Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uko Imana Ibona Ukudahumana mu Nyifato Runtu

Uko Imana Ibona Ukudahumana mu Nyifato Runtu

Uko Imana Ibona Ukudahumana mu Nyifato Runtu

“Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.”​—YESAYA 48:17.

1, 2. (a) Abantu muri rusangi babona gute ingeso runtu mu vyerekeye ibitsina? (b) Abakirisu babona gute ingeso runtu mu vyerekeye ibitsina?

MURI iki gihe, mu mihingo myinshi yo kw’isi, imico runtu isigaye ibonwa ko ari ikibazo kiraba umuntu wese ubwiwe. Abantu babona ivy’uguhuza ibitsina nk’uburyo busanzwe bwo kugaragarizanya urukundo, bashobora kwisukamwo igihe cose babishakiye, ntibabibone nk’ikintu gikwiye kugarukira mu mubano w’ababiranye. Biyumvira yuko mu gihe ata we bibabaza, ata kibi kihari umuntu yihitiyemwo uko yigenza. Nk’uko babona ibintu, abantu ntibakwiye gucirwa urubanza mu vyerekeye ingeso runtu, canecane mu biraba igitsina.

2 Abashitse ku kumenya Yehova babona ibintu mu bundi buryo. Barakurikira n’akamwemwe inyobozo z’Ivyanditswe kubera yuko bakunda Yehova kandi bashaka kumunezereza. Baremera icese yuko Yehova abakunda kandi abaha ubuyobozi ku bw’ineza yabo, ubuyobozi buzobungura vy’ukuri bukongera bukabagira abahirwe. (Yesaya 48:17) Kubera ko Imana ari yo Soko ry’ubuzima, birumvikana ko bakwiye kuyihanga amaso kugira ngo ibarongore mu kuntu bakoresha imibiri yabo, canecane muri iki kibazo gifitaniye isano rwose n’ihererekanywa ry’ubuzima.

Ingabirano Iva ku Muremyi Munyarukundo

3. Abenshi mu Bitwa Abakirisu bigishijwe iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina, kandi ivyo bigereranywa gute n’ivyo Bibiliya yigisha?

3 Mu buryo butandukanye n’abatanezwe ivy’idini bo muri kino gihe, bamwebamwe bo mu Bitwa Abakirisu barigishije yuko guhuza ibitsina ari igiterasoni, icaha, be n’uko “icaha c’inyanduruko” co mw’itongo rya Edeni cari ic’uko Adamu yakwegakweze Eva bakaryamana. Ukubona ibintu gutyo kuratandukanye n’ico Ivyanditswe vyahumetswe bivuga. Inkuru ya Bibiliya yerekeza kuri ba bantu babiri ba mbere ko bari “umugabo n’umugore wiwe.” (Itanguriro 2:25) Imana yababwiye kwibaruka ibibondo, mu kuvuga iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 1:28) Ntivyokwumvikana Imana ibwirije Adamu na Eva kwibaruka ibibondo maze ikabahanira kurangura ayo mabwirizwa.​—Zaburi 19:8.

4. Ni kuki Imana yahaye abantu ubushobozi mu vy’ibitsina?

4 Muri iryo bwirizwa ryahawe abavyeyi bacu ba mbere, iryasubiriwemwo Nowa n’abana biwe, turabona intumbero nyamukuru y’uguhuza ibitsina: kwibaruka ibibondo. (Itanguriro 9:1) Ariko rero, Ijambo ry’Imana ryerekana yuko abasavyi bayo bubatse atari ngombwa ngo bahuze ibitsina gusa igihe bihatira kwibaruka ibibondo. Ayo mabanga y’abubatse ashobora kuronsa mu buryo bubereye abubakanye ivyo akanyengetera n’umubiri vyabo bikenera, vyongeye akababera isoko ry’agahimbare. Ni uburyo bafise bwo kugaragarizanya urukundo rugera kure bafitaniye.​—Itanguriro 26:8, 9; Imigani 5:18, 19; 1 Ab’i Korinto 7:3-5.

