Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi

Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi

Ubwami bw’Imana​—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi

“[Ubwo] bgami . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”​—DANIYELI 2:44.

1. Ni ukwizigira ukuhe dushobora kugirira Bibiliya?

BIBILIYA ni ikintu Imana yahishuriye abantu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, [ntimwa]ryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko.” (1 Ab’i Tesalonike 2:13) Bibiliya irimwo ivyo dukeneye kumenya ku vyerekeye Imana: ibimenyeshwa vyerekeye kamere zayo, imigambi yayo n’ivyo idusaba. Irimwo impanuro nzizanziza kuruta ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo n’uburyo umuntu yokwigenza imisi yose. Iravuga ido n’ido ubuhanuzi bwarangutse muri kahise, uburiko buraranguka ubu n’ubuzoranguka muri kazoza. Egome, “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.”​—2 Timoteyo 3:16, 17.

2. Yezu yashimitse gute ku mutwe-shimikiro wa Bibiliya?

2 Ikintu gihambaye kuruta muri Bibiliya ni umutwe-shimikiro wayo: iyemezwa ry’ubusegaba bw’Imana (uburengazira ifise bwo gutegeka) biciye ku Bwami bwayo bwo mw’ijuru. Yezu ivyo yabigize ikintu nyamukuru kigize umurimo wiwe. “Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Matayo 4:17) Yarerekanye ikibanza bukwiye kugira mu buzima bwacu, ahimiriza ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” (Matayo 6:33) Yarerekanye kandi ukuntu buhambaye mu kwigisha abayoboke biwe gusenga basaba Imana bati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”​—Matayo 6:10.

Ubutegetsi Bushasha bw’Isi

3. Ni kuki kuri twebwe Ubwami bw’Imana buhambaye guhera ubu?

3 Ni kuki Ubwami bw’Imana buhambaye cane gutyo ku bantu? Kubera vuba buzokora ikintu kizohindura ubutegetsi bw’iyi si rimwe rizima. Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 2:44 buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [ubu bategeka kw’isi], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [intwaro yo mw’ijuru] butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [intwaro z’isi]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru nibwategeka mu buryo bwuzuye, nta bantu bazokwigera basubira kwifatira mu minwe isi. Ubutegetsi bw’abantu bwuzuye amacakubiri kandi ataco bumaze buzoba ari ikintu cagiye ubutakigaruka.

4, 5. (a) Ni kuki Yezu ari we arusha bose kuba uwukwije ibisabwa ngo abe Umwami w’ubwo Bwami? (b) Muri kazoza katari kure ni igikorwa ikihe Yezu azoronka?

4 Wa Mutegetsi Kizigenza mu Bwami bwo mw’ijuru, ari munsi y’ubuyobozi bwa Yehova ubwiwe, ni we arusha bose kuba uwukwije ibisabwa​—na we ni Kirisitu Yezu. Imbere yuko aza kw’isi, yari mw’ijuru bwa “mukozi w’umuhanga” w’Imana, ari imfura mu vyaremwe n’Imana vyose. (Imigani 8:22-31) “Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose: kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi.” (Ab’i Kolosayi 1:15, 16) Kandi igihe Yezu Imana yamurungika kw’isi, yakora ivyo Imana igomba ibihe vyose. Yarihanganiye ikigeragezo kigoye kuruta ibindi kandi apfa ari umwizerwa kuri Se.​—Yohana 4:34; 15:10.

5 Kubera ukudahemuka kwiwe ku Mana no gushika ku gupfa, Yezu yarahawe impera. Imana yaramuzuye aja mw’ijuru yongera imuha uburenganzira bwo kuba Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. (Ivyakozwe 2:32-36) Kirisitu Yezu bwa Mwami w’ubwo Bwami, azohabwa n’Imana igikorwa giteye akoba co kurongora amasinzi y’ibiremwa vy’impwemu vy’ububasha mu gukura kw’isi ubutegetsi bw’abantu no mu gukiza umubumbe wacu ububisha bwose. (Imigani 2:21, 22; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-9; Ivyahishuriwe 19:11-21; 20:1-3) Maze Ubwami bwo mw’ijuru bw’Imana burongowe na Kirisitu buzoba ubukuru bushasha butwara, intwaro rudende itegeka isi yose uko ingana.​—Ivyahishuriwe 11:15.

