Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Kubera iki Bibiliya ihora isubiramwo amajambo amwamwe?

ABANDITSE Bibiliya, rimwe na rimwe barasubiramwo amungane amwamwe ijambo ku rindi. Reka turabe imvo zitatu zishobora kuba zaratuma babigira:

Igihe yandikiwe. Muri Isirayeli ya kera, abantu benshi ntibari bafise amakopi ya ya mategeko ya Musa. Ahanini, bumva ayo mategeko igihe baba bakoraniye hamwe kw’ihema ryeranda bariko barayabasomera. (Gus. 31:​10-12) Kubera ko bamara umwanya munini bumviriza kandi bahagaze mw’isinzi rinini, birashoboka ko batabura ibibasamaza. (Neh. 8:​2, 3, 7) Mu biringo nk’ivyo, gusubiramwo amungane ahambaye, bishobora kuba vyarafasha abantu kwibuka ivyanditswe no kubishira mu ngiro. Gusubiramwo amajambo kanaka, bishobora kuba vyarabafasha cane kwibuka ibintu vy’ido n’ido, nk’amategeko y’Imana be n’ingingo yashinze.—Lew. 18:​4-22; Gus. 5:1.

Ingene yanditswe. Ibice nka 10 kw’ijana vya Bibiliya bigizwe n’indirimbo. Aho harimwo igitabu c’Amazaburi, ic’Indirimbo ya Salomo n’ico Gucura intimba. Rimwe na rimwe, indirimbo zaba zirimwo ivyitabirizo. Ivyo vyaratuma umutwe nyamukuru w’ururirimbo ushimikwako, bigafasha n’abarwumviriza kurufata ku mutwe. Nk’akarorero, raba amajambo ari muri Zaburi 115:​9-11. Hagira hati: «Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova: ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe. Ewe nzu ya Aroni, niwizigire Yehova: ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe. Yemwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova: ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu.» Woba ubona ingene gusubiramwo ayo majambo bishobora kuba vyarafasha abo baririmvyi kwinjiza mu mitima yabo no mu bwenge bwabo ukwo kuri kw’agaciro?

Igituma yanditswe. Rimwe na rimwe, abanditse Bibiliya barasubiramwo amajambo ahambaye. Nk’akarorero, igihe Yehova yabuza Abisirayeli kurya amaraso, yategetse Musa kubasubiriramwo incuro nyinshi igituma yabibabujije. Imana yashaka gushimika ku vy’uko ubuzima bw’ikiremwa cose buri mu maraso yaco, bikaba bisigura ko amaraso ari bwo buzima. (Lew. 17:​11, 14) Mu nyuma, igihe intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu berekana ibintu bihambaye twokwirinda kugira ntitubabaze Imana, barasubiye gushimika ku vy’uko dukwiye kwirinda amaraso.—Ivyak. 15:​20, 29.

Yehova ntiyashaka ko gusubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe biba nk’umugenzo. Nk’akarorero Yezu yavuze ati: «Igihe musenga, ntimugume musubiramwo vya bindi nyene.» (Mat. 6:7) Yaciye rero atubwira ivyiyumviro bibereye twoshira mw’isengesho bijanye n’ivyo Imana igomba. (Mat. 6:​9-13) Naho rero mu masengesho dutura twirinda kuguma dusubiramwo ya majambo nyene, nta kibi kirimwo dusubiyemwo ivyo vyiyumviro nyene incuro n’izindi.—Mat. 7:​7-11.

Kuba rero Ijambo ry’Imana ryahumetswe risubiramwo amajambo amwamwe be n’amungane amwamwe, ni ikintu cumvikana. Ubwo ni uburyo bumwe Umwigisha wacu Ahambaye akoresha mu kutwigisha ibitugirira akamaro.—Yes. 48:​17, 18.