Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyifato Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ari Nziza Kuruta Zose?

Inyifato Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ari Nziza Kuruta Zose?

Inyifato Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ari Nziza Kuruta Zose?

“IKIBANO kirakeneye kamere z’ishimikiro ziha abakigize umutekano n’uburongozi.” Ukwo ni ko umwanditsi w’Umudagi akaba n’umumenyeshamakuru wo kuri televiziyo abimenyereye yavuze. Vy’ukuri ivyo birumvikana. Kugira ngo ikibano c’abantu gitekanirwe kandi gisagambe, abantu bategerezwa kugira umushinge w’ingingo ngenderwako zemerwa na bose zerekana ikibereye n’ikitabereye, iciza n’ikibi. Ikibazo ni iki: Ni ingingo ngenderwako izihe ari nziza kuruta, ku kibano no ku bakigize?

Niba inyifato runtu ziri muri Bibiliya ari zo ngingo abantu bahitamwo kugenderako, zikwiye kubafasha kugira ubuzima butekanye, buhimbaye. Mu buryo bwagutse, ivyo vyotuma ikibano c’abantu bubahiriza izo ngingo kirushiriza guhimbarwa no gutekanirwa. Ivyo vyoba ari ukwo bimeze? Nimuze dusuzume ico Bibiliya ifise ivuga ku bibazo bibiri bihambaye: ukudahemuka mu mubano w’ababiranye n’ukutagunga mu buzima bwa misi yose.

Niwumire ku wo Mwubakanye

Umuremyi wacu yaremye Adamu maze arema Eva ngo abe umukenyezi wiwe. Umubano wabo wari wo mubano w’abubakanye wa mbere mu yabayeho yose kandi wategerezwa kuba ubucuti buramba. Imana yavuze iti: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata.” Haciye nk’imyaka 4.000, Yezu Kirisitu yarasubiyemwo iyo ngingo igenga umubano w’abubakanye ku bw’abayoboke biwe bose. Bitayeko, yariyamirije ivyo guhuza ibitsina, atari mu mubano w’abubakanye.​—Itanguriro 1:27, 28; 2:24; Matayo 5:27-30; 19:5.

Nk’uko Bibiliya ibivuga, impfunguzo zibiri nyamukuru z’umubano w’abubakanye uhimbaye ni urukundo n’icubahiro bigaragazwa n’abubakanye bompi. Umunega, ari we mutwe w’urugo, akwiye kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi mu kurondera kurushiriza kugirira neza umukenyezi wiwe. Akwiye kubana na we “nk’[uwu]zi ibibereye” kandi akwiye “[kutamubera] umururazi.” Umugore akwiye gufatana umunega wiwe “icubahiro kigera kure.” (NW) Mu gihe abubakanye bakurikiza izo ngingo, ingorane nyinshi zo mu rugo zirashobora kwirindwa canke gutsindwa. Umunega azoshaka kwumira ku mukenyezi wiwe n’umukenyezi ku munega wiwe.​—1 Petero 3:1-7; Ab’i Kolosayi 3:18, 19; Abanyefeso 5:22-33.

Ingingo ngenderwako ya Bibiliya yo kwumira ku wo mwubakanye utamuhemukira, yoba iterera ku kugira umubano uhimbaye? Ehe raba ico itohoza rimwe ryagizwe mu Budagi ryavuyemwo. Abantu babajijwe ibintu bihambaye kugira ngo umubano ube mwiza. Kw’isonga rw’ivyashikirijwe hariho ukudahemukiranira. None ntiwokwemera yuko abantu bubatse barushiriza kugira ubuhirwe igihe bazi yuko abo bubakanye badahemuka?

Tuvuge Iki mu Gihe Ingorane Zadutse?

Ariko, tuvuge iki mu gihe haza haraba ukutumvikana gukomeye hagati y’umunega n’umukenyezi? Bite hoho mu gihe urukundo rwabo rutituka? None gusambura ntivyoba ari vyo vyiza kuruta igihe ibintu vyifashe bityo? Canke, ingingo ngenderwako ya Bibiliya y’uko umuntu yumira ku wo bubakanye adahemuka yoba igikora?

Abanditsi ba Bibiliya baremeye icese yuko abubakanye bose bazogira ingorane bivuye ku gasembwa ka muntu. (1 Ab’i Korinto 7:28) N’aho ari ukwo, abubakanye bakurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya zerekeye inyifato runtu baragerageza guharira no gutorera hamwe umuti w’ingorane zabo. Ariko ntiwumve, hariho ibihe Umukirisu ashobora kurimbura bikwiriye ivyo gutandukana canke kwahukana, nk’igihe habaye ukurenga ibigo canke ugusinzikazwa ku mubiri. (Matayo 5:32; 19:9) Mugabo, gusambura gihutihuti ata gituma gikomeye cane kihari canke kugira ngo umuntu yifatire uwundi, bihishura ukutitaho abandi kuranga ubwikunzi. Nta nkeka, ntibizanira itekane n’ubuhirwe ubuzima bw’umuntu. Nimuze dufate akarorero.

