Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 19

Nta na kimwe coshobora gutsitaza umugororotsi

Nta na kimwe coshobora gutsitaza umugororotsi

“Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi, kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba.”​—ZAB. 119:165.

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

INCAMAKE *

1-2. Ni ibiki umwanditsi umwe yavuze, kandi turimbura iki muri iki kiganiro?

MURI iki gihe, abantu amamiliyoni baravuga ko bizera Yezu, ariko ntibemere ivyo yigishije. (2 Tim. 4:3, 4) Nkako, umwanditsi umwe yavuze ati: “Hamwe muri iki gihe hoboneka uwundi ‘Yezu,’ avuga nk’ivyo Yezu wa kera yavuze . . . , uwo muntu twoba twomwiyamiriza nk’uko twiyamirije Yezu mu myaka ibihumbi bibiri iheze? . . . Muri rusangi inyishu ni: Egome, twomwiyamiriza.”

2 Abantu benshi bo mu kinjana ca mbere bariyumviye inyigisho za Yezu bongera baribonera n’ibitangaro yakora, ariko baranse kumwizera. Kubera iki? Mu kiganiro giheruka, twarabonye imvo zine zatumye abantu batsitazwa n’ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze. Nimuze turabe izindi mvo zine. Turaza no kubona igituma abantu bo muri iki gihe banka abayoboke ba Yezu, be n’ingene twokwirinda gutsitara.

(1) YEZU NTIYAGIRA NKUNZI

Abantu benshi baratsitaye kubera abo Yezu yifatanya na bo. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 3) *

3. Ni ibiki Yezu yakoze vyatsitaje abantu bamwebamwe?

3 Igihe Yezu yari kw’isi, yifatanya n’abantu b’uburyo bwose. Yarasangira ibifungurwa n’abatunzi be n’abahambaye, ariko kandi yaramarana umwanya munini n’abakene be n’abatagira gitabara. Vyongeye, yaragirira impuhwe abantu muri rusangi babonwa ko ari “abacumuzi.” Abantu bamwebamwe bibona ubugororotsi baratsitajwe n’ivyo Yezu yakoze. Babajije abigishwa biwe bati: “Kubera iki musangira ibiribwa n’ibinyobwa n’abatozakori be n’abacumuzi?” Yezu yabishuye ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye.”​—Luka 5:29-32.

4. Twisunze ubuhanuzi bwa Yesaya, Abayuda bari bakwiye kwitega iki ku bijanye na Mesiya?

4 Ivyanditswe bivuga iki? Hagisigaye igihe kirekire ngo Mesiya aze, umuhanuzi Yesaya yaramenyesheje ko isi itomwakiriye neza. Yesaya yavuze ati: “Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu . . . Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa.” (Yes. 53:3) Kubera ko Mesiya yokwinubwe “n’abantu,” abo Bayuda bo mu kinjana ca mbere bari bakwiye rero kwitega ko Yezu yokwiyamirijwe.

5. Muri iki gihe abantu benshi babona gute abayoboke ba Yezu?

5 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Abakuru b’amadini benshi barahimbarwa no kwakira mu madini yabo abanywanyi baboneka ko bahambaye, abatunzi, be n’abo isi ibona ko ari incabwenge. Izo ndongozi zirabakirana igishika, mbere n’igihe akenshi usanga ukuntu abo banywanyi babo bashasha bigenza be n’ukuntu babayeho, biba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana. Izo ndongozi nyene zirasuzugura abasavyi ba Yehova b’abanyamwete kandi bigenza runtu, kubera ko badahambaye ufatiye ku kuntu isi ibabona. Nk’uko Paulo yabivuze, Imana yatoye abantu ‘bagayitse.’ (1 Kor. 1:26-29) Ariko Yehova wewe, abona ko abasavyi biwe bose b’abizigirwa ari ab’agaciro.

6. Twokwigana Yezu gute dufatiye ku vyo yavuze muri Matayo 11:25, 26?

6 Twokwirinda gute gutsitara? (Soma Matayo 11:25, 26.) Niwirinde kubona abasavyi b’Imana nk’uko isi ibabona. Niwemere ko Yehova akoresha gusa abantu bicisha bugufi kugira arangure umugambi wiwe. (Zab. 138:6) Nuzirikane kandi ibintu bihambaye amaze kurangura, akoresheje abantu isi ibona ko atari inkerebutsi canke incabwenge.

