Ikibazo gisanzwe uwo ari we wese yobaza
Mary n’umugabo wiwe John a baba mu gihugu aho Abanyafilipine benshi bakunda kuja guca ingero. Mary na John rero baca bababwira inkuru nziza. Mu gihe ca Korona, Mary yaratanguje inyigisho za Bibiliya mu gihugu iwabo, mbere no mu bindi bihugu. None yabigenjeje gute?
Mary yarabaza uwo yaba ariko arigisha Bibiliya ati: «Hari uwundi woba uzi yoshima kwiga Bibiliya?» Amubwiye ko hari uwo azi, Mary yaca amubaza nimba yobahuza. Kubaza ico kibazo gisanzwe, akenshi biravamvo ivyiza. Kubera iki? Kubera ko abantu bakunda Ijambo ry’Imana usanga akenshi bipfuza kubwira incuti n’abagenzi ivyo baba bariko bariga. Kubaza ico kibazo none vyavuyemwo iki?
Umugore umwe Mary yigisha yitwa Jasmin yaramuhuje n’abandi bantu bane bipfuza kwiga Bibiliya. Umwe muri bo yitwa Kristine. Yarakunze cane ivyo yiga ku buryo yasavye Mary ko boza bariga kabiri mu ndwi. Igihe Mary yabaza Kristine na we nimba hari uwundi azi yoshima kwiga Bibiliya, yishuye ati: «Ego bariho. Ndafise abagenzi nibaza ko bobishima.» Mu ndwi nkeya gusa, Kristine yeretse Mary abagenzi biwe bane bipfuza kwiga Bibiliya. Mu nyuma, Kristine yaramuhuje n’abandi bagenzi biwe, na bo bamwereka abandi, gutyo gutyo.
Kristine yaripfuza ko n’umuryango wiwe wari muri Filipine wokwiga Bibiliya. Yaciye rero abiyaga n’umukobwa wiwe yitwa Andrea. Mu ntango, Andrea yiyumvira ko Ivyabona ari akadumbi k’idini, ko batemera Yezu be n’uko bakoresha gusa Isezerano rya kera. Ariko amaze kwiga rimwe gusa, yasanze ivyo yabiyumvirako vyose atari vyo. Igihe yaba yize ikintu gishasha, yarakunda guca avuga ati: «Ko ari Bibiliya ibivuze, ni ukuri kwigendera!»
Mu nyuma, Andrea yarahuje Mary n’abandi bagenzi biwe babiri be n’uwundi muntu umwe bakorana, baca baratangura kwiga Bibiliya. Vyongeye, inasenge wa Andrea w’impumyi yitwa Angela, yarakunda kwumviriza ivyo baba bariko bariga naho Mary atabimenya. Umusi umwe, Angela yarasavye Andrea ko yomuhuza na Mary, aca amusaba ko na we yomwigisha Bibiliya. Angela yarakunze ivyo yariko ariga. Mu kwezi kumwe gusa, yari amaze gufata ku mutwe ivyanditswe vyinshi kandi yipfuza kwiga kane mu ndwi. Abifashijwemwo na Andrea, Angela yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza biciye ku buhinga bwa none.
Igihe Mary yamenya ko umugabo wa Kristine ari we Joshua, yakunda kuba ari hafi igihe
Kristine yaba ariko ariga Bibiliya, Mary yaciye amubaza nimba yoshima kubiyungako. Joshua yamwishuye ati: «Nzokwumviriza gusa, mugabo ntihagire ikibazo na kimwe uzombaza. Niwambaza nzoca mpaguruka nigire.» Haciye iminuta itanu gusa batanguye kwiga, yabajije ibibazo vyinshi kuruta Kristine, kandi yaripfuza kubandanya ivyo biyago bishingiye kuri Bibiliya.Ico kibazo gisanzwe Mary yabaza caratumye aronka inyigisho za Bibiliya nyinshi. Kubera ko zamubanye nyinshi, yaciye asaba abandi bamamaji ngo bazimufashe. Inyigisho za Bibiliya zose hamwe Mary yatanguje zari 28, mu bihugu bine bitandukanye.
Jasmin, umwe batangura kwiga yabatijwe muri Ndamukiza 2021. Kristine yabatijwe muri Rusama 2022, ubu akaba yarasubiye muri Filipine aho ari kumwe n’umuryango wiwe. Babiri mu bantu Kristine yahuje na Mary, na bo nyene barabatijwe. Inyuma y’amezi makeya, Angela na we nyene yarabatijwe, ubu akaba ari umutsimvyi asanzwe. Joshua umugabo wa Kristine be na Andrea umukobwa wabo, hamwe n’izindi nyigisho nyinshi za Bibiliya, bariko baratera imbere neza.
Mu kinjana ca mbere, inkuru nziza yaranyaruka gukwiragira mu ncuti n’abagenzi. (Yoh. 1:41, 42a; Ivyak. 10:24, 27, 48; 16:25-33) Ubona gute none nawe ugiye urabaza abo wigisha Bibiliya be n’abandi baba bashimishijwe uti: «Hari uwundi woba uzi yoshima kwiga Bibiliya?» Ico kibazo gisanzwe, hari aho coshobora gutuma uronka inyigisho za Bibiliya nyinshi.
a Si ko basanzwe bitwa.