Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 18

Woba uzotsitazwa n’ivyerekeye Yezu?

Woba uzotsitazwa n’ivyerekeye Yezu?

“Hahiriwe uwutaronka igitsitaza muri jewe.”​—MAT. 11:6.

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

INCAMAKE *

1. Ni igiki gishobora kuba caragutangaje igihe watangura kubwira abandi ivyo wari wize muri Bibiliya?

WOBA wibuka igihe wamenya ko wubuye ukuri? Ivyo wariko uriga muri Bibiliya wabona ko bitomoye cane, ko ari ukuri kudaseswa! Wabona ko ata muntu n’umwe yoreka kwemera ukwo kuri wari wubuye. Wari wajijutse ko ibivugwa muri Bibiliya vyotumye bagira ubuzima bwiza muri iki gihe, bakongera bakitega kazoza keza igitangaza. (Zab. 119:105) Ivyo vyatumye ubwira ukwo kuri wari wubuye incuti n’abagenzi bawe bose, ubigiranye igishika. None bavyakiriye gute? Waratangajwe no kubona benshi bavyiyamiriza.

2-3. Abantu benshi bo mu gihe ca Yezu bamwakiriye gute?

2 Igihe tubwiye abandi ubutumwa bakabwanka, ntibikwiye kudutangaza. Mu gihe ca Yezu, abantu benshi baramwiyamirije naho yakora ibitangaro vyerekana ko yari ashigikiwe n’Imana. Nk’akarorero, yarazuye Lazaro, ico kikaba cari igitangaro n’abamurwanya batari gushobora guhakana. Ariko ivyo ntivyabujije ko indongozi z’Abayuda zihakana ko Yezu yari Mesiya. Zaciye mbere zirondera kwica Yezu na Lazaro.​—Yoh. 11:47, 48, 53; 12:9-11.

3 Yezu yari azi ko abantu benshi batokwemeye ko yari Mesiya. (Yoh. 5:39-44) Yabwiye abigishwa ba Yohani Umubatizi ati: “Hahiriwe uwutaronka igitsitaza muri jewe.” (Mat. 11:2, 3, 6) Ni kubera iki none abantu benshi cane batemeye Yezu?

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro be no mu gikurikira, turaza kurimbura imvo zimwezimwe zatumye abantu benshi bo mu kinjana ca mbere batizera Yezu. Turaza kubona kandi igituma abantu benshi muri iki gihe batsitazwa n’ubutumwa tubabwira. N’igihambaye kuruta, turaza kubona igituma dukeneye kurushiriza kwizera Yezu, kugira ngo ntihagire ikidutsitaza.

(1) AMAMUKO YA YEZU

Abantu benshi baratsitaye kubera amamuko ya Yezu. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 5) *

5. Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye bamwebamwe batemera ko Yezu yari Mesiya yasezeranywe?

5 Abantu benshi baratsitajwe n’amamuko ya Yezu. Baremera ko yari umwigisha karuhariwe, be n’uko yakora ibitangaro. Naho ari ukwo, bamubona gusa nk’umwana w’umubaji aciye bugufi. Vyongeye, yava i Nazareti, kikaba cari igisagara cabonwa ko kidahambaye. Mbere na Natanayeli, uwahavuye aba umwigishwa wa Yezu, mu ntango yavuze ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti?” (Yoh. 1:46) Natanayeli ashobora kuba yarasuzugura ico gisagara Yezu yavamwo. Canke na ho, ashobora kuba yari afise mu bwenge ubuhanuzi dusanga muri Mika 5:2, ubwavuga ko Mesiya yovukiye i Betelehemu, aho kuvukira i Nazareti.