(2) YEZU YARIYAMIRIJE INYIGISHO ZITARI ZO

7. Kubera iki Yezu yise Abafarizayo abiyorobetsi, kandi bavyakiriye gute?

7 Yezu abigiranye umutima rugabo, yariyamirije imigenzo yashizweho n’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe ziyorobeka. Nk’akarorero, yariyamirije ubwiyorobetsi bw’Abafarizayo, abarazwa ishinga cane n’ukuntu bakaraba iminwe kuruta uko bitwararika abavyeyi babo. (Mat. 15:1-11) Abigishwa ba Yezu bashobora kuba baratangajwe n’ivyo yavuze. Nkako bamubajije bati: “Mbega urazi ko Abafarizayo batsitaye bumvise ivyo uvuze?” Na we yabishuye ati: “Igiterwa cose Dawe wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. Bareke. Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo.” (Mat. 15:12-14) Yezu ntiyaretse kuvuga ukuri ngo ni uko kwari kubabaza izo ndongozi z’idini.

8. Yezu yerekanye gute ko inyigisho zose z’amadini zitemerwa n’Imana?

8 Yezu kandi yarashize ku mugaragaro inyigisho z’ikinyoma. Ntiyavuze ko inyigisho zose z’amadini zemerwa n’Imana. Ahubwo yavuze ko abantu benshi bociye mu nzira yagutse ijana mu mahonero, ko bake gusa ari bo bociye mu nzira yaga ijana mu buzima. (Mat. 7:13, 14) Yarerekanye neza ko hari abovuze ko bakorera Imana mugabo mu vy’ukuri batayikorera. Yagabishije ati: “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma baza kuri mwebwe bambaye nk’intama mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara. Muzobamenyera ku vyamwa bama.”​—Mat. 7:15-20.

Abantu benshi baratsitaye kubera ingene Yezu yiyamiriza inyigisho n’imigenzo vy’ikinyoma. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 9) *

9. Ni inyigisho zimwezimwe izihe z’ikinyoma Yezu yashize ku mugaragaro?

9 Ivyanditswe bivuga iki? Ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Mesiya yogiriye umwete mwinshi inzu ya Yehova. (Zab. 69:9; Yoh. 2:14-17) Uwo mwete waratumye Yezu ashira ku mugaragaro inyigisho be n’imigenzo biteye kubiri n’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, Abafarizayo baremera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa; ariko Yezu we yigishije ko abapfuye basinziriye. (Yoh. 11:11) Abasadukayo barahakana ko ata zuka ririho; ariko Yezu yarazuye umugenzi wiwe Lazaro. (Yoh. 11:43, 44; Ivyak. 23:8) Abafarizayo baremera ko ibintu vyose bidushikira biba vyaranditswe be n’uko Imana ari yo iba yabishatse; ariko Yezu we yigishije ko abantu bashobora guhitamwo gukorera Imana canke kutayikorera.​—Mat. 11:28.

10. Kubera iki abantu benshi batsitazwa n’ivyo twigisha?

10 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Abantu benshi baratsitara kubera inyigisho twigisha zishingiye kuri Bibiliya zishira ahabona ibinyoma vyigishwa mu madini. Abakuru b’amadini bigisha abanywanyi babo yuko igihano Imana iha abanyakibi ari ukubata mu muriro udahera. Barakoresha iyo nyigisho y’ikinyoma kugira bagume bifatiye abantu. Kubera ko twebwe abasavyi ba Yehova dusenga Imana y’urukundo, turerekana ko iyo nyigisho ari ikinyoma. Abakuru b’amadini barigisha kandi ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Twebwe turerekana ko iyo nyigisho ikomoka mu bapagani, kuko iyaba yari iy’ukuri izuka ritobaye rikenewe. Vyongeye, naho amadini menshi yemera ko ibishikira umuntu biba vyaranditswe, twebwe twigisha ku umuntu afise uburenganzira bwo kwihitiramwo, be n’uko ashobora kwihitiramwo gukorera Imana. None abakuru b’amadini bavyakira gute? Akenshi baca bashangashirwa!

11. Twisunze ivyo Yezu yavuze muri Yohani 8:45-47, Imana isaba iki abasavyi bayo?

11 Twokwirinda gute gutsitara? Nimba dukunda ukuri, dutegerezwa kwemera ivyo Imana ivuga. (Soma Yohani 8:45-47.) Mu buryo butandukanye na wa Mubisha Shetani, tuguma dushikamye mu kuri. Ntitwigera tudohoka ku vyo twemera. (Yoh. 8:44) Imana isaba abasavyi bayo ‘kuzinukwa ikibi’ no ‘kwumira ku ciza’ nk’uko Yezu yabigize.​—Rom. 12:9; Heb. 1:9.