Uturimbi Imana Ishinga

5. Ni ibiki Imana yabujije ku vyerekeye ukuntu abantu bakoresha ibitsina?

5 Naho inyiyumvo zijanye n’ibitsina ari ingabirano iva ku Mana, ntizikwiye kugaragazwa ata karimbi. Iyi ngingo irakora no mu ndinganizo y’umubano w’ababiranye. (Abanyefeso 5:28-30; 1 Petero 3:1, 7) Atari mu mubano w’ababiranye, guhuza ibitsina birabujijwe. Bibiliya iratomoye neza kuri ico kibazo. Mu Vyagezwe Imana yahaye ihanga rya Isirayeli, havuga hati: “Ntugasambane.” (Kuvayo 20:14) Mu nyuma, Yezu yashize “ubushakanyi” n’“ukurenga ibigo” (NW) mu “vyiyumviro bibi” biva mu mutima bigahumanya umuntu. (Mariko 7:21, 22) Intumwa Paulo yarahumekewe kugira ngo akebure Abakirisu b’i Korinto ati: “Muhunge ubushakanyi.” (1 Ab’i Korinto 6:18) Kandi mw’ikete yandikiye Abaheburayo, Paulo yanditse ati: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’[“abarenga ibigo,” NW] Imana izobacirakw iteka.”​—Abaheburayo 13:4.

6. Muri Bibiliya, ijambo “ubushakanyi” rishiramwo n’ibiki?

6 Iryo jambo “ubushakanyi” risobanura iki? Rivuye mw’ijambo ry’Ikigiriki por·neiʹa, rimwe na rimwe rikaba ryerekeza ku guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye. (1 Ab’i Korinto 6:9) Ahandi, nko muri Matayo 5:32 no muri Matayo 19:9, iryo jambo riragutse mu nsobanuro kandi ryerekeza no ku kurenga ibigo, kugoka, n’uguhuza ibitsina n’ibikoko. Izindi ngeso mu vy’ugukoresha ibitsina hagati y’abantu batubakanye nk’ugucisha igitsina mu kanwa canke mu kibuno, gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu zirashobora na zo kugenekerezwa nka por·neiʹa. Ingeso nk’izo zose ziriyamirizwa mw’Ijambo ry’Imana, haba mu buryo butomoye canke budatomoye.​—Abalewi 20:10, 13, 15, 16; Abaroma 1:24, 26, 27, 32. *

Twungukire ku Vyagezwe vy’Imana Vyerekeye Inyifato Runtu

7. Twungukira gute ku kuguma tudahumanye mu nyifato runtu?

7 Kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova mu vyerekeye inyifato mu vy’ibitsina bishobora kuba ikintu kitoroshe ku bantu b’abanyagasembwa. Maimonides, Umufilozofe rurangiranwa w’Umuyahudi wo mu kinjana ca 12 yanditse ati: “Mw’Itorati yose [Ivyagezwe vya Musa] nta kibujijwe kigoye gukurikiza kuruta ukugoka n’uguhuza ibitsina mu buryo butemewe n’amategeko.” Yamara, turamutse tugamburutse ubuyobozi bw’Imana, turahungukira cane. (Yesaya 48:18) Nk’akarorero, ubugamburutsi muri ivyo burafasha mu kudukingira indwara zandukirira mu bihimba vy’irondoka, zimwezimwe muri zo zikaba ata muti zifise kandi zishobora kwica. * Turakingirwa inda z’indaro. Gushira mu ngiro ubukerebutsi buva ku Mana biratuma kandi umuntu agira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi. Kubigira biratsimbataza ukwiyubaha kandi bigatuma twubahwa n’abandi, harimwo n’incuti zacu, abo twubakanye, abana bacu, n’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi bacu b’Abakirisu. Ikindi, biratsimbataza muri twebwe inyifato nziza, yo kubona ibintu mu buryo bwiza mu biraba igitsina, ari vyo bizoterera ku buhirwe mu mubano w’ababiranye. Umukirisukazi umwe yanditse ati: “Ukuri kw’Ijambo ry’Imana ni bwo burinzi burushirije buriho. Ndarindiriye kuzokwubaka urwanje, kandi ninubaka urwanje, nzokwishimira kubwira umugabo w’Umukirisu tuzokwubakana yuko nagumye ndi isugi.”

