IKIGANIRO C’UKWIGA CA 6
URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu
Igituma dukenguruka imbabazi za Yehova
«Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege.»—YOH. 3:16.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiradufasha kurushiriza gukenguruka imbabazi za Yehova. Kugira ivyo tubishikeko, turaza kuraba ivyo Yehova yakoze kugira bishoboke ko tubabarirwa ibicumuro vyacu.
1-2. Ni mu buryo ki ivy’abantu vyifashe nk’ivy’umusore avugwa mu ngingo ya 1?
NIWIHE ishusho y’umusore yakuriye mu muryango wifise. Umusi umwe agiye yumva ko abavyeyi biwe bahitanywe n’isanganya. Iyo nkuru iramutuntuza cane. Wa wundi ngo amagorwa ntasiga ayandi, uwo musore aramenya kandi ko abavyeyi biwe basesaguye itunga ry’umuryango, akaba asigaye mu madeni atazopfa yituye. Iyumvire nawe! Aho gutorana itunga ry’umuryango, atoranye amadeni abavyeyi biwe bariye, none beneyo batanguye kuza kumurihisha. Kandi ayo madeni ntazopfa ashoboye kuyariha.
2 Hari ukuntu ivyacu vyifashe nk’ivy’uwo musore. Abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, bari batunganye kandi baba mw’Iparadizo iteye igomwe. (Ita. 1:27; 2:7-9) Bari gushobora kubaho ibihe bidahera kandi bahimbawe. Ariko budakeye na kabiri ibintu vyaciye bihinduka. Yehova yarabirukanye muri iyo Paradizo, kandi ntivyari bigishoboka ko babaho ibihe bidahera. None ni igiki boraze abobakomotseko? Bibiliya itubwira iti: «Igicumuro . . . carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu], urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye.» (Rom. 5:12) Urabona ko iragi Adamu yadusigiye ari igicumuro gituma dupfa. Ico gicumuro twarazwe kimeze nk’ideni rinini ata n’umwe muri twebwe yoshobora kuriha.—Zab. 49:8.
3. Kubera iki ibicumuro vyacu bigereranywa n’«amadeni»?
3 Yezu yagereranije ibicumuro vyacu n’«amadeni.» (Mat. 6:12; Luka 11:4; utujambo tw’epfo.) Iyo ducumuye ni nk’aho tuba tuririye ideni Yehova, kandi iryo deni dutegerezwa kuryishura. Nka hamwe tutoryishura, Yehova yoriduhebera gusa ari uko dupfuye.—Rom. 6:7, 23.
4. (a) Vyari kutugendera gute twese abacumuzi, iyo tutaronka uwuduserukako? (Zaburi 49:7-9) (b) Muri Bibiliya ijambo igicumuro ryerekeza kuki? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Igicumuro.»)
4 Twebwe ubwacu nta co twoshoboye gukora kugira ngo dusubire kuronka ivyo Adamu na Eva batakaje. (Soma Zaburi 49:7-9.) Iyo tutaronka uwuduserukako twopfuye nk’ibikoko, ata cizigiro co gusubira kubaho.—Umus. 3:19; 2 Pet. 2:12.
5. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, yadufashije gute kuriha rya deni ry’igicumuro twarazwe? (Raba ifoto.)
5 Reka tugaruke kuri ka karorero ka wa musore twavuga mu ntango. Yari kwiyumva gute habonetse umugwizatunga yemera kumurihira ayo madeni yose? Nta nkeka ko uwo musore yari gukenguruka cane iyo mfashanyo kandi akayakiriza yompi. Na Yehova wa Muvyeyi wacu adukunda, biciye ku ngabire yatanze, yaraturihiye ideni rya ca gicumuro twaragwa na Adamu. Yezu yabisiguye muri ubu buryo, ati: «Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» (Yoh. 3:16) Iyo ngabire iratuma kandi tugiranira ubucuti bwiza na Yehova.
