Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 20

Ivyahishuwe bisobanura iki ku bansi b’Imana?

Ivyahishuwe bisobanura iki ku bansi b’Imana?

“Abakoraniriza hamwe ahantu hitwa Haru-Magedoni mu giheburayo.”​—IVYAH. 16:16.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

INCAMAKE *

1. Igitabu c’Ivyahishuwe kivuga iki ku bijanye n’abasavyi b’Imana?

 IGITABU c’Ivyahishuwe kirerekana ko Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru buganza be n’uko Shetani yirukanywe mw’ijuru. (Ivyah. 12:1-9) Ukwo kwirukanwa kwiwe kwatumye mw’ijuru haba amahoro, mugabo gutuma kw’isi na ho haba ingorane. Kubera iki? Kubera ko Shetani ahanini ata ishavu ryiwe ku basavyi ba Yehova bo ng’aha kw’isi bamukorera badahemuka.​—Ivyah. 12:12, 15, 17.

2. Ni igiki gishobora kudufasha kuguma dushikamye?

2 Dushobora gute kuguma dushikamye mu bitero vya Shetani? (Ivyah. 13:10) Kimwe mu vyodufasha ni ukumenya ibizoba muri kazoza. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe intumwa Yohani aravuga imihezagiro imwimwe tugiye kuzokwironkera vuba. Umwe muri iyo mihezagiro ni uko abansi b’Imana bazorandurwa. Nimuze ubu na ho turabe ingene igitabu c’Ivyahishuwe kidondora abo bansi, hamwe n’ibizobashikira.

ABANSI B’IMANA BADONDORWA “MU BIMENYETSO”

3. Ibimenyetso bimwebimwe bivugwa mu Vyahishuwe ni ibihe?

3 Umurongo wa mbere w’igitabu c’Ivyahishuwe, uvuga yuko ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuwe biri “mu bimenyetso,” ni ukuvuga mu mvugo ngereranyo. (Ivyah. 1:1) Abansi b’Imana badondorwa mu mvugo ngereranyo. Badondorwa hakoreshejwe ibikoko bitandukanye. Nk’akarorero, hariho “igikoko kiduga kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe indwi.” (Ivyah. 13:1) Ico gikoko gikurikirwa n’“ikindi gikoko kiduga kiva mw’isi.” Ico gikoko kivuga nk’igisato kandi kigatuma “umuriro umanuka uvuye mw’ijuru.” (Ivyah. 13:11-13) Haca hakurikira ikindi “gikoko c’ibara ry’agahama,” cicayeko umumaraya. Ivyo bikoko bitatu bigereranya abansi ba Yehova bamaze igihe kirekire bamurwanya be n’Ubwami bwiwe. Birahambaye rero ko tumenya abo bansi abo ari bo.​—Ivyah. 17:1, 3.

IBIKOKO AMAHERO BINE

Biduga ‘bivuye mu kiyaga.’ (Dan. 7:1-8, 15-17) Bigereranya intwaro nganzasi zagize ikintu gikomeye zikoze ku basavyi b’Imana kuva mu gihe ca Daniyeli (Raba ingingo ya 4, 7)

4-5. Ibivugwa muri Daniyeli 7:15-17, bidufasha gute gutahura insobanuro y’ibimenyetso bivugwa mu Vyahishuwe?

4 Imbere y’uko tumenya abansi b’Imana abo ari bo, turakeneye gutahura ico iyo mvugo ngereranyo isobanura. Uburyo bwiza bwo kuyitahura, ni ugusiguza Bibiliya ubwayo. Vyinshi mu bimenyetso bivugwa mu Vyahishuwe usanga bisobanurwa mu bindi bitabu vyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, mu ndoto imwe umuhanuzi Daniyeli yarose, yarabonye “ibikoko amahanga bine bivuye [mu] kiyaga.” (Dan. 7:1-3) Daniyeli aravuga ico bisobanura. Ivyo bikoko amahanga bigereranya “abami” bane canke intwaro. (Soma Daniyeli 7:15-17.) Iyo nsobanuro itomoye iradufasha gutahura yuko ivyo bikoko bivugwa mu Vyahishuwe na vyo nyene bitegerezwa kuba bigereranya intwaro.

