Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 21

Yehova azokuronsa inkomezi

Yehova azokuronsa inkomezi

“Iyo ngoyagoya [ni] ho ngira ububasha.”​—2 KOR. 12:10.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

INCAMAKE *

1-2. Ivyabona benshi bashikirwa n’ingorane izihe?

INTUMWA Paulo yaremesheje Timoteyo, eka mbere n’abakirisu bose muri rusangi, kurangura ubusuku bwabo bimwe bishitse. (2 Tim. 4:5) Twese turafatana uburemere iyo mpanuro ya Paulo. Ariko rero turahura n’intambamyi. Hari abavukanyi na bashiki bacu benshi usanga kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza bibasaba umutima rugabo udasanzwe. (2 Tim. 4:2) Nk’akarorero, zirikana abavukanyi bacu baba mu bihugu aho usanga igikorwa cacu kiburabuzwa canke mbere kibujijwe. Barakora ico gikorwa naho baba bazi ko bashobora gupfungwa.

2 Abasavyi ba Yehova barahura n’ingorane zitandukanye zishobora gutuma bacika intege. Nk’akarorero, abenshi bategerezwa gukora amasaha menshi kugira gusa baronse imiryango yabo ivya nkenerwa. Baripfuza gukora vyinshi mu ndimiro, ariko mu mpera y’indwi bagasanga ata nguvu zikwiye basigaranye. Abandi usanga bashoboye gukora bike cane, kubera barwaye indwara idakira canke bitereye mu myaka. Hari n’igihe usanga batakiva i muhira. Abandi na bo usanga baguma biyumvira ko ata co bakimaze. Mushiki wacu yitwa Mary * wo mu gihugu kimwe c’Abarabu, avuga ati: “Binsaba akigoro gakomeye cane kugira ngo ndwanye ivyiyumviro bica intege, ku buryo nsigara numva narushe mu bwenge. Nca nguma niyagiriza kubera ko ata mwanya n’inguvu mba ngisigaranye vyo gukora indimiro.”

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, Yehova arashobora kuduha ububasha kugira ngo twihanganire ingorane zidushikira, maze tukaguma tumukorera uko dushoboye kwose. Imbere y’uko turaba ingene Yehova ashobora kudufasha, reka tubanze turimbure ingene yaronkeje Paulo na Timoteyo inkomezi zo kurangura igikorwa cabo, naho bari bafise ingorane.

INKOMEZI KUGIRA TWAMAMAZE

4. Paulo yashikiwe n’ingorane izihe?

4 Paulo yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Igihe yakubitwa, agaterwa amabuye, agapfungwa, ni ho canecane yari akeneye inkomezi. (2 Kor. 11:23-25) Paulo yariyemereye ko vyashika akanyinyana n’ugucika intege. (Rom. 7:18, 19, 24) Yarihanganiye kandi ingorane yari imeze nk’“ihwa mu mubiri,” iyo yipfuza cane ko Imana yomukurako.​—2 Kor. 12:7, 8.

Ni igiki catumye Paulo ashobora kurangura igikorwa co kwamamaza? (Raba ingingo ya 5-6) *

5. Ni ibiki Paulo yaranguye naho yari afise ingorane?

5 Yehova yararonkeje Paulo inkomezi zo kubandanya yamamaza naho yari ahanzwe n’izo ngorane zose. Rimbura ivyo Paulo yaranguye. Nk’akarorero, igihe yari mu nzu yari apfungiwemwo i Roma, yaraburaniye inkuru nziza abigiranye umwete imbere y’indongozi z’Abayuda, kumbure n’imbere y’abategetsi. (Ivyak. 28:17; Flp. 4:21, 22) Yaranabwiye inkuru nziza benshi mu barinzi b’umwami, yongera ayibwira n’abamugendera bose. (Ivyak. 28:30, 31; Flp. 1:13) Muri ico kiringo nyene, Paulo ahumekewe n’Imana yaranditse amakete yagiriye akamaro abakirisu b’ukuri, gushika n’uyu musi. Vyongeye, akarorero ka Paulo karakomeje ishengero ry’i Roma, ivyatumye abavukanyi biwe “[barushiriza] kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.” (Flp. 1:14) Naho vyashika Paulo ntashobore gukora ivyo yipfuza vyose, yarakoze ivyo yari ashoboye, kandi “vyahavuye . . . bituma inkuru nziza itera imbere.”​—Flp. 1:12.

