IKIGANIRO C’UKWIGA CA 22
Impanuro nziza zodufasha mu buzima
“Yehova ubwiwe a[ra]tanga ubukerebutsi.”—IMIG. 2:6.
URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe
INCAMAKE *
1. Kubera iki twese dukeneye ubukerebutsi buva ku Mana? (Imigani 4:7)
NIMBA vyarashitse ukagomba gufata ingingo ikomeye, nta nkeka ko wasenze usaba ubukerebutsi, kandi vyari bibereye. (Yak. 1:5) Umwami Salomo yanditse ati: “Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru.” (Soma Imigani 4:7.) Ariko rero, Salomo ntiyariko avuga ubukerebutsi ubwo ari bwo bwose. Yariko avuga ubukerebutsi buva kuri Yehova Imana. (Imig. 2:6) None ubukerebutsi buva ku Mana, bwoba bushobora kudufasha mu ngorane zitandukanye zidushikira muri iki gihe? Ego cane. Ivyo nyene ni vyo tugiye kubona muri iki kiganiro.
2. Kimwe mu vyodufasha kuba abantu b’inkerebutsi vy’ukuri ni ikihe?
2 Kimwe mu vyodufasha kuba abantu b’inkerebutsi vy’ukuri, ni ukwiga no gushira mu ngiro ivyavuzwe n’abagabo babiri bazwi cane ko bari bafise ubukerebutsi ntangere. Tuza guhera kuri Salomo. Bibiliya ivuga yuko “Imana . . . [yahaye] Salomo ubukerebutsi n’ugutegera, ku rugero runini cane.” (1 Abm. 4:29) Ubukurikira, turaraba ivyerekeye Yezu, uwari afise ubukerebutsi buhebuje. (Mat. 12:42) Ku bijanye na Yezu, Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze riti: “Impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera.”—Yes. 11:2.
3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
3 Salomo na Yezu bakoresheje ubukerebutsi bahawe n’Imana, baratanze impanuro nziza ku bijanye n’ibintu bihambaye kuri twese. Muri iki kiganiro, tuza kurimbura bitatu muri vyo: Kugira uburimbane ku bijanye n’ukuntu tubona amahera, akazi, be n’ibitwerekeye.
KUGIRA UBURIMBANE MU KUNTU TUBONA AMAHERA
4. Salomo na Yezu bari batandukanye gute mu vy’ubutunzi?
4 Salomo yari atunze bimwe bihebuje, kandi yaba mu nzu nziza igitangaza. (1 Abm. 10:7, 14, 15) Ariko Yezu wewe, nta bintu vyinshi yagira, kandi nta n’inzu yari afise. (Mat. 8:20) Naho ari ukwo, abo bagabo bompi babona ivy’umubiri mu buryo buri ku burimbane, kuko ubukerebutsi bwabo bompi bwava kuri Yehova Imana.
5. Ni gute Salomo yabona amahera mu buryo buri ku burimbane?
5 Salomo yaravuze ko amahera ‘akingira’ umuntu. (Umus. 7:12) Amahera aratuma twironsa ibintu vya nkenerwa mu buzima, kumbure n’ibintu bimwebimwe twipfuza. Ariko naho Salomo yari atunze cane, yaratahura ko hariho ibintu bihambaye kuruta amahera. Nk’akarorero, yanditse ati: “Wohitamwo izina ryiza [canke kuvugwa neza] aho guhitamwo itunga ryinshi.” (Imig. 22:1) Salomo yaravuze kandi ko abantu bakunda amahera, usanga ari gake bahimbarirwa ivyo bafise. (Umus. 5:10, 12) Vyongeye, yaratugabishije kutizigira amahera duherejeko, kuko amahera yose umuntu afise ashobora kuzimangana mu kanya isase.—Imig. 23:4, 5.
6. Ni gute Yezu yabona ibintu vy’umubiri mu buryo buri ku burimbane? (Matayo 6:31-33)
6 Yezu yabona ibintu vy’umubiri mu buryo buri ku burimbane. Kurya no kunywa vyaramuryohera. (Luka 19:2, 6, 7) Igihe kimwe, yarakoze igitangaro co guhindura amazi umuvinyu uryoshe, kikaba ari co gitangaro ca mbere yakoze. (Yoh. 2:10, 11) Ku musi yapfa na ho, yari yambaye impuzu izimvye. (Yoh. 19:23, 24) Ariko rero, ibintu vy’umubiri si vyo Yezu yashira imbere mu buzima bwiwe. Yabwiye abayoboke biwe ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri . . . Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Yezu yavuze ko nitwabanza kurondera ivy’Ubwami, Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.—Soma Matayo 6:31-33.