5 Ubu na ho nimuze dusuzume ibimenyetso bimwebimwe bivugwa mu Vyahishuwe. Uko tubisuzuma, turaza kubona ukuntu Bibiliya idufasha gutahura ico ivyo bimenyetso bisobanura. Reka duhere ku bikoko uko bikurikirana. Duhera ku kuraba ico bigereranya. Ubukurikira, turaraba ibishikira ivyo bikoko. Mu gusozera turaza kuraba ico ivyo bintu bisobanura kuri twebwe.

ABANSI B’IMANA BAMENYEKANA ABO ARI BO

IGIKOKO C’IMITWE INDWI

Kiduga “kiva mu kiyaga” kikaba gifise imitwe indwi, amahembe cumi, n’imigara cumi. (Ivyah. 13:1-4) Kigereranya intwaro zose zagiye zirategeka abantu gushika ubu. Imitwe indwi igereranya intwaro nganzasi indwi zagize ikintu gikomeye zikoze ku basavyi b’Imana (Raba ingingo ya 6-8)

6. Igikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe 13:1-4, kigereranya iki?

6 Igikoko c’imitwe indwi kigereranya iki? (Soma Ivyahishuwe 13:1-4.) Urabona ko ico gikoko gisa n’ingwe mugabo kikagira amaguru nk’ay’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe, kikagira n’amahembe cumi. Ivyo bintu vyose ni na vyo nyene biranga ibikoko bine bivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 7. Ariko mu gitabu c’Ivyahishuwe, ivyo bintu vyose biboneka ku gikoko kimwe, atari ku bikoko bine bitandukanye. Ico gikoko ntikigereranya intwaro imwe gusa, canke intwaro nganzasi imwe. Yohani avuga ko gifise ububasha “ku muryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose.” Ico gikoko rero, gitegerezwa kuba gikomeye kuruta intwaro iyo ari yo yose. (Ivyah. 13:7) Gitegerezwa rero kuba kigereranya intwaro zose zagiye ziraganza abantu gushika muri iki gihe. *​—Umus. 8:9.

7. Umutwe umwumwe wose mu mitwe indwi ya ca gikoko ugereranya iki?

7 Umutwe umwumwe wose muri iyo indwi ugereranya iki? Ikidufasha kuronka inyishu y’ico kibazo, ni ibivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17, ahavuga ibijanye n’ishusho ya ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13. Mu Vyahishuwe 17:10, hagira hati: “Hari abami indwi: batanu baratemvye, umwe ariho, uwundi ntarashika, mugabo niyashika abwirizwa kugumaho akanya gato.” Mu ntwaro zose Shetani yagiye arakoresha, indwi gusa ni zo zagereranijwe n’“imitwe” kuko zari zikomeye cane. Izo ntwaro rero ni intwaro nganzasi zagize ikintu kinini zikoze ku basavyi b’Imana. Mu gihe c’intumwa Yohani, intwaro zitanu muri zo ni zo zari zimaze gutwara, na zo akaba ari Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, hamwe n’Ubugiriki. Uburoma ari yo ntwaro nganzasi ya gatandatu, ni bwo bwaganza igihe Yohani yerekwa ibivugwa mu Vyahishuwe. None intwaro nganzasi igira indwi ari yo ya nyuma yobaye iyihe?

8. Umutwe ugira indwi wa ca gikoko ugereranya intwaro iyihe?

8 Nk’uko tuza kubibona, ubuhanuzi bwo muri Daniyeli buradufasha kumenya intwaro nganzasi igereranywa n’umutwe ugira indwi wa ca gikoko, ari na wo wa nyuma. None intwaro nganzasi iganza muri iki gihe c’iherezo, ari na co gihe c“umusi w’Umukama” ni iyihe? (Ivyah. 1:10) Ni intwaro nganzasi igizwe n’Ubwongereza be na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Twoshobora kuvuga rero ko iyo ntwaro ari wo mutwe ugira indwi wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1-4.

