INKURU Y’UBUZIMA
«Sinigeze mba ndi jenyene»
MU BUZIMA hari ibintu vyinshi bishobora gutuma twumva ko turi inyakamwe: uri ukubura abacu, kwimukira mu karere gashasha be no kwumva ko uri wenyene. Kandi ivyo vyose vyaranshikiye. Nsubije amaso inyuma ndabona ko vy’ukuri ntigeze mba ndi jenyene. Reka ndabiganire icatumye nshika kuri ico ciyumviro.
AKARORERO K’ABAVYEYI BANJE
Dawe na mawe bari abagatolika b’imena. Ariko igihe bamenya biciye muri Bibiliya ko Imana yitwa Yehova, bompi baciye baba Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete. Dawe yaciye aheba kubaza ibishusho vya Yezu. Ubwo buhanga yari afise mu vyo kubaza, yaciye nyabuna abukoresha mu guhindura igice co hasi c’inzu yacu y’igorofa, akigira Ingoro y’Ubwami ya mbere y’i San Juan del Monte, agasagara kari mu micungararo ya Manila, umurwa mukuru wa Filipine.
Navutse mu 1952. Abavyeyi banje baranyigishije ukuri kwerekeye Yehova, nk’uko babigirira bakuru banje, ni ukuvuga abahungu bane n’abakobwa batatu. Igihe nariko ndakura, dawe yama andemesha gusoma ikigabane kimwe ca Bibiliya buri musi. Rimwe na rimwe abavyeyi bacu baratumira abahagarikizi b’imizunguruko canke abavukanyi baba baserukiye ishami, kuza kurara muhira. Twese uko tugize umuryango twararyoherwa cane kandi tukaremeshwa no kwumva ivyo abo bavukanyi baciyemwo, bikaba vyaradufashije twese gushira imbere umurimo wa Yehova mu buzima bwacu.
Abavyeyi banje bari bafise ukwizera gukomeye kandi narabigiyeko vyinshi. Mawe nikundira amaze gupfa ahitanywe n’indwara, twe na dawe twaciye dutangura gukora ubutsimvyi mu 1971. Ariko na we yaciye apfa mu 1973 igihe nari mfise imyaka 20. Kubura abavyeyi banje bompi vyatumye nsigara numva ata co maze, ndi inyakamwe. Mugabo icizigiro ‘c’ukuri kandi gikomeye’ dusanga muri Bibiliya, caramfashije kuguma numiyeko kiramfasha no gutekana be no kuguma niyegereje Yehova. (Heb. 6:19) Haciye igihe gito dawe apfuye, naratewe agateka ko kuba umutsimvyi adasanzwe mw’izinga riri iyo catawe ryitwa Coron, mu ntara ya Palawan.
NDI JENYENE MU BIKORWA BITOROSHE
Nari mfise imyaka 21 igihe nashika mw’izinga rya Coron. Kubera ko nari umusore yakuriye mu gisagara, naratangaye cane nshitse muri iryo zinga nkasanga abantu benshi nta matara bafise, nta mazi, nta n’imiduga myinshi canke amamoto
vyo kwiyunguruza. Naho hari abavukanyi bakeyi, nta mutsimvyi nari mfise dukorana, kandi rimwe na rimwe namamaza ndi jenyene. Mu kwezi kwa mbere narakumbuye bimwe vyo gupfa abo mu muhira be n’abagenzi. Mw’ijoro nararangamiza nkaraba ikirere cuzuye inyenyeri ndiko ndarira. Numva umengo nobiheba nkisubirira iwacu.Muri ivyo biringo nari jenyene, narasukira Yehova ibiri ku mutima. Naribuka ivyiyumviro biremesha nasomye muri Bibiliya no mu bitabu vyacu. Akenshi Zaburi 19:14 yarakunda kunza mu bwenge. Nasanze Yehova yombera «Igitandara canje n’Umucunguzi wanje», nka hamwe nozirikana ku bintu bimuhimbara, nk’ibikorwa yakoze na kamere ziwe. Ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi cavuga ngo «Nturi wenyene» a caramfashije cane. Naragisomye incuro n’izindi. Novuga ko muri ivyo bihe nari kumwe na Yehova turi twenyene, kandi ivyo vyarampaye uturyo two kumusenga, kwiyigisha no kuzirikana.