6. Ni imvugo izihe zo muri Bibiliya tugiye guca irya n’ino, kandi kubera iki?
6 Twungukira gute none kuri iyo ngabire idasanzwe ituma tubabarirwa ibicumuro vyacu, ari yo «madeni» yacu? Inyishu y’ico kibazo turayisanga mu mvugo zimwezimwe zikoreshwa muri Bibiliya, ari zo z’izi: Gusubiza hamwe n’Imana, impongano, kubabarirwa ibicumuro, incungu, kubohorwa be no kwitwa abagororotsi. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ico izo mvugo zisobanura. Kuzirikana ku nsobanuro yazo, biraza kudufasha kurushiriza gukenguruka ivyo Yehova yakoze kugira ngo tubabarirwe.
INTUMBERO Y’IYO NGABIRE: GUSUBIZA HAMWE N’IMANA
7. (a) Ni ikindi kintu ikihe Adamu na Eva batakaje? (b) Twebwe abakomoka kuri Adamu na Eva, ni ikintu ikihe dukeneye cane? (Abaroma 5:10, 11)
7 Igihe Adamu na Eva bacumura, ntibatakaje gusa icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Baratakaje n’ubucuti bwiza bari bafitaniye n’Umuvyeyi wabo Yehova. Bataracumura bari mu bagize umuryango w’Imana. (Luka 3:38) Ariko aho bacumuriye, Yehova yaciye abirukana mu muryango wiwe batararonka abana. (Ita. 3:23, 24; 4:1) Twebwe rero abakomoka kuri Adamu na Eva, turakeneye gusubiza hamwe na Yehova. (Soma Abaroma 5:10, 11.) Mu yindi mvugo, turakeneye kugiranira na we ubucuti bwiza. Twisunze ibivugwa n’igitabu kimwe, ijambo ry’ikigiriki rihuye n’iyo mvugo «gusubiza hamwe», rishobora gusobanura ngo «kugira umwansi umugenzi.» Igitangaje, ni uko Yehova ari we yateye intambwe ya mbere kugira ngo ivyo bishoboke. Uti gute?
INTUNGANYO IMANA YACIYE ISHIRAHO: IMPONGANO
8. (a) Impongano ni iki? (b) Iyo umuntu ababariwe ibicumuro bivamwo iki?
8 Impongano ni intunganyo Yehova yashizeho ituma abantu b’abacumuzi basubira kugiranira na we ubucuti bwiza. Ivyo vyosavye ko Yehova atanga ikintu kinganya agaciro n’ico Adamu yatakaje, kugira bikunde ko akigarukana. Ivyanditswe vy’ikigiriki, birakoresha imvugo iserura iciyumviro nk’ico, na yo akaba ari ukubabarirwa ibicumuro. (Rom. 3:25) Iyo umuntu ababariwe ibicumuro, bituma agiranira amahoro n’Imana kandi akaba umugenzi wayo.
9. Ni intunganyo iyihe y’imfatakibanza Yehova yashizeho kugira ngo Abisirayeli bababarirwe ibicumuro?
9 Kugira ngo Abisirayeli bashobore kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, yarashizeho intunganyo y’imfatakibanza yotumye babarirwa ibicumuro vyabo. Abisirayeli bategerezwa guhimbaza umusi w’impongano rimwe mu mwaka. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru yaratangira Abisirayeli ibimazi vy’ibitungwa. Naho ari ukwo, ibimazi vy’ibitungwa ntivyashobora gukuraho burundu ibicumuro vy’umuntu, kuko igitungwa kitanganya agaciro n’umuntu. Ariko ntiwumve, igihe cose Abisirayeli baba bigaye bagashikanira Yehova ibimazi yasaba, yarababarira ibicumuro vyabo. (Heb. 10:1-4) Vyongeye, ibimazi vyatangwa ku musi w’impongano be n’ivyatangwa mu bindi bihe, vyaratumye Abisirayeli babona ko ari abanyavyaha, be n’uko bari bakeneye cane icotuma bababarirwa ivyaha vyabo rimwe rizima.
