IKIGANIRO C’UKWIGA CA 19
Ivyahishuwe bisobanura iki kuri wewe muri iki gihe?
“Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana . . . amajambo y’ubu buhanuzi.”—IVYAH. 1:3.
URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!
INCAMAKE *
1-2. Ni imvo ya mbere iyihe ikwiye gutuma twitaho igitabu c’Ivyahishuwe?
HOBA hari umuntu muzinanyi araguha albumu yiwe y’amafoto ngo urabe? Uko uraba ayo mafoto urabonamwo abantu benshi utazi. Ariko rero ushikiriye ifoto imwe, uciye uyiraba witonze. Kubera iki? Kubera ko nawe wibonyemwo. Uko uyihweza witonze, uragerageza kwibuka igihe babafotora be n’aho mwari muri. Uciye ugerageza kandi kwibuka abo muri kumwe bose kuri iyo foto. Iyo foto ntisanzwe kuri wewe.
2 Igitabu c’Ivyahishuwe kimeze nk’iyo foto. Uti kubera iki? Kubera n’imiburiburi imvo zibiri. Iya mbere, ni uko ico gitabu co muri Bibiliya candikiwe twebwe. Umurongo wa mbere uvuga uti: “Ivyahishuwe na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye ngo yereke abashumba bayo ibintu bitegerezwa kuba vuba.” (Ivyah. 1:1) Ivyanditswe muri ico gitabu rero ntivyerekeye abantu bose muri rusangi, ahubwo vyerekeye twebwe abasavyi b’Imana bayiyeguriye. Ntidukwiye rero gutangazwa no kubona turiko turagira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi dusanga muri ico gitabu gishimishije. Mu yandi majambo, turibona “kuri iyo foto.”
3-4. Twisunze igitabu c’Ivyahishuwe, ubuhanuzi buvugwamwo bworangutse ryari, kandi ivyo bikwiye gutuma umwumwe wese muri twebwe yipfuza gukora iki?
3 Imvo ya kabiri ikwiye gutuma twitaho ico gitabu, ni ikiringo ubuhanuzi buvugwamwo burangukira. Intumwa Yohani uwari ageze mu zabukuru, yarerekanye ico kiringo igihe yavuga ati: “Biciye ku guhumekerwa nasanze ndi mu musi w’Umukama.” (Ivyah. 1:10) Igihe Yohani yandika ayo majambo nko mu mwaka wa 96 inyuma ya Kristu, “umusi w’Umukama” wari ukiri kure cane. (Mat. 25:14, 19; Luka 19:12) Ariko rero twisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, uwo musi w’Umukama watanguye mu 1914 igihe Yezu yimikwa akaba Umwami mw’ijuru. Kuva muri uwo mwaka, ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe, buno bukaba bwerekeye abasavyi b’Imana, bwaratanguye kuranguka. Emwe, ubu tubayeho muri uwo “musi w’Umukama”!
4 Kubera ko tubayeho muri ico kiringo giteye umunezero, turakwiye kwitaho cane impanuro iranga urukundo dusanga mu Vyahishuwe 1:3, iyigira iti: “Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo; kuko igihe cashinzwe kiri hafi.” Ego cane, turakwiye ‘gusoma n’ijwi ryumvikana amajambo y’ubu buhanuzi, tukayumviriza’ tukongera ‘tukayubahiriza.’ None amwamwe muri ayo majambo dukeneye kwubahiriza ni ayahe?
NIWITWARARIKE KO UGUSENGA KWAWE KUGUMA KWEMEWE NA YEHOVA
5. Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana gute ko bihambaye yuko twitwararika ko ugusenga kwacu kwemerwa na Yehova?