Haciye igihe gito nshitse mw’izinga rya Coron, naragenywe mba umukurambere. Kubera ko nari umukurambere umwe, buri ndwi naciye ntangura kuza ndahagarikira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, Ikoraniro ry’umurimo, Inyigisho y’igitabu be n’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Nama kandi nshikiriza insiguro ya bose buri ndwi. Ngira muca mwumva ko ata mwanya wo kugira irungu nari ngifise.
Igikorwa co kwamamaza narangurira i Coron carimbuka cane kandi bamwe mu bo nigisha Bibiliya bahavuye babatizwa. Ariko n’ingorane ntizari zibuze. Rimwe na rimwe nabwirizwa kugenda igice c’umusi kugira nshike mu cibare, ntazi n’aho nza kurara ninashikayo. Icibare c’ishengero ryacu carimwo n’utuzinga twinshi. Kugira nshike muri utwo tuzinga, kenshi nagendera ku kato gafise imoteri nkaca mu kiyaga kiriko kirasuriranya cane, naho ntari nzi kwoga. Muri ivyo bihe vyose bitoroshe, Yehova yarankingira akongera akanshigikira. Burya nahavuye nsanga Yehova yariko arantegura ku bw’ibintu bigoye cane nobonye mu gikorwa nashinzwe ubukurikira.
PAPOUASIE-NOUVELLE-GUINÉE
Mu 1978, narungitswe gukorera muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, mu buraruko bwa Ostraliya. Papouasie-Nouvelle-Guinée ni igihugu c’imisozi myinshi, kikaba gihakwa kungana na Espanye. Naratangaye nsanze abanyagihugu baho bababa imiliyoni zitatu bavuga indimi zirenga 800. Igishimishije ni uko benshi muri bo bavuga igipijini co muri Mélanésie, gikunze kwitwa kandi igi Tok Pisin.
Narungitswe gukorera mw’ishengero ry’icongereza vy’imfatakibanza, ku murwa mukuru Port Moresby. Ariko nahavuye nimukira mw’ishengero rikoresha igi Tok Pisin nca ntangura kwiga urwo rurimi. Ivyo naba nize naca ndabikoresha mu ndimiro. Ivyo vyatumye ndarumenya ningoga. Kera kera nari nsigaye ntanga insiguro ya bose mu gi Tok Pisin. Naratangaye cane igihe nagenwa kuba umuhagarikizi w’amashengero akoresha igi Tok Pisin akwiragiye mu ntara zagutse zo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, ntaramara n’umwaka nshitseyo.
Kubera ko amashengero yari kure na kure, nategerezwa gutunganya amateraniro y’umuzunguruko menshi nkagira n’ingendo nyinshi. Mu ntango
wamengo ndi inyakamwe kubera ko nari ahantu ntamenyereye: igihugu gishasha, ururimi rushasha n’imico mishasha. Ntivyakunda ko mva mw’ishengero nja mu rindi n’amaguru kubera ko henshi yari imisozi n’inzira zitaringaniye. Nka buri ndwi rero nabwirizwa kugenda n’indege. Rimwe na rimwe hari igihe nasanga ari je mukiriya rudende batwaye, mu kadege kapfuye nabi. Izo ngendo zarampahamura nka zimwe nagira n’ubwato.Kubera ko abantu bakeyi ari bo bari bafise amaterefone, nahanahana amakuru n’amashengero biciye ku makete. Akenshi nashika n’amakete narungitse atarashika. Naca rero mbaza abantu bo ng’aho ngo bandangire Ivyabona vya Yehova. Ariko igihe naba mbonanye n’abavukanyi, banyakirana igishika n’urukundo ku buryo naca mbona ko utwigoro twose nagize atari utw’impfagusa. Nariboneye ukuboko kwa Yehova mu buryo bwinshi, kandi ubucuti dufitaniye bwararushirije gukomera.
Kw’ikoraniro rya mbere nitavye mw’izinga ry’i Bougainville, hari umugabo n’umugore baje aho ndi bariko baramwenyura, bambaza bati: «Uratwibuka?» Naciye nibuka ko nababwiye inkuru nziza igihe nashika i Port Moresby ari ryo rya mbere. Nari natanguye kubigisha Bibiliya, mu nyuma ndabasigira umuvukanyi wo ng’aho. Ico gihe duhurira kw’ikoraniro, bari bamaze kubatizwa. Uwo ni umwe mu mihezagiro myinshi naronse mu myaka itatu namaze muri Papouasie-Nouvelle-Guinée.