IGIKOKO C’AMAHEMBE ABIRI NK’UMWAGAZI W’INTAMA

Kiduga “kiva mw’isi” kandi kikavuga “nk’igisato.” Gituma “umuriro umanuka uvuye mw’ijuru” kandi kigakora ibimenyetso nka “wa muhanuzi w’ikinyoma.” (Ivyah. 13:11-15; 16:13; 19:20) Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, iyigereranywa n’ico gikoko c’amahembe abiri, ikitwa kandi umuhanuzi w’ikinyoma, irazimiza ababa kw’isi ikababwira ngo “bakore ishusho” ya “ca gikoko” c’imitwe indwi n’amahembe cumi (Raba ingingo ya 9)

9. Igikoko gifise “amahembe abiri nk’umwagazi w’intama” kigereranya iki?

9 Mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 habandanya hatubwira ko uwo mutwe ugira indwi, ni ukuvuga intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, wigenza kandi nk’igikoko gifise “amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo [kikavuga] nk’igisato.” Ico gikoko “gikora ibimenyetso bikomeye ku buryo mbere gituma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru ukaza kw’isi, mu maso y’abantu.” (Ivyah. 13:11-15) Mu Vyahishuwe ikigabane ca 16 n’ica 19 hita ico gikoko “umuhanuzi w’ikinyoma.” (Ivyah. 16:13; 19:20) Muri Daniyeli haravuga ikintu kimeze nk’ico, yuko intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika “[yoteje] agatikizo mu buryo bw’agatangaza.” (Dan. 8:19, 23, 24) Ivyo nyene ni vyo vyabaye mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Ibibombe bibiri ruhonyanganda vyatewe mu gusozera iyo ntambara mu karere ka Pasifike vyari vyahinguwe n’abahinga b’Abongereza n’Abanyamerika. Ni nk’aho iyo ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yatumye “umuriro umanuka uvuye mw’ijuru ukaza kw’isi.”

IGIKOKO C’IBARA RY’AGAHAMA

Kigenderako umumaraya ari we Babiloni Akomeye. Ico gikoko kidondorwa ko ari umwami agira umunani. (Ivyah. 17:3-6, 8, 11) Mu ntango uwo mumaraya aragira ubu- basha kuri ico gikoko, ariko mu nyuma kikamusangangura. Uwo mumaraya agereranya inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ico gikoko ubu kigereranya ishirahamwe mpuzamakungu ONU, irikorera inyungu z’intwaro zo mw’isi yose (Raba ingingo ya 10, 14-17)

10. “Ishusho ya ca gikoko” igereranya iki? (Ivyahishuwe 13:14, 15; 17:3, 8, 11)

10 Ubu na ho hakurikira ikindi gikoko. Ico gikoko kigomba kumera nka ca gikoko c’imitwe indwi, uretse ko coco gisa n’agahama. Citwa “ishusho ya ca gikoko” kandi kidondorwa ko ari “umwami agira umunani.” * (Soma Ivyahishuwe 13:14, 15; 17:3, 8, 11.) Yohani yabwiwe ko uwo “mwami” ariho, mu nyuma akazimangana, hanyuma akongera akagaruka. Ivyo birerekeye neza rya shirahamwe mpuzamakungu ONU, iriteza inyungu z’intwaro zo kw’isi yose! Ubwa mbere ryitwa Umuhari w’Amahanga. Uwo Muhari wahavuye uzimangana mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Mu nyuma warasubiye kugaruka witwa ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

11. Vya bikoko bigereranya intwaro bikora iki, kandi ni kubera iki tudakwiye kubitinya?

11 Ivyo bikoko ari zo ntwaro, birakwiragiza ivyiyumviro biremesha kurwanya Yehova n’abasavyi biwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, ivyo bikoko birakoraniriza hamwe “abami b’isi yose” ku ntambara ya Harumagedoni, na yo akaba ari “wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyah. 16:13, 14, 16) Ariko twebwe ntibidutera ubwoba. Yehova ya Mana yacu ikomeye azoca ahaseruka adatebaganye kugira ngo arokore abashigikira intwaro yiwe bose.​—Ezk. 38:21-23.

12. Vya bikoko vyose bizoshikirwa n’iki?

12 Ivyo bikoko vyose bizoshikirwa n’iki? Ivyahishuwe 19:20 hishura hati: “Ca gikoko kirafatwa, gifatanwa na wa muhanuzi w’ikinyoma yakorera imbere yaco ibimenyetso yazimirisha abaronse ikimenyetso ca ca gikoko be n’abasenga ishusho yaco. Bikiri bizima, vyompi biraririzwa mu kiyaga c’umuriro cakishwa amazuku.” Izo ntwaro zirwanya Imana zizorandurwa burundu mu gihe zizoba zikiriko zirakora.

