Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 6

‘Umutwe w’umugore ni umugabo’

‘Umutwe w’umugore ni umugabo’

‘Umutwe w’umugore ni umugabo.’​—1 KOR. 11:3.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE *

1. Igihe mushiki wacu ariko ararimbura ibijanye n’uwo bokwubakana, ni ibibazo bimwebimwe ibihe akwiye kwibaza?

ABAKIRISU bose barayobokera ubukuru bwa Yezu butagira agahaze. Ariko rero iyo umwigeme yubatse, aca ayobokera umugabo adatunganye. Ivyo birashobora kutama bimworohera. Igihe rero arimbura ibijanye n’uwo bazokwubakana, vyoba vyiza yibajije ati: ‘Ni ibiki binyereka ko uyu muvukanyi azoba serugo mwiza? Yoba ashira imbere ivy’impwemu mu buzima bwiwe? Nimba atabishira imbere, nemezwa n’iki ko azohagarikira neza urugo rwacu mu vy’impwemu nitwamara kwubakana?’ Ariko rero, vyoba vyiza kandi uwo mushiki wacu yibajije ati: ‘Ni kamere izihe mfise zizogira ico ziterereye mu mubano wacu? Noba ndi umuntu yihangana kandi arekura? Noba mfitaniye na Yehova ubucuti bukomeye?’ (Umus. 4:9, 12) Agahimbare umugore agira amaze kwubaka urwiwe, ku rugero kanaka kavana n’ingingo afata imbere yo kwubaka.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Bashiki bacu amamiliyoni baratanga akarorero keza mu bijanye no kuyobokera abagabo babo. Ni abo gukezwa! Turahimbarwa no kwifatanya n’abo bakenyezi b’intahemuka mu gukorera Yehova. Muri iki kiganiro, turaza kwihweza inyishu z’ibibazo bitatu: (1) Ni ingorane zimwezimwe izihe zishikira abakenyezi? (2) Kubera iki umukenyezi yemera kuyobokera umugabo wiwe? (3) Ku bijanye no kuyoboka, abagabo n’abagore bakirisu bokwigira iki ku karorero ka Yezu, Abigayili, na Mariya muka Yozefu, akaba na nyina wa Yezu?

ABAKENYEZI BAKIRISU BASHIKIRWA N’INGORANE IZIHE?

3. Kubera iki abubatse bashikirwa n’ingorane?

3 Naho umubano ari ingabire itagira akanenge iva ku Mana, abantu bobo ntibatunganye. (1 Yoh. 1:8) Ni co gituma Ijambo ry’Imana rigabisha abubatse ko bazoshikirwa n’ingorane, izo Bibiliya yita “amakuba mu mubiri wabo.” (1 Kor. 7:28) Reka turimbure ingorane nkeyi gusa zishobora gushikira umukenyezi.

4. Kubera iki umugore yoshobora kubona ko kuyobokera umugabo wiwe bimushira hasi?

4 Kumbure bivanye n’umuryango umugore yakuriyemwo, yoshobora kubona ko kuyobokera umugabo wiwe bimushira hasi. Uwitwa Marisol wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Aho nakuriye, abagore baguma babwirwa ko bategerezwa kungana n’abagabo muri vyose. Ndazi ko Yehova yashinze abagabo kuba umutwe w’urugo, be n’uko yahaye abagore uruhara ruciye bugufi, ariko ruteye iteka. Mugabo rero, ntivyama binyorohera kuyobokera umugabo wanje.”