UMURYANGO MUTO UKORA CANE
Imbere y’uko mva i Coron mu 1978, naramenyanye n’umudada yitanga cane kandi w’igikundiro yitwa Adel. Yari umutsimvyi asanzwe, yireranye abana babiri ari bo Samuel na Shirley. Yaritwararika kandi nyina wiwe yari ageze mu zabukuru. Muri Rusama 1981 narasubiye muri Filipine kwubakana na Adel. Tumaze kwubakana twarakoranye ubutsimvyi busanzwe twongera turitwararika umuryango wacu.
Naho nari mfise umuryango, mu 1983 narasubiye kugenwa mba umutsimvyi adasanzwe nja gukorera mw’izinga ryitwa Linapacan, mu ntara ya Palawan. Twese twaciye twimukira muri ako karere kari iyo catawe, aho ata Cabona n’umwe yaharangwa. Nyina wa Adel yapfuye tumaze umwaka dushitseyo. Naho ari ukwo, twagumye dukora vyinshi mu murimo wa Yehova, bikaba vyaradufashije muri ivyo bihe vy’umubabaro. Aho i Linapacan twaratanguje inyigisho nyinshi za Bibiliya zaguma zitera imbere, ku buryo twaciye dukenera Ingoro y’Ubwami ntoyi. Twaciye rero tuyiyubakira. Haciye imyaka itatu gusa dushitseyo, twaranezerewe cane tubonye abantu 110 bitavye Icibutso, benshi muri bo bakaba bahavuye batera imbere barabatizwa.
Mu 1986, narungitswe gukorera i Culion, izinga ryarimwo abantu benshi barwaye imibembe. Adel na we yahavuye agenwa kuba umutsimvyi adasanzwe. Mu ntango twaratinya cane kubwira inkuru nziza abo bantu bari barasinzikajwe n’imibembe. Ariko abamamaji bo ng’aho baraduhumurije ko abo barwayi batotwanduza imibembe kuko bari bararonse imiti. Bamwe muri bo mbere baritaba amakoraniro ku muhana w’umudada umwe. Ntitwatevye kumenyera kandi twasanze bihimbaye cane kubwira abo bantu icizigiro Bibiliya itanga, narirya babona ko ari akahebwe imbere y’Imana n’abantu. Luka 5:12, 13.
Vyari bihimbaye kubona abantu basinzikajwe n’indwara bagira umunezero wo kumenya ko umusi uri izina bazogira amagara meza.—Abana bacu bamenyereye gute ubuzima bw’i Culion? Twe na Adel twarasavye abadada babiri bakiri bato b’i Coron ngo baze iyo tuba kugira abana bacu baronke abagenzi beza. Samuel, Shirley, n’abo badada babiri bakiri bato barakunda cane gufasha abandi kumenya ukuri, bakaba barigisha abana benshi, mu gihe twe na Adel twaba turiko turigisha abavyeyi b’abo bana. Mbere hari igihe kimwe twigeze kuba twigisha imiryango 11. Bidatevye, twari dusigaye tuyobora inyigisho nyinshi za Bibiliya zaguma zitera imbere, ku buryo haciye havuka ishengero rishasha.
Mu ntango, ni je jenyene nari umukurambere muri ako karere. Ibiro vy’ishami rero vyaciye binsaba kuza ndahagarikira amakoraniro buri ndwi ku bw’abamamaji umunani bari i Culion, nkabigira no ku bw’abamamaji icenda baba mu kigwati citwa Marily, aho twagira urugendo rw’amasaha atatu n’ubwato kugira dushikeyo. Duhejeje amakoraniro muri ico kigwati, twese uko tugize umuryango twaca tumara amasaha menshi duca mu karere k’imisozi, tugiye kuyobora inyigisho za Bibiliya zaba mu kigwati citwa Halsey.
Amaherezo i Marily n’i Halsey harabaye iterambere ryinshi, ku buryo hompi twubakayo Ingoro z’Ubwami. I Linapacan, abavukanyi be n’abashimishijwe, ni bo batanze ibikoresho vyinshi bongera barafasha cane mu bikorwa vyo kwubaka. Ingoro y’i Marily yarashobora kwakira abantu 200 kandi yarashobora kwagurwa, bikaba vyatuma habera amateraniro.