7. Kuba umuvukanyi umwe yabona amahera mu buryo buri ku burimbane vyamugiriye akamaro gute?
7 Gushira mu ngiro impanuro Imana itanga ku bijanye n’amahera, vyaragiriye akamaro abavukanyi na bashiki bacu batari bake. Raba akarorero k’umuvukanyi umwe w’umusore yitwa Daniel. Avuga ati: “Igihe nari umuyabaga, narafashe ingingo yuko mu buzima bwanje noshize imbere ibikorwa vy’impwemu.” Kubera ko Daniel yagumye yoroheje ubuzima, vyaratumye ashobora gukoresha umwanya wiwe n’ububangukirwe bwiwe mu bikorwa bitandukanye bijanye n’ivy’Ubwami. Yongerako ati: “Mvugishije ukuri, sinigeze nicuza ku ngingo nafashe. Ego ni ko, iyo mpitamwo gushira imbere amahera mu buzima bwanje, nari kuronka amahera menshi cane. Ariko rero, ntiyondonkeje abagenzi nifitiye ubu. N’ikindi kandi, ntiyondonkeje agahimbare nifitiye ubu kava ku kuba nshira imbere ivyungura Ubwami. Nta mahera yoza angana n’imihezagiro Yehova yandonkeje. Biragaragara rero ko gushira imbere ivy’impwemu ari vyo bitugirira akamaro kuruta gushira imbere amahera.
KUGIRA UBURIMBANE MU KUNTU TUBONA AKAZI
8. Twemezwa n’iki ko Salomo yabona ibikorwa mu buryo buri ku burimbane? (Umusiguzi 5:18, 19)
8 Agahimbare umuntu agira iyo yakoze cane, Salomo yakise “ingabirano y’Imana.” (Soma Umusiguzi 5:18, 19.) Yanditse ati: “Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho.” (Imig. 14:23) Salomo yavuga ivyo azi. Yarakora cane. Yarubatse amazu, aratera imirima y’imizabibu, aratunganya imirima y’amashurwe be n’ibidengeri vy’amazi. Yarubatse n’ibisagara. (1 Abm. 9:19; Umus. 2:4-6) Naho ivyo bikorwa vyaruhisha, nta nkeka ko vyatumye ahimbarwa ku rugero kanaka. Ariko rero ivyo bikorwa si vyo gusa Salomo yarondereramwo agahimbare. Yaranagize n’uruhara mu bikorwa bitandukanye vy’Imana. Nk’akarorero, yarahagarikiye igikorwa co kwubaka urusengero rwiza igitangaza rwosengewemwo Yehova, rukaba rwubatswe imyaka indwi. (1 Abm. 6:38; 9:1) Inyuma yo kugira uruhara muri ivyo bikorwa vy’umubiri be n’ivy’impwemu, Salomo yasanze ibikorwa vy’impwemu ari vyo bihambaye cane rwose gusumba ivy’umubiri. Yanditse ati: “Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo.”—Umus. 12:13.
9. Ni gute Yezu yagumiza akazi yakora mu kibanza cako?
9 Yezu yarakora cane. Igihe yari akiri muto, yakora akazi k’ububaji. (Mrk. 6:3) Nta nkeka ko abavyeyi biwe bahimbarwa n’ingene yabafasha mu kigoro bagira ko kuronsa umuryango wabo munini ivyowutunga. Vyongeye, kubera ko Yezu yari atunganye, abantu benshi bategerezwa kuba barahurumbira ivyo yahingura! Uwo mwuga utegerezwa kuba waramuryohera cane. Ariko rero naho Yezu yakorana umwete ako kazi ko kubaza, yama ategekanya umwanya w’ibikorwa vy’impwemu. (Yoh. 7:15) Mu nyuma, igihe yari asigaye akora gusa igikorwa c’Imana, yahanuye abamwumviriza ati: “Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo mukorere ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera.” (Yoh. 6:27) Muri ya Nsiguro yo ku Musozi na ho, Yezu yavuze ati: “Mwirundanirize amatunga mw’ijuru.”—Mat. 6:20.
