Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

“Narigiye ku bandi ibintu vyinshi cane!”

“Narigiye ku bandi ibintu vyinshi cane!”

HARI mw’ijoro ry’umwiza w’umuzitanya, ndi mu misozi yo muri Aljeriya aho ingabo zacu z’Abafaransa zari zikambitse, urugamba rukaba rwari rushushe muri ico gihugu. Nari ku kirindiro jenyene mfise igikoho, ndi inyuma y’imipfuko y’umusenyi. Nagiye numva imigere y’ikintu kigendagenda kigana aho ndi, nca ndatekerwa n’ubwoba. Ni ho nari nkiva mu buyabaga, kandi sinipfuza kwica canke kwicwa. Naciye nkoma induru ntabaza Imana.

Ico kintu giteye ubwoba cambayeko, carahinduye ubuzima bwanje kubera ko ari co catumye ntangura kurondera Umuremyi. Ariko imbere y’uko ndabiganira ivyakurikiye muri iryo joro, reka mbanze ndababwire ibintu naciyemwo nkiri umwana, vyahavuye bituma ngira icipfuzo co kurondera Imana.

IVYO NIGIYE KURI DAWE

Navukiye i Guesnain mu 1937, kikaba ari igisagara bacukuramwo ibizuku co mu buraruko bw’Ubufaransa. Kubera ko dawe yacukura ibizuku, naramwigiyeko gukunda akazi. Naramwigiyeko kandi kwanka akarenganyo. Kurwanya akarenganyo vyaratumye aharanira agateka k’abacukura ibizuku bari babayeho nabi. Dawe yaragiye no mu mashirahamwe aharanira agateka kabo, kugira ngo arabe ko ibintu vyohinduka. Yarababazwa kandi n’uburyarya yabona mu bapatiri baho. Benshi bari babayeho neza, mugabo bakaza barasaba ibifungurwa n’amahera abacukura ibizuku, kandi baronka ikibabeshaho babanje gucumukura. Iyo nyifato y’abapatiri yarababaje cane dawe, ku buryo atigeze anyigisha ivy’idini. Nkako ntitwigera tuvuga ivyerekeye Imana.

Maze gukura, na jewe naratanguye kwanka akarenganyo. Kimwe mu vyo nabona ko kari akarenganyo, ni ukuntu bamwebamwe banka abanyamahanga baba mu Bufaransa. Narakina agapira n’abana b’abimukira, nkongera nkaryoherwa no kuba kumwe na bo. Vyongeye, mawe ntiyari Umufaransa, ahubwo yari Umunyapolonye. Naripfuza kubona abadasangiye ubwoko babana mu mahoro kandi bafatwa kumwe.

NTANGURA KUZIRIKANA ATA GUFYINA KU BIJANYE N’UBUZIMA

Igihe nari mu gisoda

Nasabwe kuja mu gisoda mu 1957. Ico ni co catumye mba ndi muri ya misozi yo muri Aljeriya muri rya joro ry’umwiza nababwira. Inyuma y’aho nkomeye induru ntabaza Imana, nagiye mbona ikintu kintuzukako. Ntiyari umwansi. Ahubwo, yari indogobwa yo mw’ishamba! Naciye niruhutsa! Ariko rero ico kintu cabaye be n’iyo ntambara twarimwo, vyaratumye nzirikana ata gufyina ku ntumbero y’ubuzima: Kubera iki turiho? Imana yoba itubabaye? Twoba tuzokwigera turonka amahoro arama?

Mu nyuma, igihe nari nasubiye i muhira kuramutsa abavyeyi, narabonanye n’Icabona ca Yehova. Yarampaye Bibiliya y’igifaransa y’abagatolika yitwa La Sainte Bible, maze nsubiye muri Aljeriya nca ndatangura kuyisoma. Narakozwe ku mutima canecane n’ibivugwa mu Vyahishuwe 21:3, 4, ahagira hati: “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” * Ayo majambo yarantangaje cane. Naribajije nti: ‘Ibi bizoba vy’ukuri?’ Ico gihe ni nk’aho ata kintu na kimwe nari nzi ku vyerekeye Imana na Bibiliya.