5 Kuva mu kigabane ca mbere c’Ivyahishuwe, turabona ko Yezu azi neza ibiriko biraba mu mashengero y’abasavyi ba Yehova. (Ivyah. 1:12-16, 20; 2:1) Ivyo turabibonera mu butumwa yarungikiye amashengero indwi yo muri Aziya Ntoya. Muri ubwo butumwa, yarabwiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ibintu bitomoye bokwitwararika kugira ngo ugusenga kwabo kwemerwe na Yehova. Ibivugwa muri ubwo butumwa, birerekeye n’abasavyi b’Imana bose bo muri iki gihe. None ivyo bitwigisha iki? Indongozi yacu Yezu Kristu, arazi neza ingene ubucuti dufitaniye na Yehova bumeze. Yezu aratuyobora akongera akadukingira, kandi nta na kimwe atabona. Arazi ivyo twokora kugira ngo tugume dushimwa na Yehova. None ni ibiki yavuze dukeneye gukurikiza muri iki gihe?
6. (a) Twisunze Ivyahishuwe 2:3, 4, Yezu yavuze ko ishengero ry’i Efeso ryari rifise ingorane nyamukuru iyihe? (b) Ivyo bitwigisha iki?
6 Soma Ivyahishuwe 2:3, 4. Ntidukwiye gutakaza urukundo twakunda Yehova ubwa mbere. Ubutumwa Yezu yarungikiye abo mw’ishengero ry’i Efeso, bwarerekanye ko bari baragaragaje ukwihangana be n’uko bagumye bakorera Yehova naho bari bafise ingorane nyinshi. Naho ari ukwo, bari baratakaje urukundo rwabo rwa mbere. Bari bakeneye kuruvyura, ahandi hoho ugusenga kwabo ntikwokwemewe. Na twebwe muri iki gihe, turakwiye gukora n’ibindi uretse ukwihangana. Turakeneye kwihangana tubitumwe n’imvo nziza. Yehova Imana yacu ntaraba gusa ivyo dukora, ahubwo araraba n’igituma tubikora. Aritaho cane imvo zituma dukora ibintu kubera ko yipfuza ko tumusenga tubitumwe n’uko tumukunda cane, be n’uko tumukengurukira bimwe bigera kure.—Imig. 16:2; Mrk. 12:29, 30.
7. (a) Twisunze Ivyahishuwe 3:1-3, ni ingorane iyihe Yezu yabonye mw’ishengero ry’i Sarudi? (b) Ni igiki dukwiye gukora?
7 Soma Ivyahishuwe 3:1-3. Dutegerezwa kuguma turi maso. Abo mw’ishengero ry’i Sarudi bari bafise ingorane itandukanye n’iyo abo mw’ishengero ry’i Efeso. Naho muri kahise bari barakoreye Imana babigiranye umwete, bariko baragenda akayombekere. Ni co gituma Yezu yababwiye ngo ‘bikangure.’ None ni icigwa ikihe tuhakura? Ego ni ko, Yehova ntazokwibagira igikorwa tumurangurira. (Heb. 6:10) Naho ari ukwo, ntidukwiye kwiyumvira yuko ivyo twaranguriye Yehova muri kahise bikwiye. Naho hoba hari ivyo tutagishoboye gukora, turakwiye kuguma dufise vyinshi dukora mu “gikorwa c’Umukama,” tukaguma turi maso gushika kw’iherezo.—1 Kor. 15:58; Mat. 24:13; Mrk. 13:33.
8. Twisunze Ivyahishuwe 3:15-17, ni icigwa ikihe dukura ku vyo Yezu yabwiye abo mw’ishengero ry’i Lawodiseya?
8 Soma Ivyahishuwe 3:15-17. Dutegerezwa kugira umwete tukongera tugakorera Yehova n’umutima ukwiye. Ubutumwa Yezu yarungikiye ishengero ry’i Lawodiseya burashira ahabona ingorane na bo bari bafise. Bari “akazuyazi” mu bikorwa bijanye no gusenga Imana. Kubera ko batitaho ibintu, Yezu yavuze ko bari ‘abagorwa be n’uko bari bateye ikigongwe.’ Bari bakwiye kugaragaza umwete mwinshi mu bikorwa bijanye no gusenga Yehova. (Ivyah. 3:19) None ni icigwa ikihe tuhakura? Nimba hari ukuntu umwete wacu wagabanutse, turakwiye kurushiriza gukenguruka ibintu vyiza Yehova aturonsa mu vy’impwemu. (Ivyah. 3:18) Ntidukwiye kwigera tureka ngo kurondera amaronko bidusamaze, bigatuma tudashira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere.