5. Ni ivyiyumviro ibihe biteye kubiri n’ivyanditswe abantu bamwebamwe bafise ku bijanye n’uruhara rw’umukenyezi?

5 Ku rundi ruhande, umugore yoshobora kuba yubakanye n’umugabo yiyumvira ko abagore bari hasi y’abagabo. Mushiki wacu umwe yitwa Ivon wo muri Amerika y’Epfo, avuga ati: “Mu karere iwacu, abagabo ni bo batangura gufungura, abagore bagafungura mu nyuma. Vyitezwe ko abakobwa bakiri bato ari bo bateka bakongera bagakora isuku, abahungu bakiri bato na bo bagakorerwa na nyina wabo na bashiki babo, kandi babwirwa ko ari ‘abami mu rugo.’” Mushiki wacu umwe yitwa Yingling na we wo muri Aziya, avuga ati: “Mu rurimi rwacu, hariho imvugo yerekana ko atari ngombwa ngo abagore babe baciye ubwenge canke ngo babe bafise ubuhanga kanaka. Bajejwe gukora ibikorwa vyose vyo mu rugo, mugabo ntibemerewe gushikiriza abagabo babo iciyumviro na kimwe.” Umugabo yisunga ivyiyumviro nk’ivyo bitaranga urukundo kandi biteye kubiri n’ivyanditswe, atuma ubuzima butorohera umugore wiwe, aba ananiwe no kwigana Yezu, kandi ntahimbara Yehova.​—Ef. 5:28, 29; 1 Pet. 3:7.

6. Abagore bakwiye gukora iki kugira bakomeze ubucuti bafitaniye na Yehova?

6 Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, Yehova yiteze ko abagabo baronsa imiryango yabo ivyo ikenera mu vy’impwemu, ku mutima no mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Ariko rero naho bashiki bacu bubatse bafise vyinshi bakora, barakwiye gufata umwanya buri musi wo kwiyigisha Ijambo ry’Imana no kurizirikanako, bakongera bagasenga Yehova babigiranye ubwira. Ariko rero ivyo birashobora kutaborohera. Kubera ko abagore bafise vyinshi bakora, boshobora kwiyumvira ko badafise umwanya canke inguvu zo gukora ivyo bintu. Ariko rero birahambaye ko babifatira umwanya. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yipfuza ko umwe wese muri twebwe agiranira na we ubucuti somambike, kandi akabuzigama.​—Ivyak. 17:27.

7. Ni igiki kizotuma birushiriza kworohera umugore kurangura ibanga yashinzwe?

7 Birumvikana ko vyoshobora gusaba ko umugore yihata kugira ngo ayobokere umugabo wiwe adatunganye. Ariko rero bizorushiriza kumworohera kurangura ibanga Yehova yamushinze, nimba atahura imvo zishingiye ku Vyanditswe zerekana igituma akwiye kuyoboka.

KUBERA IKI UMUGORE YOKWEMERA KUYOBOKA?

8. Nk’uko bivugwa mu Banyefeso 5:22-24, ni kubera iki umugore yemera kuyobokera umugabo wiwe?

8 Umugore aremera kuyobokera umugabo wiwe, kubera ko ari vyo Yehova amusaba. (Soma Abanyefeso 5:22-24.) Arizigira Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru, kubera azi yuko yama akora ibintu abitumwe n‘urukundo, kandi ko amusaba gusa gukora ikintu azi ko kizomubera ciza kuruta.​—Gus. 6:24; 1 Yoh. 5:3.

9. Bigenda gute iyo mushiki wacu yubaha ubukuru bw’umugabo wiwe?

9 Isi iremesha abagore kwirengangiza ingingo ngenderwako za Yehova, no kubona ko kuyoboka bibashira hasi. Ariko abashigikira ivyo vyiyumviro ntibazi Imana yacu idukunda. Yehova ntiyokwigera aha abakobwa biwe akunda itegeko ribashira hasi. Iyo mushiki wacu yihatiye kurangura ibanga Yehova yamushinze, araremesha amahoro mu rugo rwiwe. (Zab. 119:165) Ivyo biramugirira akamaro, bikakagirira umugabo wiwe be n’abana biwe.

10. Ni ivyigwa ibihe dukura mu vyo Carol yavuze?

10 Umugore ayobokera umugabo wiwe adatunganye, aba yerekanye ko akunda kandi ko yubaha Yehova, we yashizeho iyo ntunganyo y’ubukuru. Uwitwa Carol wo muri Amerika y’Epfo avuga ati: “Ndazi ko bishika umugabo wanje agakora amakosa. Ndazi kandi ko ukuntu ndavyifatamwo iyo akoze ayo makosa bishira ahabona ubucuti mfitaniye na Yehova uko bungana. Ndagerageza rero kuguma nyoboka, kubera ko nipfuza guhimbara Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru.”