13. Abakirisu bashikirwa n’ingorane izihe bivuye ku ntwaro z’iyi si?

13 None ivyo bisobanura iki kuri twebwe? Kubera ko turi abakirisu, dutegerezwa kuguma turi intahemuka ku Mana no ku Bwami bwayo. (Yoh. 18:36) Ivyo bisaba ko tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike. Ariko rero birashobora kutoroha kutagira aho duhengamiye, kubera yuko intwaro z’iyi si zishaka ko tuzishigikira haba mu mvugo no mu bikorwa. Abemera kugondozwa bakazishigikira, baba bashizweko ikimenyetso ca ca gikoko. (Ivyah. 13:16, 17) Ariko rero uwushirwako ico kimenyetso wese, ntasubira gushimwa na Yehova kandi ntazoronka ubuzima budahera. (Ivyah. 14:9, 10; 20:4) Ese rero umwe wese muri twebwe yoguma ata ho ahengamiye namba, naho yoremerwa cane n’intwaro ngo azishigikire.

IHEREZO RITEYE ISONI RY’UMUMARAYA AKOMEYE

14. Twisunze Ivyahishuwe 17:3-5, ni ikintu gitangaje ikihe intumwa Yohani aca abona?

14 Intumwa Yohani aravuga ikindi kintu yabonye “[camutangaje] bimwe bikomeye.” Ico na co cari igiki? Yabonye umugore agendera kuri kimwe muri vya bikoko yabonye. (Ivyah. 17:1, 2, 6) Adondorwa ko ari “umumaraya akomeye” kandi ko yitwa “Babiloni Akomeye.” ‘Asambana n’abami b’isi.’​—Soma Ivyahishuwe 17:3-5.

15-16. “Babiloni Akomeye” ni nde, kandi tuvyemezwa n’iki?

15 “Babiloni Akomeye” ni nde? Uwo mugore ntagereranya intwaro kubera ko Bibiliya ivuga ko asambana n’abategetsi b’isi. (Ivyah. 18:9) Nkako, aragerageza kwigarurira abo bategetsi, ivyo bikaba vyerekanwa n’uko agendera kuri vya bikoko. Vyongeye, ntagereranya ivy’ubudandaji vy’iyi si ya Shetani, kuko “abadandaza bo kw’isi” bavugwa ukwabo.​—Ivyah. 18:11, 15, 16.

16 Muri Bibiliya ijambo “umumaraya” rirashobora kwerekeza ku bantu bavuga ko bakorera Imana, mugabo bakisuka mu bwoko kanaka bwo gusenga ibigirwamana canke mu bindi bintu bituma bacika abagenzi b’isi. (1 Ngo. 5:25; Yak. 4:4) Ariko abasenga Imana badahemuka, Bibiliya ibita “a[ba]tanduye” canke “amasugi.” (2 Kor. 11:2; Ivyah. 14:4) Igisagara ca kera ca Babiloni cari icicaro co gusenga kw’ikinyoma. Ku bw’ivyo rero, Babiloni Akomeye ategerezwa kuba agereranya ugusenga kw’ikinyoma kw’ubwoko bwose. Nkako, ni inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma.​—Ivyah. 17:5, 18; raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Babiloni Akomeye ni iki?

17. Ni ibiki bizoshikira Babiloni Akomeye?

17 Ni ibiki bizoshikira Babiloni Akomeye? Mu Vyahishuwe 17:16, 17 harishura ico kibazo, hati: “Arya mahembe cumi wabonye na yo, be na kirya gikoko, ivyo bizokwanka urya mumaraya, kandi bizomutikiza bimusige ari gusa, kandi bizorya inyama ziwe, bimutongoze umuriro. Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo.” Ego cane, Yehova azotuma amahanga akoresha ca gikoko c’ibara ry’agahama, ni ukuvuga ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira ngo atere idini ryose ry’ikinyoma arizimanganye burundu.​—Ivyah. 18:21-24.

