Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 21

Ivyahishuwe bisobanura iki kuri kazoza kawe?

Ivyahishuwe bisobanura iki kuri kazoza kawe?

“Amen! Ingo, Mukama Yezu.”​—IVYAH. 22:20.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

INCAMAKE *

1. Ni ingingo ihambaye iyihe abantu bose bategerezwa gufata?

 MURI iki gihe hariho ingingo ikomeye abantu bategerezwa gufata. Boba bazoshigikira Yehova Imana, Umwe abereye gutegeka isi n’ijuru, canke bazoshigikira wa mwansi wiwe w’umubisha ari we Shetani? Muri ico kibazo, nta kuba nta ho mpagaze. Ico bazohitamwo cose muri ivyo, kizogira ico gikoze kuri kazoza kabo k’ibihe bidahera. (Mat. 25:31-33, 46) Muri ya “makuba akomeye,” bazoshirwako ikimenyetso co kurokoka canke co kurandurwa.​—Ivyah. 7:14; 14:9-11; Ezk. 9:4, 6.

2. (a) Mu Baheburayo 10:35-39 haturemesha gukora iki? (b) Igitabu c’Ivyahishuwe gishobora kudufasha gute?

2 Soma Abaheburayo 10:35-39. Nimba wahisemwo gushigikira ubutegetsi bwa Yehova, wafashe ingingo nziza. Urashashaye gufasha n’abandi kugira ihitamwo ryiza. Urashobora kubafasha ukoresheje ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ico gitabu kidasanzwe nticerekana gusa ibizoshikira abarwanya Yehova, mugabo kirerekana n’imihezagiro abashigikira intwaro yiwe badahemuka bazokwironkera. Birabereye ko turimbura ivyo bintu bihambaye. Tubigenjeje gutyo, biraza gutuma turushiriza kwiyemeza kuguma dukorera Yehova. Vyongeye, turashobora gukoresha ivyo tumaze kwiga muri ico gitabu, kugira ngo dufashe abandi gufata ingingo nziza no kuyumirako.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ibi bibazo: Abashigikira ubutegetsi bw’Imana babikiwe ibiki? Abahitamwo gushigikira ca gikoko c’agahama kivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, bobo bazoshikirwa n’ibiki?

IVYO ABANTU B’INTAHEMUKA BAZOKWIRONKERA

4. Ni umugwi uwuhe intumwa Yohani abona uri kumwe na Yezu mw’ijuru?

4 Mu vyo intumwa Yohani yerekwa, arabona imigwi ibiri y’abantu bashigikira ubutegetsi bwa Yehova maze bakironkera imihezagiro y’ibihe bidahera. Umugwi wa mbere ugizwe n’abantu 144.000. (Ivyah. 7:4) Barakurwa kw’isi bakajanwa mw’ijuru kugira ngo bafadikanye na Yezu kuganza. Bazoganza isi bari kumwe. (Ivyah. 5:9, 10; 14:3, 4) Muri iryo yerekwa, Yohani ababona bahagararanye na Yezu ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru.​—Ivyah. 14:1.

5. Ni ibiki bizoshikira vuba amasigarira ya bamwe 144.000?

5 Mu binjana n’ibindi, abantu ibihumbi bagiye baratorwa kugira ngo babe muri abo 144.000. (Luka 12:32; Rom. 8:17) Yohani abwirwa ko amasigarira yabo, ni ukuvuga igitigiri gitoyi cabo, ari bo gusa bobaye bakiriho kw’isi mu misi ya nyuma. Yehova azoshira “ikidodo” ca nyuma kuri ayo ‘masigarira’ cerekana ko abemeje, imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:2, 3; 12:17) Mu gihe kanaka co muri ya makuba akomeye, abagize ayo masigarira bazoca bajanwa mw’ijuru kugira ngo bahamvye abandi bo muri abo 144.000 bazoba bapfuye ari intahemuka. Bazofadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bw’Imana.​—Mat. 24:31; Ivyah. 5:9, 10.

6-7. (a) Ni uwundi mugwi uwuhe Yohani aca abona, kandi bobo ivyabo vyifashe gute? (b) Kubera iki abo muri ya masigarira be n’abagize “isinzi rinini” bakwiye kwitaho ibivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 7?

