Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 20

Nugume ubona igikorwa co kwamamaza mu buryo bwiza

Nugume ubona igikorwa co kwamamaza mu buryo bwiza

“Biba imbuto yawe, kandi . . . ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke.”​—UMUS. 11:6.

URURIRIMBO RWA 70 Turondere ababereye

INCAMAKE *

Yezu amaze kuduga mw’ijuru, abigishwa biwe baramamaje n’umwete i Yeruzalemu no mu tundi turere twinshi (Raba ingingo ya 1)

1. Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abayoboke biwe, kandi bagakurikije gute? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

IGIHE cose Yezu yamaze kw’isi, yagumye abona neza igikorwa co kwamamaza, kandi aripfuza ko n’abayoboke biwe baguma bakibona mu buryo bwiza. (Yoh. 4:35, 36) Igihe Yezu yari akiri kumwe n’abigishwa biwe, baramamaza babigiranye umwete. (Luka 10:1, 5-11, 17) Ariko igihe Yezu yafatwa hanyuma akicwa, abigishwa biwe baramaze igihe gito bacitse intege. (Yoh. 16:32) Yezu amaze kuzuka, yarabaremesheje gushira imbere igikorwa co kwamamaza. Amaze kuduga mw’ijuru na ho, baramamaje n’umwete mwinshi gushika n’aho abansi babo bidoze bati: “Ehe mwujuje Yeruzalemu inyigisho yanyu.”​—Ivyak. 5:28.

2. Yehova yahezagiye gute igikorwa co kwamamaza?

2 Yezu yarayoboye abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere muri ico gikorwa, Yehova na we arabahezagira barongerekana. Nk’akarorero, kuri Pentekoti yo mu 33, abantu nka 3.000 barabatijwe. (Ivyak. 2:41) Vyongeye, igitigiri c’abigishwa cagumye congerekana bimwe bikomeye. (Ivyak. 6:7) Ariko Yezu yaravuze ko mu misi ya nyuma, ico gikorwa co kwamamaza corushirije gutera imbere.​—Yoh. 14:12; Ivyak. 1:8.

3-4. Kubera iki mu mihingo imwimwe usanga igikorwa co kwamamaza kitoroshe, kandi tuza kubona ibiki muri iki kiganiro?

3 Twese turagerageza kuguma tubona neza igikorwa co kwamamaza. Mu bihugu bimwebimwe, usanga vyoroshe kubona neza ico gikorwa. Kubera iki? Kubera ko usanga abantu benshi cane bipfuza kwiga Bibiliya, ku buryo bamwebamwe bategerezwa kurindira gushika habonetse umwamamaji abigisha. Ariko hariho iyindi mihingo y’isi usanga abamamaji batoroherwa na gato muri ico gikorwa. Abantu baboneka gake i muhira, igihe babonetse na ho ugasanga bitaho buhoro ivyerekeye Bibiliya.

4 Nimba uba mu karere aho igikorwa co kwamamaza kitoroshe, ivyiyumviro bitangwa muri iki kiganiro birashobora kugufasha. Turaza kubona ivyo bamwebamwe bakoze, kugira bashobore kuronka abantu benshi babwira inkuru nziza. Turaza kubona kandi igituma twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza, igihe abantu bakira neza ubutumwa tubabwira canke batabwakira neza.

NUGUME UBONA IBINTU MU BURYO BWIZA IGIHE BITOROSHE KURONKA ABANTU

5. Ivyabona benshi bahura n’intambamyi izihe?

5 Ivyabona benshi barabona ko kuronka abantu mu mihana iwabo biguma birushiriza kugora. Abamamaji bamwebamwe baba mu turere turimwo inyubakwa zicungerewe cane, canke zizitiye. Kuri izo nyubakwa hoshobora kuba hariho uwucungera umutekano, atemerera umuntu n’umwe kwinjira kiretse yatumiwe n’uwuhaba. Ahandi na ho abamamaji boshobora kwamamaza ku nzu n’inzu ata ngorane, ariko bagasanga abantu bake mu mihana. Hari n’abandi bamamaza mu turere twa kure, aho usanga haba abantu bake. Abo bamamaji boshobora kugira urugendo rurerure cane bagiye kuraba umuntu umwe gusa, na ho nyene bigashika ntibamusange i muhira! Duhuye n’izo ntambamyi zose, ntidukwiye gucika intege. None twozitsinda gute, maze tukarushiriza kuronka abantu benshi tubwira inkuru nziza?