6. Ni igiki cari gufasha abantu bo mu gihe ca Yezu kumenya ko yari Mesiya?

6 Ivyanditswe bivuga iki? Umuhanuzi Yesaya yavuze ko abansi ba Yezu batokwitayeho “ido n’ido ry’amamuko [ya Mesiya].” (Yes. 53:8) Menshi muri ayo makuru y’ido n’ido, yari yaravuzwe mu buhanuzi. Iyo abo bantu bafata umwanya wo gusuzuma amakuru yose amwerekeye, bari kumenya ko Yezu yavukiye i Betelehemu, be n’uko yakomoka ku Mwami Dawidi. (Luka 2:4-7) Yezu rero, yavukiye aho ubuhanuzi bwo muri Mika 5:2 bwari bwaravuze. None ingorane bari bafise yari iyihe? Bari bafise ingorane yo kwihutira gufata ingingo badafise amakuru yose. Ivyo rero vyatumye batsitara.

7. Kubera iki abantu benshi muri iki gihe baterekwa Ivyabona vya Yehova?

7 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Muri rusangi, Ivyabona vya Yehova ni abantu baciye bugufi. Abenshi babona ko ari “abantu batize kandi basanzwe.” (Ivyak. 4:13) Hari ababona ko abasavyi b’Imana badashobora kwigisha Bibiliya, kubera ko batize mu mashure azwi cane yigisha ivy’Imana. Hari n’abavuga ko Ivyabona vya Yehova ari “idini ry’Abanyamerika,” naho mu vy’ukuri usanga mu Vyabona vya Yehova 7, umwe gusa ari we aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Hari n’abavuga ko Ivyabona vya Yehova batemera Yezu. Mu myaka n’iyindi, Ivyabona vya Yehova bagiye baritwa ngo ni “Abakomunisita,” “abatasi b’Abanyamerika,” be n’“intagondwa.” Kubera ko ababwirwa ayo makuru ata bimenyamenya baba bafise canke ngo bemere ivyo tubabwira, bica bibatsitaza.

8. Twisunze Ivyakozwe 17:11, abantu bakwiye gukora iki nimba bipfuza kumenya abasavyi b’Imana abo ari bo muri iki gihe?

8 Umuntu yokwirinda gute gutsitara? Yosuzuma ibimenyamenya. Ivyo ni vyo umwanditsi w’Injili Luka yihatiye gukora. Yariyemeje gukurikirana neza “ibintu vyose kuva mu ntango.” Yipfuza ko abasomyi ‘bamenya neza yuko ivyo bigishijwe ku vyerekeye Yezu ari ukuri.’ (Luka 1:1-4) Abayuda b’i Beroya ha kera bari bameze nka Luka. Igihe batangura kwumva inkuru nziza yerekeye Yezu, barasuzumye Ivyanditswe vy’igiheburayo kugira ngo biyemeze neza ko ivyo bariko barabwirwa vyari ukuri. (Soma Ivyakozwe 17:11.) No muri iki gihe, abantu barakwiye gusuzuma ibimenyamenya. Bategerezwa kugereranya ivyo abasavyi b’Imana babigisha be n’ivyo Ivyanditswe bivuga. Barakwiye kandi gutohoza ivyo Ivyabona vya Yehova baranguye muri iki gihe. Nibatohoza neza ibiberekeye, ntibazobinuba canke ngo bahendwe n’ivyo abandi babavugako.

(2) YEZU YARANSE GUKORA IBITANGARO VYO KWIYEREKANA

Abantu benshi baratsitaye kubera Yezu yanse gukora ibitangaro vyo kwiyerekana. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 9-10) *

9. Vyagenze gute igihe Yezu yanka gutanga ikimenyetso kivuye mw’ijuru?

9 Mu gihe ca Yezu, hari abantu batabumbwa gusa n’inyigisho ziwe zakora ku mutima, mugabo bipfuza ko yokora n’ibindi. Baramusavye ko yobemeza ko yari Mesiya, mu kubereka “ikimenyetso kivuye mw’ijuru.” (Mat. 16:1) Bashobora kuba babitumwe n’ukuba batahura ukutari kwo ibivugwa muri Daniyeli 7:13, 14. Ariko rero igihe c’uko Yehova ashitsa ubwo buhanuzi nticari bwagere. Ivyo Yezu yigisha vyari bihagije kugira ngo bajijuke ko ari we yari Mesiya. Ariko igihe yanka kubaha ikimenyetso bariko bararondera, vyarabatsitaje.​—Mat. 16:4.