6. Ni ubutegetsi bumeze gute dushobora kwitega ku Mwami w’ubwo Bwami?

6 Ijambo ry’Imana ku vyerekeye Umutegetsi mushasha w’isi rigira riti: “Ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe.” (Daniyeli 7:14) Kubera Yezu azokwigana urukundo rw’Imana, amahoro n’ubuhirwe bizoba vyinshi mu gihe c’ubutegetsi bwiwe. (Matayo 5:5; Yohana 3:16; 1 Yohana 4:7-10) “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, . . . bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka.” (Yesaya 9:7) Ese ukuntu azoba ari umuhezagiro kugira Umutegetsi ategekana urukundo, ubutungane n’ubugororotsi! Ni co gituma, muri 2 Petero 3:13 habura hati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha [Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru] n’isi nsha [ikibano gishasha co kw’isi], ivyo ukugororoka kuzobamwo.”

7. Matayo 24:14 hariko haranguka gute muri iki gihe?

7 Nta nkeka, Ubwami bw’Imana ni yo nkuru nziza kuruta ku bakunda ibigororotse bose. Ni co gituma, bwa muce w’ikimenyetso c’uko ubu tubayeho mu “misi y’iherezo” y’uru runkwekwe rubi, Yezu yabuye ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (2 Timoteyo 3:1-5; Matayo 24:14) Ubwo buhanuzi buriko buraranguka ubu, uko Ivyabona vya Yehova nk’imiliyoni zitandatu bari mu bihugu 234 bahebera amasaha arenga umuliyaridi ku mwaka ku kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Birabereye rero ko kimwekimwe cose mu bibanza vyabo vyo gusengeramwo vy’amashengero nk’90.000 yo kw’isi yose citwa Ingoro y’Ubwami. Ngaho, abantu baza kuhigira ivyerekeye intwaro nshasha iriko iraza.

Abatware Bafatanije na We

8, 9. (a) Abasangirangingo ba Kirisitu bava hehe? (b) Ni umwizero uwuhe dushobora kugirira ubutegetsi bw’Umwami n’abasangirangingo biwe?

8 Hazobaho abatware bafatanije na Kirisitu Yezu mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Ivyahishuriwe 14:1-4 habuye yuko abantu 144.000 bari ‘gucungurwa mu bantu’ hanyuma bakazurirwa ubuzima bwo mw’ijuru. Muri abo harimwo abagabo n’abagore, aho gukorerwa, bakoreye Imana n’abantu bagenzi babo babigiranye ukwicisha bugufi. “Bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuriwe 20:6) Igitigiri cabo ni gito cane ugereranije n’“ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” bazorokoka iherezo ry’uru runkwekwe. N’abo nyene Imana “[ba]yikorera . . . ku murango no mw ijoro,” mugabo ntibahamagariwe ijuru. (Ivyahishuriwe 7:9, 15) Bagize intimatima y’isi nshasha bwa batwarwa b’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.​—Zaburi 37:29; Yohana 10:16.

9 Mu guhitamwo abofatanije na Kirisitu kuganza mw’ijuru, Yehova yarobanuye abantu b’abizerwa bari baraciye mu bintu bishika mu buzima, n’ingorane tuzi zirimwo. Mu vy’ukuri nta kintu na kimwe abantu baciyemwo, kitashikiye n’abo bami-baherezi. Ni co gituma ubuzima bwabo bwo kw’isi buzobongerereza ubuhanga bwo gutegeka abantu. Na Yezu ubwiwe “yigish[ijwe] kwumvira Imana n’ivyo yababajwe.” (Abaheburayo 5:8) Intumwa Paulo yaravuze ibimwerekeye ati: “Umuherezi mukuru dufise, [si] ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.” (Abaheburayo 4:15) Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko mw’isi nshasha igororotse y’Imana, abantu bazoganzwa n’abami hamwe n’abaherezi b’abanyarukundo kandi b’impuhwe!