6. Twisunze 2 Abakorinto 12:9, 10, ni igiki cafashije Paulo kurangura igikorwa ciwe?

6 Paulo yaratahura ko ibintu vyose yaranguye vyashobotse ku bw’inkomezi za Yehova, atari ku bw’inkomezi ziwe bwite. Yavuze ko ububasha bw’Imana ‘bwatunganirijwe mu bugoyagoye.’ (Soma 2 Abakorinto 12:9, 10.) Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe, yararonkeje Paulo ububasha bwo kurangura igikorwa ciwe bimwe bishitse, naho yahamwa, agapfungwa akongera agashikirwa n’izindi ngorane.

Ni igiki catumye Timoteyo ashobora kurangura igikorwa co kwamamaza? (Raba ingingo ya 7) *

7. Ni ingorane izihe Timoteyo yihanganiye kugira ngo arangure igikorwa ciwe?

Timoteyo uwukiri muto yakoranye na Paulo, na we nyene yariheka ku bubasha bw’Imana, kugira ngo arangure igikorwa ciwe. Timoteyo yaraherekeje Paulo mu ngendo ndende z’ubumisiyonari. Vyongeye, Paulo yaramurungitse mu zindi ngendo zo kugendera amashengero no kuyaremesha. (1 Kor. 4:17) Kumbure Timoteyo yabona ko atobishoboye. Birashoboka ko ari co catumye Paulo amuhimiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe.” (1 Tim. 4:12) N’ikindi kandi, ico gihe Timoteyo yari yifitiye ihwa mu mubiri, ari kwo “kurwaragurika.” (1 Tim. 5:23) Ariko rero, Timoteyo yari azi ko impwemu nyeranda ya Yehova y’ububasha yomuronkeje inkomezi zo kwamamaza inkuru nziza no gukorera abavukanyi biwe.​—2 Tim. 1:7.

INKOMEZI KUGIRA TUGUME TURI INTAHEMUKA MU NGORANE

8. Yehova akomeza gute abasavyi biwe muri iki gihe?

8 Muri iki gihe, Yehova araha abasavyi biwe “ububasha burengeye ubusanzwe,” kugira ngo babandanye kumukorera badahemuka. (2 Kor. 4:7) Nimuze turabe ibintu bine Yehova yaturonkeje kugira ngo adukomeze, yongere adufashe kuguma turi intahemuka kuri we. Ivyo na vyo ni isengesho, Bibiliya, abakirisu bagenzi bacu, be n’igikorwa co mu ndimiro.

Yehova aradukomeza biciye kw’isengesho (Raba ingingo ya 9)

9. Isengesho rishobora kudufasha gute?

9 Turakomezwa n’isengesho. Mu Banyefeso 6:18, Paulo aturemesha gusenga Imana “igihe cose.” Imana yishura ayo masengesho yacu mu kudukomeza. Uwitwa Jonnie wo muri Boliviya yariboneye ingene Imana imushigikira, igihe yashikirwa n’ingorane z’urutavanako. Umugore wiwe n’abavyeyi biwe bararwariye rimwe bimwe bikomeye. Jonnie ntivyamworohera kubitwararika uko bari batatu. Nyina yahavuye apfa, umugore wiwe na se wiwe na bo bamara igihe kirekire bataratora mitende. Jonnie atereje amaso inyuma, avuga ati: “Igihe naba numva ndengewe, gutura amasengesho adomako ni vyo vyama bimfasha.” Yehova yararonkeje Jonnie inkomezi zo kwihangana. Umukurambere yitwa Ronald na we wo muri Boliviya, yaramenye ko nyina wiwe yari arwaye kanseri. Haciye ukwezi kumwe yaciye apfa. Ni igiki none camufashije kwihangana? Avuga ati: “Iyo ndiko ndasenga Yehova, ndamusukira ibiri ku mutima vyose. Ndazi ko antahura kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, mbere kuruta uko jewe ubwanje niyizi.” Rimwe na rimwe, vyoshika tukumva ko turengewe canke ntitubone neza ivyo twovuga mw’isengesho. Ariko rero Yehova araturemesha kumusenga, n’igihe mbere bitatworohera kuronka amajambo tumubwira.​—Rom. 8:26, 27.

Yehova aradukomeza biciye kuri Bibiliya (Raba ingingo ya 10)

10. Twisunze Abaheburayo 4:12, kubera iki gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo dusoma bihambaye cane?

10 Turakomezwa na Bibiliya. Nk’uko Paulo yaronkera inkomezi n’uruhoza mu Vyanditswe, ni ko natwe dukwiye kubigenza. (Rom. 15:4) Iyo dusomye Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, Yehova arashobora gukoresha impwemu yiwe, kugira atume turushiriza gutahura ingene ryodufasha mu ngorane tuba turimwo. (Soma Abaheburayo 4:12.) Umwe Ronald twavuga, agira ati: “Ndakenguruka kubona naragize akamenyero ko kwama nsoma Bibiliya mw’ijoro. Ndazirikana cane kuri kamere za Yehova, no ku kuntu afata abasavyi biwe mu buryo buranga urukundo. Ivyo biratuma nsubira kugira inkomezi.”