9. Twisunze ubutumwa Yezu yarungikiye abakirisu b’i Perugamo n’i Tiyatira, ni igiki dukwiye kwamirira kure?
9 Dutegerezwa kwamirira kure inyigisho z’abahuni. Yezu yarahambariye abantu bamwebamwe bo mw’ishengero ry’i Perugamo, bariko bararemesha amacakubiri no kwicamwo ibice. (Ivyah. 2:14-16) Yarakeje abo mw’ishengero ry’i Tiyatira bamiriye kure “ibintu vyimbitse vya Shetani,” yongera abahimiriza ‘kugumya’ ukuri. (Ivyah. 2:24-26) Abakirisu bari barirekeranye maze bagatwarwa n’inyigisho z’ikinyoma, bari bakeneye kwigaya. Bite ho muri iki gihe? Dutegerezwa kwamirira kure inyigisho iyo ari yo yose iteye kubiri n’ivyiyumviro vya Yehova. Abahuni boshobora kuba bafise “ishusho yo kwihebera Imana,” mugabo ivyo bakora bikerekana ko batayihebera. (2 Tim. 3:5) Igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana tubigiranye ubwira, bica vyoroha ko tubona izo nyigisho z’ikinyoma maze tukaziyamiriza.—2 Tim. 3:14-17; Yuda 3, 4.
10. Ni ikindi cigwa ikihe twokwigira ku vyo Yezu yabwiye abo mw’ishengero ry’i Perugamo n’i Tiyatira?
10 Dutegerezwa kwirinda ubwoko bwose bw’ubusambanyi. Hariho iyindi ngorane yarangwa mw’ishengero ry’i Perugamo n’i Tiyatira. Yezu yarahambariye abantu bamwebamwe bo muri ayo mashengero batirinda ubusambanyi. (Ivyah. 2:14, 20) None ni icigwa ikihe tuhakura? Ntidukwiye kwiyumvira ko twokwisuka mu bwoko na bumwe bw’ubusambanyi, ngo Yehova atwihanganire mbere naho twoba tumaze imyaka myinshi tumukorera canke dufise uduteka twinshi. (1 Sam. 15:22; 1 Pet. 2:16) Yiteze ko tuguma dukurikiza ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru zijanye no kwigenza runtu, naho ab’isi bokwigenza nabi gute.—Ef. 6:11-13.
11. Twize iki gushika aha? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyigwa tuhakura muri iki gihe.”)
11 Twize iki gushika aha? Twabonye ko dukwiye kwitwararika ko ugusenga kwacu kwemerwa na Yehova. Nimba hari ikintu turiko turakora cotuma Yehova atemera ugusenga kwacu, turakwiye kugira ivyo duhinduye tudatebaganye. (Ivyah. 2:5, 16; 3:3, 16) Ariko rero, hariho ikindi kintu Yezu yavuze mu butumwa yarungikiye ayo mashengero. Uti ni igiki?
NIWITEGURIRE KWIHANGANIRA URUHAMO
12. Twigira iki ku vyo Yezu yabwiye abakirisu bo mw’ishengero ry’i Simuruna be n’iry’i Filadelufiya? (Ivyahishuwe 2:10)
12 Nimuze ubu na ho turabe ubutumwa Yezu yarungikiye ishengero ry’i Simuruna n’iry’i Filadelufiya. Yabwiye abakirisu baho kudatinya uruhamo, kuko ukudahemuka kwabo kwotumye baronka impera. (Soma Ivyahishuwe 2:10; 3:10) None ni icigwa ikihe tuhakura? Turakwiye kwitega ko tuzoshikirwa n’uruhamo tukongera tukitegurira kurwihanganira. (Mat. 24:9, 13; 2 Kor. 12:10) Kubera iki ico kintu twibukijwe gihambaye?