10. Yezu yashikije gute ivyo Yesaya yanditse ku bijanye na Mesiya?

10 Ivyanditswe bivuga iki? Ku bijanye na Mesiya, umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Ntazosemerera canke ngo aduze ijwi, kandi ntazokwumvikanisha ijwi ryiwe mw’ibarabara.” (Yes. 42:1, 2) Igikorwa Yezu yaranguriye ng’aha kw’isi, ntiyagikoze mu buryo bwo kwiyerekana. Ntiyubatse insengero zitangaje, ntiyambara impuzu zidasanzwe zerekana ko yari umukozi w’Imana, canke ngo arondere kwitwa amazina y’icubahiro y’indongozi z’idini. N’igihe Yezu yariko arasambishwa, yaranse gukora igitangaro kugira ngo agerageze gutangaza Umwami Herodi. (Luka 23:8-11) Naho Yezu yakoze ibitangaro bimwebimwe, ico yashira imbere kwari ukwamamaza inkuru nziza. Yabwiye abigishwa biwe ko ‘ico ari co cari camuzanye.’​—Mrk. 1:38.

11. Ni ivyiyumviro bitari vyo ibihe abantu bamwebamwe bafise muri iki gihe?

11 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Muri iki gihe, abantu benshi baratangazwa n’ibisengero bikomakomeye birimwo ibisharizo bizimvye cane, abakuru b’amadini bafise amazina y’icubahiro kidasanzwe, be n’imisi mikuru abantu benshi bapfa guhimbaza batazi inkomoko yayo be n’ico isobanura. None abantu basenga muri ayo madini, biga iki ku bijanye n’Imana be n’imigambi yayo? Abitaba amakoraniro yacu bobo bariga ivyo Yehova adusaba, be n’ingene bobaho bakora ivyo agomba. Ingoro z’Ubwami zacu ziraciye bugufi kandi zirasukuye, ariko ntizisharijwe n’ibintu bihanitse. Abaja imbere abandi ntibagira umwambaro ubaranga, eka nta n’amazina y’icubahiro bafise. Ivyo twigisha be n’ivyo twemera bishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Naho ari ukwo, abantu benshi muri iki gihe ntibemera ubutumwa tubabwira, kubera biyumvira ko dusenga mu buryo busanzwe cane, be n’uko ivyo twigisha binyuranye n’ivyo bipfuza kwumva.

12. Nk’uko bivugwa mu Baheburayo 11:1, 6, ukwizera kwacu gukwiye kuba gushingiye ku ki?

12 Twokwirinda gute gutsitara? Intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’i Roma ati: “Ukwizera . . . kuva ku co umuntu yumvise. Ico umuntu yumvise na co kizanwa n’ijambo ryerekeye Kristu.” (Rom. 10:17) Ukwizera kwacu rero tugukomeza mu kwiga Ivyanditswe, atari mu kugira uruhara mu birori vy’amadini bidashingiye ku vyanditswe, naho vyoba biryoheye ijisho gute. Dutegerezwa kugira ukwizera gukomeye gushingiye ku bumenyi butagira amakosa, kubera ko ‘tudashobora guhimbara Imana rwose tutagira ukwizera.’ (Soma Abaheburayo 11:1, 6.) Ku bw’ivyo rero, ntibikenewe ko tubanza kubona ikimenyetso kidasanzwe kivuye mw’ijuru, kitwemeza ko twubuye ukuri. Gusuzuma twitonze inyigisho zo muri Bibiliya zikomeza ukwizera birahagije, kugira ngo tujijuke twongere duhere amazinda.