Peter yumva yuko umubano wiwe watakaje igishika wahoranye. * Kubera ico, yarataye umukenyezi wiwe maze yifatanira na Monika, uwari yarataye umugabo. Ibintu vyagenze gute? Haheze amezi makeyi, Peter yiyemereye yuko kubana na Monika “bitari vyoroshe nk’uko yavyibaza.” Kubera iki? Utugeso twa muntu twigaragaje mu mubano wiwe mushasha nk’uko twigaragaza mu wa mbere. Icunyuye ibintu, ni uko ingingo yafashe gihutihuti no mu buryo buranga ubwikunzi yamusutse mu ngorane zikomeye z’ivy’amahera. Vyongeye, abana ba Monika bishwe n’intuntu bitewe n’ihinduka rikomeye ryabaye mu buzima bwo mu rugo iwabo.

Nk’uko ico cabaye kivyerekana, igihe umubano w’abubatse uhuye n’ibihe bidurumbanye, guta ubwato ni gake uba wo muti. Ku rundi ruhande, igihe hari igihuhusi, kubaho abantu bisunga imico runtu yo mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya, birashobora kenshi gutuma umubano uguma ureremba maze bikawujana mu mazi atekanye kuruta. Ukwo ni ko vyagendeye Thomas na Doris.

Thomas na Doris bari bamaze imyaka irenga 30 bubakanye igihe Thomas yatangura kuborerwa. Doris yaraguye mu kabonge, kandi bose uko ari babiri barayaze ivyo kwahukana. Doris yarituye umwe mu Vyabona vya Yehova. Ico Cabonakazi yeretse Doris ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye umubano w’abubakanye, aramuremesha kutihutira gutandukana, mugabo abanze gufashanya n’umugabo wiwe kugira ngo bagerageze gutora umuti. Ico ni co Doris yagize. Haciye amezi makeyi, ukwahukana ntivyari bikirimburwa. Thomas na Doris bariko bararonderera hamwe umuti w’ingorane zabo. Gukurikiza impanuro za Bibiliya vyarakomeje umubano wabo vyongera birabaha umwanya wo gushira ibintu mu buryo.

Kutagunga mu Bintu Vyose

Kwumira ku wo mwubakanye udahemuka bisaba gukomera mu vy’imico runtu no gukunda ingingo. Izo kamere nyene zirasabwa kugira ngo umuntu agume ari intagunga mw’isi yuzuye ubugunge. Bibiliya irafise vyinshi ivuga ku vyerekeye kutagunga. Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Yudaya ati: “Tugomba [“kwigenza mu buryo butarimwo ubugunge,” NW] muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ivyo bisobanura iki?

Umuntu atagunga aba ari imvugakuri kandi aterekwa forode. Ni intungane mu vyo akorana n’abandi​—adaca ku ruhande, yubahwa, atabesha canke atayovya abandi. Vyongeye, umuntu w’intagunga ni umuntu w’intadohoka adaca mu ryahumye mugenziwe. Abantu b’intagunga baraterera ku kayaga ko kwizigirana no kwizerana, ari vyo bishikana ku nyifato nziza kandi bigatuma ubucuti mu bantu bukomera.

Abantu b’intagunga, boba bahiriwe? Erega, nibahirwe barabikwiye. Naho ibiturire no guca mu ryahumye bikwiye hose​—canke kumbure kubera vyo​—abantu b’intagunga muri rusangi barashimwa n’abandi. Nk’uko itohoza rimwe ryagizwe mu bakiri bato ryavyerekanye, ukutagunga ni ingeso nziza yahawe agaciro kanini n’ibice 70 kw’ijana vy’abishuye. Ikindi, imyaka dufise yaba ingana iki, ukutagunga ni co kintu nyamukuru gisabwa ku bantu dufata nk’abagenzi.

Christine yigishijwe kwiba guhera igihe yari afise imyaka 12 y’amavuka. Mu myaka n’iyindi, yacitse umunyoni karuhariwe. Asigura ati: “Hari imisi natahana amahera y’amadagi abona ashika nk’5.000 [nk’amarundi 1.800.000].” Mugabo, Christine yarafashwe ibihe bitari bike, kandi yabaho yama ahakwa gutabwa mw’ibohero. Igihe Ivyabona vya Yehova bamusigurira ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukutagunga, Christine yarakwegerewe n’ingingo ngenderwako za Bibiliya zerekeye inyifato runtu. Yarize kwumvira iyi nkeburo igira iti: “Uwiba ntakongere kwiba.”​—Abanyefeso 4:28.