Mu 1959, nararangije ikiringo nari nahawe kumara mu bikorwa vya gisirikare. Mu nyuma narabonanye n’Icabona umwe yitwa François, maze aranyigisha ibintu vyinshi muri Bibiliya. Nk’akarorero, yaranyeretse muri Bibiliya ko Imana ifise izina ry’uruharo, ari ryo Yehova. (Zab. 83:18) Yaransiguriye kandi ko Yehova azozana ubutungane kw’isi, agahindura isi iparadizo, akongera agashitsa bimwe bivugwa mu Vyahishuwe 21:3, 4.

Izo nyigisho zarumvikana, kandi zarankoze ku mutima. Ariko kandi narashavuriye abapatiri, ku buryo nipfuje kubabeshuza kubera ko ivyo bigisha bitari muri Bibiliya. Ni nk’aho nari nkibona ibintu nka dawe, kuko ntigumya. Nashaka kugira ico nkoze ntatebaganye.

François be n’abandi bagenzi naheruka kuronka b’Ivyabona, baramfashije guturura. Baransiguriye ko igikorwa cacu twebwe abakirisu atari ugucira abantu urubanza, ariko ko ari ukubabwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kugira ngo bagire icizigiro. Ico ni co gikorwa Yezu yakoze yongera agisigira abayoboke biwe. (Mat. 24:14; Luka 4:43) Nari nkeneye kandi kwiga kuyagisha abantu ndabigiranye ubuntu n’ukwigengesera, ntarinze kuraba ivyo bemera. Bibiliya ivuga iti: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose.”​—2 Tim. 2:24.

Naragize amahinduka, maze kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryabaye mu 1959 ndabatizwa mba Icabona ca Yehova. Kuri iryo hwaniro narahahuriye na mushiki wacu yitwa Angèle nca ndamugomwa. Naratanguye kuza ndatembera mw’ishengero yarimwo, maze mu 1960 turubakana. Ni umukenyezi w’igitangaza, ameze neza, akaba n’ingabire idasanzwe nahawe na Yehova.​—Imig. 19:14.

Ku musi w’ubugeni bwacu

NIGIRA VYINSHI KU BAGABO B’INKEREBUTSI KANDI BAZI UTUNTU N’UTUNDI

Uko imyaka yagiye irarengana, nagiye ndigira ivyigwa bihambaye ku bavukanyi b’inkerebutsi kandi bazi utuntu n’utundi. Igihambaye kuruta ibindi nize, ni iki: Kugira turoranirwe mu gikorwa ico ari co cose kigoye, dutegerezwa kwicisha bugufi no gushira mu ngiro impanuro iranga ubukerebutsi dusanga mu Migani 15:22, iyigira iti: “Mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”

Turi mu gikorwa co kugendera amashengero mu Bufaransa, mu 1965

Mu 1964, naratanguye kubona ingene ayo majambo yahumetswe ari ay’ukuri. Muri uwo mwaka, narabaye umucungezi w’umuzunguruko, ntangura kugendera amashengero kugira ndemeshe abavukanyi nongere ndabakomeze mu vy’impwemu. Ariko ico gihe nari mfise imyaka 27, kandi sinari bwamenye utuntu n’utundi. Ivyo vyatuma nkora amakosa. Ariko naragerageza kuyakuramwo ivyigwa. Ikiruta vyose, narigiye ivyigwa bihambaye ku “bajanama” babishoboye kandi bazi utuntu n’utundi.

Hari akarorero nciye nibuka. Ndangije kugendera ishengero rimwe ry’i Paris, hari umuvukanyi ahumuye mu vy’impwemu yambajije nimba hari akantu yombwira mu mwiherero, nanje nca ndamwemerera.