11. Bibiliya yakomeje gute mushiki wacu umwe yari atuntuye?

11 Kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana biratuma tubona mu buryo bwiza uko ivyacu vyifashe. Raba ingene Bibiliya yafashije umupfakazi umwe yari atuntuye. Hari umukurambere yamubwiye ko gusoma igitabu ca Yobu vyogize ico bimufashije. Igihe yagisoma, yarihutiye kunegura Yobu, ko yari afise ivyiyumviro bitabereye. Yaciye amukeburira mu vyiyumviro ati: “Yobu, oya nawe nu urarengeje urugero!” Ariko rero na we nyene yahavuye abona ko yari afise ivyiyumviro nk’ivya Yobu. Ivyo vyaramufashije guhindura ukuntu yabona ibintu, vyongera biramuronsa inkomezi zo kwihanganira umubabaro wo kubura umugabo wiwe.

Yehova aradukomeza biciye ku bakirisu bagenzi bacu (Raba ingingo ya 12)

12. Yehova aturonsa gute inkomezi biciye ku bo dusangiye ukwemera?

12 Turakomezwa n’abakirisu bagenzi bacu. Yehova kandi aradukomeza biciye ku bakirisu bagenzi bacu. Paulo yavuze ko yari ashashaye “guhanahana indemesho” n’abo bari basangiye ukwizera. (Rom. 1:11, 12) Umwe Mary twavuga, arakunda kwifatanya n’abo basangiye ukwizera. Avuga ati: “Yehova yarakoresheje abo dusangiye ukwizera mbere batari bazi ingorane nariko ndacamwo. Barambwira akajambo karemesha canke bakandungikira agakete, ivyo nyene bikaba ari vyo nari nkeneye. Vyaratumye kandi niganira ivyanje abandi badada twari dusangiye ingorane, nongera ndakura ivyigwa ku vyabashikiye. Abakurambere na bo bama batuma numva ko abagize ishengero bankunda.”

13. Twokomezanya gute igihe turi ku makoraniro?

13 Ku makoraniro ni ho hantu heza kuruta ahandi hose duhanahanira indemesho n’abandi. Igihe witavye amakoraniro, ubona gute wibwirije gukomeza abandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ukenguruka ivyo bakora? Nk’akarorero, imbere y’ikoraniro rimwe, umukurambere yitwa Peter yabwiye mushiki wacu umwe yubakanye n’uwudasenga Yehova ati: “Ntiworaba ingene kukubona ng’aha bituremesha. Wama uzanana n’abana bawe batandatu, kandi baba biteguye kwishura mu makoraniro.” Uwo mushiki wacu vyaramukoze ku mutima ku buryo akorora amosozi, aca yishura ati: “Iyo ndemesho ni yo nyene nari nkeneye kwumva uyu musi.”

Yehova aradukomeza biciye ku gikorwa co mu ndimiro (Raba ingingo ya 14)

14. Kuja mu ndimiro bitugirira akamaro gute?

14 Turakomezwa n’igikorwa co mu ndimiro. Igihe tubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, biraturuhurira kandi bikatugarurira agatege, baba bavyakira neza canke nabi. (Imig. 11:25) Mushiki wacu yitwa Stacy yariboneye ingene igikorwa co mu ndimiro kituronsa inkomezi. Igihe uwo mu muryango wiwe yacibwa, yaratuntuye cane ku buryo aguma yibaza ati: ‘Ubwo nta kindi nari gukora ngo ndamufashe?’ Ivyo gusa ni vyo yaguma yiyumvira. Ni igiki none camufashije kwihanganira uwo mubabaro? Ni indimiro! Igihe yaba ari mu ndimiro, yiyumvira ingene yofasha abantu bo mu cibare. Avuga ati: “Muri ico gihe, Yehova yarandonkeje uwo nigisha Bibiliya yateye imbere ningoga. Ivyo vyarandemesheje cane. Ikintu nyamukuru camfashije gutekana ni indimiro.”