8. Ni mu buryo ubuhe inyifato itanduye yacu itsimbataza ugusenga gutyoroye?

8 Mu kuzigama kwacu imigenzo itanduye, turashobora kandi gukora vyinshi kugira ngo duhindure ubusa ivyiyumviro bitari vyo ku biraba ugusenga kw’ukuri tukongera tugakwegera abantu ku Mana dusenga. Intumwa Petero yanditse ati: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.” (1 Petero 2:12) Naho abadasukurira Yehova bananirwa kwemera icese canke gushima uburyo imico yacu itanduye, turashobora kudakeka ko Data wa twese wo mw’ijuru abona, ashima kandi mbere anezerezwa n’utwigoro tugira two gukurikiza ubuyobozi bwiwe.​—Imigani 27:11; Abaheburayo 4:13.

9. Ni kuki dukwiye kwizigira ubuyobozi bw’Imana, naho tutoba dutahura mu buryo bwuzuye impamvu zitumye ibutanga? Tanga akarorero.

9 Kwizera Imana birimwo kwizigira yuko azi ibirushirije kuba vyiza kuri twebwe, naho tutoba dutahura mu buryo bwuzuye ibituma vyose atubwiriza mu buryo bunaka. Rimbura akarorero kamwe ko mu Vyagezwe vya Musa. Ibwirizwa rimwe ku biraba umugandiko w’abasirikare ryasaba yuko umwanda mukuru uzikwa inyuma y’ikambi. (Gusubira mu Vyagezwe 23:13, 14) Kumbure Abisirayeli baribajije imvo y’ubwo buyobozi; bamwe bagashobora kuba biyumviriye ko butari bukenewe. Ariko rero, kuva ico gihe ubuhinga mu vy’ubuvuzi bwarashitse ku gutahura yuko ico cagezwe cafashije kuzigama amasoko y’amazi ntiyandure kandi vyarabakingiye indwara nyinshi ziterwa n’udukoko tuguruka. Muri ubwo buryo nyene, hariho impamvu zo mu vy’impwemu, mu vy’ikibano, mu vy’akanyengetera, mu vy’umubiri no mu vy’ubwenge zatumye Imana igarukiriza uguhuza ibitsina ku buriri bw’ababiranye. Nimuze ubu turimbure uturorero dukeyi two muri Bibiliya tw’abagumye badahumanye mu nyifato runtu.

Yozefu​—Yarahezagiwe Kubera Imico Runtu Yiwe

10. Ni nde yagerageje gukwegakwega Yozefu, kandi yishuye gute?

10 Kumbure ushobora kuba uzi neza akarorero ko muri Bibiliya ka Yozefu, umuhungu wa Yakobo. Afise imyaka 17, yabaye umuja yegukira Potifari, umukuru w’abarinzi ba Farawo wo mu Misiri. Yehova yarahezagiye Yozefu, kandi haciye igihe agenwa gutwara inzu ya Potifari yose. Igihe yashikira imyaka 20, Yozefu yari yacitse “mwiza w’umunyakaranga.” Yarakwegereye ivyiyumviro vy’umugore wa Potifari, uwagerageje kumukwegakwega. Yozefu yaratomoye aho ahagaze, asigura yuko kuvyemera bitobaye guhemukira shebuja gusa, mugabo kandi ko vyobaye “[gu]cumura ku Mana.” Ni kuki Yozefu yazirikanye gutyo?​—Itanguriro 39:1-9.

