IKIGANIRO C’UKWIGA CA 23
Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.”—MAT. 22:37.
URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana
INCAMAKE *
1-2. Sigura igituma Ivyanditswe bimwebimwe vyo muri Bibiliya bishobora kurushiriza kugira uburemere igihe ivyacu bihindutse.
KU MUSI w’ubugeni, umusore ashajije be n’umugeni wiwe asa n’irirenga barakurikira bitonze insiguro y’ubugeni ishingiye kuri Bibiliya. Ivyanditswe basomerwa muri iyo nsiguro ntibiba ari bishasha kuri bo. Ariko guhera uwo musi, ivyo vyanditswe bica birushiriza kugira uburemere kuri bo. Kubera iki? Kubera ko umwe wese muri bo, ategerezwa kubishira mu ngiro.
2 Ni na ko bimera iyo abubatse bibarutse abana. Boshobora kuba bamaze imyaka bumva insiguro zivuga ibijanye no kurera abana. Ariko baronse abana, ivyo bagiye barumva muri izo nsiguro baca barushiriza kubiha uburemere. Igihe ivyacu bihindutse Ivyanditswe tuba tuzi, turarushiriza gutahura uburemere bwavyo. Iyo ni imwe mu mvo zituma abasavyi ba Yehova basoma Ivyanditswe bakongera bakabizirikanako “imisi yose” y’ubuzima bwabo nk’uko abami b’Abisirayeli bari barabitegetswe.—Gus. 17:19.
3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
3 Bavyeyi, murafise ibanga rihambaye umukirisu ashobora guterwa, na ryo akaba ari ukwigisha abana banyu ivyerekeye Yehova. Ariko rero, muripfuza gukora n’ibindi uretse kubabwira gusa ivyerekeye Imana yacu. Mwipfuza gufasha abana banyu kuyikunda cane. None mwokora iki kugira ngo mufashe abana banyu gukunda Yehova? Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura impanuro zine zishingiye kuri Bibiliya zishobora kubafasha mwebwe abavyeyi. (2 Tim. 3:16) Turaza no kubona ingene abavyeyi bamwebamwe bungukiye ku gushira mu ngiro izo mpanuro zo muri Bibiliya.
IMPANURO ZINE ZOFASHA ABAVYEYI
4. Ni impanuro iyihe abavyeyi bokwisunga kugira bafashe abana babo gukunda Yehova? (Yakobo 1:5)
4 Impanuro ya 1: Nimurondere kuyoborwa na Yehova. Nimusabe Yehova kugira ngo abahe ubukerebutsi mukeneye kugira mufashe abana banyu kumukunda. (Soma Yakobo 1:5.) Ni we atanga impanuro nziza kuruta izindi zose. Hariho imvo nyinshi zivyemeza. Rimbura zibiri muri zo. Iya mbere, Yehova ni we Muvyeyi abishoboye kuruta abandi bose. (Zab. 36:9) Iya kabiri, impanuro atanga zama zivamwo ivyiza.—Yes. 48:17.
5. (a) Ni ibiki ishirahamwe rya Yehova rironsa abavyeyi? (b) Nk’uko vyerekanywe muri iyo videwo, wigiye iki ku kuntu umuvukanyi Amorim n’umukenyezi wiwe bareze abana babo?
5 Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, arabaronsa ibifungurwa vy’impwemu vyinshi vyobafasha kwigisha abana banyu kumukunda. (Mat. 24:45) Nk’akarorero, murashobora gukura ivyiyumviro vyiza mu rukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Icofasha umuryango,” vyamaze imyaka itari mike bisohorwa mu kinyamakuru Be maso!, ubu bikaba biboneka no ku rubuga rwacu jw.org. Vyongeye, hari amavidewo menshi yasohowe kuri jw.org agizwe n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo be n’ibikino ashobora gufasha abavyeyi gushira mu ngiro impanuro Yehova atanga ku bijanye no kurera abana babo. *—Imig. 2:4-6.