(3) YEZU YARAHAMWE

Abantu benshi baratsitaye kubera ingene Yezu yapfuye amanitswe ku giti. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 12) *

12. Ni kubera iki ukuntu Yezu yapfuye vyatsitaje Abayuda benshi?

12 Ni ikindi kintu ikihe catsitaje Abayuda mu gihe ca Yezu? Paulo yavuze ati: “Twebwe twamamaza Kristu yamanitswe, ku Bayuda akaba igitsitaza.” (1 Kor. 1:23) Ni kubera iki Abayuda benshi batsitajwe n’ukuntu Yezu yapfuye? Kuri bo, kuba Yezu yapfuye amanitswe ku giti, vyatumye bamubona nk’inkozi y’ikibi n’umucumuzi, aho kumubona nka Mesiya.​—Gus. 21:22, 23.

13. Abatsitajwe n’ivyerekeye Yezu, ni ibiki bananiwe kwemera?

13 Abayuda batsitajwe n’ivyerekeye Yezu, barananiwe kwemera ko yari intungane, ko yagirizwa ibinyoma be n’uko yarenganywa. Abaciriye urubanza Yezu ntibakurikije ubutungane. Sentare nkuru y’Abayuda yakoranye gihutihuti itisunze amategeko. (Luka 22:54; Yoh. 18:24) Aho kwumviriza ivyo Yezu yaregwa ata ho bahengamiye, abacamanza ubwabo bararondeye “ibirego vy’ikinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice.” Igihe vyabata ku w’amazi, umuherezi mukuru yaciye arondera gutega Yezu kugira ngo ubwiwe avuge ikintu cotuma yagirwa n’icaha. Ivyo vyari binyuranye cane n’amategeko yagenga imanza. (Mat. 26:59; Mrk. 14:55-64) Yezu amaze kuzuka na ho, abo bacamanza bari bahengamye, barahaye abasoda b’Abaroma bacunga imva yiwe “igitigiri gihagije c’ibiceri vy’ifeza,” kugira ngo bakwiragize ibinyoma ku bijanye n’igituma iyo mva yari isigaye igaragara.​—Mat. 28:11-15.

14. Ivyanditswe vyari vyavuze iki ku bijanye n’urupfu rwa Mesiya?

14 Ivyanditswe bivuga iki? Naho Abayuda benshi bo mu gihe ca Yezu batari biteze ko Mesiya yopfuye, ubuhanuzi bwari bwavuze buti: “Yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu, [aharurwa] mu bagabitanya; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi, aja hagati ku bw’abagabitanya.” (Yes. 53:12) Igihe rero Yezu yicwa nk’umunyakibi, nta mvo n’imwe Abayuda bari bafise yo gutsitara.

15. Ni ibiki Ivyabona vya Yehova bagirijwe vyatumye abantu bamwebamwe batsitara?

15 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Neza cane. Kurya nyene Yezu yagirijwe ibinyoma yongera acirwa urwa ngondagonde, ni ko n’Ivyabona vya Yehova bagiye baragirizwa ibinyoma muri iki gihe. Raba uburorero bumwebumwe. Mu myaka ya 1930 no mu myaka ya 1940, amasentare yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagiye arafata ingingo zibangamira umwidegemvyo wacu wo gusenga Imana. Abacamanza bamwebamwe ntibatwerekwa na buhorobuhoro. I Kebeke muri Kanada, idini rya Gatolika be na Leta barasenyeye ku mugozi umwe mu kurwanya igikorwa cacu. Abamamaji benshi barapfunzwe bahorwa gusa ko babwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Mu Budagi, intwaro y’Abanazi yarishe abavukanyi benshi bakiri bato b’abizigirwa. Muri iyi myaka ya vuba na ho, abavukanyi benshi bo mu Burusiya baraciriwe imanza bongera barapfungwa, bahorwa ko babwiye abandi ivyerekeye Bibiliya, ivyo abategetsi bise ngo ni “igikorwa c’intagondwa.” Mbere na Bibiliya y’isi nshasha mu kirusiya yarahagaritswe yongera yitwa “igitabu c’intagondwa,” kubera ko irimwo izina Yehova.

16. Twisunze 1 Yohani 4:1, ni kubera iki tudakwiye guhendwa n’inkuru z’ikinyoma zivugwa ku basavyi ba Yehova?

16 Twokwirinda gute gutsitara? Nurondere kumenya ukuri. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yaragabishije abariko baramwumviriza ko hari ‘abobabesheye ibintu bibi vy’ubwoko bwose.’ (Mat. 5:11) Ivyo binyoma bituruka kuri Shetani. Ni we atuma abaturwanya batwambika ibara kubera ko dukunda ukuri. (Ivyah. 12:9, 10) Turakwiye kwamirira kure ibinyoma bivugwa n’abaturwanya. Ntitukigere tureka ngo ivyo binyoma bitume tugira ubwoba canke ngo bihungabanye ukwizera kwacu.​—Soma 1 Yohani 4:1.