11, 12. Naho hatariho icagezwe canditse catanzwe n’Imana kibuza ubusambanyi n’ukurenga ibigo, ni kuki Yozefu ategerezwa kuba yazirikanye ukuraho?

11 Bigaragara yuko ingingo ya Yozefu itari ishingiye ku gutinya gufatwa n’abantu. Umuryango wa Yozefu waba kure yaho, kandi se wiwe yibaza ko yapfuye. Iyo Yozefu yisuka mu bushegabo, umuryango wiwe ntiwokwigeze ubimenya. Icaha nk’ico kumbure conyegejwe kandi Potifari n’abasuku biwe b’abagabo, kubera yuko hari ibihe bataba bari muhira. (Itanguriro 39:11) Yamara, Yozefu yari azi ko ukwigenza gutyo bitonyegejwe Imana.

12 Yozefu ategerezwa kuba yarazirikanye ku vyo yari azi ku vyerekeye Yehova. Nta mazinda ko yari azi ivyo yatangaje mw’itongo rya Edeni ati: “Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Vyongeye, Yozefu ategerezwa kuba yari azi ico Yehova yari yabwiye umwami umwe w’Umufilisitiya yari afise agatima ko gukwegakwega inakuruza wa Yozefu Sara. Yehova yabwiye uwo mwami ati: “Urapfuye, kubg’uwo mugore watwaye: kukw afise ina we. . . . Kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundi[ra] kumukorako.” (Itanguriro 20:3, 6, ni twe tubihiritse.) Gutyo, naho Yehova atari bwatange ivyagezwe vyanditse, inyiyumvo ziwe ku vyerekeye umubano w’ababiranye zari zitomoye. Uko Yozefu yabona inyifato runtu, kumwe n’icipfuzo ciwe co guhimbara Yehova, vyatumye atera akagere ubushegabo.

13. Bishoboka ko ari kubera iki Yozefu atoshoboye kuzibukira umugore wa Potifari?

13 Ariko rero, umugore wa Potifari ntiyashirwa, amwinginga “uko bukeye” ngo aryamane na we. Ni kuki Yozefu atamuzibukiriye gusa? Urabona, bwa mushumba, yari afise ibikorwa arangura kandi ntiyoshoboye guhindura uko ivyiwe vyari vyifashe. Ibimenyamenya vy’abacukuzi vyerekana yuko inyubako y’amazu yo muri Misiri yatuma umuntu akenera guca mu gihimba nyamukuru c’inzu kugira ngo ashikire ivyumba vy’ubushinguro. Ni co gituma bitoshobokeye Yozefu kwirinda umugore wa Potifari.​—Itanguriro 39:10.

14. (a) Ni ibiki vyashikiye Yozefu inyuma y’aho ahungiye umugore wa Potifari? (b) Yehova yahezagiye gute Yozefu ku bw’ubwizerwe bwiwe?

14 Harashitse umusi aho bari bonyene mu nzu. Umugore wa Potifari yafashe Yozefu maze asemerera ati: “Ngo turyamane!” Yarahunze. Kubera yacumiswe n’ukwo kuba amuteye akagere, yamwagirije ko yagerageje kumusambanya ku nguvu. Vyagize izihe ngaruka? Yehova yoba yaciye ubwo nyene amuhera ku bw’ingendo yiwe y’ukutadohoka? Ekaye. Yozefu yaratawe mu mvuto maze bamuboha amaguru. (Itanguriro 39:12-20; Zaburi 105:18) Yehova yarabonye ako karenganyo, maze amaherezo araduza Yozefu kuva mw’ibohero gushika mu kirimba. Yacitse uwa kabiri mu bantu bafise ububasha mu Misiri, kandi yarahezagiwe mu kuronka umukenyezi n’ibibondo. (Itanguriro 41:14, 15, 39-45, 50-52) Ikindi, inkuru y’ukutadohoka kwa Yozefu ubu haciye imyaka 3.500 yanditswe kugira ngo kuva ico gihe abasavyi b’Imana baze barayirimbura. Ese ingene ari imihezagiro y’akaroruhore yavuye ku kwumira ku vyagezwe bigororotse vy’Imana! Muri ubwo buryo nyene, twebwe muri iki gihe twoshobora kutama nantaryo tubona inyungu za buno nyene zo kuguma tutadohoka mu nyifato runtu, mugabo turashobora kudakeka yuko Yehova abona kandi akazoduhezagira mu gihe gikwiriye.​—2 Ngoma 16:9.