(3) YEZU NTIYAKURIKIZA IMIGENZO MYINSHI Y’ABAYUDA

Abantu benshi baratsitaye kubera Yezu atakurikije imigenzo yabo imwimwe. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 13) *

13. Ni ibiki vyatumye abantu benshi biyamiriza Yezu?

13 Mu gihe ca Yezu, abigishwa ba Yohani Umubatizi, baratangajwe no kubona abigishwa ba Yezu batisonzesha. Yezu yavuze ko ata mvo bari bafise yo kwisonzesha, kubera ko yari akiri muzima. (Mat. 9:14-17) Naho ari ukwo, Abafarizayo be n’abandi bamurwanya baramwiyamirije, kubera yuko atakurikiza imico n’imigenzo yabo. Barashavuye igihe yakiza abantu kw’Isabato. (Mrk. 3:1-6; Yoh. 9:16) Ariko rero naho bivugisha ko bubaha cane Isabato, nticabuza yuko badandariza mu rusengero. Igihe Yezu yabakarira kuri ico kintu, baciye barakara. (Mat. 21:12, 13, 15) Igihe na ho Yezu yariko arigishiriza mw’isinagogi i Nazareti, abariko baramwumviriza barashavuye cane igihe yakoresha ibigereranyo vyo muri kahise vyashira ahabona ubwikunzi bwabo be n’ukubura ukwizera kwabo. (Luka 4:16, 25-30) Kubera ko ivyo atari vyo bari bamwitezeko, vyatumye abenshi batsitara.​—Mat. 11:16-19.

14. Kubera iki Yezu yiyamirije imigenzo y’abantu yari iteye kubiri n’Ivyanditswe?

14 Ivyanditswe bivuga iki? Yehova abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, yavuze ati: “Kubera ko aba bantu banyegereye n’akanwa kabo gusa, bakaninaharisha iminwa yabo gusa, kandi bakaba bigije umutima wabo kure yanje cane, ukuntinya kwabo kugacika ibwirizwa ry’abantu, rikaba ari ryo ryigishwa.” (Yes. 29:13) Vyari bibereye ko Yezu yiyamiriza imigenzo y’abantu yari iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ababona ko amategeko yabo n’imigenzo yabo ari vyo vyari bihambaye kuruta Ivyanditswe, barateye akagere Yehova be na Mesiya yabarungikiye.

15. Ni ibiki bitsitaza abantu benshi muri iki gihe ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova?

15 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Abantu benshi barababara iyo babonye Ivyabona vya Yehova batifatanije na bo mu guhimbaza imisi mikuru iteye kubiri n’ivyanditswe, nk’imisi mikuru y’ivuka na Noweli. Abandi na bo barashavuzwa no kubona Ivyabona vya Yehova batifatanya na bo mu guhimbaza imisi mikuru yo kwiratira igihugu, canke badakurikije imigenzo ijanye n’amaziko iteye kubiri n’Ijambo ry’Imana. Abo bantu batsitazwa n’iyo mpagararo y’Ivyabona, boshobora kwibwira ko ari bo basenga mu buryo Imana yemera. Ariko rero, ntibashobora kuyihimbara mu gihe bahitamwo gukurikiza imigenzo y’iyi si, aho gukurikiza inyigisho zitomoye dusanga muri Bibiliya.​—Mrk. 7:7-9.

16. Twisunze Zaburi 119:97, 113, 163-165, ni igiki dutegerezwa gukora, kandi ni igiki dutegerezwa kwirinda?

16 Twokwirinda gute gutsitara? Turakeneye kurushiriza gukunda amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe. (Soma Zaburi 119:97, 113, 163-165.) Igihe dukunda Yehova, ntitwigera dukurikiza umugenzo n’umwe utamuhimbara. Ntitureka ngo hagire ikintu na kimwe kigabanya urwo tumukunda.

(4) YEZU NTIYATOREYE UMUTI WIHUTA IBIBAZO VYA POLITIKE

Abantu benshi baratsitaye kubera Yezu atisutse mu vya politike. Ico kintu nyene cotsitaza gute abantu bamwebamwe muri iki gihe? (Raba ingingo ya 17) *

17. Ni ibiki abantu benshi bari biteze mu gihe ca Yezu vyatumye batsitara?

17 Mu gihe ca Yezu, abantu bamwebamwe baripfuza ihinduka ryihuta mu vya politike. Bari biteze ko Mesiya yobakuyeko intwaro y’Abaroma yabacinyiza. Ariko rero igihe bagerageza gufata Yezu ngo bamugire umwami wabo, yaravyanse. (Yoh. 6:14, 15) Abandi na bo, ushizemwo n’abaherezi, bari bafise ubwoba ko Yezu yozanye amahinduka mu vya politike yobereye intambamyi Abaroma, kandi ari bo bari barahaye izo ndongozi z’idini ubukuru n’ububasha ku rugero kanaka. Kubera ko Abayuda benshi bari barajwe ishinga n’ivyo bibazo vya politike, vyaratumye batsitara.