10. Ni ingorane iyihe abantu bamwebamwe boshobora kugira mu bijanye n’akazi?
10 Ubukerebutsi buva ku Mana, buradufasha kugira uburimbane mu bijanye n’akazi dukora. Twebwe abakirisu, duhimirizwa “[gu]kora cane . . . , igikorwa ciza.” (Ef. 4:28) Kubera ko akenshi abakoresha bacu bibonera ko turi inzirabugunge be n’uko dukorana umwete, boshobora kutubwira ko bashima cane akazi dukora. Tubigiranye umutima mwiza, twoshobora guca dutangura gukora amasaha yiyongereye, kugira ngo dutume umukoresha wacu arushiriza kubona neza Ivyabona vya Yehova. Ariko rero bidatevye, twoshobora gusanga twatanguye gufata minenerwe amabanga tujejwe mu muryango be n’ibikorwa vyo mw’ishengero. Turakwiye rero kugira ivyo duhinduye, tukagira uburimbane.
11. Ni ibiki umuvukanyi umwe yize ku bijanye no kugira uburimbane mu kazi?
11 Umuvukanyi akiri muto yitwa William yariboneye igituma bihambaye kugumiza akazi k’umubiri mu kibanza cako. Ku bijanye n’umukurambere yahoze akorera, William avuga ati: “[Uwo muvukanyi] yarambereye akarorero keza mu bijanye no kugira uburimbane mu kazi. Arakora cane, kandi abakiriya biwe baramukunda kubera ko akora ibintu bimeze neza cane. Ariko ku mugoroba aca ahagarika akazi, maze agataha kwitwararika umuryango wiwe be n’ibijanye no gusenga. Kandi urazi, ni umwe mu bantu nzi bahimbawe cane!” *
KUBONA IBITWEREKEYE MU BURYO BURI KU BURIMBANE
12. Salomo yerekanye gute ko yabona ibimwerekeye mu buryo buri ku burimbane, mugabo yabutakaje gute?
12 Igihe Salomo yari akiri umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa, yabona ibimwerekeye mu buryo buri ku burimbane. Akiri muto, yaremeye yicishije bugufi ko hari ivyo atari ashoboye, maze asaba Yehova ngo amufashe. (1 Abm. 3:7-9) Salomo agitangura kuganza, yari azi kandi ko kwishira hejuru birimwo akaga. Yanditse ati: “Ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.” (Imig. 16:18) Ikibabaje, ni uko mu nyuma Salomo atashize mu ngiro iyo mpanuro ubwiwe yari yaratanze. Igihe yari umwami, harageze igihe agira ubwibone, maze atangura kudakurikiza amategeko y’Imana. Nk’akarorero, rimwe muri ayo mategeko ryavuga ko umwami w’Umuheburayo atari akwiriye “kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya.” (Gus. 17:17) Salomo yararenze kuri iryo tegeko, maze yiyabirira abagore 700 n’incoreke 300, abenshi muri bo bakaba bari abapagani! (1 Abm. 11:1-3) Kumbure Salomo yabona ko “ata ngorane vyomuteje.” Ariko rero, mu nyuma Salomo yariboneye ingaruka mbi zo kugambararira Yehova.—1 Abm. 11:9-13.
13. Tuzirikanye ku kwicisha bugufi kwa Yezu, ni icigwa ikihe tuhakura?
13 Yezu yagumanye uburimbane n’ukwicisha bugufi mu kuntu yabona ibimwerekeye. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yarakoreye Yehova ibintu vyinshi kandi bitangaje. Biciye kuri Yezu, “ibindi bintu vyose vya[ra]remwe mw’ijuru no kw’isi.” (Kol. 1:16) Igihe Yezu yabatizwa, nta nkeka ko yibutse ibintu yaranguye mw’ijuru akiri kumwe na Se. (Mat. 3:16; Yoh. 17:5) Ariko rero ivyo ntivyatumye Yezu agira ubwibone. Aho kugira ubwibone, ntiyigeze yishira hejuru y’umuntu n’umwe. Yabwiye abigishwa biwe ko yaje kw’isi, “atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Vyongeye, yariyemereye yicishije bugufi ko ata kintu na kimwe yakora avyigeneye. (Yoh. 5:19) Mbega ukuntu Yezu yicisha bugufi! Yezu yaradusigiye akarorero keza cane twokwigana.