18. Twokwirinda gute gushigikira Babiloni Akomeye mu buryo na bumwe?

18 Ivyo bisobanura iki kuri twebwe? Turakwiye kugumana “insengo ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu.” (Yak. 1:27) Ntidukwiye kwigera twemera kwanduzwa n’inyigisho z’ikinyoma, imisi mikuru ya gipagani, kutigenza runtu, n’imigenzo y’ivy’ubupfumu ya Babiloni Akomeye. Vyongeye, tuzobandanya kuburira abantu ngo ‘bave iwe,’ kugira ngo ntibafadikanye na we ku vyaha vyiwe imbere y’Imana.​—Ivyah. 18:4.

URUBANZA RUZOSHIKIRA UMWANSI MUKURU W’IMANA

IGISATO C’IBARA RY’UMURIRO

Shetani ni we aha ububasha ca gikoko. (Ivyah. 12:3, 9, 13; 13:4; 20:2, 10) Shetani wa mwansi mukuru wa Yehova, azotererwa mu nyenga amareyo imyaka 1.000. Inyuma y’aho, azoca atererwa muri “ca kiyaga c’umuriro n’amazuku” (Raba ingingo ya 19-20)

19. “Igisato kinini c’ibara ry’umuriro” ni nde?

19 Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga kandi ibijanye n’“igisato kinini c’ibara ry’umuriro.” (Ivyah. 12:3) Ico gisato cararwanye na Yezu be n’abamarayika biwe. (Ivyah. 12:7-9) Kirarwanya abasavyi b’Imana kikongera kigaha ububasha vya bikoko bigereranya intwaro z’abantu. (Ivyah. 12:17; 13:4) None ico gisato ni nde? Ni “ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani.” (Ivyah. 12:9; 20:2) Ni we ari kw’isonga ry’abandi bansi ba Yehova bose.

20. Ni ibiki bizoshikira ca gisato?

20 Ni ibiki bizoshikira ico gisato? Mu Vyahishuwe 20:1-3 havuga ko umumarayika azoraririza Shetani mu nyenga, aho azoba ameze nk’uwuri mw’ibohero. Ico gihe, Shetani “[ntazokwongera] kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze.” Amaherezo, Shetani n’amadayimoni yiwe bazorandurwa burundu, ivyo bikaba bigereranya ugutererwa mu “kiyaga c’umuriro n’amazuku.” (Ivyah. 20:10) Gerageza kwiha ishusho isi itakirangwamwo Shetani n’amadayimoni yiwe. Emwe, kizoba ari igihe giteye umunezero ntangere!

21. Kubera iki twohimbarirwa ivyo twasomye mu gitabu c’Ivyahishuwe?

21 Ese ukuntu biremesha cane gutahura insobanuro y’ivyo bimenyetso bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe! Uretse ko twatahuye abansi ba Yehova abo ari bo, twabonye n’ibizobashikira. Egome, “hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi.” (Ivyah. 1:3) None abansi b’Imana nibamara gukurwaho, ni imihezagiro iyihe abantu b’intahemuka bazokwironkera? Ivyo ni vyo tuzoraba mu kiganiro ca nyuma c’uru rukurikirane rw’ibiganiro.

URURIRIMBO RWA 23 Yehova atanguye kuganza

^ lup. 5 Igitabu c’Ivyahishuwe gikoresha ibimenyetso mu guhishura abansi b’Imana abo ari bo. Igitabu ca Daniyeli kiradufasha gutahura ico ivyo bimenyetso bisobanura. Muri iki kiganiro turagereranya ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Daniyeli hamwe n’ubuhanuzi busa na bwo dusanga mu Vyahishuwe. Ivyo biraza kudufasha kumenya abansi b’Imana abo ari bo. Mu nyuma turaraba ibizobashikira.

^ lup. 6 Ikindi kintu cerekana ko ico gikoko c’imitwe indwi kigereranya intwaro zose, ni uko gifise “amahembe cumi.” Muri Bibiliya, akenshi igitigiri cumi gikoreshwa mu kuvuga ikintu cuzuye.

^ lup. 10 Aho iyo shusho itandukaniye na ca gikoko ca mbere, ni uko yoyo itagira ingori canke “imigara,” ku mahembe. (Ivyah. 13:1) Ivyo bitumwa n’uko iyo shusho ‘iva kuri ba bami indwi,’ kandi akaba ari bo bagiha ububasha.​—Raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 ni iki?