Ubwami Bwoba Bwari mu Mugambi w’Imana?

10. Ni kuki Ubwami bwo mw’ijuru butari mu bigize umugambi Imana yari ifise mu ntango?

10 Ubwami bwo mw’ijuru bwoba bwari mu bigize umugambi Imana yari ifise mu ntango, igihe yarema Adamu na Eva? Mu nkuru y’irema yo mw’⁠Itanguriro, nta na hamwe hacishwamwo ivy’Ubwami bwotegetse ubwoko-muntu. Yehova ubwiwe yari Umutegetsi wabo, kandi bugingo bagumye bamugamburukira, ntihari hakenewe ubundi butegetsi. Itanguriro ikigabane ca 1 harerekana yuko Yehova, kumbure biciye ku Mwana wiwe w’imfura wo mw’ijuru, yagirana ibintu na Adamu be na Eva. Iyo nkuru ikoresha imvugo nk’izi ngo “Imana . . . [ibabwira] iti” hamwe na “Imana irababgira iti.”​—Itanguriro 1:28, 29; Yohana 1:1.

11. Ni intango itagira agasembwa iyihe ubwoko-muntu bwaronse?

11 Bibiliya ivuga iti: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.” (Itanguriro 1:31) Ikintu cose mw’itongo rya Edeni nticagira agasembwa namba. Adamu na Eva baba mw’iparadizo. Bari bafise imizirikanyi n’imibiri bitagira agasembwa. Barashobora kuganira n’Umuremyi wabo na we akaganira na bo. Kandi bagumye ari abizerwa, bovyaye abana batagira agasembwa. Nta ntwaro nshasha yo mw’ijuru yobaye ikenewe.

12, 13. Uko ubwoko-muntu butagira agasembwa bwogiye buragwira, ni kuki Imana yoshoboye kuguma iganira na bwo?

12 Uko umuryango w’abantu wogiye uragwira, ni gute Imana yoganiriye na bose? Niwihweze inyenyeri zo mw’ijuru. Zikoranirijwe mu bigwibigwi vy’inyenyeri bimeze nk’amazinga vyitwa galagisi. Amagalagisi amwamwe arimwo inyenyeri imiliyaridi. Ayandi arimwo nk’imiliyaridi igihumbi. Kandi abanyasiyansi bagereranya yuko hariho amagalagisi nk’imiliyaridi ijana mu kirere bashobora kubona! Yamara rero, Umuremyi avuga ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: azihamagara zose mu mazina; kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara.”​—Yesaya 40:26.

13 Kubera Imana ishobora kuguma izi ivyo bisyo vyose vyo mu kirere, nta nkeka ko ata ngorane vyoyitera kuguma izi igitigiri gitoyi kuruta c’abantu. Mbere n’ubu, abasavyi bayo amamiliyoni barayisenga ku musi ku musi. Ayo masengesho aca ashikira Imana buno nyene. Ni co gituma, kuganira n’abantu bose batagira agasembwa ata ngorane vyoyiteye. Ntiyokeneye Ubwami bwo mw’ijuru kugira ngo igume ibazi. Ese ukuntu yari indinganizo y’akaroruhore​—Yehova abaye we Mutware, umuntu agashobora kumwishikirira, kandi tukagira icizigiro co kutazokwigera dupfa, tubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo!

“Ntibiri mu Muntu”

14. Ni kuki abantu bazoguma bakeneye ubutegetsi bwa Yehova ibihe vyose?

14 Ariko rero, abantu naho bobaye batagira agasembwa, bogumye bakenera ubutegetsi bwa Yehova ibihe vyose. Kuki? Kubera Yehova atabaremanye ubushobozi bwotuma baroranirwa batisunze ubutegetsi bwiwe. Ukwo ni ko bimeze ku bwoko-muntu, nk’uko umuhanuzi Yeremiya yavyiyemereye ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe. Uhoraho, umpane.” (Yeremiya 10:23, 24) Bwoba ari ubupfu abantu biyumviriye yuko bashobora kuroranirwa mu gushira mu buryo ivy’ikibano Yehova atabategeka. Vyoba bihushanye n’uburyo baremwe. Ukutisunga ubutegetsi bwa Yehova, ntikwobura kuvamwo ubwikunzi, urwanko, ubunyamaswa, ubukazi, intambara n’urupfu. ‘Umuntu yogira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.’​—Umusiguzi 8:9.

