Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Vyose vyavuye ku kumwenyura!

Vyose vyavuye ku kumwenyura!

IGIHE kimwe, abigeme babiri bariko baraca mu gisagara gikorerwamwo ivy’ubudandaji citwa Baguio muri Filipine. Barabonye ka kantu k’amapine dushirako ibitabu, ariko ntibaja kuraba. Mushiki wacu yitwa Helen yari ahagaze iruhande yako, yaciye abamwenyurira abigiranye umutima mwiza. Naho abo bigeme bagumye bigira, barakozwe ku mutima n’ukuntu Helen yabamwenyuriye n’igishika cinshi.

Mu nyuma, abo bigeme babiri bariko barataha bari muri bisi, barabonye icapa kinini canditseko jw.org kiri ku Ngoro y’Ubwami. Baciye bibuka ko gisa n’ico bari babonye kuri ka kantu k’amapine. Baciye bururuka baja kuraba urutonde rw’amakoraniro y’amashengero atandukanye, rwari ku muryango w’irembo ry’iyo Ngoro y’Ubwami.

Abo bigeme baritavye rimwe mu makoraniro yakurikiye. Ndagupfinze uwo babonye igihe binjira mu Ngoro y’Ubwami! Yari Helen! Baciye bibuka ko ari umwe yabamwenyurira. Helen yavuze ati: “Igihe nabona baza bantumbereye, umutima warasimvye. Niyumviriye ko kumbure hari ikintu kibi nari nakoze.” Ariko abo bigeme baciye basigurira Helen ingene vyari vyagenze.

Bararyohewe n’iryo koraniro be n’ukuntu babakiriye. Bumvise bisanze. Igihe babona abandi bariko baragira isuku ikoraniro riheze, barabajije nimba na bo bofasha. Naho umwe muri bo yahavuye aja mu kindi gihugu, uwo wundi yaratanguye kwitaba amakoraniro no kwiga Bibiliya. Vyose vyavuye ku kumwenyura!