11. Ni ibiki bifasha mushiki wacu yitwa Aneese kuba umuntu ababarira, kandi twigira iki ku vyo yavuze?

11 Umugore birashobora kumugora kugamburukira umugabo wiwe no kumuyobokera, igihe abona ko atitwararika ibimuraje ishinga. Ariko rero, raba ingene mushiki wacu yitwa Aneese avyifatamwo igihe ivyo bishitse. Avuga ati: “Ndagerageza kudaca nshavura. Ndibuka ko twese dukora amakosa. Nipfuza kubabarira abandi ata gahigihigi nk’uko Yehova abigira. Iyo mbabariye abandi, nca nsubira kugira amahoro yo mu mutima.” (Zab. 86:5) Umugore afise umutima wo kubabarira, akenshi usanga bimworohera kuyoboka.

TWOKWIGIRA IKI KU BURORERO BW’ABAVUGWA MURI BIBILIYA?

12. Ni uburorero ubuhe dusanga muri Bibiliya?

12 Hari aboshobora kwiyumvira ko kuyoboka ari ubugoyagoye. Ariko ivyo si vyo na gato. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bari bafise umutima rugabo, mugabo bayobotse. Rimbura ivyo dushobora kwigira kuri Yezu, Abigayili na Mariya.

13. Kubera iki Yezu ayobokera Yehova? Sigura.

13 Yezu arayobokera Yehova, ariko ivyo ntabigira kubera atagira ubwenge canke ubuhanga. Ukuba Yezu yarigisha mu buryo bworoshe kandi butomoye, vyarerekanye ko yari incabwenge ku rugero rudasanzwe. (Yoh. 7:45, 46) Yehova yari azi ko Yezu ashoboye gukora ibintu neza, ku buryo yamwemereye gukorana na we igihe yarema ijuru n’isi. (Imig. 8:30; Heb. 1:2-4) Vyongeye, inyuma y’aho Yezu azukiye, Yehova yaramuhaye ‘ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi.’ (Mat. 28:18) Naho Yezu afise ububangukirwe bwinshi, aguma yemera kuyoborwa na Yehova. Kubera iki? Kubera ko akunda Se wiwe.​—Yoh. 14:31.

14. Abagabo bigira iki (a) ku kuntu Yehova abona abakenyezi? (b) ku bivugwa mu Migani 31?

14 Ivyo abagabo bohigira. Yehova ntiyasavye umugore kuyobokera umugabo wiwe kubera ko abona yuko abagore bari hasi y’abagabo. Ivyo birabonekera ku kuntu yahisemwo abagore n’abagabo kugira bazofadikanye na Yezu kuganza. (Gal. 3:26-29) Yehova yarerekanye ko yizigira Umwana wiwe mu kumuha ubukuru. Umugabo w’inkerebutsi na we nyene araha umugore wiwe ubukuru kanaka. Mu kudondora umugore abishoboye, Ijambo ry’Imana rivuga ko ashobora guhagarikira ibikorwa vyo mu rugo, akagura itongo akongera akaryitwararika, agakora n’urudandazwa. (Soma Imigani 31:15, 16, 18.) Si umushumbakazi adafise uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro ciwe. Ahubwo umugabo wiwe aramwizigira, akongera agatega yompi ivyiyumviro vyiwe. (Soma Imigani 31:11, 26, 27.) Iyo umugabo afatana umugore wiwe icubahiro nk’ico, na we arahimbarwa no kumuyobokera.

Abagore babishoboye bigira iki ku kuba Yezu ayobokera Yehova? (Raba ingingo ya 15)

15. Abagore bokwigira iki ku karorero ka Yezu?

15 Ivyo abagore bohigira. Naho Yezu yaranguye ibintu vyinshi, ntabona ko kuyobokera Yehova bimushira hasi. (1 Kor. 15:28; Flp. 2:5, 6) Muri ubwo buryo nyene, umugore abishoboye kandi yigana akarorero ka Yezu, ntabona ko kuyobokera umugabo wiwe bimushira hasi. Ashigikira umugabo wiwe atabitumwe n’uko amukunda gusa, ariko ahanini abitumwe n’uko akunda Yehova kandi akamwubaha.