10. Ni intunganyo iyihe Yehova yashizeho yotumye ababarira abantu ibicumuro rimwe rizima?
10 Yehova yariko arategura intunganyo yotumye abantu bababarirwa ibicumuro rimwe rizima. Yaratunganije ivy’uko Umwana wiwe akunda cane, «yishika[na] rimwe rizima kugira yikorere ibicumuro vya benshi.» (Heb. 9:28) Yezu «[yaratanze] ubuzima bwiwe kugira acungure benshi.» (Mat. 20:28) None incungu ni iki?
IGICIRO CARISHWE: INCUNGU
11. (a) Twisunze Bibiliya incungu ni iki? (b) Ni nde yoshoboye kuyiriha?
11 Twisunze Bibiliya, incungu ni igiciro kirihwa kugira ngo abantu bababariwe ibicumuro, maze basubize hamwe n’Imana. Iyo ncungu ituma icari caratakaye kigarukanwa. Uti gute? Niwibuke ko igihe Adamu na Eva bacumura, baciye batakaza ubuzima butunganye be n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Incungu rero yotegerejwe kuba inganya agaciro n’icari catakaye. (1 Tim. 2:6) Iyo ncungu yorishwe gusa n’umuntu w’umugabo akuze (1) atunganye, (2) yoshoboye kubaho ibihe bidahera kw’isi, (3) yobaye yiteguriye gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Aho ni ho gusa ubuzima bw’uwo muntu bwoshoboye gusubirira, canke kuriha, ubuzima bwari bwatakaye.
12. Kubera iki Yezu yari ashoboye gutanga incungu?
12 Raba ibintu bitatu vyerekana igituma Yezu ari we yari ashoboye gutanga iyo ncungu yasabwa. (1) Yari atunganye. «Nta gicumuro yakoze.» (1 Pet. 2:22) (2) Kubera ko yari atunganye, yari gushobora kubaho ibihe bidahera kw’isi. (3) Yari yiteguriye gutanga ubwo buzima bwiwe ku bwacu. (Heb. 10:9, 10) Kubera ko Yezu yari atunganye, yari aringaniye na wa muntu wa mbere Adamu imbere y’uko acumura. (1 Kor. 15:45) Biciye rero ku rupfu rwiwe, Yezu yarashoboye gutangira impongano igicumuro ca Adamu, ni ukuvuga kugaruza ico Adamu yari yaratakaje. (Rom. 5:19) Ivyo vyatumye Yezu aba «Adamu wa nyuma.» Ntibikenewe rero ko hagira uwundi muntu atunganye yoza kugaruza ico Adamu yatakaje. Yezu yapfuye «rimwe rizima.»—Heb. 7:27; 10:12.
13. Impongano n’incungu bitandukaniye he?
13 None impongano n’incungu bitandukaniye he? Gutanga impongano ni intunganyo Imana yashizeho kugira bishoboke ko abantu basubira kugiranira ubucuti bwiza na yo. Incungu na yo ni igiciro carishwe kugira bishoboke ko abantu badatunganye bababarirwa ibicumuro. Ico giciro carishwe, ni amaraso y’agaciro ya Yezu yasheshwe ku bwacu.—Ef. 1:7; Heb. 9:14.
ICO VYAVUYEMWO: KUBOHORWA NO KWITWA ABAGOROROTSI
14. Ni ibiki tugiye kwihweza, kandi kubera iki?
14 None intunganyo ijanye no gutanga impongano yavuyemwo ivyiza ibihe? Bibiliya irakoresha imvugo zitandukanye mu kuvuga ivyo vyiza. Naho izo mvugo zifise insobanuro ihakwa gusa, imwimwe yose irashimika ku kuntu twungukira ku mbabazi za Yehova. Reka twihweze zibiri muri zo be n’ivyiza umwe wese muri twebwe ahakura.
15-16. (a) Incungu imaze gutangwa, haciye hakurikira iki? (b) Ivyo bituma twumva tumerewe gute?