18. Ni ubuhanuzi ubuhe bwerekeye Mesiya abantu benshi batitayeho?

18 Ivyanditswe bivuga iki? Naho hari ubuhanuzi bwinshi bwari bwavuze ko Mesiya yohavuye atahukana intsinzi, hari n’ubundi bwerekanye ko yobanje gupfa ku bw’ibicumuro vyacu. (Yes. 53:9, 12) Ni kubera iki none abantu bihenda ku vyo bari bamwitezeko? Abantu benshi bo mu gihe ca Yezu, ntibitaho ubuhanuzi ubwo ari bwo bwose butabereka umuti wihuta w’ingorane zabo.​—Yoh. 6:26, 27.

19. Ni ibiki abantu benshi batwitezeko muri iki gihe bituma batsitara?

19 Twoba tubona ingorane nk’iyo muri iki gihe? Cane nyene. Abantu benshi muri iki gihe, baratsitazwa no kubona ata ho duhengamiye mu vya politike. Biteze ko tugira uruhara mu matora. Ariko rero twisunze uko Yehova abona ibintu, turatahura ko dutoye umuntu ngo atubere umutware, tuba duteye akagere Yehova. (1 Sam. 8:4-7) Abantu boshobora kandi kubona ko twari dukwiye kwubaka amashure be n’ibitaro, tugakora n’ibindi bikorwa vyo gutanga imfashanyo. Igihe babonye ko twitunira ku gikorwa co kwamamaza aho kwihutira gutorera umuti ingorane zihanze isi, bica bibatsitaza.

20. Twisunze ivyo Yezu yavuze muri Matayo 7:21-23, ni ikintu nyamukuru ikihe dukwiye gushira imbere?

20 Twokwirinda gute gutsitara? (Soma Matayo 7:21-23.) Ikintu nyamukuru dukwiye gushira imbere, ni ugukora igikorwa Yezu yadutegetse. (Mat. 28:19, 20) Ntidukwiye kwigera dusamazwa n’ibibazo vya politike be n’ivyo mu kibano vy’iyi si. Turakunda abantu kandi tukitaho ibibazo vyabo, ariko turazi yuko uburyo bwiza bwo kubafasha ari ukubigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana, no kubafasha kugiranira ubucuti na Yehova.

21. Dukwiye kwiyemeza iki?

21 Muri iki kiganiro, twarimbuye ibintu bine vyatumye abantu benshi bo mu kinjana ca mbere batsitara bigatuma biyamiriza Yezu, kandi vyotumye no muri kino gihe abantu bamwebamwe biyamiriza abayoboke ba Yezu. None vyoba ari vyo vyonyene dukwiye kwirinda? Habe namba. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ibindi bintu bine bishobora gutuma abantu batsitara. Ese twokwiyemeza kuguma dukomeza ukwizera kwacu, no kutareka ngo hagire ikidutsitaza!

URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri

^ ing. 5 Naho Yezu yari Umwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose kw’isi, abantu benshi bo mu gihe ciwe baratsitajwe n’ibimwerekeye. Kubera iki? Iki kiganiro, kiraza kutwereka imvo zine zabitumye. Turaza kubona n’igituma abantu benshi muri kino gihe batsitazwa n’ivyo abayoboke b’ukuri ba Yezu bavuga be n’ivyo bakora. N’igihambaye kuruta, turaza kubona igituma dukeneye kurushiriza kwizera Yezu, kugira ngo ntihagire ikidutsitaza.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Filipo ariko arabwira Natanayeli ngo aje kwa Yezu.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu ariko arabwira abantu inkuru nziza.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu akijije umugabo afise ukuboko kunyunyutse, abamurwanya bakaba bariko baravyitegereza.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu agiye ku musozi ari wenyene.