NARAGIZE INTUNTU, IRUNGU, NONGERA NDASUBIRA KUGIRA UMUNEZERO
Abana bacu bamaze gukura, twe na Adel twaciye dutangura igikorwa co kugendera amashengero muri Filipine mu 1993. Mu 2000 naritavye Ishure rimenyereza abasuku, kugira menyerezwe kuba umwigisha w’iryo shure. Ico gikorwa numva kindengeye, mugabo Adel yama andemesha. Yaranyibutsa ko Yehova yompaye inkomezi zo kugikora. (Flp. 4:13) Ivyo yabivuga abizi kubera ko na we yariko ararangura igikorwa ajejwe naho yari afise amagara make.
Mu 2006 igihe nariko ndigisha mw’Ishure rimenyereza abasuku, Adel bamutoye indwara y’urujugumizi (Maladie de Parkinson). Twarakubiswe n’inkuba. Igihe nasaba Adel ko twohagarika umurimo kugira ngo ndamwitwararike, yanyishuye ati: «Ndakwinginze urondere umuganga yomfasha. Ndazi ko Yehova azodufasha kubandanya igikorwa yadushinze.» Mu myaka itandatu yakurikiye, Adel yarabandanije gukorera Yehova ata kwidoga. Igihe bitari bigikunda ko atambuka, yamamaza ari mu gakinga k’abamugaye. Igihe na ho bitari bigikunda ko avuga neza, ku makoraniro yatanga inyishu y’akajambo kamwe canke tubiri. Gushika Adel apfuye mu 2013, yaguma aronka amamesaje yo kumushimira kubera akarorero keza k’ukwihangana yagaragaza. Nari maranye imyaka irenga 30 n’umukenyezi wanje w’intahemuka kandi nkunda cane. Ariko aho apfiriye narasubiye kurengerwa n’intuntu be n’irungu.
Adel yamye yipfuza ko mbandanya mu gikorwa nashinzwe, kandi ni vyo nakoze. Nagumye nkora vyinshi mu murimo wa Yehova kandi vyaramfashije kutarengerwa n’irungu. Kuva mu 2014 gushika mu 2017, nagenywe kuza ndagendera amashengero akoresha ururimi rw’igitagaloge mu bihugu aho igikorwa cacu cari kibujijwe. Inyuma y’aho, naragendeye amashengero akoresha igitagaloge yo muri Tayiwani, muri Amerika no muri Kanada. Mu 2019, narigishije Ishure ry’abamamaji b’Ubwami mu migwi ikoresha icongereza, mu Buhindi no muri Tayilande. Ivyo bikorwa vyose vyaratumye ngira umunezero mwinshi. Iyo nshize umutima cane ku gikorwa ca Yehova bituma mpimbarwa rwose.
NAMYE NDONKA IMFASHANYO NKENEYE
Mu gikorwa cose naba nshinzwe, narahura n’abavukanyi na bashiki bacu batandukanye, kandi narabakunda cane ku buryo bitigera binyorohera kuvana na bo. Muri ivyo bihe, narize kwizigira Yehova mperejeko. Nariboneye ingene yama anshigikira, kandi ivyo vyaramfashije kwemera n’umutima ukunze amahinduka yose yaba anshikiye. Ubu ndi umutsimvyi adasanzwe muri Filipine. Ndamaze kumenyera ishengero ryanje rishasha. Risigaye ari nk’umuryango wanje unshigikira kandi unyitwararika. Ndaryoherwa kandi no kubona Samuel na Shirley bariganye ukwizera kwa mama wabo.—3 Yoh. 4.
Emwe narashikiwe n’ingorane nyinshi mu buzima, nko kubona umugore wanje nikundira akikwa n’amagara bimwe bikomeye mu nyuma agapfa. Narize kandi kuza ndahuza n’uko ibintu biba vyifashe. Naho ari ukwo, narabonye ko Yehova «[a]tari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.» (Ivyak. 17:27) Ukuboko kwa Yehova «si kugufi» ngo kunanirwe gushigikira no gukomeza abasavyi biwe, naho boba bari mu turere turi iyo catawe. (Yes. 59:1) Yehova we Gitandara canje, yamye ari kumwe nanje mu buzima bwanje bwose kandi ndabimukengurukira cane. Sinigeze mba ndi jenyene.
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1972, rup. 745-751.