6 Yohani amaze kubona uwo mugwi w’abaja mw’ijuru, aca abona “isinzi rinini.” Abo muri uwo mugwi bobo, ntawushobora kubaharura. (Ivyah. 7:9, 10) None bobo ivyabo vyifashe gute? Yohani abwirwa ati: “Aba ni abavuye muri ya makuba akomeye, kandi bamesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 7:14) Abagize iryo “sinzi rinini” nibamara kurokoka ya makuba akomeye, bazoca bibera ng’aha kw’isi maze binovore imihezagiro y’igitangaza.​—Zab. 37:9-11, 27-29; Imig. 2:21, 22; Ivyah. 7:16, 17.

7 Twaba turi mu batowe ngo bazoje mw’ijuru canke turi mu bazoguma ng’aha kw’isi, twoba twibona muri abo badondorwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 7? Emwe, turibonamwo. Ese ukuntu kizoba ari igihe giteye umunezero cane ku basavyi b’Imana bo muri iyo migwi yompi! Tuzoryoherwa cane no kubona twarahisemwo gushigikira ubutegetsi bwa Yehova. None ni ibindi bintu ibihe igitabu c’Ivyahishuwe kitubwira ku bijanye na ya makuba akomeye?​—Mat. 24:21.

IBIZOSHIKIRA ABARWANYA IMANA

8. Ya makuba akomeye azotangura ryari, kandi abantu benshi bazoca bakora iki?

8 Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, intwaro z’iyi si vuba zizogaba igitero kuri Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 17:16, 17) Ya makuba akomeye azoba atanguye. None ivyo vyoba bizotuma abantu benshi baca baza mu gusenga kw’ukuri? Habe namba. Ahubwo riho, mu Vyahishuwe ikigabane ca 6 herekana yuko muri ico gihe abantu badasenga Yehova, bazoronderera ubuhungiro mu gisata ca politike be n’ic’ubudandaji vy’iyi si, ibigereranywa n’imisozi. Kubera ko abo bantu bazoba badashigikiye Ubwami bw’Imana, Yehova azobafata nk’abansi.​—Luka 11:23; Ivyah. 6:15-17.

9. Mu gihe ca ya makuba akomeye, abasavyi b’Imana bazoba batandukanye gute n’abandi, kandi ivyo bizovamwo iki?

9 Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bazoba batandukanye n’abandi muri ico kiringo kitoroshe c’amakuba. Ni bo bonyene kw’isi bazoba bakibandanya gukorera Yehova kandi badashigikira “ca gikoko.” (Ivyah. 13:14-17) Ugushikama kwabo kuzotuma abarwanya Yehova bashangashirwa. Ivyo bizotuma amahanga agira urunani kugira atere abasavyi b’Imana kw’isi yose. Ico gitero ni co Bibiliya yita igitero ca Gogi w’i Magogi.​—Ezk. 38:14-16.

10. Twisunze Ivyahishuwe 19:19-21, Yehova azokwakira gute igitero kizogabwa ku basavyi biwe?

10 None Yehova azokwakira gute ico gitero gikomeye? Avuga ati: “Ubushangashirwe bwanje buzonduga mu zuru.” (Ezk. 38:18, 21-23) Mu Vyahishuwe ikigabane ca 19 haravuga ibizoca bikurikira. Yehova azoca arungika Umwana wiwe gukingira abasavyi biwe no kurwanya abansi babo. Muri ico gitero Yezu azoba ari kumwe n’“ingabo [zo] mw’ijuru,” ni ukuvuga abamarayika b’abizigirwa be na bamwe 144.000. (Ivyah. 17:14; 19:11-15) None iyo ntambara izovamwo iki? Izoherengeteza abantu bose n’amashirahamwe yose arwanya Yehova!​—Soma Ivyahishuwe 19:19-21.

INYUMA Y’IYO NTAMBARA HAZOCA HABA UBUGENI

11. Ni ikintu gihambaye cane ikihe kizoba, kivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe?

11 Iyumvire ingene abantu b’intahemuka bazoba bari kw’isi bazokwumva bamerewe kubona barokotse isangangurwa ry’abansi b’Imana! Kizoba ari igihe giteye umunezero mwinshi! Naho mw’ijuru bazokwiha akamo k’umunezero Babiloni Akomeye niyasangangurwa, hariho ikindi kintu kizotuma bagira umunezero urushirije. (Ivyah. 19:1-3) Ni ikintu gihambaye cane kivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, na co kikaba ari “ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama.”​—Ivyah. 19:6-9.