15 Bibiliya ivuga ko incungu imaze gutangwa, twaciye tubohorwa, ntitwaba tugikurikiranwa n’amategeko. Intumwa Pawulo yabivuze muri ubu buryo, ati: «[Yezu Kristu] yaritanze ku bwacu kugira atubohore tuve mu bugarariji bw’uburyo bwose.»—Tito 2:14a.
16 Incungu iratuma tubohorwa tukava mu buja bw’icaha n’urupfu. (Rom. 5:21) Emwe, turi n’imvo zumvikana zo gukengurukira cane Yehova na Yezu, kubera ko twabohowe biciye ku maraso y’agaciro ya Yezu!—1 Kor. 15:22.
17-18. (a) Kwitwa umugororotsi bisobanura iki? (b) Bivamwo ivyiza ibihe?
17 Kwitwa umugororotsi bisobanura gukurwako ibirego maze dosiye igaca yubikwa, canke kwambikwa izera. Ivyo ntibisaba ko Yehova ahonyanga amategeko agenga ubutungane bwiwe. Ntatwita abagororotsi ngo ni uko tubibereye, canke ngo arenze uruho rw’amazi ku bicumuro vyacu. Ahubwo ico Yehova afatirako kugira ngo atubabarire ibicumuro, ni ukuba twizera ivyo we n’Umwana wiwe bakoze kugira ngo ducungurwe.—Rom. 3:24; Gal. 2:16.
18 None kwitwa abagororotsi tuvyungukirako gute? Vyaratumye bamwebamwe batorwa kugira bazofadikanye na Yezu kuganza mw’ijuru, baraheza bitwa abana b’Imana. (Tito 3:7; 1 Yoh. 3:1) Barababariwe ivyaha vyabo. Ni nk’aho dosiye y’ivyaha vyabo yubitswe, baca baba ababereye Ubwami. (Rom. 8:1, 2, 30) Kwitwa abagororotsi kandi vyaratumye abandi baronka icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, barababarirwa ibicumuro vyabo, baraheza bitwa abagenzi b’Imana. (Yak. 2:21-23) Abagize isinzi rinini bazorokoka Harumagedoni, bazogira icizigiro co kutazokwigera bapfa. (Yoh. 11:26) «Abagororotsi» be «n’abatari abagororotsi» bapfuye, bazozuka. (Ivyak. 24:15; Yoh. 5:28, 29) Amaherezo, abasavyi ba Yehova bose bagamburuka bo kw’isi, «[bazo]gira umwidegemvyo w’agatangaza w’abana b’Imana.» (Rom. 8:21) Ese ukuntu ya ntunganyo yo gutanga impongano izovamwo ivyiza bikomeye! Izotuma dusubiza hamwe n’Umuvyeyi wacu Yehova bimwe vyuzuye.
19. Ivyacu vyahindutse gute? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ingene twungukira ku mbabazi za Yehova.»)
19 Mu vy’ukuri, ivyacu vyarigeze kuba bimeze nk’ivya wa musore twavuga mu ntango yatakaza vyose, agatorana amadeni atopfuye ashoboye kuriha. Ariko Yehova yarahaserutse aradutabara. Ivyacu vyarahindutse, kubera ko Yehova yatunganije ibijanye no gutanga impongano be no kuriha incungu. Kwizera Yezu Kristu bituma tubohorwa tukava mu buja bw’icaha n’urupfu. Vyongeye, ibicumuro vyacu birahanagurwa, dosiye yacu ikubikwa, tukambikwa izera. Ariko rero ikiruta vyose, turagiranira ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wacu adukunda Yehova.
20. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?
20 Iyo tuzirikanye ku vyo Yehova na Yezu badukoreye, duca twumva tworushiriza kubakengurukira. (2 Kor. 5:15) Iyo batahaseruka, kari kabaye! Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene umwumwe wese muri twebwe yungukira ku mbabazi za Yehova.
URURIRIMBO RWA 10 Shemeza Yehova Imana yacu!