6. Ni mu buryo ki abamamaji bameze nk’abarovyi?

6 Igikorwa co kwamamaza, Yezu yakigereranije n’igikorwa c’umurovyi. (Mrk. 1:17) Abarovyi bamwebamwe boshobora kumara imisi myinshi baja kuroba, mugabo ntibaronke namba. Ariko aho gucika intege, baca bahindura uburyo bakora. Barahindura umwanya baroberako, aho barobera, canke uburyo bakoresha mu kuroba. Na twebwe turashobora kubigenza gutyo nyene mu gikorwa cacu. Raba ibi vyiyumviro vyodufasha.

Igihe wamamaza mu turere usanga abantu baboneka gake i muhira, nugerageze kubarondera mu biringo bitandukanye, mu bibanza bitandukanye, canke ukoresheje uburyo butandukanye (Raba ingingo ya 7-10) *

7. Iyo twamamaje mu biringo bitandukanye, bishobora kuvamwo iki?

7 Nugerageze kurondera abantu mu biringo bitandukanye. Nitwamamaza igihe bishoboka ko abantu baba bari i muhira, tuzorushiriza kubaronka. Nakare barateba bagataha, kuko amaherezo y’inzira ari mu nzu. Abavukanyi na bashiki bacu benshi, usanga bamamaza ku muhingamo canke ku mugoroba, kuko ari ho baronka abantu benshi. N’ikindi kandi, muri ivyo biringo abantu boshobora kuba batekanye, kandi biteguriye kuyaga n’ababagendera. Canke na ho, woshobora gusanga ari vyiza gukurikiza impanuro y’umukurambere yitwa David. Avuga ko iyo we n’uwo baba bajanye bamaze umwanya bakorera mu cibare, baca basubira inyuma kugendera imihana bataba basanzeko abantu. Avuga ati: “Ndatangazwa n’ingene dusanga abantu benshi i muhira iyo dusubiye kubagendera.” *

Igihe wamamaza mu turere usanga abantu baboneka gake i muhira, nugerageze kubarondera mu bibiringo bitandukanye (Raba ingingo ya 7-8)

8. Twokurikiza gute Umusiguzi 11:6 mu gikorwa cacu co mu ndimiro?

8 Ntidukwiye gucika intege. Ico ciyumviro nyene ni co dusanga mu canditswe c’ishimikiro. (Soma Umusiguzi 11:6.) Umwe David twavuga ntiyacitse intege. Umusi umwe yarasanze umuntu ku muhana yari amaze igihe kitari gito agendera mugabo ntihagire uwo ahasanga. Uwo muntu yarashimishijwe na Bibiliya ku buryo avuga ati: “Mu myaka hafi umunani maze mba ng’aha, sinari bwigere mbona Icabona ca Yehova angendera.” David avuga ati: “Amaherezo iyo usanze abantu i muhira, akenshi barakira neza ubutumwa tubabwira.”

Igihe wamamaza mu turere usanga abantu baboneka gake i muhira, nugerageze kubarondera mu bibanza bitandukanye (Raba ingingo ya 9)

9. Ivyabona bamwebamwe baronse gute abantu bitoroshe gusanga i muhira?

9 Nubaronderere mu bibanza bitandukanye. Abamamaji bamwebamwe barahinduye ibibanza bamamazamwo, kugira baronke abantu bitoroshe gusanga i muhira. Nk’akarorero, abamamaji basanze kwamamaza ku mabarabara no ku mugaragaro ari uburyo bwiza bwo kuronka abantu baba mu nyubakwa nininini, aho usanga bitemewe kwamamaza inzu ku nzu. Ivyo biratuma bayaga amaso mu yandi n’abantu batoshoboye gushikira. Vyongeye, abamamaji benshi barabonye ko abantu biborohera kuyaga bisanzuye, canke kwakira ibitabu vyacu, igihe babasanze mu bibanza vyo kwisamarizamwo, mu masoko, no mu bibanza vy’ubudandaji. Umucungezi w’umuzunguruko yitwa Floiran wo muri Boliviya, avuga ati: “Tuja gukorera mu masoko no mu bibanza vy’ubudandaji hagati y’isaha indwi n’isaha icenda z’umuhingamo, igihe abadandaza baba bafise abakiriya bake. Usanga tuyaga neza mbere tukanatanguza inyigisho za Bibiliya.”