15. Ni ingaruka izihe zaje bivuye kw’ihitamwo ribi abavyeyi bacu ba mbere bagize?

15 Ikibabaje, abavyeyi bacu ba mbere bafashe ingingo yuko badakeneye Imana bwa Mutegetsi wabo, maze bahisemwo kubaho batamwisunga. Ico vyavuyemwo, Imana ntiyabaye ikibazigama mu kutagira agasembwa. Ico gihe bari babaye nk’icuma gikoreshwa n’umuyagankuba gicomowe kw’isoko ntanganguvu ryaco. Haciye igihe rero bogiye barayama bukebuke hanyuma bakadenduka​—bagapfa. Babaye nk’iforoma yononekaye, kandi nta kindi boraze uruvyaro rwabo atari ivyo. (Abaroma 5:12) “Ico Gitandara [Yehova], igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. . . . Barayihemukiye, ntibakir’abana bayo, ariko vyabateye agasembga.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4, 5) Ni vyo, Adamu na Eva bari bohejwe n’ikiremwa c’impwemu cagararije ari co cacitse Shetani, mugabo bari bafise imizirikanyi itagira agasembwa ku buryo bari gushobora gutera akagere inama zitari zo zaco.​—Itanguriro 3:1-19; Yakobo 4:7.

16. Kahise kagaragaza gute ivyavuye ku kutisunga Imana?

16 Kahise karagaragaza ibintu umuyoro vyavuye ku kutisunga Imana. Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, abantu baragerageje ubwoko bwose bw’intwaro za muntu, uburyo bwose bwo kwungunganya ivy’ubutunzi n’ivy’imibano. Yamara rero, ububisha bubandanya ‘kurushiriza [kwunyuka].’ (2 Timoteyo 3:13) Ikinjana ca 20 ivyo carabigaragaje. Cari cuzuye inzankano zikaze hamwe n’ubukazi, intambara, inzara, ubukene n’umubabaro biruta ivyigeze kubaho vyose. Kandi amaterambere yashitsweko mu vy’ubuvuzi yaba ayahe, bitebe bitebuke umuntu wese arapfa. (Umusiguzi 9:5, 10) Mu kugerageza kuyobora intambuko zabo bwite, abantu bariretse bafatwa mpiri na Shetani n’amashetani yiwe, gushika n’aho Bibiliya yita Shetani “imana y’iki gihe.”​—2 Ab’i Korinto 4:4.

Ingabirano yo Kwihitiramwo

17. Ingabirano y’Imana yo kwihitiramwo yari gukoreshwa gute?

17 Ni kuki Yehova yoretse abantu bakagendera mu nzira yabo bwite? Kubera yabaremanye ingabirano y’akaroruhore, ari bwo bushobozi bwo kugira umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Intumwa Paulo yavuze ati: “Aho [im]pwemu [y]’Umwami [i]ri, ni ho haba umwidegemvyo.” (2 Ab’i Korinto 3:17) Nta n’umwe yipfuza kuba nk’imashini, afise uwundi muntu amufatira ingingo akanya kose y’ivyo yovuga n’ivyo yokora. Mugabo, Yehova yasavye abantu gukoresha iyo ngabirano yo kwihitiramwo bazi ko bari n’ico bazobazwa, kugira ngo babone ubukerebutsi bw’ugukora ivyo agomba no kuguma bamugamburukira. (Ab’i Galatiya 5:13) Umwidegemvyo rero ntiwobaye uwo mu bintu vyose, kuko ivyo vyotumye haba ubusimbirahamwe. Uwo mwidegemvyo wari kugenda wisunga amabwirizwa, utarenga imipaka y’amategeko y’Imana arangwa ubuntu.

