Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Dukurikije amabwirizwa ya Bibiliya yerekeye ugukoresha amaraso mu buryo bubereye, Ivyabona vya Yehova babona gute ubuhinga bwo kuvura hakoreshejwe amaraso y’umuntu ubwiwe?

Aho gufata ingingo yishimikije gusa ivyo yishakira canke inama zimwezimwe zitangwa mu vy’ubuvuzi, Umukirisu wese akwiye kurimbura yitonze ivyo Bibiliya ivuga. Ni ikibazo hagati ya we na Yehova.

Yehova we dukesha ubuzima bwacu, yavumereye yuko umuntu adakwiye kwihereza amaraso. (Itanguriro 9:3, 4) Mu Vyagezwe vyahawe Isirayeli ya kera, Imana yashingiye akarimbi ikoreshwa ry’amaraso kubera ageraranya ubuzima. Yavumereye ati: “Ubugingo [canke ubuzima] bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu.” Bite ho igihe umuntu yaba yishe igikoko kugira ngo agifungure? Imana yavuze iti: “Amaraso yaco az’ayareke [asesekere] hasi, ayarenzekw ivu.” * (Abalewi 17:11, 13) Yehova yaguma aza arasubiramwo iryo bwirizwa. (Gusubira mu Vyagezwe 12:16, 24; 15:23) Impinduro imwe y’Abayahudi (Soncino Chumash) ivuga iti: “Amaraso ntategerezwa kubikwa mugabo ategerezwa kugirwa ayadakwiriye kuribwa mu kuyasesa hasi.” Nta Mwisirayeli yemererwa kwihariza, kubika no gukoresha amaraso y’ikindi kiremwa, ico ubuzima bwaco bwegukira Imana.

Ibwirizwa ryo kwubahiriza Ivyagezwe vya Musa ryarangiye igihe Mesiya yapfa. Yamara rero, uko Imana ibona ivyerekeye ubweranda bw’amaraso kugumaho. Zibitumwe n’impwemu yera y’Imana, intumwa zabwirije Abakirisu ‘kwirinda amaraso.’ Iryo bwirizwa ntiryari iryo gufatwa minenegwe. Mu vy’inyifato runtu, ryari rihambaye cokimwe n’ukwirinda ubushegabo canke gusenga ibigirwamana. (Ivyakozwe 15:28, 29; 21:25) Igihe ivy’ugutanga no guterwa amaraso vyakwira hose mu kinjana ca 20, Ivyabona vya Yehova baratahuye yuko ivyo biteye kubiri n’Ijambo ry’Imana. *

Rimwe na rimwe, umuganga arahimiriza umurwayi kubikisha amaraso yiwe bwite mu ndwi nka zingahe imbere yo kubagwa kugira ngo igihe bikenewe ashobore gutera uwo murwayi amaraso yiwe bwite yabitswe. Ariko rero, ukwo kwegeranya, kubika no gutera amaraso birahushanye neza na neza n’ibivugwa mu Balewi no mu Gusubira mu Vyagezwe. Amaraso ntakwiye kubikwa: akwiye guseswa​—nk’aho yoba asubijwe ku Mana. Ikizwi coco ni uko Ivyagezwe vya Musa bitagikora muri iki gihe. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova barubaha ingingo Imana yabishizemwo, kandi bariyemeje ‘kwirinda amaraso.’ Ni co gituma tudatanga amaraso kandi tutanabika amaraso yacu akwiye ‘guseswa,’ ngo tuzoyaterwe. Ako kamenyero karateye kubiri n’itegeko ry’Imana.

Ubundi buhinga canke ibindi bipimo bisaba amaraso y’umuntu ubwiwe ntibiteye kubiri mu buryo butomoye n’ingingo Imana yavuze. Nk’akarorero, Abakirisu benshi baremeye amwe mu maraso yabo aravomwa kugira ngo apimwe canke asuzumwe, inyuma yaho ano agaca aseswa. Hoshobora kandi gusabwa ko hagirwa ubundi buhinga butoroshe bukoreshwamwo amaraso y’umuntu ubwiwe.

