Niwamirire kure agatima k’ubwikunzi karangwa muri iyi si
MURI iyi si, abantu benshi babona ko bakwiye kuronka uturusho tudasanzwe, kuronka uburenganzira abandi badafise canke gufatwa mu buryo budasanzwe. Abo bantu naho boronka ibingana gute, baguma babona ko bakwiriye n’ibindi. Iyo nyifato ikomoka ku gatima k’ubwikunzi no kudashima biranga imisi ya nyuma.—2 Tim. 3:2.
Ariko ntiwumve, agatima k’ubwikunzi si ak’ubu. Nk’akarorero, Adamu na Eva bafashe ingingo yo kwihitiramwo iciza n’ikibi, bikaba vyarakweze akarambaraye. Inyuma y’imyaka amajana, umwami w’Ubuyuda yitwa Uziya yiyumviriye ko afise uburenganzira bwo gushikana imibavu ku rusengero, ariko yari yihenze rwose. (2 Ngo. 26:18, 19) Abafarizayo n’Abasadukayo na bo nyene biyumvira ko Imana ikwiye kubafata mu buryo budasanzwe, kubera gusa bakomoka kuri Aburahamu.—Mat. 3:9.
Dukikujwe n’abantu bikunda kandi bishira imbere, ivyo natwe bikaba vyoshobora kutwandukira. (Gal. 5:26) Twoshobora gutangura kwiyumvira ko tubereye uturusho kanaka canke gufatwa mu buryo budasanzwe. None twokwirinda gute ako gatima? Turakeneye kubanza gutahura ukuntu Yehova abibona. Raba ingingo ngenderwako zibiri zo muri Bibiliya zodufasha.
Yehova ni we agena ivyo tubereye kuronka. Raba ubu burorero.
-
Mu muryango, umugabo arakeneye kwumva ko yubashwe n’umugore wiwe, umugore na we Ef. 5:33) Mu bijanye no kurangura amabanga y’abubatse, umwe wese mu bubakanye arakeneye kwumva ko agaragarijwe urwo rukundo n’uwo bubakanye, ata wundi amubangikanije. (1 Kor. 7:3) Vyongeye, abavyeyi barafise uburenganzira bw’uko abana babo babagamburukira, n’abana barafise uburenganzira bwo gukundwa no gushigikirwa n’abavyeyi babo.—2 Kor. 12:14; Ef. 6:2.
arakeneye kwumva ko akunzwe n’umugabo wiwe. ( -
Mw’ishengero, abakurambere barabereye icubahiro kubera ko bakora cane. (1 Tes. 5:12) Naho ari ukwo, nta burenganzira bafise bwo kuganza abavukanyi babo.—1 Pet. 5:2, 3.
-
Imana yarahaye uburenganzira abategetsi bwo gusaba amakori be no kwubahwa n’abo batwara.—Rom. 13:1, 6, 7.
Yehova abitumwe n’urukundo araduha ibirengeye ivyo tubereye. Kubera ko turi abacumuzi, nta kindi twari tubereye atari urupfu. (Rom. 6:23) Yamara Yehova araduha ivyiza vyinshi kubera ko adukunda. (Zab. 103:10, 11) Iciza cose yoduha canke iteka iryo ari ryo ryose yodutera, tubikesha ubuntu bwiwe buhebuje.—Rom. 12:6-8; Ef. 2:8.
INGENE TWOKWIRINDA AGATIMA K’UBWIKUNZI N’UKWISHIRA IMBERE
Uraba maso ku vyiyumviro vy’iyi si. Tutabiciye n’ikanda, twoshobora gutangura kwiyumvira ko tubereye gufatwa mu buryo budasanzwe kuruta abandi. Mu karorero Yezu yatanze k’abakozi bahembwe idenariyo, yarerekanye ingene ivyo vyiyumviro vyoshobora kutwandukira bitagoranye. Bamwe muri bo batanguye akazi mu gitondo ca kare, bakora umusi wose ku ruzuba, abandi na bo bakora isaha imwe gusa. Abakoze umusi wose babona ko babereye guhabwa impembo iruta iy’abandi. (Mat. 20:1-16) Yezu yatanze ako karorero kugira yigishe abigishwa biwe yuko bakwiriye kubumbwa n’ivyo Imana iba yashimye kubaha.
Niwame ushima, aho kwama usaba. (1 Tes. 5:18) Niwigane intumwa Pawulo. Ntiyasavye abavukanyi b’i Korinto kumuronsa ivyomubeshaho, naho yari abifitiye uburenganzira. (1 Kor. 9:11-14) Turakwiye gukenguruka ivyo turonka vyose, tukirinda agatima ko kwama dusaba.
Niwicishe bugufi. Igihe umuntu yiyumvira ko ari agahambaye, kenshi aca atangura kubona
ko hari ivyo akwiriye kuronka kuruta abandi. Ukwicisha bugufi, ni wo muti w’iyo nyifato iteye akaga.Umuhanuzi Daniyeli yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no kwicisha bugufi. Igihe yari i Babiloni bamufata mu buryo budasanzwe, kandi yararonswa uturusho tudasanzwe. Yari gushobora kwiyumvira ko yari abereye kubironka kubera umuryango yavamwo, ukuntu yasa, ubwenge yari afise n’ubuhanga yari afise. (Dan. 1:3, 4, 19, 20) Ariko Daniyeli yagumye yicisha bugufi kandi ivyo vyatumye Yehova amushima cane.—Dan. 2:30; 10:11, 12.
Nimuze twamirire kure agatima k’ubwikunzi n’ukwishira imbere kiraye muri iyi si. Nitubandanye nyabuna kunezerererwa ibintu vyose Yehova aduha kubera ubuntu bwiwe buhebuje.