Yambajije ati: “Louis, iyo umuganga agendeye umuhana, aba agiye kuraba nde?”

Namwishuye nti: “Umurwayi.”

Na we yaciye ambwira ati: “Ni vyo. Ariko wewe narabonye ko umwanya munini cane uwumarana n’abahagaze neza mu vy’impwemu, nk’akarorero umukurambere. Ishengero ryacu ririmwo abavukanyi na bashiki bacu benshi bacitse intege, bashasha canke bafise amasoni. Hamwe womarana umwanya na bo bobikenguruka cane, mbere ugashika n’iwabo mugasangira udufungurwa.”

Iyo mpanuro y’uwo muvukanyi yari nziza kandi narayikengurutse. Narakozwe ku mutima n’urukundo yakunda intama za Yehova. Narisubiyeko, maze nca nihutira kuyishira mu ngiro. Ndashimira Yehova kubona yarampaye abavukanyi bameze gutyo.

Mu 1969 no mu 1973, naragenywe kuba umuhagarikizi w’Urwego rw’ibifungurwa, ku mahwaniro abiri yabereye i Colombes mu gisagara ca Paris. Kw’ihwaniro ryabaye mu 1973, mu misi itanu ryamaze, buri musi twagaburira nk’abantu 60.000! Ntabeshe, ico gikorwa sinari nzi n’iyo gita umutwe. No ng’aho nyene kugira ndabishobore, narisunze ca canditswe co mu Migani 15:22, ndagisha inama abandi. Narasavye impanuro abagabo bahumuye mu vy’impwemu bari bamenyereye ico gikorwa. Muri bo harimwo abayangayanga, abarima imboga, abakora umwuga wo guteka be n’abasuma ibifungurwa. Twese dusenyeye ku mugozi umwe, twarashoboye gukora ico gikorwa casa n’ikiturengeye.

Mu 1973, twe n’umukenyezi wanje twaratumiwe gukorera kuri Beteli yo mu Bufaransa. Igikorwa nashikiyemwo na co nyene nticanyoroheye. Nashinzwe igikorwa co kuronsa ibitabu abavukanyi bo mu gihugu co muri Afrika citwa Kamerune, aho igikorwa cacu cari kibujijwe kuva mu 1970 gushika mu 1993. N’ico gihe nyene sinabona ko nzogishobora. Umuvukanyi yari ahagarikiye igikorwa mu Bufaransa ashobora kuba yarabibonye, aca arandemesha ati: “Abavukanyi bacu bo muri Kamerune barakeneye cane ibifungurwa vy’impwemu. Turakeneye kubibaronsa!” Ari ukubibaronsa, twarabibaronkeje!

Turi kumwe n’Ivyabona bo muri Kamerune kw’ikoraniro ridasanzwe muri Nijeriya, mu 1973

Naragize ingendo zitari nke mu bihugu bihana urubibe na Kamerune, kugira tubonane n’abakurambere bo muri ico gihugu. Abo bagabo b’umutima rugabo kandi babona kure, barangiriye inama y’ingene nobigenza kugira ngo abavukanyi bo muri Kamerune bame baronka ibifungurwa vy’impwemu. Yehova yarahezagiye utwigoro twacu. Nkako, mu myaka nka 20, abasavyi biwe bo muri ico gihugu ntibigeze babura inomero n’imwe y’Umunara w’Inderetsi canke Igikorwa dukorera Ubwami casohoka buri kwezi.

Mu 1977, twe na Angèle twarahimbawe no kuja muri Nijeriya kubonanirayo n’abacungezi b’imizunguruko bo muri Kamerune be n’abakenyezi babo

NARIGIYE VYINSHI KU MUKENYEZI WANJE NIKUNDIRA

Kuva tukireshanya, narabona ko Angèle yari akomeye mu vy’impwemu. Ivyo vyararushirije kwibonekeza tumaze kwubakana. Nkako, ku musi w’ubugeni bwacu ku mugoroba, yaransavye ko twosenga Yehova ku bijanye n’icipfuzo twari dufise co kumukorera uko dushoboye kwose. Yehova na we yaratwishuye.