6. Sebibondo umwe n’umukenyezi wiwe babona gute ingene Yehova abayobora biciye kw’ishirahamwe ryiwe?
6 Abavyeyi benshi baravuze ko bakenguruka ingene Yehova abafasha biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Sebibondo umwe yitwa Joe avuga ati: “Kurerera abana batatu mu kuri ntivyoroshe. Twe n’umukenyezi wanje, igihe cose twaza turasenga Yehova ngo adufashe. Akenshi haca hasohoka ikiganiro canke ividewo, twabona ko bije ku gihe kibereye kugira bidufashe mu ngorane twaba turiko turacamwo. Igihe cose twama turondera kuyoborwa na Yehova.” Joe n’umukenyezi wiwe basanze ivyo biganiro n’amavidewo bifasha abana babo kwiyegereza Yehova.
7. Kubera iki bihambaye ko abavyeyi bitwararika gutanga akarorero keza? (Abaroma 2:21)
7 Impanuro ya 2: Nimubabere akarorero. Abana baritegereza abavyeyi babo bitonze kandi akenshi baca babigana. Ego ni ko, nta muvyeyi n’umwe atunganye. (Rom. 3:23) Naho ari ukwo, abavyeyi b’inkerebutsi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo babere akarorero keza abana babo. (Soma Abaroma 2: 21.) Ku bijanye n’abana, sebibondo umwe yavuze ati: “Bameze nk’ikinyuko kinunuza ivyo bakijobetsemwo vyose.” Yongerako ati: “Igihe dukoze ibinyuranye n’ivyo tubigisha baca babitubwira.” Nimba rero twipfuza ko abana bacu bakunda Yehova, urukundo ubwacu tumukunda rukwiye kuba rukomeye kandi rwibonekeza.
8-9. Wigira iki ku vyavuzwe na Andrew be na Emma?
8 Hariho uburyo bwinshi abavyeyi bokoresha mu kwigisha abana babo gukunda Yehova. Umuvukanyi umwe w’imyaka 17 yitwa Andrew avuga ati: “Abavyeyi banje bamye banyereka ko gusenga bihambaye. Buri joro, dawe yaraza aho ndi tugasengera hamwe naho ubwanje naba nahejeje gusenga. Abavyeyi bacu bama batwibutsa bati: ‘Murashobora kuyaga na Yehova igihe cose muvyipfuza.’ Kubona bama babitubwira vyaramfashije cane ku buryo ubu nsenga Yehova nisanzuye nkamubona nk’Umuvyeyi ankunda.” Bavyeyi, ntimukigere mwibagira ko urukundo mukunda Yehova rushobora kugira ico rukoze cane ku bana banyu.
9 Raba kandi akarorero k’uwitwa Emma. Igihe se wiwe yata umuryango, yasize nyina wiwe mu madeni menshi. Emma avuga ati: “Akenshi mawe yaragira ingorane z’amahera, ariko yama avuga ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe akabaronsa n’ivyo bakenera. Ndavye uko yari abayeho, narabona ko ico kintu yacemera koko. Mawe yarashira mu ngiro ivyo yambwira.” None icigwa ni ikihe? No mu bihe bitoroshe, abavyeyi barashobora kubera akarorero keza abana babo.—Gal. 6:9.
10. Abavyeyi benshi b’Abisirayeli bari bafise uturyo utuhe two kuganira n’abana babo? (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7)
10 Impanuro ya 3: Nimwame muganira n’abana banyu. Yehova yategetse Abisirayeli kwama bigisha abana babo ibimwerekeye. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.) Abo bavyeyi bari bafise uturyo twinshi mu biringo bitandukanye vy’umusi two kuyaga n’abana babo hamwe no kubafasha gukunda Yehova bimwe bivuye ku mutima. Nk’akarorero, umuhungu akiri muto w’Umwisirayeli yaramara amasaha n’amasaha afasha se wiwe gutera imbuto canke kwimbura. Mushikiwe na we yarashobora kumara umwanya munini ku musi afasha nyina wiwe kubarira, kujisha no mu bindi bikorwa vyo mu rugo. Kuba abavyeyi n’abana barafashanya ibikorwa, vyaratuma bashobora kuganira ku bintu vyinshi bihambaye. Nk’akarorero, barashobora kuganira ku kuntu Yehova ameze neza be no ku kuntu yaba ariko arafasha umuryango wabo.