‘Isezerano Yobu Yagiranye n’Amaso Yiwe’

15. ‘Isezerano Yobu yagiranye n’amaso yiwe’ ryari irihe?

15 Uwundi yazigamye ukutadohoka yari Yobu. Mu gihe ca vya bigeragezo yatewe na wa Mucokoranyi, Yobu yarasubiye gusuzuma ubuzima bwiwe maze ubwiwe yivuga ko atokwanka guhabwa igihano gikomeye niba yararenze nko ku ngingo ya Yehova yerekeye ingeso runtu mu vy’ibitsina. Yobu yavuze ati: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Mu kuvuga ivyo, Yobu yashaka kuvuga ko mu mwiyemezo wiwe wo kuzigama ukutadohoka ku Mana, yiyemeje kwirinda mbere kwitegereza umugore ku buryo amumiramitirwa. Ariko ntiwumve, yarashobora kubona abagore mu buzima bwiwe bwa misi yose kandi kumbure ashobora kuba yarabasahiriza igihe baba bakeneye insahirizo. Mugabo, ku vyerekeye kubashirako umutima mu buryo bw’ugukurikirana imigambi y’ivy’urukundo, ivyo vyari bimuri kure. Imbere yuko ibigeragezo vyiwe bitangura, yari umugabo atunze cane, “ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.” (Yobu 1:3) Ariko rero, ntiyakoresheje ububasha bw’ubutunzi bwiwe mu gukwegakwega abagore benshi. Biragaragara yuko atigeze akinisha ako karyo ko kwisuka mu guhuza ibitsina kutemewe n’abagore bakiri bato.

16. (a) Ni kuki Yobu ari akarorero keza ku Bakirisu bubatse? (b) Ni gute inyifato y’abagabo bo mu misi ya Malaki yari itandukanye cane n’iya Yobu, kandi muri iki gihe ho bite?

16 Bityo rero, mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, Yobu yaragaragaje ukutadohoka mu nyifato runtu. Yehova ivyo yaravyitegereza kandi yaramuhezagiye cane. (Yobu 1:10; 42:12) Ese ukuntu Yobu ari akarorero keza ku Bakirisu bubatse, baba abagabo canke abagore! Ntibitangaje kuba Yehova yaramukunda cane! Igitandukanye n’ivyo, uko benshi bigenza muri iki gihe kurasa cane n’ivyabaye mu misi ya Malaki. Uwo muhanuzi yariyamirije uburyo abanega benshi bata abo bubakanye, kenshi kugira ngo birongorere utugore tukiri duto. Igicaniro ca Yehova cari cuzuye amarira y’abagore b’intabwa, kandi Imana yariyamirije abantu ‘baryaruka’ abo bubakanye muri ubwo buryo.​—Malaki 2:13-16.