13-14. Ibivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 12, vyagize ingaruka gute ku basavyi b’Imana?
13 Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga ko abasavyi b’Imana bohamwe muri iki gihe cacu, ari co gihe c’“umusi w’Umukama.” Mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 haravuga yuko inyuma y’aho Ubwami bw’Imana buvukiye, haciye haduka intambara mw’ijuru. Mikaheli, akaba ari Yezu Kristu inyuma y’aho azukiye akaja mw’ijuru, we n’ingabo ziwe bararwanije Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyah. 12:7, 8) Abo bansi b’Imana baraneshejwe maze batererwa mu micungararo y’isi, ivyo bica bikwegera isi n’abayibako amagorwa atavugwa. (Ivyah. 12:9, 12) None ivyo bintu vyagize ingaruka izihe ku basavyi b’Imana?
14 Igitabu c’Ivyahishuwe kiratubwira ico Shetani yaciye akora. Kubera ko atagishobora gushika mw’ijuru, yaciye ata ishavu ku masigarira y’abarobanuwe, ari bo baserukira Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi kandi “bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu.” (Ivyah. 12:17; 2 Kor. 5:20; Ef. 6:19, 20) None ubwo buhanuzi bwarangutse gute?
15. ‘Ivyabona bibiri’ bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe ikigabane ca 11 bigereranya bande, kandi bashikiwe n’iki?
15 Shetani yaciye agaba igitero ku bavukanyi barobanuwe bari bayoboye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Abari kw’isonga muri bo, bagereranya ‘ivyabona bibiri’ igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko bishwe. * (Ivyah. 11:3, 7-11) Mu 1918, umunani muri abo bavukanyi bararengukijwe muri sentare bagirizwa ibinyoma, maze umwe wese muri bo acirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka myinshi. Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, igikorwa c’abo bavukanyi barobanuwe vyasa n’uko cari “cishwe.”
16. Ni ikintu ikihe kitari citezwe cabaye mu 1919, ariko ni igiki Shetani yagumye akora kuva ico gihe?
16 Ubwo buhanuzi bwo mu Vyahishuwe ikigabane ca 11 bwari bwaravuze kandi ko ivyo ‘vyabona bibiri’ bosubiye kuba bazima inyuma y’igihe gito. Ubwo buhanuzi bwararangutse mu buryo butari bwitezwe, hataraca n’umwaka abo bavukanyi bapfunzwe. Mu ntango z’umwaka wa 1919, abo bavukanyi barobanuwe bararekuwe, mu nyuma na ho ivyo bagirizwa birafutwa. Abo bavukanyi baciye basubira ku gikorwa c’Ubwami badatevye. Ariko rero, ivyo ntivyabujije Shetani kuguma agaba ibitero ku basavyi b’Imana. Kuva ico gihe, Shetani yagiye arateza abasavyi b’Imana bose uruhamo rumeze nk’“uruzi.” (Ivyah. 12:15) Ni co gituma umwe wese muri twebwe ‘asabwa kugaragaza ukwihangana n’ukwizera.’—Ivyah. 13:10.