Igihe wamamaza mu turere usanga abantu baboneka gake i muhira, nugerageze kubarondera ukoresheje uburyo butandukanye (Raba ingingo ya 10)

10. Ni ubundi buryo ubuhe wokoresha kugira ubwire inkuru nziza abantu?

10 Nukoreshe ubundi buryo. Dufate ko umaze kugerageza kenshi kubonana n’umuntu amaso mu yandi. Waragiye kumuraba i muhira incuro nyinshi, mugabo ntiwahamusanga. Hoba hari ubundi buryo wokoresha kugira ngo umutore? Uwitwa Katarína avuga ati: “Ndandikira amakete abantu ntarigera nsanga i muhira, nkababwira ivyo noshimye kubayagisha amaso mu yandi.” None icigwa ni ikihe? Mu gikorwa cawe co mu ndimiro, nukoreshe uburyo butandukanye, kugira ngo ugerageze kubwira inkuru nziza abantu bose bo mu cibare cawe.

NUGUME UBONA IBINTU MU BURYO BWIZA IGIHE ABANTU BATAVYAKIRA NEZA

11. Kubera iki abantu bamwebamwe batakira neza ubutumwa tubabwira?

11 Abantu bamwebamwe ntibakira neza ubutumwa tubabwira. Ntibabona ko bakeneye Imana canke Bibiliya. Ntibemera ko Imana ibaho, kubera ko isi yuzuyemwo imibabaro. Ntibemera Bibiliya kubera uburyarya babona mu bakuru b’amadini bavuga ko babaho bisunga ico gitabu. Abandi na bo usanga batwarwa cane n’ubuzi bwabo, imiryango yabo, canke ingorane zabo, bigatuma batabona ingene Bibiliya yobafasha. None twogumana gute umunezero igihe abo tubwira inkuru nziza batayiha agaciro?

12. Gushira mu ngiro ibivugwa mu Bafilipi 2:4, vyodufasha gute mu ndimiro?

12 Nubereke ko ubitwararika. Abantu benshi banse kwakira inkuru nziza mu ntango, bahavuye bayakira igihe babona ko umwamamaji yabitwararitse bivuye ku mutima. (Soma Abafilipi 2:4.) Nk’akarorero, umwe David twavuga mu ntango, agira ati: “Igihe hari uwutubwiye ko atabishaka, duca dushira Bibiliya canke igitabu ku ruhande, ngaca ndamubwira nti: ‘Ubona wombwira igituma utabishaka?’” Iyo twitwararitse abantu, barabibona. Boshobora kwibagira ivyo twababwiye, ariko ugasanga baribuka ingene twabafashe. Mbere n’igihe abo tugendera batokwemera ko tubayagisha, turashobora kubereka ko tubitwararika biciye ku nyifato yacu, be n’ukuntu tuboneka mu maso.

13. Ubutumwa tuvuga twobuhuza gute n’uko ivyo abo tugendera biba vyifashe?

13 Turereka uwo tubwira inkuru nziza ko tumwitwararika, igihe ubutumwa tumubwira tubuhuza n’ivyo akeneye be n’ibimushimisha. Nk’akarorero, hoba hari ikitwereka ko afise abana? Abavyeyi boshobora gushimishwa n’impanuro Bibiliya itanga ku bijanye no kurera abana, canke ivyiyumviro ngirakamaro itanga vyobereka ingene borushiriza kugira agahimbare mu rugo. Twoba tubona amagufuri menshi ku muryango? Twoshobora guca tumubwira ibijanye n’ubukozi bw’ikibi canke ubwoba vyiraye mw’isi, ivyo bikaba bishobora gutuma yipfuza kumenya ikizokuraho burundu ubukozi bw’ikibi. Uko vyoba vyifashe kwose, nugerageze gufasha abantu kubona ingene impanuro zo muri Bibiliya zobafasha. Umwe Katarína twavuga, agira ati: “Ndazirikana ingene ukuri kwaryohoye ubuzima bwanje.” Ivyo bituma Katarína avugana ubujijutsi, kandi nta nkeka ko n’abo abwira babibona.