Inyuma yo kurungikira ibifungurwa Dawidi n’ingabo ziwe, Abigayili aciye yegera aho Dawidi ari. Aca yikubita imbere yiwe, akamwinginga ngo ntiyihore kugira ntiyagirwe n’amaraso (Raba ingingo ya 16)

16. Twisunze 1 Samweli 25:3, 23-28, ni ingorane izihe zashikiye Abigayili? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

16 Abigayili yari afise umugabo yitwa Nabali. Yari umugabo yikunda, w’ubwibone kandi w’intashima. Naho ari ukwo, Abigayili ntiyarekerana ibintu. Yari gushobora kwinumira, akareka Dawidi n’ingabo ziwe bakica umugabo wiwe. Aho kubigenza gutyo, yaragize ico akoze kugira akingire Nabali n’abo mu rugo rwiwe bose. Iyumvire ingene Abigayili vyamusavye umutima rugabo kwegera abagabo 400 bitwaje ibirwanisho, maze agafasha Dawidi kuzirikana abigiranye icubahiro. Yaranasavye imbabazi ku makosa y’umugabo wiwe. (Soma 1 Samweli 25:3, 23-28.) Dawidi yaratahuye ko Yehova ari we yari yakoresheje uwo mugore w’umutima rugabo, ngo amuronse impanuro yatumye adakora ikosa rikomeye.

17. Abagabo bokwigira iki ku nkuru ya Dawidi na Abigayili?

17 Ivyo abagabo bohigira. Abigayili yari umugore w’inkerebutsi. Dawidi abigiranye ubukerebutsi, yarumvirije impanuro y’uwo mukenyezi. Ivyo vyatumye yirinda gukora ikintu cari gutuma yagirwa n’amaraso. Muri ubwo buryo nyene, imbere yuko umugabo w’inkerebutsi afata ingingo zihambaye, abanza kurimbura yitonze ivyiyumviro bishikirizwa n’umugore wiwe. Hari n’aho ivyiyumviro vy’umugore wiwe bishobora gutuma adafata ingingo itaranga ubukerebutsi.

18. Abagore bokwigira iki ku karorero ka Abigayili?

18 Ivyo abagore bohigira. Umugore akunda Yehova kandi akamwubaha, aragirira akamaro kanini umuryango wiwe, naho umugabo wiwe yoba adasenga Yehova canke atisunga ingingo ngenderwako ziwe. Ntarondera ivyitwazo bidashingiye ku vyanditswe kugira ngo yahukane. Ahubwo abigiranye icubahiro n’ukuyoboka, aragerageza gufasha umugabo wiwe kugira yige ivyerekeye Yehova. (1 Pet. 3:1, 2) Ariko naho akarorero keza atanga katotuma umugabo wiwe agira ivyo ahinduye, Yehova arashima ingene uwo mugore ayoboka aguma ari intahemuka kuri we.

19. Ni ryari umugore adakwiye kugamburukira umugabo wiwe?

19 Ariko rero umugore ayoboka, ntazoshigikira umugabo wiwe niyamusaba kurenga ku mategeko yo muri Bibiliya, canke ku ngingo ngenderwako ziri muri yo. Nk’akarorero, dufate ko umugabo atizeye yubakanye na mushiki wacu amusavye kubesha, kwiba, canke gukora ikindi kintu kinyuranye n’ivyanditswe. Abakirisu bose, ushizemwo na bashiki bacu bubatse, bategerezwa kugamburukira Yehova Imana imbere y’abandi bose. Igihe hari uwusavye mushiki wacu kurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, arakwiye kuvyanka, akamusigurira abigiranye umutima mwiza ariko ashikamye, igituma adashobora kubikora.​—Ivyak. 5:29.

