Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya, abantu boba barakora ubwato mu rufunzo?

Urufunzo

BIRAZWI ko ibintu nyamukuru Abanyamisiri ba kera bandikako, vyari bikozwe mu rufunzo. Abagiriki n’Abaroma na bo nyene bandika ku rufunzo. * Ariko rero abantu benshi ntibazi ko urufunzo rutakoreshwa gusa mu bijanye no kwandika, mugabo kandi ko rwakoreshwa no mu gukora ubwato.

Ibigereranyo bibiri vy’ubwato bw’urufunzo vyubuwe mu mva mu Misiri

Mu myaka irenga 2.500 iheze, umuhanuzi Yesaya yanditse ko abantu bo “mu karere k’inzuzi za Etiyopiya,” barungitse ‘intumwa bakoresheje ikiyaga, bakoresheje kandi ivyombo vy’urufunzo.’ Mu nyuma na ho, umuhanuzi Yeremiya yavuze yuko igihe Abamedi n’Abaperesi boteye igisagara ca Babiloni, boturiye “amato y’urufunzo” y’Abanyababiloni kugira ntibahunge.​—Yes. 18:1, 2; Yer. 51:32.

Kubera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana, abiga Bibiliya ntibatangazwa no kubona ivyo abahinga bacukuye vyerekana ko mu bihe vya Bibiliya urufunzo rwakoreshwa mu gukora ubwato. (2 Tim. 3:16) None ni ibiki abacukuzi bubuye? Barubuye ibimenyamenya vyerekana neza ko abantu bo mu Misiri bakora ubwato mu rufunzo.

UBWATO BW’URUFUNZO BWAKORWA GUTE?

Ibicapo be n’amashusho akorogoshowe vyubuwe mu mva z’Abanyamisiri, birerekana ingene abantu baca urufunzo bakongera bakarukoramwo ubwato. Abagabo baraca urufunzo bagaca barutekera mu miganda, mu nyuma na ho bakaza barayifatanya. Umutumba w’urufunzo umeze nk’inyabutatu. Iyo rero imitumba y’urufunzo ibohewe hamwe, ica ivamwo umuganda witsindagiye kandi ukomeye cane. Twisunze igitabu kimwe kivuga ivy’Abanyamisiri ba kera (A Companion to Ancient Egypt), ubwato bw’urufunzo bwarashobora kugira uburebure bw’imetero zirenga 17, ivyo bikaba vyatuma kuri buri ruhande hajako abantu 10 canke 12 babusozesha ingafe.

Ishusho ikorogoshowe yo mu Misiri yerekana ingene ubwato bw’urufunzo bwakorwa

KUBERA IKI ABANTU BAKORA UBWATO MU RUFUNZO?

Urufunzo rwaraboneka ku bwinshi mu kiyaya c’Uruzi Nili. Vyongeye, ubwato bw’urufunzo bwari bworoshe gukora. Mbere n’igihe abantu batangura gukoresha imbaho mu gukora ubwato buninibunini, biboneka ko abarovyi be n’abahigi bagumye bakoresha ubwato bw’urufunzo.

Abantu baramaze igihe kirekire cane bakoresha ubwato bw’urufunzo. Umwanditsi w’Umugiriki yitwa Plutarque, yabayeho hagati y’ikinjana ca mbere n’ica kabiri inyuma ya Kristu, yavuze ko no muri ico gihe ciwe abantu bari bagikoresha ubwato bw’urufunzo.

^ ing. 3 Urufunzo rukunda ahantu hajaga canke ahari amazi adatemba cane. Urufunzo rurashobora gukura gushika nko ku metero 5, umutumba warwo na wo ugashobora kugira ubwaguke bwa santimetero nka 15 mu gice co hasi.