11. Kamwe mu turyo abavyeyi bakirisu bafise ko kuganira n’abana babo ni akahe?
11 Ubu ibintu vyarahindutse. Mu bihugu vyinshi, abavyeyi n’abana ntibashobora kumara umusi wose bari kumwe. Abavyeyi boshobora kuba bari ku kazi, abana na bo bari kw’ishure. Ku bw’ivyo rero, abavyeyi barakwiye kurondera umwanya wo kuganira n’abana babo. (Ef. 5:15, 16; Flp. 1:10) Ugusenga kwo mu muryango kurabaronsa akaryo nk’ako. Umuvukanyi umwe akiri muto yitwa Alexander avuga ati: “Dawe yama atunganya ko haba ugusenga kwo mu muryango, kandi ntareka ngo hagire ikintu na kimwe kigusivya. Duhejeje, duca tuganira.”
12. Ni igiki serugo akwiye kugumiza ku muzirikanyi mu gihe co gusenga kwo mu muryango?
12 Nimba uri serugo, wokora iki kugira ngo utume ugusenga kwo mu muryango kuryohera abana bawe? Ubona gute wigishije abana bawe ca gitabu cacu gishasha ciza cane kivuga ngo Urashobora kwiberaho ibihe bidahera? Ico gitabu coshobora kukuronsa akaryo keza cane ko kugiranira na bo ibiyago bishimishije. Kubera yuko wipfuza ko abana bawe baguserurira uko biyumva be n’ibibaraje ishinga, ntukoreshe uwo mwanya wagenewe ugusenga kwo mu muryango kugira ngo ubatore amahinyu canke ngo ubakosore. Nimba abana bawe bavuze ikintu giteye kubiri n’Ivyanditswe, ntuce ushavura. Ahubwo riho, nubakengurukire kubona baguseruriye uko biyumva bataguhisha, maze ubaremeshe kwama babigenza gutyo. Ushobora gufasha neza abana bawe igihe gusa uzi ukuntu biyumva vy’ukuri.
13. Utundi turyo abavyeyi bafise two gufasha abana babo kwiyegereza Yehova ni utuhe?
13 Bavyeyi, nimurondere uturyo mu kiringo c’umusi two gufasha abana banyu kwiyegereza Yehova. Si ngombwa ngo murindire igihe co kubigisha Bibiliya ngo abe ari ho mubabwira ivyerekeye Imana yacu y’urukundo. Inabibondo umwe yitwa Lisa, agira ati: “Twarakoresheje ivyaremwe kugira ngo twigishe abana bacu ivyerekeye Yehova. Nk’akarorero, igihe imbwa yacu yaba igize ibintu bitwenza abana bacu, twaca dufatira kuri ico kintu tukababwira ko Umuremyi wacu ari Imana ihimbawe be n’uko yipfuza ko natwe turyohererwa ubuzima.”
14. Kubera iki bihambaye ko abavyeyi bafasha abana babo guhitamwo abagenzi beza? (Imigani 13:20)
14 Impanuro ya 4: Nimufashe abana banyu guhitamwo abagenzi beza. Ijambo ry’Imana rirerekana neza ko abagenzi bacu bashobora kutugirako akosho keza canke kabi. (Soma Imigani 13:20.) Bavyeyi, mwoba muzi abagenzi b’abana banyu? Mwoba mumaze kubabona kandi mukamarana umwanya na bo? Mwokora iki kugira ngo mufashe abana banyu kugira abagenzi bakunda Yehova? (1 Kor. 15:33) Murashobora kubafasha guhitamwo abagenzi beza, mu gutumira abavukanyi bamwebamwe bakomeye mu vy’impwemu kugira bifatanye namwe mu bikorwa vyo mu muryango.—Zab. 119:63.
15. Abavyeyi bofasha gute abana babo kuronka abagenzi beza?
15 Rimbura ivyerekeye sebibondo umwe yitwa Tony. Arigana ico we n’umugore wiwe bagize kugira bafashe abana babo guhitamwo abagenzi beza. Avuga ati: “Twe n’umugore wanje turamaze imyaka dutumira i muhira iwacu abavukanyi na bashiki bacu b’imyaka itandukanye n’imico itandukanye. Turasangira akajumbu bakongera bakifatanya natwe mu gusenga kwo mu muryango. Ni akaryo keza ko kumenya abakunda Yehova bakongera bakamukorera banezerewe. Twaratewe iteka ryo kwakira iwacu abacungezi b’imizunguruko, abamisiyonari be n’abandi. Ivyo batwiganiye, umwete wabo n’agatima kabo ko kwitanga vyaragize ico bikoze cane ku bana bacu vyongera birabafasha kwiyegereza Yehova.” Bavyeyi, nimwiyemeze gufasha abana banyu kuronka abagenzi beza.