15. Ivyo Mary yavuze bikwigisha iki?

15 Bamwebamwe, bivanye n’uko ivyabo vyifashe, boshobora kwumva ko batagishoboye gukora vyinshi mu ndimiro. Nimba nawe ari ko wiyumva, niwibuke ko Yehova ahimbarwa igihe ukoze ivyo ushoboye. Reka tugaruke ku karorero ka Mary. Igihe yimukira mw’ishengero rikoresha urundi rurimi, yabona ko ata kintu kinini ashoboye. Avuga ati: “Naramaze igihe ata kindi nshoboye uretse gutanga inyishu yoroshe, canke gusoma umurongo muri Bibiliya, canke gutanga agapapuro k’inkuru nziza mu ndimiro.” Ivyo vyatuma yumva ko ata co amaze, yigereranije n’abavuga neza urwo rurimi. Ariko rero yahavuye ahindura ivyiyumviro. Yaratanguye kubona ko Yehova yari kumukoresha naho atavuga neza urwo rurimi. Agira ati: “Ukuri kurokora ubuzima kuroroshe cane, kandi ukwo kuri nyene ni kwo guhindura ubuzima bw’abantu.”

16. Ni igiki cotuma abatagishobora kuva i muhira baronka inkomezi?

16 Yehova arabona icipfuzo dufise co kwamamaza kandi akagishima, mbere n’igihe tutagishoboye kuva i muhira. Arashobora gutuma turonka uturyo two kubwira inkuru nziza abajejwe kutubungabunga canke abaganga. Hamwe twogereranya ivyo dukora ubu n’ivyo twari dushoboye gukora muri kahise, vyotuma ducika intege. Mugabo dutahuye ingene Yehova ariko aradufasha ubu, biratuma turonka inkomezi zo kwihanganira ingorane iyo ari yo yose tunezerewe.

17. Twisunze Umusiguzi 11:6, ni kubera iki dukwiye kuguma twamamaza n’igihe tudashoka tubona ivyiza bivamwo?

17 Mu mbuto z’ukuri dutera, ntituzi izizomera maze zigakura. (Soma Umusiguzi 11:6.) Nk’akarorero, mushiki wacu yitwa Barbara arengeje imyaka 80, yama ashinga intahe biciye kuri terefone no ku kwandika amakete. Rimwe mu makete yanditse, yararishizemwo Umunara wo ku wa 1 Ntwarante 2014, uwarimwo ikiganiro cavuga ngo “Ivyo Imana imaze kugukorera.” Atabiciye n’ikanda, yasanze iryo kete yarirungikiye umugabo n’umugore bari baraciwe. Barasomye ico kinyamakuru incuro n’izindi. Uwo mugabo yabona ko ari nk’aho ari Yehova ubwiwe yariko aramwibwirira. Uwo mugabo n’umugore baratanguye kwitaba amakoraniro, mu nyuma barasubira kuba Ivyabona inyuma y’imyaka irenga 27 bari hanze y’ishengero. Iyumvire ukuntu ivyo vyiza vyavuye muri iryo kete rimwe gusa vyaremesheje Barbara bikongera bikamukomeza!

Yehova aradukomeza biciye (1) kw’isengesho, (2) kuri Bibiliya, (3) ku bakirisu bagenzi bacu, (4) ku gikorwa co mu ndimiro (Raba ingingo ya 9-10, 12, 14)

18. Twokora iki kugira ngo Imana idukomeze?

18 Yehova araturonsa inkomezi nyinshi akoresheje uburyo butandukanye. Iyo twungukiye ku ntunganyo yadushiriyeho, nk’isengesho, Bibiliya, abakirisu bagenzi bacu be n’igikorwa co mu ndimiro, tuba twerekanye ko twizigira ko ashoboye kudufasha, kandi ko avyipfuza. Nimuze rero twame twiheka ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru, we ahimbarwa no “[kwerekana] inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.”​—2 Ngo. 16:9.

URURIRIMBO RWA 61 Tera muja imbere, yemwe Vyabona!

^ ing. 5 Naho tubayeho mu bihe bigoye, Yehova araturonsa ibidufasha kwihangana. Muri iki kiganiro, turabona ingene Yehova yafashije intumwa Paulo be na Timoteyo kubandanya bamukorera, naho bari bafise ingorane. Turaza kubona ibintu bine Yehova yaturonkeje, bidufasha kwihangana muri iki gihe.

^ ing. 2 Si ko asanzwe yitwa.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Paulo ari mu nzu apfungiwemwo i Roma, arandikira amakete amashengero atari make, akongera akabwira inkuru nziza abamugendera.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO:Timoteyo araremesha abavukanyi igihe yagendeye amashengero.