(4) YEZU BARAMUGURISHIJE BONGERA BARAMUTA

Abantu benshi baratsitaye kubera ingene Yezu yagurishijwe na Yuda. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 17-18) *

17. Ni mu buryo ki ivyabaye imbere y’uko Yezu apfa vyari gutuma abantu bamwebamwe batsitara?

17 Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, umwe mu ntumwa ziwe 12 yaramugurishije. Iyindi ntumwa yaramwihakanye incuro zitatu, kandi intumwa ziwe zose zaramutaye mw’ijoro buca yicwa. (Mat. 26:14-16, 47, 56, 75) Ivyo ntivyatangaje Yezu. Mbere yari yaravuze ko vyoshitse. (Yoh. 6:64; 13:21, 26, 38; 16:32) Bamwebamwe mu babonye ivyo bintu bari gushobora gutsitara bibwira bati: ‘Nimba ari uku intumwa za Yezu zivyifashemwo, sinipfuza kuba muri bo!’

18. Ibintu vyabaye imbere y’uko Yezu apfa vyashikije ubuhanuzi ubuhe?

18 Ivyanditswe bivuga iki? Mu myaka amajana imbere y’aho, Yehova yari yaramenyesheje mw’Ijambo ryiwe ko Mesiya yogurishijwe ibiceri 30 vy’ifeza. (Zek. 11:12, 13) Uwomugurishije yobaye umwe mu bagenzi biwe somambike. (Zab. 41:9) Umuhanuzi Zekariya na we yanditse ati: “Kubita umwungere intama zo mu mukuku zisabagire.” (Zek. 13:7) Aho gutsitazwa n’ivyo bintu, abantu b’umutima nziraburyarya bari bakwiye gukomezwa no kubona ubwo buhanuzi bwariko burarangukira kuri Yezu.

19. Ni igiki abafise umutima nziraburyarya bazi?

19 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Ego cane. Muri ibi bihe vya none, hari Ivyabona vya Yehova bakeyi bari bazwi cane bahevye ukuri, bacika abahuni baca bagerageza gukwegakwega abandi. Biciye mu bimenyeshamakuru no kuri internet, barakwiragije amakuru avuga nabi Ivyabona vya Yehova, babavugako ukuri kw’igice bongera barabavugako ibinyoma vyeruye. Ariko ivyo ntibitsitaza abafise umutima nziraburyarya. Ahubwo barazi ko Bibiliya yari yaravuze ko ibintu nk’ivyo vyoshitse.​—Mat. 24:24; 2 Pet. 2:18-22.

20. Twokwirinda gute gutsitazwa n’abahevye ukuri? (2 Timoteyo 4:4, 5)

20 Twokwirinda gute gutsitara? Turakwiye kuguma dukomeza ukwizera kwacu mu kuguma twiyigisha, mu gusenga ubudahengeshanya, no mu kuguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa Yehova yadushinze. (Soma 2 Timoteyo 4:4, 5.) Iyo dufise ukwizera, ntiduta umutwe igihe twumvise amakuru atari yo batuvugako. (Yes. 28:16) Urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda Ijambo ryiwe be n’abavukanyi bacu, ruzotuma twirinda gutsitazwa n’abahevye ukuri.

21. Ni igiki tuzi neza naho abantu benshi batakira ubutumwa tubabwira muri iki gihe?

21 Mu kinjana ca mbere, abantu benshi baratsitaye maze bariyamiriza Yezu. Ariko hariho n’abandi benshi bamwemeye. Muri bo harimwo n’imiburiburi umwe mu bari bagize Inama Nkuru y’Abayuda, mbere n’“isinzi rinini ry’abaherezi.” (Ivyak. 6:7; Mat. 27:57-60; Mrk. 15:43) No muri kino gihe, hari abantu amamiliyoni batigeze batsitara. Uti kubera iki? Kubera ko bazi ukuri kwo mu Vyanditswe bakongera bakagukunda. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi, kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba.”​—Zab. 119:165.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

^ ing. 5 Mu kiganiro giheruka, twarabonye imvo zine zatumye abantu bo mu gihe ca Yezu bamwanka, be n’igituma abantu bo muri kino gihe banka abayoboke biwe. Muri iki kiganiro, tugiye kubona izindi mvo zine. Turaza kubona kandi igituma abantu bakunda Yehova bivuye ku mutima, batareka ngo hagire ikibatsitaza.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu ariko asangira ibifungurwa na Matayo be n’abatozakori.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu ahindiye hanze abadandariza mu rusengero.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu bamuremetse igiti co kubabarizwako.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (4) Yuda ariko agabura Yezu mu kumusoma.