Igihe Christine yabatizwa akaba umwe mu Vyabona vya Yehova, ntiyari akiri igisuma. Yariko arihata kuba inzirabugunge mu bintu vyose, kubera yuko Ivyabona bashimika cane ku kutagunga be no ku zindi kamere za gikirisu. Ikinyamakuru kimwe (Lausitzer Rundschau) kivuga giti: “Amajambo adondora imico runtu nk’ukutagunga, kwigerera, n’ugukunda mugenzacu arahabwa agaciro kanini mu kwizera kw’Ivyabona.” Christine yiyumva gute ku vyerekeye ihinduka yagize mu buzima bwiwe? “Ubu ndahimbawe kuruta kubona narahagaritse kwiba. Ubu niyumva ko ndi uwugize ikibano ateye iteka.”

Ikibano Cose Kirahungukira

Abantu badahemukira abo bubakanye bakaba kandi ari intagunga, ubwabo ntibahimbawe gusa, mugabo abo bantu ni ivyiza ku kibano muri rusangi. Abakoresha bahitamwo abakozi batabaca mu ryahumye. Twese turashima kugira ababanyi b’abizigirwa, kandi turashima gusumira mu mangazini y’abacuruza b’abagororotsi. None ntitwubaha abanyapolitike, abapolisi be n’abacamanza bamirira kure ibiturire? Ikibano kirahungukira cane igihe abakigize bigenza mu buryo buzira ubugunge, bakabifata nk’ingingo, ntibabikurikize gusa igihe bumva bishakira kubikora.

Ikindi, abubakanye b’intahemuka ni ryo shingiro ry’imiryango itekaniwe. Kandi abantu benshi bokwemeranya n’umunyapolitike w’Umunyaburaya yavuze ati: “Umuryango [kama] gushika iki gihe uguma ari wo bwugamo buhambaye kuruta bw’umutekano w’abantu n’umugambi wabo.” Umuryango urangwa amahoro ni ahantu abakuze n’abana bafise akaryo keza kuruta ko kwiyumvamwo ko batekaniwe mu vy’akanyengetera. Abadahemukiranira mu mubano w’ababiranye baba muri ubwo buryo bariko barafasha kwubaka ikibano gitekaniwe.

Niwiyumvire ukuntu umwe wese yohungukiye iyo hataba hariho abantu batabwa n’abo bubakanye, amasentare ajejwe ivy’ukwahukana, canke imanza z’ababuranira uburenganzira bwo kuzezwa abana. Kandi, iyumvire iyo hatoba hariho abanyoni, abiba mu mamangazini, abanyuruji, abakozi ba leta bamogoreye ibiturire, canke abanyasiyansi babishiramwo forode? Ivyo vyoba vyumvikana nk’indoto nsa? Si indoto nsa ku bantu bitwararika cane Bibiliya n’ico ivuga ku vyerekeye kazoza. Ijambo ry’Imana risezerana ko Ubwami bwa Yehova butwarwa na Mesiya vuba bugiye kwigarurira ubutegetsi bugatwara ikibano cose c’abantu kw’isi. Munsi y’ubwo Bwami, abatwarwa na bwo bose bazokwigishwa kubaho bisunga imico runtu yo muri Bibiliya. Muri ico gihe, “abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29.

Imico Runtu yo Muri Bibiliya Ni yo Myiza Kuruta Yose

Abantu amamiliyoni batohoje bitonze Ivyanditswe Vyeranda barashitse ku gutahura yuko impanuro ya Bibiliya ishingiye ku bukerebutsi buva ku Mana, bukaba buruta kure n’iyo ivyiyumviro vy’abantu. Abo babona Bibiliya ko ari iyo kwizigirwa kandi ijanye n’ubuzima bwo mw’isi ya none. Barazi yuko ari ku neza yabo kwumvira impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana.

Ni co gituma abantu nk’abo bashira ku mutima impanuro ya Bibiliya igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Mu kubigenza gutyo, bararyohora cane ubuzima bwabo bwite, bakungura kandi ababakikije. Kandi baratsimbataza icizigiro ntayegayega mu “bu[zima] . . . buzoza,” aho inyifato runtu yo muri Bibiliya izokurikizwa n’abantu bose.​—1 Timoteyo 4:8.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Amazina muri iki kiganiro yarahinduwe.