Nk’akarorero, mu gihe hakoreshejwe ubuhinga bunaka mu kubaga, amaraso amwe barashobora kuyakevya bakayakura mu mubiri hakoreshejwe uburyo bwitwa hémodilution. Amaraso asigaye mu murwayi baca bayavanga n’ibindi. Mu nyuma, amaraso yiwe ari mu mugende utari mu mubiri arasubizwa muri we, bigatuma igitigiri c’utugingo ngengabuzima twera n’udutukura tugize amaraso cegereza igisanzwe. Muri ubwo buryo nyene, amaraso atemba avuye mu ruguma yoshobora kwegeranywa, maze akamiminwa kugira ngo twa tugingo ngengabuzima dutukura dushobore gusubizwa mu murwayi, ivyo vyitwa izigamwa ry’utugingo ngengabuzima. Mu buhinga butandukanye n’ubwo, amaraso arashobora kuyoborwa mu mashini, ikarangura mu gihe kinaka igikorwa mu bisanzwe kigirwa n’ibihimba vy’umubiri (nk’akarorero, umutima, amahaha canke amafyigo). Ayo maraso avuye mu mashini aca asubizwa mu murwayi. Mu bundi buhinga, amaraso bayakebereza mu cuma (centrifugeuse) kugira ngo uduce twayo twononekaye canke tumeze nabi dushobore gukurwamwo. Canke vyoshoboka ko intumbero iba iyo kurobanura bimwebimwe mu bigize amaraso hanyuma bigakoreshwa ahandi ku mubiri. Hariho kandi ibipimo bagira bagakura amaraso mu muntu kugira ngo bayashireko ikimenyetso canke bayavange n’umuti, mu nyuma agasubizwa mu murwayi.

Birashobora gutandukanira mu tuntu dutoduto, kandi ubuhinga, uburyo bwo kuvura, hamwe n’ibipimo bishasha nta nkeka bizotezwa imbere. Si ivyacu gusuzuma itandukaniro ryose maze ngo dufate ingingo. Umukirisu ategerezwa kwifatira ingingo y’ukuntu amaraso yiwe bwite azokoreshwa mu gihe co kubagwa, co gupimwa, canke co kuvurwa mu buryo busanzwe bukoreshwa. Akwiye imbere y’igihe kumenyeshwa n’umuganga canke n’umuhinga ivyerekeye ico amaraso yiwe ashobora gukoreshwa muri ico gihe c’ukuvurwa. Ico gihe, ategerezwa gufata ingingo akurikije ico ijwi ryiwe ryo mu mutima rimurekuriye. (Raba uruzitiro.)

Abakirisu bakwiye kugumiza mu muzirikanyi ukwiyegurira Imana kwabo n’uko bategerezwa ‘kuyikundisha umutima wabo wose, n’ubugingo bgabo bgose, n’inkomezi zabo zose; n’ubgenge bgabo bgose.’ (Luka 10:27) Ivyabona vya Yehova ntibameze nk’abantu benshi bo muri iyi si, bo baraha agaciro kanini ubucuti bwiza bafitaniye n’Imana. Wa Mutangabuzima ahimiriza bose kwizigira amaraso yasheshwe na Yezu. Dusoma duti: “Muri we [Yezu Kirisitu] ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu.”​—Abanyefeso 1:7.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Porofeseri Frank H. Gorman yandika ati: “Ugusesa amaraso gutahurwa kuruta ko ari igikorwa kiranga isonera cerekana icubahiro umuntu yubaha ubuzima bw’ico gikoko, kandi gutyo akaba yubashe Imana yaremye ubwo buzima kandi ibandanya kububungabunga.”

^ ing. 5 Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1952, warishuye ibibazo nyamukuru vyerekeye iki kiganiro, werekana igituma ivy’ugutera amaraso yatanzwe bitabereye.

[Uruzitiro ku rup. 31]

IBIBAZO WOKWIBAZA

Nimba amwe mu maraso yanje bazoyakebereza hanze y’umubiri wanje kandi bikanashoboka ko igenda ryayo rihagarikwa umwanya kanaka, mbega ijwi ryanje ryo mu mutima rizondekurira kubona ko ayo maraso akiri mu bingize, ico gihe bikaba bidasaba yuko ‘aseswa hasi’?

Mbega ijwi ryanje ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ryoba ryovurungana niba mu gihe c’ipimwa canke c’ivurwa amwe mu maraso yanje yovomwa, agahindurwa, hanyuma agasubizwa mu (canke ku) mubiri wanje?