NTIMUTAKAZE ICIZERE
16. Vyogenda gute hamwe umwana yovuga ko atipfuza gukorera Yehova?
16 Bite ho hamwe mwogira akigoro ko gufasha abana banyu mugabo umwe muri bo akababwira ko atipfuza gukorera Yehova? Ntimuce mwiyumvira ko vyabataye ku w’amazi. Twese ushizemwo n’umwana wanyu, Yehova yaraduhaye uburenganzira bwo kwihitiramwo kumukorera canke kutamukorera. Igihe rero umwana wanyu ahisemwo kudakorera Yehova, ntimutakaze icizere c’uko umusi uri izina azokwikubita agashi. Nimwibuke wa mugani w’umwana w’icangazi. (Luka 15:11-19, 22-24) Uwo musore yarakoze ibintu vyinshi bibi mugabo amaherezo yaragarutse. Hari abovuga ngo “Uwo ni umugani gusa. Ivyo vyoba bishika vy’ukuri?” Cane nyene! Ivyo nyene ni vyo vyashikiye umusore umwe yitwa Elie.
17. Ivyashikiye Elie bikuremesheje gute?
17 Ku bijanye n’abavyeyi biwe, Elie avuga ati: “Barakoze uko bashoboye kwose kugira banyigishe gukunda Yehova n’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ariko ngeze mu buyabaga, naratanguye kugarariza.” Elie yaciye atangura kugira ubuzima burimwo tubiri. Abavyeyi biwe baragerageje kumufasha mu vy’impwemu ariko ntiyabumvira. Mu nyuma yaravuye i muhira, maze atangura kwisuka mu ngeso mbi. Naho vyari vyifashe gutyo, rimwe na rimwe yaragiranira ibiyago bishingiye kuri Bibiliya n’umwe mu bagenzi biwe. Elie avuga ati: “Uko namubwira ivyerekeye Yehova, ni ko nasanga ndiko ndiyumvira ibijanye na Yehova. Buhorobuhoro, imbuto z’ukuri kwo muri Bibiliya zari zarasinziriye mu mutima wanje, izo abavyeyi banje bari baragerageje kuwuteragiramwo, zaratanguye gukura.” Amaherezo, Elie yaragarutse mu kuri. * Iyumvire ukuntu abavyeyi biwe bahimbawe no kuba bari baragerageje kumwigisha kuva akiri muto gukunda Yehova.—2 Tim. 3:14, 15.
18. Ubona gute abavyeyi bakora uko bashoboye kwose ngo bigishe abana babo gukunda Yehova?
18 Bavyeyi, mwaratewe agateka kadasanzwe, na ko akaba ari ako kurera iyaruka rishasha ry’abasavyi ba Yehova. (Zab. 78:4-6) Ico si igikorwa coroshe, kandi turabakeza bimwe bivuye ku mutima ku twigoro muguma mugira two gufasha abana banyu. Nimwabandanya gukora uko mushoboye kwose kugira mufashe abana banyu gukunda Yehova, kandi mubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo, murashobora guhera amazinda yuko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azohimbarwa.—Ef. 6:4.
URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’
^ lup. 5 Abavyeyi bakirisu barakunda cane abana babo. Barita ku rutare kugira ngo babaronse ivyo bakenera ku mubiri be n’ibindi bituma bahimbarwa. N’igihambaye kuruta, abo bavyeyi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bafashe abana babo gukunda cane Yehova. Iki kiganiro, kiraca irya n’ino impanuro zine zo muri Bibiliya zofasha abavyeyi gushika kuri iyo ntumbero.
^ lup. 5 Raba kuri jw.org, ividewo ivuga ngo Barigishijwe na Yehova kurera abana babo.
^ lup. 17 Raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2012.
^ lup. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kugira sebibondo umwe amenye abagenzi b’umwana wiwe, arakina na we umupira w’amaboko ari kumwe n’umugenzi w’uwo mwana wiwe.