NUKORANE UMWETE IGIKORWA YEHOVA YADUSHINZE
17. Ni hehe abasavyi b’Imana bakuye imfashanyo batari bavyiteze, naho Shetani yagumye abagabako ibitero?
17 Mu Vyahishuwe ikigabane ca 12, haca havuga ko abasavyi b’Imana boronkeye imfashanyo aho batari biteze. Havuga ko “isi” yomize rwa “ruzi” rugereranya uruhamo. (Ivyah. 12:16) Ukwo nyene ni ko vyahavuye bigenda. Rimwe na rimwe, inzego zimwezimwe z’iyi si, nk’akarorero inzego z’ubutungane zaratabaye abasavyi b’Imana. Incuro nyinshi abasavyi ba Yehova baratsinze imanza mu masentare zatumye baronka umwidegemvyo ku rugero kanaka. None uwo mwidegemvyo bawukoresheje gute? Bawukoresheje mu kutagisha akaryo na kamwe ko gukora igikorwa Yehova yabashinze. (1 Kor. 16:9) None ico gikorwa kigizwe n’ibiki?
18. Igikorwa nyamukuru twashinzwe muri iyi misi ya nyuma ni ikihe?
18 Yezu yaramenyesheje ko abigishwa biwe bokwamamaje “inkuru nziza y’ubwami [bw’Imana]” kw’isi yose imbere y’uko umuhero uza. (Mat. 24:14) Igihe bariko barakora ico gikorwa, barafashwa n’umumarayika canke umugwi w’abamarayika, bavugwa ko bari bafise “inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose.”—Ivyah. 14:6.
19. Ni ubundi butumwa ubuhe abakunda Yehova basabwa kwamamaza?
19 Abasavyi b’Imana ntibasabwa kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami gusa, barakwiye no gushigikira igikorwa c’abamarayika bavugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 8 gushika ku ca 10. Abo bamarayika baratangaza urukurikirane rw’ivyago bikomeye bishikira abatera akagere Ubwami bw’Imana. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bagiye baratangaza ubutumwa bw’urubanza, bugereranywa n’“urubura n’umuriro,” bakamenyesha urubanza Imana yaciriye imice itandukanye y’iyi si mbi ya Shetani. (Ivyah. 8:7, 13) Abantu barakeneye kumenya ko umuhero w’isi uri hafi kugira ngo bagire ivyo bahinduye mu buzima bwabo maze bazorokoke umusi w’ishavu rya Yehova. (Zef. 2:2, 3) Ariko rero abantu benshi ntiberekwa ubwo butumwa. Kubutangaza bisaba ko tugira umutima rugabo. Mu kiringo ca ya makuba akomeye, ubutumwa bw’urubanza bwa nyuma tuzoshikiriza, buzorushiriza kubababaza.—Ivyah. 16:21.
NUGAMBURUKE AMAJAMBO Y’UBWO BUHANUZI
20. Tuzorimbura ibiki mu biganiro bibiri bikurikira?
20 Mu vy’ukuri turakwiye gukurikiza ‘amajambo yo muri ubu buhanuzi’ kubera ko turiko turagira uruhara mw’iranguka ry’ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe. (Ivyah. 1:3) Ariko none dushobora gute kwihanganira uruhamo tudahemuka, maze tukabandanya tugira uruhara mu gutangaza ubwo butumwa n’umutima rugabo? Hariho ibintu bibiri bizobidufashamwo: ica mbere ni ivyo ico gitabu c’Ivyahishuwe kivuga ku vyerekeye abansi b’Imana, ica kabiri ni imihezagiro tuzoronka muri kazoza nitwaguma turi abizigirwa. Ivyo nyene ni vyo tuzorimbura mu biganiro bibiri bikurikira.
URURIRIMBO RWA 32 Ja ku ruhande rwa Yehova!
^ lup. 5 Tubayeho mu gihe giteye umunezero cane! Ubuhanuzi dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe buriko buraranguka muri iki gihe. None ubwo buhanuzi butwerekeye gute? Iki kiganiro be n’ibindi bibiri bikurikira, biraca irya n’ino ibintu bimwebimwe bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe. Biratwereka ingene gukurikiza ivyanditswe muri ico gitabu bishobora gutuma ugusenga kwacu kuguma kwemewe na Yehova Imana.
^ lup. 15 Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2014, rup. 29.