14. Twisunze Imigani 27:17, abamamaji bofashanya gute mu ndimiro?

14 Nurondere gufashwa n’abandi. Mu kinjana ca mbere, Paulo yareretse Timoteyo ubuhinga bwiwe bwo kwamamaza no kwigisha, yongera aramuremesha kubukoresha mu gufasha abandi. (1 Kor. 4:17) Cokimwe na Timoteyo, turashobora kugira ivyo twigiye ku bo mw’ishengero bazi utuntu n’utundi. (Soma Imigani 27:17.) Rimbura akarorero k’umuvukanyi yitwa Shawn. Yaramaze igihe akorera ubutsimvyi mu karere ko mu gihugu hagati, aho usanga abantu benshi bumira kw’idini ryabo. Yakoze iki none kugira ngo agumane umunezero? Agira ati: “Igihe cose vyaba bishoboka, nararondera uwo dukorana. Igihe twaba tuvuye ku nzu imwe tuja ku yindi, twagenda turayaga ingene tworyohora ubuhanga bwacu. Nk’akarorero, twaravugana ingene twavyifashemwo ku nzu twaba tuvuyeko. Mu nyuma twaca tuvugana ingene tworushiriza kuvyifatamwo neza dusubiye guhura n’ikintu nk’ico.”

15. Kubera iki isengesho ari kirumara mu gikorwa cacu co mu ndimiro?

15 Nusabe Yehova agufashe. Igihe cose ugiye mu ndimiro, nusabe Yehova akuyobore. Nta n’umwe muri twebwe yogira ico ashitseko adafashijwe n’impwemu nyeranda ya Yehova y’ububasha. (Zab. 127:1; Luka 11:13) Igihe usenga Yehova umusaba ngo agufashe, nuvuge udomako. Nk’akarorero, numusabe akwerekeze ku muntu afise agatima kabereye, kandi yoshima kukwumviriza. Nuce ukora uhuza n’ivyo wasavye mw’isengesho, mu kubwira inkuru nziza abantu bose muhura.

16. Kubera iki kwiyigisha bihambaye mu gikorwa cacu co mu ndimiro?

16 Nurondere umwanya wo kwiyigisha. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Uko turushiriza kujijuka ko tuzi ukuri ku vyerekeye Imana, ni ko turushiriza kujijuka igihe tuyagisha abandi mu ndimiro. Umwe Katarína twavuga, agira ati: “Mu misi iheze narabonye ko nari nkeneye gukomeza ukwizera kwanje, mu bijanye n’inyigisho nyamukuru zimwezimwe zo muri Bibiliya. Naciye rero niyigisha mu buryo bwimbitse ibintu vyerekana ko hariho Umuremyi, ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana vy’ukuri, be n’uko muri iki gihe Imana ifise ishirahamwe ikoresha ng’aha kw’isi.” Katarína avuga ko kwiyigisha vyakomeje ukwizera kwiwe, vyongera bituma arushiriza kugira umunezero mu ndimiro.

IGITUMA TUGUMA TUBONA INDIMIRO MU BURYO BWIZA

17. Kubera iki Yezu yagumye abona indimiro mu buryo bwiza?

17 Yezu yagumye abona ibintu mu buryo bwiza maze aguma yamamaza, naho hari abatakira neza ubutumwa yashikiriza. Kubera iki? Yari azi ko abantu bari bakeneye kumenya ukuri, kandi yipfuza guha abantu benshi bashoboka akaryo ko kwakira ubutumwa bw’Ubwami. Yari azi kandi ko hari abatabwitayeho mugabo bohavuye babwemera. Zirikana ivyashitse mu muryango wiwe bwite. Mu myaka itatu n’igice yamaze yamamaza, nta n’umwe muri benewabo yabaye umwigishwa wiwe. (Yoh. 7:5) Ariko rero inyuma y’aho azukiye, barabaye abakirisu.​—Ivyak. 1:14.