Raba ingingo ya 20 *

20. Twemezwa n’iki ko Mariya yari afitaniye na Yehova ubucuti bukomeye?

20 Mariya yari afitaniye na Yehova ubucuti bukomeye. Biragaragara ko yari azi neza Ivyanditswe. Mu kiganiro yagiranye na Elizabeti nyina wa Yohani Umubatizi, Mariya yarasubiyemwo Ivyanditswe vy’igiheburayo incuro zirenga 20. (Luka 1:46-55) Rimbura kandi iki kintu: Naho Mariya yari arehejwe na Yozefu, umumarayika wa Yehova ntiyatanguye kubonekera Yozefu. Umumarayika yabanje kubonekera Mariya, aramumenyesha ko yovyaye Umwana w’Imana. (Luka 1:26-33) Yehova yari azi neza Mariya, kandi yari yizigiye ko yokunze uwo Mwana wiwe akongera akamwitwararika. Vyongeye, nta gukeka ko Mariya yagumye afitaniye ubucuti bwiza na Yehova n’inyuma y’aho Yezu apfiriye maze akazuka, akaja mw’ijuru.​—Ivyak. 1:14.

21. Abagabo bokwigira iki ku vyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Mariya?

21 Ivyo abagabo bohigira. Umugabo w’inkerebutsi aranezerezwa n’uko umugore wiwe azi neza Ivyanditswe. Ntibimuhagarika umutima, canke ngo abone ko azohava amutwara ikibanza co kuba umutwe w’urugo. Aratahura ko igihe umugore wiwe azi ivyanditswe be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bishobora kubera umuhezagiro umuryango wiwe. Ariko rero naho umugore yoba arusha amashure umugabo wiwe, umugabo ni we afise ibanga ryo guhagarikira ugusenga kwo mu muryango, no kuwuja imbere mu bindi bikorwa vy’impwemu.​—Ef. 6:4.

Ni ibiki abagore bokwigira kuri Mariya nyina wa Yezu, ku bijanye no kwiyigisha no kuzirikana? (Raba ingingo ya 20, 22)

22. Abagore bokwigira iki kuri Mariya?

22 Ivyo abagore bohigira. Naho umugore ategerezwa kuyobokera umugabo wiwe, aguma afise ibanga ryo kwikomeza mu vy’impwemu. (Gal. 6:5) Ku bw’ivyo, ategerezwa kurondera umwanya wo kwiyigisha Bibiliya no kuzirikana. Ivyo bizomufasha kuguma akunda Yehova no kumwubaha, vyongere bitume anezerwa no kuyobokera umugabo wiwe.

23. Ni mu buryo ki abagore bayoboka bibagirira akamaro, bikagirira akamaro imiryango yabo be n’ishengero?

23 Abagore baguma bayobokera abagabo babo babitumwe n’urukundo bakunda Yehova, bararushiriza kugira umunezero n’agahimbare kuruta abirengagiza intunganyo y’ubukuru Yehova yashizeho. Barabera akarorero keza abasore n’inkumi. Vyongeye, baratuma mu miryango harangwa akayaga keza, eka mbere no mw’ishengero. (Tito 2:3-5) Muri iki gihe, igitigiri kinini c’abasavyi ba Yehova b’intahemuka kigizwe n’abakenyezi. (Zab. 68:11) Umwe wese muri twebwe, yaba uw’igitsina gabo canke uw’igitsina gore, arafise uruhara ruhambaye mw’ishengero. Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene umwe wese muri twebwe yorangura urwo ruhara.

URURIRIMBO RWA 131 ‘Ico Imana yafatanije’

^ ing. 5 Yehova yashinze ko umugore ayobokera umugabo wiwe. None ivyo bisigura iki? Ku bijanye no kuyoboka, abagabo n’abagore bakirisu barashobora kwigira vyinshi ku karorero ka Yezu no ku bagore bavugwa muri Bibiliya.

^ ing. 68 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Igihe Mariya yariko araganira na Elizabeti nyina wa Yohani Umubatizi, yarasubiyemwo imirongo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo yari yarafashe ku mutwe.

INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukenyezi mukirisu arafata akanya ko kwiyigisha Bibiliya kugira agume yikomeza mu vy’impwemu.