18. Imana yagaragaje iki mu kureka umuntu agakoresha ukwihitiramwo?

18 Mu kureka ngo umuryango w’abantu ugendere mu nzira yawo bwite, Imana yaragaragaje rimwe rizima yuko dukeneye ubutegetsi bwayo. Inzira itegekamwo, ubusegaba bwayo, ni yo nzira rudende igororotse. Ivamwo ubuhirwe, akanyamuneza n’ugusagamba bihebuje. Ivyo ni ko biri kubera ko imizirikanyi n’imibiri vyacu Yehova yari yabigeneye gukora neza kuruta igihe bihuza n’amategeko yiwe. “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.” (Yesaya 48:17) Ukwihitiramwo kutarenga imipaka y’amategeko y’Imana ntikwobaye umuzigo, mugabo kwovuyemwo ubwoko butandukanye buteye akanyamuneza bw’imfungurwa, amazu, utugenegene n’umuziki. Gukoreshejwe mu buryo bubereye, ukwihitiramwo kwotumye haba ubuzima bw’akaroruhore, burushiriza kuba bwiza kw’isi y’iparadizo.

19. Ni igikoresho ikihe Imana ikoresha kugira ngo itume abantu basubiza hamwe na yo?

19 Mugabo kubera uguhitamwo nabi kwabo, abantu baritandukanije na Yehova, bacika abanyagasembwa, bagenda bononekara hanyuma bagapfa. Bokeneye rero gucungurwa bakava muri ivyo bintu bibabaje hanyuma bakagarukanwa mu bucuti bubereye n’Imana ari abahungu n’abakobwa bayo. Igikoresho Imana yahisemwo kugira ngo ishitse ivyo ni Ubwami, Umucunguzi na we ni Yezu Kirisitu. (Yohana 3:16) Biciye kuri iyo ndinganizo, abigaya vy’ukuri​—nka wa mwana w’igishushungwe wo mu mugani Yezu yaciye​—bazosubiza hamwe n’Imana hanyuma basubire kwemerwa na yo bwa bana bayo.​—Luka 15:11-24; Abaroma 8:21; 2 Ab’i Korinto 6:18.

20. Umugambi w’Imana utegerezwa gushitswa gute n’ubwo Bwami?

20 Ivyo Yehova agomba bigiye kuranguka kw’isi ata kabuza. (Yesaya 14:24, 27; 55:11) Biciye ku Bwami bwayo burongowe na Kirisitu, Imana mu buryo bwuzuye izokwemeza (izogaragaza canke izohinyuza) uburenganzira ifise bwo kuba Segaba wacu. Ubwo Bwami buzokuraho ubutegetsi bw’abantu n’amashetani vyo kuri iyi si, maze bwo gusa buzotegeka buri mw’ijuru imyaka igihumbi. (Abaroma 16:20; Ivyahishuriwe 20:1-6) Mugabo muri ico gihe, bizogaragazwa gute yuko uburyo Yehova ategeka ari bwo bukuru? Kandi inyuma y’iyo myaka igihumbi, ubwo Bwami buzogira uruhara uruhe? Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.

Ivyiyumviro vy’Isubiramwo

• Umutwe-shimikiro wa Bibiliya ni uwuhe?

• Ni bande bagize ubutegetsi bushasha bw’isi?

• Ni kuki ubutegetsi bw’abantu butisunga Imana budashobora kwigera buroranirwa?

• Ukwihitiramwo gutegerezwa gukoreshwa gute?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Inyigisho ya Yezu yashimangiye ugutegeka kw’Imana biciye kuri ubwo Bwami

[Ifoto ku rup. 10]

Mu bihugu vyose Ivyabona vya Yehova Ubwami ni bwo bagira yo nyigisho yabo nyamukuru

[Ifoto ku rup. 12]

Kahise karagaragaza ingaruka mbi z’ukutisunga Imana

[Abo dukesha ifoto]

Abasoda bo mu Ntambara ya Mbere y’Isi Yose: U.S. National Archives photo; ikambi y’itunatuniro: Oświęcim Museum; umwana: UN PHOTO 186156/​J. Isaac