18. Kubera iki tuguma twamamaza?

18 Ntituzi abazohava bemera ukuri kwo muri Bibiliya tubabwira. Hari abo bifata igihe kugira ngo bemere ubutumwa tubabwira. Mbere n’abadashima kutwumviriza barabona inyifato nziza dufise be n’ingene tubona ibintu mu buryo bwiza, kandi amaherezo boshobora gutangura ‘kuninahaza Imana.’​—1 Pet. 2:12.

19. Twisunze 1 Abakorinto 3:6, 7, ni igiki dukwiye kwibuka?

19 Naho dutera tukongera tukavomera, dukwiye kwibuka ko Imana ari yo ikuza. (Soma 1 Abakorinto 3:6, 7.) Umuvukanyi yitwa Getahun akorera muri Etiyopiya, avuga ati: “Namaze imyaka irenga 20 ndi Icabona umwe gusa, mu karere gakorerwamwo gake. Ariko ubu hari abamamaji 14. Cumi na batatu muri bo barabatijwe, ushizemwo n’umugore wanje n’abana batatu. Abantu nka 32 ni bo bama bitaba amakoraniro.” Getahun arahimbawe no kuba yagumye yamamaza yihanganye, mu kurindira ko Yehova akwegera mw’ishirahamwe ryiwe, abantu b’imitima nziraburyarya.​—Yoh. 6:44.

20. Ni mu buryo ki tumeze nk’abantu baja gutabara?

20 Yehova abona ko abantu bose ari ab’agaciro. Aradutera agateka ko gukorana n’Umwana wiwe, mu gutororokanya abantu bo mu mahanga yose, imbere y’uko iherezo ry’iyi si rishika. (Hag. 2:7) Igikorwa cacu co kwamamaza twokigereranya n’igikorwa co gutabara. Natwe tumeze nk’abarungitswe gutabara abaguweko n’umusozi bariko barimba ubutare. Naho abaja gutabara bosanga abantu bakeyi gusa ari bo bagihumeka, igikorwa bose barangura kiba ari ic’agaciro. Ni ko bimeze no mu gikorwa co mu ndimiro turangura. Ntituzi abagisigaye kurokorwa muri iyi si ya Shetani uko bangana. Ariko Yehova arashobora gukoresha uwo ari we wese muri twebwe kugira ngo abafashe. Uwitwa Andreas wo muri Boliviya, avuga ati: “Ndazi ko iyo umuntu yize ukuri kwo muri Bibiliya maze akabatizwa, biba vyavuye ku kigoro k’abantu benshi.” Ese natwe twoguma tubona mu buryo bwiza igikorwa cacu co kwamamaza. Nitwabigenza gutyo, Yehova azoduhezagira, igikorwa cacu co kwamamaza na co kitubere isoko ry’umunezero nyakuri.

URURIRIMBO RWA 66 Tangaza inkuru nziza

^ ing. 5 Twoshobora gute kuguma tubona igikorwa co kwamamaza mu buryo bwiza, n’igihe ata bantu benshi dusanga i muhira, canke igihe basa n’abatitaho ubutumwa tubabwira? Iki kiganiro, kiraturonsa ivyiyumviro vyodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza.

^ ing. 7 Igihe abamamaji bakoresha uburyo butandukanye bwo kwamamaza buvugwa muri iki kiganiro, bakwiye kubigira bubahiriza amategeko ajanye no gukingira amakuru yisungwa mu karere iwabo.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (uva hejuru umanuka): Umugabo n’umugore bariko baramamaza mu karere bigoye gusanga abantu i muhira. Uwo ku muhana wa mbere ari ku kazi, uwo ku muhana ukurikira ari kwa muganga, uwo ku muhana ugira gatatu na we yagiye gusuma. Umwe wo ku muhana wa mbere baramugendera ku mugoroba maze bakamusanga i muhira. Umwe wo ku muhana ugira kabiri, baramutora igihe bariko baramamaza ku mugaragaro hafi y’ivuriro. Umwe wo ku muhana ugira gatatu na we baramutora biciye kuri terefone.