane. Turarushiriza kuzirikana neza, maze tugafata ingingo zibereye. (Yak. 3:13) Birahambaye rero ko tumenya neza Bibiliya.

13. Kubera iki dukwiye kwiga uburorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya?

13 Rimwe na rimwe twiga tubanje kwibonerako. Ariko ubwo si uburyo bwiza bwo kwiga. Uburyo bwiza bwo kuronka ubukerebutsi, ni ukwigira ku bandi bakoze neza be no kubakoze nabi. Ni co gituma Yakobo aturemesha kugira ivyo twigiye ku bantu bavugwa muri Bibiliya, nka Aburahamu, Rahabu, Yobu na Eliya. (Yak. 2:21-26; 5:10, 11, 17, 18) Abo basavyi ba Yehova b’intahemuka, barihanganiye ibigeragezo vyari gushobora kubanyaga umunezero. Ukwihangana kwabo kurerekana ko Yehova ashobora kudufasha kubigana.

14-15. Kubera iki tudakwiye kwigumizamwo inkeka?

14 Intambamyi: Kugumana inkeka. Vyoshika bikatugora gutahura ikintu kanaka kivugwa mw’Ijambo ry’Imana. Canke na ho Yehova yoshobora kutishura amasengesho yacu nk’uko twari tuvyiteze. Ivyo vyoshobora gutuma dukekeranya. Hamwe tutogira ico dukoze, vyoshobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya, maze bikonona ubucuti dufitaniye na Yehova. (Yak. 1:7, 8) Vyonatuma mbere dutakaza icizigiro cacu ca kazoza.

15 Icizigiro cacu ca kazoza, intumwa Paulo yakigereranije n’inanga y’ubwato. (Heb. 6:19) Inanga iragumya ubwato mu gihe c’igihuhusi, maze ntibuzungazunge ngo bwiseke ku bitandara. Ariko rero inanga iba ngirakamaro igihe gusa umunyororo uyiboheye ku bwato udacitse. Kurya nyene ingese zituma umunyororo ufashe inanga utakaza ubukomezi, ni ko no kugumana inkeka bituma ukwizera kwacu kugoyagoya. Igihe umuntu akekeranya ashikiwe n’uruhamo, yoshobora gutakaza icizere c’uko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Dutakaje ukwizera, tuba dutakaje icizigiro. Nk’uko Yakobo abivuga, umuntu akekeranya “ameze nk’umupfunda w’ikiyaga ukubebwa n’umuyaga kandi ukazungazungishwa irya n’ino.” (Yak. 1:6) Umuntu nk’uyo arashobora kutagira umunezero namba.

16. Ni ibiki dukwiye gukora nimba dufise inkeka?

16 Ico wokora: Nurwanye inkeka maze ukomeze ukwizera kwawe. Ntube umuntu adafata ingingo. Mu gihe c’umuhanuzi Eliya, abasavyi ba Yehova bari basigaye bakekeranya. Eliya yababwiye ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” (1 Abm. 18:21) No muri iki gihe ni ko biri. Turakeneye kugira ubushakashatsi kugira tujijuke ko Yehova ari Imana, ko Bibiliya ari Ijambo ryiwe, be n’uko Ivyabona vya Yehova ari abasavyi biwe. (1 Tes. 5:21) Nitwagira ivyo vyose, inkeka dufise zizohera maze ukwizera kwacu gukomere. Hamwe twoba dukeneye uwodufasha kwikuramwo inkeka, twoshobora kwitura abakurambere. Nimba twipfuza kugumana umunezero mu gukorera Yehova, dutegerezwa kugira ico dukoze tudatebaganye.

17. Bigenda gute iyo tubuze umutima rugabo?

17 Intambamyi: Ugucika intege. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imig. 24:10) Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘gucika intege,’ rishobora gusobanura “kubura umutima rugabo.” Iyo ubuze umutima rugabo, ntuteba kubura umunezero.

18. Kwihangana bisobanura iki?

18 Ico wokora: Nusabe Yehova aguhe umutima rugabo kugira wihangane. Nimba dushaka kwihanganira ibigeragezo, turakeneye kugira umutima rugabo. (Yak. 5:11) Ijambo Yakobo yakoresheje ryahinduwe ngo “kwihangana,” ririmwo iciyumviro c’umuntu aguma ahagaze mu kibanza arimwo atikoma. Ivyo bishobora guca bituma twiha ishusho y’umusoda w’umutima rugabo aguma ahagaze ku kirindiro ciwe ahanganye n’umwansi, adasuha na gato naho rwoba rukamvye.

19. Twigira iki ku karorero intumwa Paulo yadusigiye?

19 Intumwa Paulo yaratubereye akarorero ntangere mu bijanye n’ukugira umutima rugabo n’ukwihangana. Naho vyashika akagira ubugoyagoye, yarashobora kwihangana kubera ko yiheka kuri Yehova kugira ngo amuhe inkomezi yari akeneye. (2 Kor. 12:8-10; Flp. 4:13) Na twebwe turashobora kuronka izo nkomezi be n’umutima rugabo, nimba twemera twicishije bugufi ko dukeneye gufashwa na Yehova.​—Yak. 4:10.

NIWIYEGEREZE IMANA MAZE UGUMANE UMUNEZERO

20-21. Dushobora guhera amazinda ku biki?

20 Twohera amazinda ko ibigeragezo bidushikira atari igihano Yehova aduha. Yakobo adusubiriza umutima mu nda ati: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yak. 1:13) Igihe tujijutse ko ivyo ari ukuri, duca turushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda.​—Yak. 4:8.

21 Yehova ‘ntahinduka.’ (Yak. 1:17) Yarashigikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu bigeragezo barimwo, kandi no muri iki gihe azofasha umwumwe wese muri twebwe. Nusabe Yehova ubigiranye ubwira kugira agufashe kuronka ubukerebutsi, ukwizera be n’umutima rugabo. Azokwishura amasengesho yawe. Gutyo, urashobora guhera amazinda ko azogufasha kugira ugumane umunezero igihe uri mu ngorane.

URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo

^ ing. 5 Igitabu ca Yakobo kirimwo impanuro nyinshi ngirakamaro zodufasha kwihanganira ingorane. Iki kiganiro, kiraca irya n’ino zimwezimwe mu mpanuro Yakobo atanga. Izo mpanuro zirashobora kudufasha kwihanganira ingorane, tutarinze gutakaza umunezero mu murimo wa Yehova.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi bafatiye i muhira. Abapolisi baramutwaye, umukenyezi wiwe n’agakobwa kiwe bakaba bariko baramuraba. Igihe umugabo ari mw’ibohero, abo basangiye ukwizera baraza kwifatanya n’umugore wiwe n’agakobwa kiwe mu gusenga kwo mu muryango. Wa mukenyezi n’agakobwa kiwe baguma basaba Yehova ngo abahe inkomezi zo kwihanganira ikigeragezo barimwo. Yehova arabaha amahoro yo mu mutima be n’umutima rugabo. Ivyo biratuma ukwizera kwabo kurushiriza gukomera, maze bakihangana banezerewe.