Angèle kandi yaramfashije kurushiriza kwizigira Yehova mperejeko. Nk’akarorero, igihe twaronka ubutumire bwo gukorera kuri Beteli mu 1973, nabanje kugonanwa kubwemera kubera ko nakunda igikorwa co kugendera amashengero. Ariko rero Angèle yaranyibukije ko twari twareguriye ubuzima bwacu Yehova. None ntitwari dukwiye gukora igikorwa ico ari co cose ishirahamwe ryiwe ridushinga? (Heb. 13:17) Emwe, ukwo kwari ukuri! Twaciye rero tuja kuri Beteli. Mu myaka myinshi tumaranye n’umugore wanje, ubukerebutsi bwiwe, ugukora ibitegereka kwiwe be no kubona kure mu vy’impwemu, vyarakomeje umubano wacu vyongera biradufasha gufata ingingo zibereye.

Turi kumwe na Angèle mu busitani bwa Beteli yo mu Bufaransa

N’ubu twitereye mu myaka, Angèle aguma ari umukenyezi w’igitangaza kandi anshigikira. Nk’akarorero, kubera ko amashure menshi y’ivya Bibiliya aba mu congereza, twe na Angèle twaciye dutangura kwitunira kuri urwo rurimi kugira tuzoyitabe. Twaciye rero twimukira mw’ishengero rikoresha icongereza, naho ico gihe twari dufise imyaka nka 75. Kubera ko nari mu bagize Komite y’ishami mu Bufaransa nkaba rero nari mfise ibikorwa vyinshi, ntivyanyorohera kwiga urundi rurimi. Ariko twe na Angèle twarafashanije. Naho ubu dufise imyaka irenga 80, turabandanya gutegura amakoraniro mu congereza no mu gifaransa. Turagerageza kandi kwifatanya n’ishengero ryacu kenshi gashoboka mu makoraniro no mu ndimiro. Yehova yarahezagiye akigoro twagize ko kwiga icongereza.

Umwe mu mihezagiro idasanzwe twawuronse mu 2017. Twe na Angèle twaratewe agateka ko kwitaba Ishure ry’abagize Komite y’ishami n’abakenyezi babo, ryabereye mu Kigo ntanganyigisho ca Watchtower kiri i Patterson i New York.

Yehova ni Umwigisha Ahambaye koko. (Yes. 30:20) Ntibitangaje rero kubona abasavyi biwe, abato n’abakuze, baronka inyigisho nziza kuruta izindi zose! (Gus. 4:5-8) Nkako, narabonye ko abakiri bato batega yompi Yehova be n’abavukanyi na bashiki bacu bazi utuntu n’utundi, usanga bagira iterambere ryiza mu vy’impwemu, maze bakuze bakaba abizigirwa. Mu Migani 9:9 hatwibutsa hati: “Nuhe umuntu w’inkerebutsi, na we azorushiriza kuba inkerebutsi. Nuronse ubumenyi umugororotsi, na we azorushiriza kwiga amenye.”

Birashika nkibuka rya joro ry’umwiza riteye ubwoba ndi mu misozi yo muri Aljeriya, ubu hakaba haciye nk’imyaka 60. Ico gihe sinari nzi ivyiza vyari bindindiriye. Emwe, narigiye ku bandi ibintu vyinshi cane! Vy’ukuri, Yehova yaratumye twe na Angèle tugira ubuzima bwiza kandi bumara akanyota. Umwiyemezo wacu rero, ni ukutigera tureka kugira ivyo twigiye ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru be no ku bavukanyi na bashiki bacu bamukunda, b’inkerebutsi kandi bazi utuntu n’utundi.

^ ing. 11 Bibiliya y’isi nshasha.