Umukobwa Akiri Muto w’Isugi

17. Ni gute wa Mushulamukazi yari ameze nk’“umurima uzitiriwe”?

17 Uwa gatatu yazigamye ukutadohoka yari inkumi y’Umushulamu. Kubera yatonyanga ubuto n’ubwiza, ntiyakwegereye urukundo rw’umusore w’umwungere gusa, mugabo kandi yarakwegereye n’urwa wa mwami wa Isirayeli w’umutunzi, Salomo. Muri ya nkuru yose iryoheye ugutwi yiganywe mu Ndirimbo ya Salomo, uyo Mushulamukazi yagumye ari isugi, gutyo bituma yubahwa n’abari bamukikije. Salomo, naho uwo mwigeme yamuteye akagere, yarahumekewe kwandika inkuru yiwe. Wa mwungere yakunda na we yarubahirije inyifato yiwe y’ukuguma ari isugi. Igihe kimwe yazirikanye yuko wa Mushulamukazi yari nk’“umurima uzitiriwe.” (Indirimbo ya Salomo 4:12) Muri Isirayeli ya kera, imirima myizamyiza yarimwo imboga zihimbaye z’ubwoko butandukanye, amashurwe amota neza, be n’ibiti vy’inganzamarumbu. Imirima nk’iyo mu bisanzwe yazitirwa n’uruzitiro canke uruhome kandi umuntu agashobora gusa kuyinjiramwo aciye mw’irembo ryugarwa. (Yesaya 5:5) Kuri wa mwungere, ugutyoroka mu nyifato runtu be n’igikundiro vya wa Mushulamukazi vyari bimeze nk’uwo murima w’ubwiza bw’imbonekarimwe. Yari isugi itagira agahaze. Urukundo rwiwe ruranga igishika rwoseruriwe gusa uwuzoba umunega wiwe muri kazoza.

18. Inkuru za Yozefu, Yobu na wa Mushulamukazi zitwibutsa iki?

18 Mu biraba ukutadohoka mu nyifato runtu, wa Mushulamukazi aratanga akarorero ntangere ku Bakirisukazi muri iki gihe. Yehova yarabonye yongera arashima ingeso nziza za wa mwigeme w’Umushulamu yongera aramuhezagira nk’uko nyene yahezagiye Yozefu na Yobu. Kugira ngo biturongore, ibikorwa vyabo vy’ukutadohoka biranditswe mw’Ijambo ry’Imana. Naho utwigoro twacu two kuguma turi intadohoka muri iki gihe tutandikwa muri Bibiliya, Yehova arafise ‘igitabu c’icibutso’ ku bw’abarondera gukora ivyo agomba. Nimuze ntitukigere twibagira yuko Yehova “atega amatwi” kandi akanezerwa uko twihata tudahemuka kuguma tudahumanye mu nyifato runtu.​—Malaki 3:16.

19. (a) Dukwiye kubona gute ukudahumana mu nyifato runtu? (b) Ni ibiki tuza guca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

19 Naho abadafise ukwizera boshobora kudutwengera mw’ijigo, turanezerezwa no kuba tugamburukira Umuremyi wacu munyarukundo. Dufise ingeso runtu iri hejuru, ishimwa n’Imana. Ni ikintu gikwiye kwishimirwa, guhabwa agaciro. Mu kuguma dufise impagararo idahumanye mu vy’inyifato runtu, turashobora guhimbarirwa imihezagiro y’Imana kandi tugashobora kuzigama icizigiro gikayangana co kugira imihezagiro itagira iherezo muri kazoza. Ariko, mu buryo ngirakimazi, dushobora gukora iki kugira ngo tugume tudahumanye mu nyifato runtu? Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ico kibazo gihambaye.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 6 Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1983, urupapuro rwa 29-31.

^ ing. 7 Ikibabaje, hari ibihe Umukirisu atagira ico yiyagiriza yandura indwara ifatira mu bihimba vy’irondoka, ayikwegewe n’uwo bubakanye atizera atakurikije ubuyobozi bw’Imana.

Woba Ushobora Kubisigura?

• Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina?

• Ijambo “ubushakanyi” muri Bibiliya rishiramwo n’ibiki?

• Twungukira gute ku kuguma tudahumanye mu nyifato runtu?

• Ni kuki Yozefu, Yobu na ya nkumi y’Umushulamu ari uturorero twiza ku Bakirisu muri iki gihe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 21]

Yozefu yarahunze ubushegabo

[Ifoto ku rup. 22]

Wa mwigeme w’Umushulamu yari nk’“umurima uzitiriwe”

[Ifoto ku rup. 23]

Yobu yari yaragiranye ‘isezerano n’amaso yiwe’