12. Twisunze Ivyahishuwe 21:1, 2, ubugeni bwa wa Mwagazi buzoba ryari?

12 Ubwo bugeni buzoba ryari? Bamwe 144.000 bose bazoba bari mw’ijuru gatoyi imbere y’uko intambara ya Harumagedoni itangura. Ariko ico gihe, si ho ubugeni bwa wa Mwagazi buzoba. (Soma Ivyahishuwe 21:1, 2.) Ubugeni bwa wa Mwagazi buzoba inyuma y’intambara ya Harumagedoni, abansi b’Imana bose bamaze kuzimanganywa.​—Zab. 45:3, 4, 13-17.

13. Ubugeni bw’Umwagazi w’intama busobanura iki ku bazobugira?

13 None ubwo bugeni bw’Umwagazi w’intama busobanura iki ku bo buzohuza? Kurya nyene ubugeni buhuza umugabo n’umugore, ubwo bugeni bwo mu buryo bw’ikigereranyo rero buzohuza Umwami, ari we Yezu Kristu, be na bamwe 144.000, ari bo bagize “umugeni” wiwe. Ico kintu gihambaye kizoba gitanguje intwaro nshasha izoganza isi imyaka 1.000.​—Ivyah. 20:6.

IGISAGARA CIZA IGITANGAZA BE NA KAZOZA KAWE

Mu Vyahishuwe ikigabane ca 21 haradondora igisagara c’ikigereranyo ca Yeruzalemu Nshasha “kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana.” Mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, kizotuma abantu bagamburuka bironkera imihezagiro umuyoro (Raba ingingo ya 14-16)

14-15. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 21 hagereranya bamwe 144.000 n’iki? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

14 Ubukurikira, mu Vyahishuwe ikigabane ca 21 hagereranya bamwe 144.000 n’igisagara c’ubwiza bw’agatangaza citwa “Yeruzalemu Nshasha.” (Ivyah. 21:2, 9) Ico gisagara gifise amabuye y’umushinge cumi n’abiri yanditseko “amazina cumi n’abiri ya za ntumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi w’intama.” Kubera iki ivyo vyakoze cane Yohani ku mutima? Kubera ko yabonye izina ryiwe kuri rimwe muri ayo mabuye. Mbega agateka kadasanzwe!​—Ivyah. 21:10-14; Ef. 2:20.

15 Ico gisagara nta kindi gisa na co. Gifise inzira nyamukuru y’inzahabu itavanze, amarembo cumi n’abiri agizwe n’imaragarita, impome be n’imishinge bisharijwe n’amabuye y’agaciro, be n’ibipimo biringaniye neza. (Ivyah. 21:15-21) Ariko rero, hari ikibuze muri ico gisagara! Raba ivyo Yohani aca atubwira: “Kandi sinabonye urusengero muri co, kuko Yehova Imana Mushoboravyose ari we rusengero rwaco, na wa Mwagazi w’intama nyene. Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 21:22, 23) Abagize Yeruzalemu Nshasha bazoba bishikirira Yehova. (Heb. 7:27; Ivyah. 22:3, 4) Yehova na Yezu rero ni bo rusengero rw’ico gisagara.

Ni bande bazokwungukira ku mihezagiro igereranywa n’“uruzi” be n’“ibiti”? (Raba ingingo ya 16-17)

16. Abantu bizobagendera gute mu kiringo ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi y’Ubwami bw’Imana?

16 Abarobanuwe baranezerwa cane iyo biyumviriye ico gisagara. Ariko rero abafise icizigiro co kuba kw’isi na bo nyene barakwiye kwitaho ibicerekeye. Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi y’Ubwami bw’Imana, Yeruzalemu Nshasha izozana kw’isi imihezagiro umuyoro. Yohani yabonye iyo mihezagiro itemba nk’“uruzi rw’amazi y’ubuzima.” Vyongeye, hakuno no hakurya y’urwo ruzi hari “ibiti vy’ubuzima” bifise amababi yo “kuvūra amahanga.” (Ivyah. 22:1, 2) Abantu bose bazoba bariho ico gihe, bazokwungukira kuri ivyo vyiza. Buhorobuhoro, abantu bose bagamburukira Yehova bazoshika ku kuba abatunganye. Nta ndwara, ububabare n’amarira y’umubabaro bizoba bikiriho.​—Ivyah. 21:3-5.