14. Twigira iki kuri Yezu ku bijanye no kubona ibitwerekeye mu buryo bwiza?
14 Yezu yigishije abigishwa biwe kubona ibiberekeye mu buryo bwiza. Igihe kimwe, Yezu yabahumurije ati: “Imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose.” (Mat. 10:30) Ayo majambo araduhumuriza cane, na canecane nimba dukunda kwikengera. Yerekana ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atwitwararika cane, ko turi n’agaciro mu maso yiwe. Ntidukwiye kwigera dukekeranya kuri ukwo kuntu Yehova atubona, mu kwiyumvira ko tutabereye kuba abasavyi biwe, canke kuronka ubuzima budahera mw’isi nshasha.
15. (a) Umunara w’Inderetsi waduhanuye kugira uburimbane ubuhe mu bijanye n’ukuntu tubona ibitwerekeye? (b) Nk’uko amashusho yo ku rupapuro rwa 24 avyerekana, ni imihezagiro iyihe duhomba igihe twibanda cane ku bitwerekeye?
15 Ubu haraheze imyaka nka 15 Umunara w’Inderetsi uduhanuye ingene dukwiye kubona ibitwerekeye, uti: “Birumvikana ko tutokwipfuza kwiyumvira yuko turi agakomeye, gushika aho tuba abantu birata, canke ngo twikengere gushika aho tubona ko ata co tumaze. Ahubwo riho, intumbero yacu ikwiye kuba iyo kwiga kubona ibitwerekeye mu buryo bubereye, ni ukuvuga kutirengagiza ivyo dushoboye be n’ivyo tudashoboye. Umukenyezi mukirisu umwe yabivuze muri make ati: ‘Sindi umuyobe, eka kandi sindi umumarayika. Ndafise kamere nziza n’utunenge nk’abandi bose.’” * Woba ubona igituma bihambaye ko tubona ibitwerekeye mu buryo buri ku burimbane?
16. Kubera iki Yehova aduha impanuro ziranga ubukerebutsi?
16 Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe, araduha impanuro ziranga ubukerebutsi. Aradukunda, kandi ashaka ko duhimbarwa. (Yes. 48:17, 18) Gushira imbere mu buzima bwacu ivyerekeye Yehova rero, ni ryo hitamwo ryiza twogira rizotuma turushiriza guhimbarwa. Nitwabigira, tuzokwirinda ingorane nyinshi zishikira abashira imbere cane amahera, akazi be n’ibiberekeye. Ese umwe wese muri twebwe yokwiyemeza kuba inkerebutsi maze akanezereza umutima wa Yehova!—Imig. 23:15.
URURIRIMBO RWA 94 Dukenguruke Ijambo ry’Imana
^ lup. 5 Salomo na Yezu bari bafise ubukerebutsi ntangere. Ubwo bukerebutsi bari babuhawe na Yehova Imana. Muri iki kiganiro, tugiye kubona ivyo dushobora kwigira ku mpanuro Salomo na Yezu batanze ku bijanye no kugira uburimbane ku vyerekeye amahera, akazi, be n’ukuntu tubona ibitwerekeye. Turaza no kubona ingene abo dusangiye ukwemera bamwebamwe bungukiye ku gushira mu ngiro izo mpanuro zishingiye kuri Bibiliya.
^ lup. 11 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyogufasha gukunda ibikorwa” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2015.
^ lup. 15 Raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irashobora kugufasha kugira umunezero” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2005.
^ lup. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: John na Tom ni abavukanyi babiri bakiri bato bari mw’ishengero rimwe. John amara umwanya munini ariko yitwararika imodoka yiwe. Tom wewe akoresha imodoka yiwe mu kwunguruza abandi bagiye mu ndimiro canke ku makoraniro.
^ lup. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: John ariko arakora amasaha yiyongereye. Ntiyipfuza kubabaza umukoresha wiwe. Igihe cose rero umukoresha wiwe amusavye gukora amasaha yiyongereye, John aca avyemera. Kuri uwo mugoroba nyene, Tom akaba ari umukozi w’ishengero, araherekeza umukurambere kugendera intama cungere. Muri kahise, Tom yarasiguriye umukoresha wiwe yuko imigoroba imwimwe mu ndwi ayiharira ibikorwa bijanye no gusenga Yehova.
^ lup. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: John ashira imbere ivyiwe gusa. Tom wewe, akaba asanzwe ashira imbere ivyungura Ubwami, arironkera abandi bagenzi igihe afasha mu bikorwa vyo gusanura Ingoro y’amateraniro.