17. Twisunze Ivyahishuwe 20:11-13, ni bande bazokwungukira kuri ya Ngoma y’imyaka igihumbi?

17 Ni bande none bazokwungukira kuri iyo mihezagiro myiza igitangaza? Ubwa mbere, ni abo muri rya sinzi rinini bazorokoka Harumagedoni n’abana boshobora kuzovyarira mw’isi nshasha. Ariko kandi mu Vyahishuwe ikigabane ca 20 harasezerana ko abapfuye bazozuka. (Soma Ivyahishuwe 20:11-13.) “Abagororotsi” b’abizigirwa bapfuye kera be n’“abatari abagororotsi,” ni ukuvuga abatigeze baronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova, bose bazozukira kuba ng’aha kw’isi. (Ivyak. 24:15; Yoh. 5:28, 29) None ivyo vyoba bisobanura ko mu kiringo ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi abantu bose bapfuye bazozukira kuba ng’aha kw’isi? Habe namba. Abaronse akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova imbere yuko bapfa, mugabo bakakanka babigiranye umutima mubi, ntibazozuka. Ako karyo barakaronse mugabo ntiberekana ko babereye kuba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Mat. 25:46; 2 Tes. 1:9; Ivyah. 17:8; 20:15.

IKIGERAGEZO CA NYUMA

18. Ibintu bizoba vyifashe gute kw’isi ya myaka 1.000 niyahera?

18 Iyo myaka 1.000 niyahera, abantu bose kw’isi bazoba basubiye kuba abatunganye. Ntawuzosubira gushikirwa n’ingaruka z’igicumuro twarazwe na Adamu. (Rom. 5:12) Umuvumo w’icaha ca Adamu uzoba waratuvuyeko burundu. Muri ubwo buryo, abazoba bari ng’aha kw’isi bazoba “bazima” kubera yuko iyo myaka 1.000 niyahera bazoba basigaye ari abantu batunganye.​—Ivyah. 20:5.

19. Kubera iki ikigeragezo ca nyuma kizoba gikenewe?

19 Turazi ko Yezu yananiye utwigoro Shetani yagize kugira ngo atume ahemuka. Yagumye ari intahemuka mu bigeragezo. None abantu bose batunganye boba na bo bazoguma ari intahemuka Shetani niyahabwa akaryo ko kubagerageza? Umwe wese ku giti ciwe azokwishura ico kibazo Shetani niyarekurwa akava mu nyenga mu mpera za ya myaka 1.000. (Ivyah. 20:7) Abazoguma ari intahemuka muri ico kigeragezo ca nyuma, bazokwironkera ubuzima budahera maze amaherezo baze binovora wa mwidegemvyo nyakuri. (Rom. 8:21) Abazogarariza bazorandurwa burundu cokimwe na Shetani be n’amadayimoni yiwe.​—Ivyah. 20:8-10.

20. Wiyumva gute ku bijanye n’ubuhanuzi bushimishije buvugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe?

20 Inyuma yo kurimbura muri make ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, wiyumva gute? Ntibikora ku mutima kwibonamwo muri ubwo buhanuzi butangaje? Ntibituma none uca wumva wipfuza gutumira abandi kugira ngo bifatanye natwe mu gusenga gutyoroye? (Ivyah. 22:17) Kubera ko twashimishijwe n’ivyo bintu biteye umunezero vyimirije kuba, nta nkeka ko tuvyurirwa umutima wo kuvuga nk’intumwa Yohani, uwavuze ati: “Amen! Ingo, Mukama Yezu.”​—Ivyah. 22:20.

URURIRIMBO RWA 27 Ihishurwa ry’abana b’Imana

[Utujambo tw’epfo]

^ lup. 5 Iki kiganiro ni ica nyuma mu rwa rukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku gitabu c’Ivyahishuwe. Nk’uko tuza kubibona, abaguma ari intahemuka kuri Yehova bazogira kazoza keza igitangaza, ariko abarwanya ubutegetsi bwiwe bazogira iherezo ribi.